Ijambo rya Yehova ni rizima
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Hoseya
UGUSENGA kw’ukuri gusa n’ukwazimanganye muri bwa bwami bwa Isirayeli bwo mu Buraruko bugizwe n’imiryango cumi. Ku ngoma ya Yerobowamu wa kabiri, Isirayeli yifashe neza mu vy’ubutunzi, ariko gatoyi inyuma y’urupfu rwiwe, ubwo butunzi burakamangana. Haca hakurikira ikiringo kirangwa n’imigumuko be n’akajagari mu vya politike. Mu bami batandatu bamukurikiye, bane baragandagurwa (2 Abami 14:29; 15:8-30; 17:1-6). Imyaka 59 Hoseya yamaze avuga ubuhanuzi, ino ikaba yatanguye mu 804 B.G.C., yahuriranye n’ico kiringo cari cuzuyemwo umudurumbanyo.
Ukuntu Yehova yumvise amerewe ku bijanye n’ihanga ry’Abisirayeli ryigira ibiro biteze biradondorwa neza na neza n’ivyashitse mu mubano wa Hoseya. Mu bigize ubutumwa Hoseya ashikiriza harimwo ugushira ku kabarore amakosa ya Isirayeli be n’ivy’imanza zijanye n’ubuhanuzi zociriwe Isirayeli be n’ubwami bw’Ubuyuda. Akoresheje amajambo yoroshe kandi akora ku mutima be n’imvugo ikomeye kandi idondora neza ivyabaye, Hoseya yaranditse ivyo bintu vyose mu gitabu citirirwa izina ryiwe. Kubera ko ubutumwa buri muri ico gitabu buri mu bigize Ijambo ry’Imana ryahumetswe, ni buzima kandi bufise ububasha.—Abaheburayo 4:12.
“WĀBĪRE UMUGORE MARAYA”
Yehova abarira Hoseya ati: “Genda, wābīre umugore maraya” (Hoseya 1:2). Hoseya aragamburuka hanyuma akavyarana na Gomeri umwana w’umuhungu. Abandi bana babiri Gomeri avyara, biboneka ko ari abasambanano. Insobanuro y’amazina yabo, ari yo Ntambabazi na Sabantubanje, yerekeza ku kuntu Yehova yaretse kugirira imbabazi Isirayeli yongera araheba abantu biwe b’ibihemu.
None mu vy’ukuri Yehova yumva amerewe gute ku bijanye n’abantu biwe bari bagararije? Abwira Hoseya ati: “Subira ugende, ukunde wa mugore akundwa n’umwūzure wiwe, kandi w’umusambanyikazi, nk’uk’Uhoraho nkunda Abisirayeli, naho bo bāhindukiriye izindi mana”.—Hoseya 3:1.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
1:1—Ni kubera iki Hoseya avuga amazina y’abami bane bose batwaye Ubuyuda mu kiringo c’ubusuku bwiwe, yamara akavuga izina ry’umwami umwe gusa yatwara Isirayeli? Ni kubera yuko abami bakomoka mu muryango wa Dawidi ari bo gusa bari bazwi ko babereye gutwara abasavyi b’Imana bari baratoranijwe. Abami batwara mu bwami bwo mu Buraruko ntibakomoka mu ruvyaro rwa Dawidi, mu gihe abo mu Buyuda bo ari rwo bakomokamwo.
1:2-9—Hoseya yoba vy’ukuri yarabiriye umugore maraya? Egome. Hoseya mu vy’ukuri yabiriye umugore yahavuye acika umurengabigo. Uwo muhanuzi nta na kimwe avuga cerekena ko ivyo yadondoye ku bijanye n’ubuzima bwiwe bwo mu rugo vyoba vyari indoto canke ukwerekwa.
1:7—Ni ryari inzu ya Yuda yagiriwe ikigongwe maze irarokorwa? Ivyo vyarangutse mu 732 B.G.C., ku ngoma y’Umwami Hezekiya. Ico gihe Yehova yarahagaritse iterabwoba Abashuri bagira kuri Yeruzalemu mu gutuma umumarayika umwe yica ingabo z’abansi 185.000 mw’ijoro rimwe (2 Abami 19:34, 35). Yehova rero yararokoye Ubuyuda, adakoresheje “umuheto, cank’inkota, cank’intambara, cank’amafarasi, cank’abayagenderako”, mugabo akoresheje umumarayika.
1:10, 11—Ko ubwami bwa Isirayeli bwo mu Buraruko bwatemvye mu 740 B.G.C., none vyagenze gute ngo Abisirayeli n’Abayuda ‘bakoranirizwe hamwe’? Abantu benshi bo mu bwami bwo mu Buraruko bari baragiye mu Buyuda imbere y’uko ababa mu gihugu c’Ubuyuda bajanwa mu bunyagano i Babiloni mu 607 B.G.C (2 Ngoma 11:13-17; 30:6-12, 18-20, 25). Aho Abayuda bari mu bunyagano bagarukiye mu gihugu cabo c’amavukiro mu 537 B.G.C., abakomoka mu bwami bwo mu Buraruko bwa Isirayeli bari mu bagarutse.—Ezira 2:70.
2:21-23—Yehova yariko yerekeza ku ki igihe yavuga ati: ‘Nzobiba [Yezireli] mu gihugu kandi nzomugirira imbabazi’? Umuhungu w’imfura Hoseya yavyaranye na Gomeri yitwa Yezireli (Hoseya 1:2-4). Insobanuro y’iryo zina, ari yo ngo “Imana izobiba”, yerekeza mu buryo bw’ubuhanuzi ku gihe Yehova yokoranirije hamwe amasigarira y’intahemuka mu 537 B.G.C., maze akayabiba nk’imbuto mu Buyuda. Igihugu camaze imyaka 70 ari umusaka cobaye gikwiye kwimbuka intete, vino y’akanovera be n’amavuta. Mu buryo ndyoshamvugo, ubwo buhanuzi buvuga yuko ivyo bintu vyiza vyobaye nk’ibitera akamo isi ngo irekure ivyankenerwa vyo muri yo, isi na yo igasaba amajuru ngo arekure imvura. Amajuru na yo, yotakambiye Imana ngo itange ibicu vy’imvura. Ivyo vyose vyobaye mu ntumbero yo kwitwararika mu buryo bushitse ivyo amasigarira yagarukanywe yobaye akeneye. Intumwa Paulo na Petero berekeza ibivugwa muri Hoseya 2:23 ku gukoranirizwa hamwe kw’amasigarira ya Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu.—Abaroma 9:25, 26; 1 Petero 2:10.
Ivyigwa tuhigira:
1:2-9; 3:1, 2. Iyumvire akigoro Hoseya yagize mu kuguma mu mubano nk’uwo arondera gusa guhuza n’ivyo Imana igomba! None, igihe dusabwe gukora ivyo Imana igomba, twoba twiteguriye guheba ivyo ubwacu twikundira ku rugero rungana iki?
1:6-9. Yehova aranka ubusambanyi bwo mu buryo bw’impwemu nka kurya nyene yanka ubusambanyi bwo mu buryo bw’umubiri.
1:7, 10, 11; 2:14-23. Ivyo Yehova yavuze imbere y’igihe ku vyerekeye Isirayeli n’Ubuyuda vyararangutse. Ijambo Yehova avuze ntiryigera ribesha na rimwe.
2:16, 19, 21-23; 3:1-4. Yehova agabirije guharira abagaragaza ukwigaya babikuye ku mutima (Nehemiya 9:17). Cokimwe na Yehova, na twebwe nyene dukwiye kuba abantu bagaragaza impuhwe n’imbabazi mu vyo tugiriranira n’abandi.
‘UHORAHO AFISE IMIBURANO’
“Uhoraho afitaniye imibūrano na ben’igihugu”. Kubera iki? Kubera ko “ata kuyoboka kuri mu gihugu, cank’imbabazi, cank’ukumenya Imana” (Hoseya 4:1). Abisirayeli bari bahemutse, barisutse mu vyo kwambura abandi no mu vyo gusesa amaraso bongera barasambana mu buryo bw’umubiri no mu buryo bw’impwemu. Aho kuronderera imfashanyo ku Mana, “batakambi[ye] Egiputa, [baja] no muri Ashuri”.—Hoseya 7:11.
Yehova aratangaza urubanza rwiwe mu kuvuga ati: “Abisirayeli barayongobejwe” (Hoseya 8:8). Ubwami bw’Ubuyuda burafise ikibwagira. Muri Hoseya 12:2 havuga hati: “Uhoraho afise imibūrano no kuri Yuda, kand’azohana Yakobo ibihwanye n’ingeso ziwe; azomusubiriza mu nkōko ibihwanye n’ivyo yakoze”. Naho ari ukwo, nta gukeka ko ibintu bizosubizwa mu buryo, kuko Imana isezerana iti: “Nzobacungura mbakūre mu bubasha bg’i kuzimu; nzobagōmbōra mbakūre mu rupfu”.—Hoseya 13:14.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
6:1-3—Ni nde yariko aravuga ngo: “Enda ni muze, dusubire k’Uhoraho”? Bishoboka ko bari Abisirayeli b’ibihemu bariko bararemeshanya hagati yabo kugira ngo bagaruke kuri Yehova. Nimba ari ukwo biri, kwari ukwigaya kwo ku munwa gusa. Ubuntu-mvarukundo bwabo bwari buke bukaba n’ubw’akanya gato cokimwe n’“igipfungu co mu gatondo-tondo, [canke] urume ruta mu kanya gato” (Hoseya 6:4). Ahandi na ho, uwavuze ayo majambo ashobora kuba yari Hoseya ariko aringinga Abisirayeli ngo bagaruke kuri Yehova. Uko vyoba biri kwose, abo bantu bigira ibiro biteze bo mu bwami bwa Isirayeli bwari bugizwe n’imiryango cumi bari bakwiye kugaragaza ukwigaya nyakuri no kugaruka kuri Yehova vy’ukuri.
7:4—Ni mu buryo ki Abisirayeli b’abasambanyi bari bameze nk’‘iziko ryacanywe’? Iyo mvugo ngereranyo irerekana ukuntu ivyipfuzo bibi vyari mu mitima yabo vyari bikomeye.
Ivyigwa tuhigira:
4:1, 6. Nimba dushaka kuguma dutoneshwa na Yehova, dutegerezwa kubandanya twironsa ubumenyi bumwerekeye tukongera tukabaho twisunga ivyo twiga.
4:9-13. Yehova azohana abo bose bamogorera ubuhumbu bakagira n’uruhara mu nsengo ihumanye.—Hoseya 1:4.
5:1. Abaja imbere abandi mu basavyi b’Imana bakwiye kwamirira kure ubuhuni baherejeko. Ahandi ho boshobora gutuma hagira abisuka mu nsengo y’ikinyoma, gutyo bakaba bababereye ‘umutego n’ururiba’.
6:1-4; 7:14, 16. Ukwigaya kwo ku munwa gusa ni ukw’uburyarya kandi ntaco kumaze. Kugira ngo uwacumuye aharirwe n’Imana, ategerezwa kugaragaza ukwigaya kuvuye ku mutima, ivyo akabigira mu kugaruka ku kintu co “hejuru”, ni ukuvuga ku buryo bwo gusenga buri hejuru. Ivyo akora bikwiye kuba bihuje n’ingingo ngenderwako z’Imana ziri hejuru.—Hoseya 7:16, NW, akajambo k’epfo.
6:6, NW. Kumogorera icaha ni icerekana ko umuntu ata rukundo rudahemuka afitiye Imana. Nta bimazi vyo mu buryo bw’impwemu yotanga bishobora gusubirira ico kintu ahajije, naho vyoba bingana iki.
8:7, 13; 10:13. Ingingo ngenderwako ivuga ko “ico umuntu abiba cose, ico [ari] co nyene azoshwabura” vyaragaragaye ko ari iy’ukuri turavye ivyashikiye ba Bisirayeli basenga ibigirwamana.—Ab’i Galatiya 6:7, NW.
8:8; 9:17; 13:16. Ubuhanuzi bwerekeye bwa bwami bwo mu Buraruko bwararangutse igihe umurwa mukuru wabwo, ari wo Samariya, wigarurirwa n’Abashuri (2 Abami 17:3-6). Turashobora kwizigira tudakeka ko ivyo Imana yavuze izobikora be n’uko ivyo yashinze izobishitsa.—Guharūra 23:19.
8:14. Yehova yararekuriye “umuriro ku bisagara” vy’Ubuyuda mu 607 B.G.C. akoresheje Abanyababiloni, bano bakaba barashikije ubuhanuzi bwavuga ivy’ugusangangurwa kwa Yeruzalemu be n’igihugu c’Ubuyuda (2 Ngoma 36:19). Ijambo Imana ivuze ntiryigera rinanirwa.—Yosuwa 23:14.
9:10. Naho Abisirayeli bari bariyeguriye Imana y’ukuri, “bagīye kuri Bayali y’i Peyori, bīyegurira ako gatētereza”. Twoba tubaye inkerebutsi tugize ico twigiye ku karorero kabo kabi maze tukirinda kugira ngo ntiduce kubiri n’ukwiyegurira Yehova kwacu.—1 Ab’i Korinto 10:11.
10:1, 2, 12. Dukwiye gusenga Imana n’umutima utagira uburyarya. Igihe ‘tubivye tugendereye ukugororoka, turimbura nk’ukw’imbabazi z’Imana ziri’.
10:5. Betaveni (bisobanura ngo “Inzu y’ubukozi bw’ikibi”) ni izina ry’agahemo ryahawe Beteli (bisobanura ngo “Inzu y’Imana”). Igihe ikigirwamana c’inyana c’i Betaveni catwarwa inyagano, ababa i Samariya baraboroze kubera ko bari babuze ikintu bari barihebeye. Ese ukuntu ari ubujuju kwizigira ikigirwamana kitagira ubuzima, kidashobora no kwikingira ubwaco!—Zaburi 135:15-18; Yeremiya 10:3-5.
11:1-4. Ivyo Yehova agirira abasavyi biwe, yama nantaryo abigira mu buryo buranga urukundo. Kuyobokera Imana ntivyigera bicinyiza.
11:8-11; 13:14. Ijambo Yehova yavuze rijanye no kugarukana abantu biwe ku gusenga kw’ukuri ‘ntiryagarutse ubusa’ (Yesaya 55:11). Mu 537 B.G.C., ubunyagano bw’i Babiloni bwararangiye maze amasigarira aragaruka i Yeruzalemu (Ezira 2:1; 3:1-3). Ivyo Yehova yavuze vyose abicishije ku bahanuzi biwe bizoranguka ata kabuza.
12:6. Turakwiye kwiyemeza dushikamye kwama tugaragaza ubuntu-mvarukundo, ubutungane be n’ukwizigira Yehova.
13:6. Abisirayeli ‘barahaze maze imitima yabo yishira hejuru, bituma bibagira [Yehova]’. Turakwiye kwirinda impengamiro yose ijanye n’ukwishira hejuru.
‘INZIRA Z’UHORAHO ZIRARORANYE’
Hoseya atakamba ati: “Ewe Isirayeli we, garuka k’Uhoraho Imana yawe; kuko wagwishijwe n’ibigabitanyo vyawe”. Aremesha abantu kubwira Yehova bati: “N’uduharire ibigabitanyo vyose, uduhangaze: . . . mu gishingo c’amapfizi tuzogushikanira ibimazi vy’iminwa yacu”.—Hoseya 14:1, 2.
Umucumuzi yigaye akwiye kugaruka kuri Yehova, akemera inzira ziwe maze akamushikanira ibimazi vyo kumushemeza. Kubera iki? Kubera ko “inzira z’Uhoraho ar’iziroranye, kand’abagororotsi [bakaba ari] bo bazozigendamwo” (Hoseya 14:9). Ese ukuntu tunezerezwa no kubona ko hakiriho benshi “bazoza mu gatengo baje k’Uhoraho no ku migisha yiwe mu misi y’iherezo”!—Hoseya 3:5.
[Ifoto ku rup. 15]
Ubuzima bwo mu rugo rwa Hoseya bwarerekanye ukuntu Yehova yafashe Isirayeli
[Ifoto ku rup. 17]
Igihe Samariya yatemba mu 740 B.G.C., bwa bwami bwa Isirayeli bwari bugizwe n’imiryango cumi bwaciye buzimangana