ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/10 rup. 31
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ivyo bijanye
  • Amahasa Adasa
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Yakobo ahabwa intoranwa
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Yakobo na Esawu basubira gukundana
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Rebeka—umukenyezi w’umunyabikorwa yatinya Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/10 rup. 31

Ibibazo vy’abasomyi

Ubwo Yakobo ntiyagize ikosa mu kuvuga yuko yari Esau, nk’uko biri mw’⁠Itanguriro 27:18, 19?

Ushobora kuba umenyereye iyo nkuru. Igihe Isaka yari ashaje yabwiye Esau ngo aje guhiga kugira ngo amuronderere akanyama, amubwira ati: “[Uheze] uzinzanire ndye, mbone kuguhezagira ntarapfa”. Rebeka amaze kwumva ivyo umunega wiwe yavuze, yaciye ategura imfungurwa zinovera maze abwira Yakobo ati: “Uheze uzishīre so, arye, kugira ngw aguhezagire atarapfa”. Mu nyuma, Yakobo yaciye yambara impuzu za Esau yongera ashira insato z’umwagazi w’impene ku bikonjo no kw’izosi maze arinjira iyo se yari, ajanye izo mfungurwa zinovera. Igihe Isaka yamubaza ngo “uri nde ga mwana wanje?”, Yakobo yishuye ati: “Ni jewe Esau imfura yawe”. Isaka yaravyemeye maze aca aramuhezagira.​—Itanguriro 27:1-29.

Bibiliya ntivuga ido n’ido ry’ivyatumye Rebeka na Yakobo bakora gutyo, ariko iravuga ko ico kintu cabaye giturumbuka. Turakwiye kumenya ko Ijambo ry’Imana ridashigikira canke ngo ryiyamirize ivyo Rebeka na Yakobo bagize, gutyo rikaba ridashigikira ko umuntu yovyitwaza kugira akoreshe ibinyoma canke amayeri. Ariko rero, Bibiliya iratanga umuco ku bijanye n’ico kintu cabaye.

Ubwa mbere, iyo nkuru irerekana neza ko Yakobo yari afise uburenganzira bwo kuronka umuhezagiro wa se, mugabo ko Esau we ata bwo yari afise. Imbere y’aho, Yakobo yari yaraguriye mu buryo bwemewe mwene wabo ukuba samuragwa. Uwo mwene wabo w’ihasa atakenguruka, yafashe ukuba samuragwa agukaba udufungurwa kugira ngo yimare inzara. Esau “ya[ra]kēngereye ivyo kuba samuragwa” (Itanguriro 25:29-34). Ku bw’ivyo rero, igihe Yakobo yaja aho se ari yariko arondera kuronka umuhezagiro yari asanzwe afitiye uburenganzira.

Ubugira kabiri, igihe Isaka yamenya ko umuhezagiro yawuhaye Yakobo, ntiyarondeye guhindura ivyo yari yagize. Kumbure yaributse ivyo Yehova yari yabwiye Rebeka imbere y’uko ayo mahasa avuka. Yehova yavuze ati: “Bukuru azoshumbira Butoyi” (Itanguriro 25:23). Biri n’ico bivuze kandi kubona igihe Yakobo yagira aje i Harani, Isaka yaruhiriye iyindi mihezagiro ku yo yari yamuhaye.​—Itanguriro 28:1-4.

Ubwa nyuma, turakwiye kwibuka ko Yehova yari azi neza ivyariko biraba vyose kandi ko yavyitwararika. Umuhezagiro Isaka yahaye Yakobo wari ufitaniye isano n’umuhango Imana yari yarahaye Aburahamu (Itanguriro 12:2, 3). Iyo Imana iza kuba idashaka ko Yakobo aba ari we ahezagirwa, ntiyari kubura kugira ico ikoze. Ahubwo, Yehova yaremeje Yakobo ko ari we yari kuronka uwo muhezagiro, mu kumubwira ati: “Muri wewe no mu ruvyaro rwawe ni ho imiryango yose yo mw isi izohērwa umugisha”.​—Itanguriro 28:10-15.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika