ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/9 rup. 8-12
  • Tubifashijwemwo na Yehova, twararokotse intwaro z’agahotoro

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Tubifashijwemwo na Yehova, twararokotse intwaro z’agahotoro
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukuri kwo muri Bibiliya gushika mu rugo i wacu
  • “Musore, ubwo urazi ico ibatisimu isobanura?”
  • Uruhamo rutangura
  • Mw’ikambi ry’itunatuniro
  • Tujanwa mu rindi kambi
  • Dukurwa mu makambi
  • Nteba ngasubira i muhira
  • Ivyamfashije kwihangana
  • Naho ndi umunyantegenke, ndafise inkomezi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Ndakengurukira Yehova kuba naramukoreye, mbere no mu bigeragezo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Mbega nokwishura iki Yehova?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/9 rup. 8-12

Inkuru y’ubuzima

Tubifashijwemwo na Yehova, twararokotse intwaro z’agahotoro

NK’UKO VYAVUZWE NA HENRYK DORNIK

NAVUTSE mu 1926, abavyeyi banje bakaba bari abagatolika b’imena. Baba i Ruda Slaska, ico kikaba ari igisagara gicukurwamwo ubutare co mu Bumanuko bwa Polonye. Abo bavyeyi bacu, baratwigisha twebwe abana, ni ukuvuga mukurwanje Bernard hamwe nanje, be na bashiki bacu batoya babiri Róża na Edyta, gusenga, kuja mu misa be no kwubahiriza ibijanye n’isakaramentu ry’ikigongwe.

Ukuri kwo muri Bibiliya gushika mu rugo i wacu

Umusi umwe mu kwezi kwa Nzero 1937, ico gihe nkaba nari mfise imyaka cumi, dawe yatashe afise umunezero mwinshi. Yaje azanye igitabu kinini kandi c’impapuro nyinshi yari yahawe n’Ivyabona vya Yehova. Yatubwiye ati: “Bane, ehe raba iki kintu nje nzanye, ni Ivyanditswe Vyeranda!” Emwe, sinari bwigere nkubita ijisho Bibiliya!

Ekeleziya gatolika yari imaze igihe kirekire igira akosho gakomeye ku bantu b’i Ruda Slaska be no ku bo mu tundi turere two mu micungararo yaho. Abakuru b’idini bari bafitaniye ubugenzi na ba nyene ibibanza vyacukurwamwo ubutare kandi bashaka ko abakozi bacukura ubwo butare be n’imiryango yabo babagamburukira muri vyose. Mu gihe haba hari uwo mu bacukura ubutare yasivye imisa canke akanka kuja kwirega, yaca abonwa nk’uwutemera Imana kandi baca barondera ingene yokwirukanwa mu kazi ko gucukura ubutare. Ikintu nk’ico ni co cari kigiye gushikira dawe kubera yuko yariko yifatanya n’Ivyabona vya Yehova. Ariko rero, igihe umupatiri umwe yatugendera i muhira, dawe yarashize ku kabarore uburyarya bw’idini rya gatolika, ivyo abigira bene umurango babona. Uwo mupatiri yari yishwe n’ibimaramare ntiyashaka gusubira kwitera ingorane, kikaba ari co gituma dawe atirukanywe mu kazi.

Kwibonera ingene dawe yahanganye n’uwo mupatiri vyarakomeje umwiyemezo nari mfise wo kumenya ivyerekeye Bibiliya. Bukebuke nahavuye nkunda Yehova kandi ndatangura kugiranira na we ubucuti. Haheze amezi makeya dawe ayaze na wa mupatiri, twaritavye Icibutso c’urupfu rwa Kristu, ico gihe uwadondoye dawe abwira umugwi w’abantu 30 uwo ari we yababwiye aya majambo agira ati: “Uyu ni Umuyehonadabu”. Mu nyuma nahavuye menya ko “Abayehonadabu” ari abakirisu bafise icizigiro co kuba kw’isi kandi ko igitigiri cabo cogumye kigwiraa.​—2 Abami 10:15-17.

“Musore, ubwo urazi ico ibatisimu isobanura?”

Dawe amaze kwakira ukuri, yaciye aheba kunywa inzoga maze aba umunega na sebibondo mwiza. Naho ari ukwo, mawe ntiyashigikiye ukwemera dawe yari aherutse kuronka, mbere yarakunda kuvuga yuko yopfuma abona dawe abaho nk’uko yari ameze mugabo akaguma ari umugatolika. Yamara, inyuma y’aho Intambara ya kabiri y’isi yose yadukiye, mawe yarabonye ko abakuru b’idini bari barasengeye igihugu ca Polonye basaba ko cotsinda ingabo z’Ubudagi zari zagiteye, ari bo nyene bariko barasenga bashimira Imana kubona Hitler yaratahukanye intsinzi. Mu nyuma, mu 1941, mawe yariyunze ku bandi bo mu muryango bariko barakorera Yehova.

Imbere y’aho, nari naraseruye icipfuzo nari mfise co kubatizwa mu mazi bwa kimenyetso c’uko niyeguriye Imana, mugabo abakurambere b’ishengero babona ko umengo ndacari muto cane. Ku bw’ivyo, bansavye kuba ndatenyenya. Ariko rero mu nyuma, kw’igenekerezo rya 10 Kigarama 1940, umuvukanyi yitwa Konrad Grabowy (yahavuye apfa ari umwizigirwa igihe yari mw’ikambi ry’itunatuniro) yarambajije ibibazo turi mu mwiherero mu kumba gatoya. Yambajije ibibazo bitanu, maze ahejeje kunyugwa n’inyishu namuhaye, yaciye ambatiza. Kimwe mu bibazo yambajije ni iki: “Musore, ubwo urazi ico ibatisimu isobanura?”. Ikindi na co cari iki: “Ubwo urazi ko muri kino gihe c’indwano, vuba uzotegerezwa guhitamwo nimba uzoba intahemuka kuri Hitler canke intahemuka kuri Yehova, kandi ko ingingo uzofata yoshobora kugutwara agatwe?” Namwishuye ata kugonanwa nti: “Ego cane ndabizi”.

Uruhamo rutangura

Ni kubera iki none Konrad Grabowy yambajije ivyo bibazo ata gukikiriza? Abasirikare b’Ubudagi bari barateye igihugu ca Polonye mu 1939, kandi inyuma y’aho ukwizera be n’ukutadohoka kwacu vyarageragejwe bimwe bikomeye. Ku musi ku musi, ibintu vyaguma birushiriza gutuma duhagarika umutima, kuko twaguma twumva abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bafashwe, bajanywe mu tundi turere, be n’abarungitswe mu mabohero canke mu makambi y’itunatuniro. Vuba, ivyo ni vyo vyari bigiye kudushikira natwe.

Abanazi bipfuza ko urwaruka, ushizemwo na twebwe uko twavukana turi bane, ruba abayoboke b’abanyeshaka b’intwaro ya Hitler. Kubera yuko dawe na mawe bari banse incuro nyinshi gutera umukono ku citwa Volkslist (urwo rukaba rwari urutonde rw’abantu baronse ubwenegihugu bw’Ubudagi canke abipfuza kuburonka), baratswe uburenganzira bwo kuturera. Dawe yararungitswe mw’ikambi ry’itunatuniro i Auschwitz. Muri Ruhuhuma 1944, jewe na mukurwanje twarajanywe mu kigo co guhasha abana b’abagarariji cari i Grodków (Grottkau), hafi y’ahitwa Nysa, bashiki bacu na bo barungikwa mu kigo c’ababikira i Czarnowąsy (Klosterbrück), hafi y’ahitwa Opole. Ivyo vyose vyagizwe mu ntumbero yo gutuma duheba ivyo abategetsi bita ngo ni “ibintu vy’uruhendo abavyeyi bacu bizera”. Ico gihe mawe ni we gusa yasigaye i muhira.

Imisi yose mu gitondo, mu kibuga c’ico kigo co guhasha abakiri bato, haraduzwa ibendera ry’Abanazi ryariko ikintu kimeze nk’umusaraba kandi tukaba twarasabwa kuduza ukuboko kwacu kw’i buryo maze tukaramutsa iryo bendera mu gusubiramwo ya ndamukanyo yo guhayagiza Hitler yagira iti: “Heil Hitler”. Emwe, ico cari ikintu gikomeye kigerageza ukwizera kwacu! Ariko ntiwumve, jewe na Bernard twagumye dushikamye turanka kudohoka. Ivyo vyatumye dukubitwa turashaya twagirizwa ico bita ngo ni ukutubaha. Ibintu vy’urutavanako bagira kugira ngo basenyure agatima twari dufise na vyo nyene vyarasenzwe, akaba ari co gituma abapolisi b’Abanazi bahavuye baduhitishamwo bati: “Mushire umukono kuri runo rwandiko rusaba kuba intadohoka kuri Leta y’Ubudagi maze muje muri Wehrmacht [igisirikare c’Ubudagi] atari aho na ho muzorungikwa mw’ikambi ry’itunatuniro”.

Muri Myandagaro mu 1944, igihe abategetsi basohora itegeko ry’uko turungikwa mw’ikambi ry’itunatuniro, bavuze bati: “Ntibishoboka ko tubajijura ngo bakore ikintu na kimwe. Bararyoherwa no kubona bariko bababazwa bahorwa ivyo bemera. Ubugarariji bwabo burabangamiye ikigo cose”. Naho ntipfuza gupfa rumaratiri, naranezerejwe no kubona nagumye ndi intadohoka kuri Yehova mu kugumana umutima mu nda no mu kugaragaza uburindutsi igihe nariko ndagirirwa nabi (Ivyakozwe n’intumwa 5:41). Mu vy’ukuri, ku bw’inkomezi zanje sinari gushobora kwihanganira amabi yari andindiriye. Mugabo, amasengesho avuye ku mutima natura Yehova yatumye ndushiriza kumwiyegereza, kandi vy’ukuri yarambereye Umutabazi yizigirwa.​—Abaheburayo 13:6.

Mw’ikambi ry’itunatuniro

Bidatevye narajanywe mw’ikambi ry’itunatuniro ryitwa Gross-Rosen ryari mu karere ka Silesiya. Ico gihe naciye mpabwa inomero iranga umunyororo be n’inyabutatu y’umutugutu, iyo nyabutatu ikaba yaranga ko ndi Icabona ca Yehova. Abapolisi b’Abanazi barampaye akaryo ko kuva muri iryo kambi. Iyo nemera ikintu kimwe nasabwe, nari gushobora kurekurwa nkava muri iryo kambi eka mbere nkagirwa intwazangabo mu gisoda c’Abanazi. Bambwiye bati: “Utegerezwa kwigarama ivyiyumviro vy’Abigishwa ba Bibiliya, ibirwanya intwaro ya Hitler”. Nta bandi banyororo bahawe akaryo mwene ako. Ivyabona vya Yehova ni bo gusa bahabwa ako karyo ko kuva muri ayo makambi. Ariko ntiwumve, jewe cokimwe n’ibindi vyabona ibihumbi, twaranse twivuye inyuma ico kintu citwa ngo ni agateka. Abo basoda baciye bambwira bati: “Niwitegereze neza kirya kiringoti gisohora imyuka yo mu kizu gituririrwamwo ibiziga. Niwiyumvire neza ivyo twakubwiye, canke na ho uzorekurwa biciye gusa muri kirya kiringoti”. Na ho nyene naranse nivuye inyuma, kandi ico gihe naciye numva nuzuye “amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose”.​—Ab’i Filipi 4:6, 7, NW.

Narasenze Yehova ndamusaba yuko noshobora kubonana n’abo dusangiye ukwizera bari muri iryo kambi, kandi yaratumye ivyo bishoboka. Muri abo bakirisu dusangiye ukwizera harimwo umuvukanyi w’umwizerwa yitwa Gustaw Baumert, uwo akaba yaranyitwararikanye ikibabarwe be n’urukundo. Ata gukeka, vyaragaragaye ko Yehova yambereye ‘Data w’imbabazi zuzuye ikibabarwe be n’Imana y’uruhoza rwose’.​—2 Ab’i Korinto 1:3, NW.

Inyuma y’amezi makeya, ingabo z’Abarusiya zariko ziregereza zatumye biba ngombwa ko Abanazi bimura iryo kambi badatevye. Igihe twariko turitegurira kuva aho hantu, twebwe abavukanyi twaremeye gushira ubuzima mu kaga maze turaja aho abagore bari bapfungiwe kugira ngo turabe uko abavukanyikazi bacu hafi 20 bari bamerewe, muri bo hakaba harimwo Elsa Abt hamwe na Gertrud Ottb. Igihe batubona, baciye biruka batugana maze tumaze akanya gatoya turemeshanya, baciye baririmba ururirimbo rw’Ubwami, ururimwo amajambo agira ati: “Intahemuka atadohoka, ntazoteshwa n’ubwoba”c. Emwe, nta n’umwe muri twebwe atakoroye amosozi!

Tujanwa mu rindi kambi

Abanazi badupakiye nk’indagara mu bikonteneri vy’igariyamoshi bigaragara vyari bigenewe gutwara ibizuku, buri gikogote bakagipakiramwo abanyororo bava ku 100 gushika ku 150, ata n’imfungurwa canke amazi batwaye, kandi badutwaye mu ruvura rwagwa ari ibibarafu bikanye cane. Inyota be n’inyonko vyaratumereye nabi. Uko abanyororo baba barwaye n’ababa barushe batembagarira hasi maze bagapfa, ni ko ivyo bikonteneri vyaza biragabanukamwo abantu. Naravyimvye cane amaguru n’amavi ku buryo bitashoboka ko mpagarara. Inyuma y’imisi cumi twamaze muri urwo rugendo, abanyororo bari ku rushi barokotse barashitse kw’ikambi ryitwa Mittelbau-Dora ryari mu gisagara citwa Nordhausen, ico kikaba cari hafi y’igisagara citwa Weimar mu karere ka Thuringe. Igitangaje ni uko ata muvukanyi n’umwe yasize ubuzima muri urwo rugendo rw’akabi kabishe.

Ata gihe kihaciye ntoye agahengwe ku bijanye n’urwo rugendo, ikiza c’amacinya na co caciye gitera muri iyo kambi, kandi bamwe mu bavukanyi, na jewe ndimwo, barafashwe n’ico kiza. Twarasabwe kumara igihe gitoya twirinda kunywa ibisupu vyatangwa muri iryo kambi maze tukarya gusa imikate yokejwe neza. Narabikurikije maze mu nyuma ndakira. Mu kwezi kwa Ntwarante mu 1945 twarumvise y’uko Icanditswe c’uwo mwaka cari ico muri Matayo 28:19, NW ikigira giti: “Nimugende rero muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa”. Vyasa n’uko vuba twobohowe tugakurwa muri ayo makambi kandi ko ubutumwa bwiza bwobandanije kwamamazwa. Ivyo vyatumye tugira umunezero mwinshi be n’icizigiro, narirya twiyumvira yuko Intambara ya kabiri y’isi yose yorangijwe na Harumagedoni. Ese ukuntu Yehova yadukomeje bimwe bitangaje muri ico kiringo twamaze turi mu bihe bigoye!

Dukurwa mu makambi

Kw’igenekerezo rya 1 Ndamukiza 1945, abasirikare b’ibihugu vyagize urunani barateye ibibombe ku birindiro vy’abasoda b’Abanazi be no mw’ikambi ry’itunatuniro ryari hafi y’iryo twarimwo. Abantu benshi barahasize ubuzima abandi na bo barakomereka. Ku musi wakurikiye, baraducucagiyemwo amabombe, kandi muri ico gitero, hari ikibombe gikomeye caturitse maze kinjugunyira mu kirere.

Umwe mu bavukanyi, uwitwa Fritz Ulrich, yaraje kuntabara. Yarimvye mu kirundo c’ibisigarira vy’ibintu vyari vyasambutse, yizigiye ko nari nkiri muzima. Yahavuye antora maze arankura muri iryo sakamburira. Igihe natora akenge, nasanze nakomeretse bimwe bikomeye mu maso n’ahandi ku mubiri kandi sinashobora kwumva ikintu na kimwe. Ukwasana kw’urwo rubombe kwarononye inyumviro z’amatwi yanje. Naragize ingorane zikomeye z’amatwi mu kiringo c’imyaka itari mike imbere y’uko nteba ngakira.

Mu banyororo ibihumbi n’ibihumbi, bakeya gusa ni bo barokotse ivyo bibombe. Bamwe mu bavukanyi bacu barapfuye, muri bo hakaba harimwo wa muvukanyi nikundira Gustaw Baumert. Ibikomere nagize vyaratumye mfatwa n’iyindi ndwara yazananye n’inyonko idasanzwe. Ariko rero, hadaciye igihe kinini, ba basirikare b’ibihugu vyagize urunani baratubonye maze baratubohora. Muri ico gihe nyene, ibiziga vy’imbohe vyariko birabora vyatumye hatera ikiza ca tifusi, ico kiza kikaba kitansize inyuma na jewe. Twe n’abandi bari barwaye twaciye tujanwa kwa muganga. Naho abaganga bagize uko bashoboye kwose, batatu muri twebwe ni bo gusa barokotse. Ese ukuntu nakengurukiye Yehova kubona yarankomeje kugira ngo ngume ndi intahemuka muri ivyo bihe bigoye! Narakengurutse kandi kubona Yehova yabonye yuko ku binyerekeye, bibereye ko ankiza “igitūtu” c’urupfu.​—Zaburi 23:4.

Nteba ngasubira i muhira

Inyuma y’aho Ubudagi butsindiwe, nari mfise icizigiro c’uko nosubiye i muhira vuba bishoboka, mugabo ivyo vyahavuye biba ibigoye kuruta uko nari ndavyiteze. Narabonywe n’abantu bamwe mu bo twahorana mu munyororo, abo bakaba bari mw’ishirahamwe rimwe ryagenzurwa n’abagatolika. Baciye biha akamo bavuga bati: “Nimuze tumwice!” hanyuma bansunurira hasi baramponyanga. Haciye haseruka umugabo umwe maze arankiza ubwo bubisha bwabo, mugabo rero vyafashe igihe kirekire kugira ngo nkire, kubera yuko nari nakomeretse kandi nkaba nari nkigoyagoya kubera ya tifusi. Ariko rero, amaherezo narashoboye gushika i muhira. Ese ukuntu nahimbawe no gusubira kubonana n’abagize umuryango wanje! Bose bararyohewe cane no kumbona kubera yuko biyumvira ko nari narapfuye.

Bidatevye, twaciye dusubira gutangura igikorwa co kwamamaza, kandi abantu benshi bari bafise icipfuzo kivuye ku mutima co kumenya ukuri barakiriye ubwo butumwa. Narajejwe igikorwa co gushira amashengero ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya. Naratewe agateka, cokimwe n’abandi bavukanyi, ko kuja i Weimar guhura n’abari baserukiye ibiro vy’ishami ry’Ubudagi, kandi igihe twavayo twaje tuzanye muri Polonye inomero za mbere z’Umunara w’Inderetsi zasohowe inyuma y’Intambara ya kabiri y’isi yose. Izo nomero zaciye zihindurwa bidatevye, harategurwa ibikoresho bifasha kuzigwiza, mu nyuma ziracapurwa. Igihe ibiro vyacu vyari i Lodz vyagenzura igikorwa cose carangurirwa muri Polonye, ni ho ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya vyaciye bitangura gushikira amashengero ubudahorereza. Naratanguye gusukura ndi umutsimvyi adasanzwe, ni ukuvuga umwamamaji w’inkuru nziza w’igihe cose, nkaba nakorera mu karere kanini ka Silesiya, ico gihe igice kinini cako kikaba cegukira igihugu ca Polonye.

Ariko rero, hadaciye igihe kinini, Ivyabona vya Yehova barasubiye guhamwa, ico gihe bakaba bahamwa n’intwaro ya gikomunisita yari iherutse gushingwa muri Polonye. Mu 1948 naraciriwe imyaka ibiri yo gupfungwa mporwa ko nari umukirisu atagira aho ahengamiye. Igihe nari mw’ibohero, nararonka akaryo ko gufasha abandi banyororo benshi kwiyegereza Imana. Umwe muri bo yaremeye ukuri mu nyuma ariyegurira Yehova maze arabatizwa.

Narasubiye kurungikwa mw’ibohero mu 1952, ico gihe nkaba nagirizwa ngo nsumira urusaku igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Igihe nari nkirindiriye gucirwa urubanza, napfungiwe ahantu ha jenyene kandi nasambishwa ijoro n’umurango. Ariko rero, n’ico gihe Yehova yarasubiriye kundokora arankura mu maboko y’abampama, kandi mu myaka yakurikiye sinasubiriye kugirirwa nabi nk’ukwo.

Ivyamfashije kwihangana

Iyo ntereje amaso inyuma kuri iyo myaka yose y’ibigeragezo n’amakuba naciyemwo, ndashobora kubona ibintu nyamukuru vyamfashije kwihanga. Imbere ya vyose, inkomezi z’ukwihangana nazironse zivuye kuri Yehova n’Ijambo ryiwe Bibiliya. Amasengesho yo gutakamba adahorereza kandi avuye ku mutima natura “Imana y’uruhoza rwose”, be no kwiga Ijambo ryayo buri musi vyaramfashije vyongera birafasha n’abandi kuguma dukomeye mu vy’impwemu. Amakopi y’Umunara w’Inderetsi yandikwa n’iminwe na yo nyene yaraturonsa imfungurwa zo mu vy’impwemu twari dukeneye cane. Igihe nari mu makambi y’itunatuniro narakomezwa cane n’abo twari dusangiye ukwizera bitwararikana kandi bakaba bari biteguriye gufasha abandi n’umutima ukunze.

Umukenyezi wanje Maria, yarambereye uwundi muhezagiro uva kuri Yehova. Twubakanye muri Gitugutu 1950 maze mu nyuma twibaruka agakobwa, ako twise Halina, kano kakaba kakuze gakunda Yehova kandi kamusukurira. Maria yapfuye tumaze imyaka 35 twubakanye, akaba yapfuye amaze igihe kinini arwaye. Urupfu rwiwe rwansigiye intuntu n’umubabaro. Naho vyashitse nkamara ikiringo kinaka numva ko ‘nakubiswe hasi, sinatikijwe’ (2 Ab’i Korinto 4:9, NW). Muri ivyo bihe bigoye narimwo, narashigikiwe n’umukobwa wanje nkunda, umugabo wiwe be n’abana babo, ni ukuvuga abuzukuru banje, abo bose bakaba bariko barakorera Yehova badahemuka.

Kuva mu 1990, nkorera ku biro vy’ishami vyo muri Polonye. Kwama nifatanya n’abagize umuryango mwiza igitangaza wa Beteli bimbera umuhezagiro ukomeye. Rimwe na rimwe amagara yanje aguma atituka, aratuma numva meze nka kurya kw’inkukuma igoyagoya idashobora kuguruka ikubita amababa mugabo iyasanza gusa maze igatwarwa n’umuyaga. Naho ibintu vyifashe gutyo, niteze kazoza umutima uri mu nda, kandi “ndaririmbira Uhoraho, kuko yangiriye neza” gushika n’uno musi (Zaburi 13:6). Ubu mpanze amaso igihe Yehova Umutabazi wanje, azokuraho ibibi vyose vyavuye ku ntwaro y’agacinyizo ya Shetani.

[Utujambo tw’epfo]

a Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero 1998, urupapuro rwa 24, ingingo ya 6.

b Raba inkuru y’ubuzima ya Elsa Abt mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Mukakaro 1980, urupapuro rwa 12-15.

c Rwari ururirimbo rwa 101 mu gitabu c’indirimbo co mu 1928 cari gifise umutwe uvuga ngo Indirimbo zishemeza Yehova, casohowe n’Ivyabona vya Yehova (mu congereza). Mu gitabu c’indirimbo c’ubu, ni ururirimbo rwa 56.

[Ifoto ku rup. 10]

Iyo nomero be n’iyo nyabutatu y’umutugutu ni ivyo nahawe ndi mw’ikambi ry’itunatuniro

[Ifoto ku rup. 12]

Ndi kumwe n’umukenyezi wanje Maria mu 1980

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika