ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/8 rup. 22-26
  • Yehova arakunda ubutungane

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova arakunda ubutungane
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Akarenganyo kariganje
  • Ni ikintu gisa n’icumvikana
  • Isi nshasha izoba irangwamwo ubutungane
  • Igitero ca Shetani nta co kizoshikako
  • Akarenganyo koba kazokwigera kavaho kw’isi?
    Ibindi biganiro
  • “Inzira ziwe zose ziragororotse”
    Niwiyegereze Yehova
  • «Mbega Imana irarenganya?»
    Niwiyegereze Yehova
  • Yezu “ashiraho ubutungane mw’isi”
    Niwiyegereze Yehova
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/8 rup. 22-26

Yehova arakunda ubutungane

“Jewe, Yehova nkunda ubutungane”.​—YESAYA 61:8, NW.

1, 2. (a) Ijambo “ubutungane” be n’ijambo “akarenganyo” asobanura iki? (b) Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye Yehova be na kamere yiwe y’ubutungane?

UBUTUNGANE busigurwa ko ari ‘kamere yo kuba umuntu atagira nkunzi, atarenganya, akora mu buryo buhuje n’ibigororotse kandi vyiza’. Akarenganyo gasobanurwa yuko ari ukuba umuntu arenganya abandi, abinuba, abagirira umutima mubi akanabagirira nabi ata co abahoye.

2 Haraciye hafi imyaka 3.500 Musa yanditse ku bijanye na Yehova Segaba w’ijuru n’isi, ati: “Inzira ziwe zose [“ni ubutungane”, NW]. N’Imana yo kwizigirwa, [“itarenganya”, NW]” (Gusubira mu vyagezwe 32:4). Nk’ibinjana indwi inyuma y’aho, Imana yarahumekeye Yesaya ngo yandike aya majambo agira ati: “Jewe, Yehova nkunda ubutungane” (Yesaya 61:8, NW). Mu kinjana ca mbere na ho, Paulo yavuze ati: “Mbega Imana irarenganya? Ntibikabe!” (Abaroma 9:14, NW). Muri ico kinjana nyene, Petero na we yavuze ati: “Imana [nti]robanura abantu ku butoni, ariko mu mahanga yose ūyubaha, agakora ivy’ukugororoka, iramwemera” (Ivyakozwe n’intumwa 10:34, 35). Emwe, ‘Yehova arakunda ubutungane’.​—Zaburi 37:28, NW; Malaki 3:6.

Akarenganyo kariganje

3. Akarenganyo katanguye gute mw’isi?

3 Ubutungane si kamere yiganje muri iki gihe. Turashobora kurenganywa mu nzego zose z’ikibano turimwo, haba ku kazi, kw’ishure, mu kuntu abategetsi badufata be no mu bundi buryo butandukanye, tukanarenganywa mbere no mu muryango. Ariko ntiwumve, ako karenganyo si ak’ubu. Akarenganyo katanguye mu bantu igihe abavyeyi bacu ba mbere bagarariza maze bagacika abatagira ico bibanga bohejwe n’ikiremwa c’impwemu cari caragararije, icahavuye gicika Shetani Mubesheranyi. Mu vy’ukuri, kwari ukurenga akarimbi kubona Adamu na Eva hamwe na Shetani bakoresha nabi ingabirano nziza igitangaza y’ubushobozi bwo kwihitiramwo Yehova yari yarabahaye. Ibikorwa bibi vyabo vyotumye umuryango w’abantu wose ugira imibabaro myinshi ukanashikirwa n’urupfu.​—Itanguriro 3:1-6; Abaroma 5:12; Abaheburayo 2:14.

4. Akarenganyo kamaze igihe kingana iki kigaragaza mu bantu?

4 Akarenganyo karamaze nk’imyaka 6.000 kigaragaza mu kibano c’abantu kuva aho bwa bugarariji bwo muri Edeni bubereye. Mu vy’ukuri, ukwo ni ko vyotegerejwe kugenda kubera yuko Shetani ari we mana y’iyi si (2 Ab’i Korinto 4:4). Shetani ni umunyakinyoma akaba na se w’ikinyoma; ni umubesheranyi akaba n’uwurwanya Yehova (Yohana 8:44). Yamye nantaryo akora ibintu biranga akarenganyo k’agahomerabunwa. Nk’akarorero, kubera ahanini akosho kabi Shetani yagize imbere ya wa Mwuzure wo mu gihe ca Nowa, Imana yarabonye ko ‘ibibi vy’abantu vyari vyinshi mw’isi, kandi ko ivyiyumviro vy’imitima yabo vyamogorera gukora ibibi gusa na ntaryo’ (Itanguriro 6:5). No mu gihe ca Yezu ni ko vyari bikimeze. Yezu yavuze ati: “Umusi ukwiranye n’amagorwa yawo”, ni ukuvuga ingorane zawo bwite zitesha umutwe, nk’akarenganyo (Matayo 6:34). Bibiliya iravuga idomako neza iti: “Ivyaremwe vyose binihira hamwe bikaramukirwa hamwe kugeza n’ubu”.​—Abaroma 8:22.

5. Ni kubera iki muri iki gihe cacu akarenganyo kimonogoje kuruta ikindi gihe ico ari co cose?

5 Ku bw’ivyo, ibintu bibi biterwa n’akarenganyo k’agahomerabunwa vyagumye biza biraba kuva abantu batanguye kubaho. Ubu hoho vyaradabutse. Uti kubera iki? Kubera ko ivy’iyi si itibanga Imana bimaze imyaka mirongo biri mu “misi [yavyo] y’iherezo”, bikaba biriko birashikirwa n’“ibihe bigoye” uko iherezo ryavyo ryegereza. Bibiliya yari yaravuze yuko muri ico kiringo c’ukubaho kw’abantu, abantu bobaye “bikunda gusa, bakunda amahera, bīrārīra, bībona, batukana, . . . intashima, abanegura ivy’Imana, badakunda n’ababo, banka kwuzura, barementanya, batigarura, inkazi, badakunda ivyiza, abaguranyi, ibirandamuke, abikakisha” (2 Timoteyo 3:1-5). Ingeso mbi nk’izo zituma haba akarenganyo k’ubwoko bwose.

6, 7. Ni ibintu ibihe biranga akarenganyo gateye ikinya vyasinzikaje umuryango w’abantu mu bihe vya none?

6 Imyaka amajana irangiye yaranzwemwo akarenganyo kigaragaje ku rugero katari bwigere gashikanako. Ikintu kimwe cabitumye ni uko iyo myaka ari yo yaranzwemwo intambara zatikije inganda kuruta izindi zose zabaye. Nk’akarorero, abatohozakahise bamwebamwe bagereranya ko ya Ntambara ya kabiri y’isi yose yoba yahitanye abantu bari hagati y’imiliyoni 50 na 60, abenshi muri abo bakaba bari abanyagihugu basanzwe, ni ukuvuga abagabo, abagore n’abana ata co bazira. Kuva aho iyo ntambara irangiriye, abandi bantu amamiliyoni barahitanywe n’amatati atandukanye, abenshi muri abo bakaba na bo nyene bari abanyagihugu basanzwe. Shetani ni we akorereza ako karenganyo kubera ko afise uburake bwinshi, azi yuko vuba Yehova agiye kumunesha rwose. Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bugira buti: “Umurwanizi yabamanukiye, ari n’inzigo nyinshi, azi kw afise igihe gito”.​—Ivyahishuriwe 12:12.

7 Kw’isi yose buri mwaka, igisoda gikoresha amadolari y’Abanyamerika angana n’imiliyaridi umuliyoni. Abantu amamiliyoni amajana n’amajana ntibaronka ivya nkenerwa mu buzima. Ca wiyumvira rero ivyiza ivyo bihera vyose vyoshoboye kuvamwo hamwe vyobaye bikoreshejwe mu migambi itajanye n’ivy’intambara. Nk’abantu umuliyaridi umwe ntibaronka ivyo bafungura bikwiye, mu gihe hari abo usanga bavyidiha. Ikinyamakuru kimwe c’Ishirahamwe mpuzamakungu kivuga yuko abana hafi imiliyoni zitanu bicwa na kigoyi uko umwaka utashe. Mbega akarenganyo! N’ikindi na co, zirikana ku bana benshi ata co bazira bicwa biturutse ku gukorora inda. Bivugwa ko kw’isi yose abana bari hagati y’imiliyoni 40 na 60 bicwa muri ubwo buryo ku mwaka ku mwaka. Mbega akarenganyo gateye ikinya!

8. Ni uburyo bumwe rudende ubuhe bushobora gutuma umuryango w’abantu uronka ubutungane nyakuri?

8 Abategetsi b’abantu ntibashobora gutorera umuti izo ngorane nyinshi cane zisinzikaje umuryango w’abantu muri iki gihe; eka kandi utwigoro tw’abantu ntituzotuma ibintu bigenda neza kuruta. Ijambo ry’Imana ryari ryaravuze yuko muri iki gihe cacu “abantu babi, bo n’abahūmbūzi, bazorushiriza kuba babi, bazimiza bakazimizwa” (2 Timoteyo 3:13). Akarenganyo karatsimbataye cane mu buzima bwa misi yose ku buryo abantu badashobora kugakuraho. Ya Mana y’ubutungane ni yo yonyene ishobora kugakuraho. Ni yo yonyene ishobora gukuraho Shetani, amadayimoni be n’abantu babi.​—Yeremiya 10:23, 24.

Ni ikintu gisa n’icumvikana

9, 10. Ni kubera iki Asafu yavunitse umutima?

9 Muri kahise, hari mbere n’abanditsi ba Bibiliya bigeze kwibaza igituma Imana itari bwahaseruke maze ngo isasagaze ubutungane nyakuri n’ubugororotsi mu bantu. Dufate akarorero k’umuntu umwe avugwa mu bihe vya Bibiliya. Agatwe ka Zaburi ya 73 karimwo izina Asafu, irishobora kuba ryerekeza ku mucuraranzi w’Umulewi yari rurangiranwa mu gihe Dawidi yari ku ngoma canke rikerekeza ku bacuraranzi bo mu rugo rwa Asafu. Asafu n’abamukomotseko baratunganije indirimbo nyinshi zakoreshwa mu gusenga kwagirwa ku mugaragaro. Yamara, umwanditsi w’iyo Zaburi vyarashitse mu buzima bwiwe aracika intege mu buryo bw’impwemu. Yarabonye ko abanyakibi bari basagamvye mu vy’umubiri, kandi ko akenshi basa n’abahimbawe mu kuntu babayeho, ntibashikirwe n’ingaruka n’imwe ibabaje y’ivyo bakora.

10 Dusoma duti: “Nagirira ishari abībone, aho nabona abanyakibi baguwe neza. Kuko badasamba mw ipfa ryabo, arikw amagara yabo arakomera. Ntibagira amagorwa nk’abandi, ntibaterwa n’ivyago nk’abandi” (Zaburi 73:2-8). Ariko uwo mwanditsi wa Bibiliya yahavuye atahura yuko mwene ukwo kubona ibintu ukutari kwo, kutari kubereye (Zaburi 73:15, 16). Uwo mwanditsi wa Zaburi yaragerageje kubogora ivyiyumviro vyiwe, ariko ntiyashoboye gutahura neza igituma abanyakibi basa n’abadashikirwa n’ingaruka mbi z’ibibi bakora, mu gihe abantu bari mu mero nziza y’umutima bobo, akenshi bacumukura.

11. Ni igiki umwanditsi wa Zaburi Asafu yahavuye atahura?

11 Uwo mugabo w’umwizigirwa wo mu gihe ca kera yahavuye atahura icari kiraririye gushikira abanyakibi, ko impera n’imperuka Yehova yotunganije ico kibazo (Zaburi 73:17-19). Dawidi yanditse ati: “Urorēre Uhoraho, ugumye inzira yiwe, na we azogushira hejuru ng’uragwe igihugu: abanyakibi bazorandurwa ubirorēra”.​—Zaburi 37:9, 11, 34.

12. (a) Ni umugambi uwuhe Yehova afise ku bijanye n’ubukozi bw’ikibi be n’akarenganyo? (b) Wewe wumva umerewe gute ku bijanye n’ukuntu iyo ngorane y’akarenganyo izotorerwa umuti?

12 Ata gukeka, Yehova afise umugambi wo gukura muri iyi si ubukozi bw’ikibi be n’ibikorwa vyabwo biranga akarenganyo, igihe yashinze kigeze. Ico ni ikintu mbere n’abakirisu b’intahemuka bakwiye kwama biyibutsa. Yehova agiye gukuraho abarwanya igomba ryiwe, ababaho baryisunga na bo abahe impera. “Acacisha inyonga ziwe abana b’abantu, mu kigohe ciwe harabasuzuma. Uhoraho asuzuma abagororotsi: arik’umunyakibi n’ūkunda umuryano, umutima wiwe urabanka. Abanyakibi azobarekurirakw amakara yaka n’amazuku; . . . Kuk’Uhoraho ar’umugororotsi, kand’akunda ivyo kugororoka”.​—Zaburi 11:4-7.

Isi nshasha izoba irangwamwo ubutungane

13, 14. Ni kubera iki ubugororotsi n’ubutungane ari vyo bizoba vyiganza mw’isi nshasha?

13 Yehova niyarandura iyi si irangwamwo akarenganyo itwarwa na Shetani, azoca ayisubiriza isi nshasha iteye igomwe. Iyo si izoba itwarwa n’Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru, bumwe Yezu yigisha abayoboke biwe gusenga basaba. Ubukozi bw’ikibi n’akarenganyo bizosubirirwa n’ubugororotsi be n’ubutungane, kubera ko ico gihe ari ho iri sengesho rizoba ryaza ryishurwa mu buryo bwuzuye, na ryo rikaba rigira riti: “Ubgami bgawe buze, ivyo ugomba bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru”.​—Matayo 6:10.

14 Bibiliya iratubwira ubutegetsi twokwitega ubwo ari bwo, buno bukaba ari ubutegetsi abantu bose b’imitima igororotse biteganye umushasharo ubu. Amajambo dusanga muri Zaburi 145:16 ico gihe azoca aranguka bimwe bishitse. Agira ati: “Upfumbaturura igipfunsi cawe, ugahāza ukwifuza kw’ibiriho vyose”. Vyongeye, muri Yesaya 32:1 havuga hati: “Rāba, umwami [Kristu Yezu ari mw’ijuru] azoganza mu bugororotsi, n’abaganwa [ni ukuvuga, abaserukira Kristu ngaha kw’isi] [“bazotwara bwa baganwa ku bw’ubutungane ubwabwo”, NW]”. Ku bijanye n’uwo Mwami Yezu Kristu, muri Yesaya 9:7 habura hati: “Ukugwira kw’ubutware bgiwe n’amahoro ntibizogira iherezo, ku ngoma ya Dawidi no ku bgami bgiwe, bibukomeze, bibushigikize [“ubutungane”, NW] n’ukugororoka, uhereye none ugashitsa ibihe vyose. Umwete w’Uhoraho Nyen’ingabo uzoshitsa ivyo”. Woba ushobora kwiha ishusho ubayeho utwarwa n’ubwo butegetsi burangwa ubutungane?

15. Ni ibiki Yehova azogirira abantu mw’isi nshasha?

15 Mw’isi nshasha y’Imana, nta mpamvu n’imwe tuzokwigera tugira yo kuvuga amajambo dusanga mu Musiguzi 4:1, agira ati: “Ndasubira nitegereza ivy’agahahazo vyose bikorerwa musi y’izuba: kand’eh’amosozi y’abahahazwa ntibaronke ikibīrūra; kand’ububasha bgari ku ruhande rw’abahahaza, ariko bo ntibaronke ikibīrūra”. Mu vy’ukuri, magingo tugifise umuzirikanyi udatunganye, biragoye kwiha ishusho y’ukuntu iyo si nshasha y’ubugororotsi izoba iteye igomwe. Nta bubi buzoba bukiriho, ahubwo riho umusi uwo ari wo wose uzoba wuzuyemwo ibintu vyiza. Egome, Yehova azokosora ikintu kibi cose, abigire mu buryo burengeye rwose ukwo twari tuvyiteze. Ese ingene bibereye kuba Yehova Imana yarahumekeye intumwa Petero ngo yandike ati: “Nk’uko yasezeranye, tureretse ijuru risha n’isi nsha, ivyo ukugororoka kuzobamwo”.​—2 Petero 3:13.

16. “Ijuru risha” ryashinzwe gute, kandi ni mu buhe buryo “isi nsha” iriko irategurwa muri iki gihe?

16 Mu vy’ukuri, “ijuru risha”, ni ukuvuga intwaro y’Imana yo mw’ijuru irongowe na Kristu, ryaramaze gushingwa. Abazoba bagize intimatima y’“isi nsha”, ni ukuvuga abantu bafise imero nziza y’umutima bazoba bagize ikibano gishasha co kw’isi, bariko baratororokanirizwa hamwe muri iyi misi y’iherezo. Abo bantu baramaze gushika hafi imiliyoni indwi, bakaba baturuka mu bihugu nka 235 bari mu mashengero hafi 100.000. Abo bantu amamiliyoni baramaze kwiga inzira za Yehova zigororotse kandi zitunganye. Ico vyavuyemwo ni uko aho bari kw’isi yose bunze ubumwe bushingiye ku rukundo rwa gikirisu bafitaniye. Ubwo bumwe bafitaniye ni co kintu kiyagwa kuruta ibindi vyose kandi kitigeze gihungabana muri kahise kose k’isi, bukaba burengeye ikintu cose abo Shetani akoresha bashobora kuronka. Urwo rukundo be n’ubwo bumwe ni imponjo y’igihe ciza utoraba kigiye kuza kiranga isi nshasha y’Imana izoba itwarwa mu bugororotsi no mu butungane.​—Yesaya 2:2-4; Yohana 13:34, 35; Ab’i Kolosayi 3:14.

Igitero ca Shetani nta co kizoshikako

17. Ni kubera iki igitero ca nyuma Shetani azogaba ku basavyi ba Yehova ata co kizoshikako?

17 Shetani be n’abamushigikiye vuba bagiye kugaba igitero ku basenga Yehova ngo babaherengeteze (Ezekiyeli 38:14-23). Ivyo bizoba biri mu bigize ico Yezu yise “amarushwa ahambaye atigeze kubaho kuva kw itanguriro ry’isi ugashitsa n’ubu, kandi ntazokwongera kubaho” (Matayo 24:21). None ico gitero ca Shetani hari ico kizoshikako? Uwokubesha. Ijambo ry’Imana ridusubiriza umutima mu nda riti: “Uhoraho akunda [“ubutungane”, NW], ntaheba abakunzi biwe. Bazigamwa ibihe vyose; arik’uruvyaro rw’abanyakibi ruzorandurwa. Abagororotsi bazoragwa igihugu, bakibemw’ibihe bidashira”.​—Zaburi 37:28, 29.

18. (a) Imana izovyifatamwo gute mu gitero Shetani yimirije kugaba ku basavyi bayo? (b) Wewe wabonye ari kubera iki kurimbura aya makuru ashingiye kuri Bibiliya ajanye n’intsinzi y’ubutungane ari vyiza?

18 Igitero Shetani n’ingabo ziwe bazogaba ku basavyi ba Yehova kizoba ari co gitutsi ca nyuma. Yehova yari yaravuze abicishije kuri Zekariya ati: “Ūbakorako aba akoze ku mbone y’ijisho ry[anje]” (Zekariya 2:8). Ni nk’aho bazoba bagira bakoze urutoke mu mbone y’ijisho rya Yehova. Ubwo nyene Yehova azoca agira ico akoze maze ace akura ku musozi bene kugaba ico gitero. Abasavyi ba Yehova ni bo bantu bakundana, bunze ubumwe, b’abanyamahoro kandi bagamburuka amategeko kw’isi kuruta abandi bose. Ni co gituma ico gitero kizogabwa kuri bo kizoba kitabereye na gato kandi ari ic’akarenganyo. Umwe ‘akunda cane ubutungane’ ntazovyihanganira na gatoyi. Kuba Yehova azogira ico akoze ku neza y’abasavyi biwe bizotuma abansi babo barandurwa ibihe bidahera, bitume ubutungane butsinda vyongere bitume abasenga Imana yonyene y’ukuri barokorwa. Mbega ibintu bitangaje kandi biteye akanyamuneza twimirije kubona!​—Imigani 2:21, 22.

Wokwishura gute?

• Ni kubera iki akarenganyo kiganje ukuraho?

• Yehova azotunganya gute ingorane ijanye n’akarenganyo kw’isi?

• Ni igiki cagukoze ku mutima muri iki cigwa kijanye n’intsinzi y’ubutungane?

[Ifoto ku rup. 23]

Ububi bwari bwariraye imbere y’uko wa Mwuzure utera, kandi buriraye no muri iyi “misi y’iherezo”

[Ifoto ku rup. 24, 25]

Mw’isi nshasha y’Imana, ubukozi bw’ikibi buzosubirirwa n’ubutungane be n’ubugororotsi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika