ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/11 rup. 26-30
  • Niwigane wa Muntu ahambaye mu vyo guhindura abantu abigishwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwigane wa Muntu ahambaye mu vyo guhindura abantu abigishwa
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Yezu yararemesha abandi kugira ico bavuze
  • Yezu yarumviriza abandi abigiranye icubahiro
  • Yezu yaramenya ico akwiriye kuvuga
  • Yezu yarigisha ababikwiriye
  • Yezu yarakoresha ibibazo mu buryo ngirakamaro
  • Yezu yarumviriza abana
  • Nugume wigana wa Muntu ahambaye mu vyo guhindura abantu abigishwa
  • Ubuhanga bwo gutega ugutwi ubigiranye urukundo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Igituma Yezu yari Umwigisha Ahambaye
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Niwumvirize ijwi rya Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • “Ni co natumwe”
    “Ingo unkurikire”
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/11 rup. 26-30

Niwigane wa Muntu ahambaye mu vyo guhindura abantu abigishwa

“Mwitwararike ukuntu mwumviriza”.​—LUKA 8:18.

1, 2. Ni kubera iki ukwiye kwitwararika ukuntu Yezu yafata abantu mu gihe c’ubusuku bwiwe?

YEZU KRISTU yariko ararangura uruhara rwiwe ari wa Mwigisha ahambaye akaba na wa Muntu ahambaye mu vyo guhindura abantu abigishwa igihe yabwira abayoboke biwe ati: “Mwitwararike ukuntu mwumviriza” (Luka 8:16-18). Iyo ngingo ngenderwako yerekeza ku busuku bwa gikirisu urangura. Niwitwararika ubuyobozi bwo mu vy’impwemu uhabwa, uzoyikurikiza bitume uba umwamamaji w’Ubwami abishoboye. Ego ni ko muri iki gihe ntushobora kwumva Yezu ubwiwe ariko aravuga, ariko urashobora gusoma inkuru zijanye n’ivyo yavuze be n’ivyo yakoze nk’uko vyerekanwa mu Vyanditswe. None Ivyanditswe bihishura iki ku bijanye n’ingene Yezu yafata abantu mu gihe c’ubusuku bwiwe?

2 Yezu yari umwamamaji w’inkuru nziza abishoboye cane akaba n’umwigisha w’ukuri kwo mu Vyanditswe adasanzwe (Luka 8:1; Yohani 8:28). Igikorwa co guhindura abantu abigishwa kirangurwa mu kwamamaza no mu kwigisha. Yamara rero, abakirisu bamwebamwe bavyifatamwo neza mu kwamamaza usanga bibagora kwigisha abantu mu buryo ngirakimazi. Naho kwamamaza bisaba ko uwuhindura abantu abigishwa atangaza ubutumwa bunaka, kubigisha ivyerekeye Yehova be n’imigambi yiwe vyovyo akenshi usanga bisaba ko agiranira ubucuti na bo (Matayo 28:19, 20). Ivyo bishobora kugirwa mu kwigana Yezu Kristu, wa Mwigisha ahambaye akaba na wa Muntu ahambaye mu vyo guhindura abantu abigishwa.​—Yohani 13:13.

3. Kwigana Yezu bishobora kugira ico bikoze gute ku twigoro ugira kugira ngo uhindure abantu abigishwa?

3 Niwigana uburyo butandukanye Yezu yakoresha mu kwigisha, uzoba uriko urakurikiza iyi nkeburo intumwa Paulo yatanze igira iti: “Mubandanye kugendera mu bukerebutsi ku bo hanze, mwicungurira umwanya ubereye. Imvugo yanyu yamane nantaryo igikundiro, irunze umunyu, kugira ngo mumenye ingene mubwirizwa kwishura umuntu wese” (Abakolosayi 4:5, 6). Kwigana Yezu mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa bisaba akigoro, ariko bizotuma inyigisho utanga iba ngirakamaro kubera yuko izogufasha “kwishura umuntu wese” bivanye n’ivyo akeneye.

Yezu yararemesha abandi kugira ico bavuze

4. Ni kubera iki dushobora kuvuga yuko Yezu yari umuntu yatega ugutwi abandi?

4 Kuva Yezu akiri umwana, yari afise akamenyero ko kwumviriza abantu no kubaremesha guserura ukuntu babona ibintu. Nk’akarorero, igihe yari afise imyaka 12, abavyeyi biwe baramusanze mu rusengero ari hagati mu bigisha, “abumviriza yongera ababaza ibibazo” (Luka 2:46). Yezu ntiyaja mu rusengero kugira ngo amaramaze abigisha yitwaje ubumenyi yari afise. Yaba ajanywe nyabuna no kwumviriza, naho kandi vyashika akabaza ibibazo. Kuba yarakunda gutega ugutwi abandi bishobora kuba ari kamere imwe yatumye agira ubutoni ku Mana no ku bantu.​—Luka 2:52.

5, 6. Tumenya gute ko Yezu yumviriza ivyo abo yigisha bamubwira?

5 Inyuma y’aho Yezu abatirijwe akaba Mesiya, yagumye ashimishwa cane no kwumviriza abantu. Ntiyatwarwa n’ivyo yaba ariko arigisha ku buryo yibagira ababa baje kumwumviriza. Akenshi yarashobora guhagarika ikiyago ciwe gatoyi, akabaza ico bavyiyumvirako, maze akumviriza inyishu batanga (Matayo 16:13-15). Nk’akarorero, inyuma y’urupfu rwa Lazaro musaza wa Marita, Yezu yabwiye Marita ati: “Uwuriho wese akanyizera ntazokwigera apfa”. Yaciye amubaza ati: “Uremera ivyo?”. Kandi nta gukeka ko Yezu yumvirije Marita igihe yishura ati: “Egome, Mukama; ndemera ko uri Kristu Umwana w’Imana” (Yohani 11:26, 27). Ese ukuntu bitegerezwa kuba vyarahimbaye Yezu kwumva Marita aserura gutyo ukwizera yari afise!

6 Igihe abigishwa benshi baheba gukurikira Yezu, yarashimye kumenya ico intumwa ziwe zavyiyumvirako. Ni ko kubabaza ati: “Mbega murashaka kugenda namwe?”. Simoni Petero yishuye ati: “Mukama, tuje kwa nde? Wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera; kandi twaremeye, turamenya yuko uri Umweranda w’Imana” (Yohani 6:66-69). Ese ukuntu ayo majambo ategerezwa kuba yarahimbaye Yezu! Amajambo mwene ayo umutohoji wa Bibiliya avuga aserura ukwizera afise, nta gukeka ko azoguhimbara.

Yezu yarumviriza abandi abigiranye icubahiro

7. Ni kubera iki Abasamariya benshi bizeye Yezu?

7 Iyindi mvo yatuma Yezu aroranirwa mu guhindira abantu abigishwa ni uko yabitaho akongera akabumviriza abigiranye icubahiro. Nk’akarorero, igihe kimwe Yezu yarashinze intahe ku Musamariyakazi hafi y’isôko rya Yakobo mu gisagara c’i Sikara. Muri ico kiyago, Yezu ntiyiharije ijambo; yarumviriza ivyo uwo Musamariyakazi yaba agire avuge. Igihe Yezu yariko aramwumviriza, yarabonye ko yakunda ibijanye no gusenga maze aca amubwira yuko Imana yarondera abayisenga mu mpwemu no mu kuri. Yezu yaragaragaje ko yubaha kandi yitwararika uwo mugore, uwaciye abwira abandi ivyerekeye Yezu, kandi “benshi mu Basamariya bo muri ico gisagara baramwize[ye] kubera ijambo rya nya mugore”.​—Yohani 4:5-29, 39-42.

8. Kuba abantu bakunda guserura ivyiyumviro vyabo bishobora gute kudufasha gutangura kuyaga na bo mu busuku?

8 Abantu barakunda guserura ukuntu babona ibintu. Nk’akarorero, abantu baba i Atene ha kera barahimbarwa no guserura ivyiyumviro vyabo bakongera bakumviriza ikintu gishasha. Ivyo vyatumye intumwa Paulo ashikiriza ikiganiro ngirakamaro kuri Areyopago muri ico gisagara (Ibikorwa 17:18-34). Igihe utanguye kuganira n’umuntu mu busuku muri iki gihe, woshobora kuvuga uti: “Nari nkugendeye kubera yuko nipfuza kumenya ico wiyumvira ku vyerekeye [nuvuge ikintu kinaka]”. Niwumvirize ico uwo muntu aciyumvirako, nawe ugire ico ukivuzeko, canke umubaze ikibazo kijanye n’ico kintu. Nuce rero umwereka ubigiranye umutima mwiza ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye ico kintu.

Yezu yaramenya ico akwiriye kuvuga

9. Yezu yabanje gukora iki imbere y’uko ‘asigurira Ivyanditswe’ Kileyopa na mugenziwe?

9 Yezu ntiyigera abura ico yovuga. Uretse ko yari umuntu atega yompi abandi, akenshi yaramenya ivyo abantu baba bariko bariyumvira, kandi ivyo vyaratuma amenya neza na neza ico yari akwiriye kuvuga (Matayo 9:4; 12:22-30; Luka 9:46, 47). Reka tubitangire akarorero: Gatoyi inyuma y’aho Yezu azukiye, babiri mu bigishwa biwe bariko baja i Emawusi bavuye i Yeruzalemu. Inkuru yo mu Njili ivuga iti: “Igihe bariko barayaga bongera babazanya, Yezu ubwiwe aregera, atangura kugendana na bo; mugabo amaso yabo abuzwa kumumenya. Ababwira ati: ‘Ivyo bintu mugenda muraharirako hagati yanyu ni ibiki?’. Baca barahagarara bijiriwe mu maso. Mu kwishura, uwitwa Kileyopa amubwira ati: ‘Woba wibana i Yeruzalemu nka kavantara ku buryo utazi ivyahabaye muri iyi misi?’. Na we ababwira ati: ‘Ibiki?’”. Uwo Mwigisha ahambaye yarumvirije igihe bamusigurira yuko Yezu Umunyanazareti yigisha abantu, yakora ibitangaro kandi ko yishwe. Ico gihe, hari abariko baravuga yuko yari amaze kuzurwa mu bapfuye. Yezu yararetse Kileyopa na mugenziwe baragira ico bavuze. Yaciye rero abasobanurira ivyo bari bakeneye kumenya mu ‘kubasigurira Ivyanditswe’.​—Luka 24:13-27, 32.

10. Woshobora gute kumenya ukuntu umuntu muhuye uri mu busuku abona ivy’idini?

10 Hari aho woba utazi ikintu na kimwe ku bijanye n’ukuntu umuntu muriko murayaga abona ivy’idini. Kugira ngo ubimenye, woshobora kumubwira yuko ukunda kwumviriza ico abantu biyumvira ku bijanye n’isengesho. Woshobora guca umubaza uti: “Woba wibaza ko hariho umuntu vy’ukuri yumviriza amasengesho?”. Inyishu uwo muntu atanga yoshobora kukubwira vyinshi ku bijanye n’ico avyiyumvirako no ku bijanye n’aho ahagaze mu vy’idini. Niba akunda ivy’Imana, woshobora kumenya vyinshi ku bimwerekeye mu kumubaza uti: “Woba ubona ko Imana yumviriza amasengesho yose, canke ko hoba hari ayo itemera?”. Ibibazo mwene ivyo birashobora gutuma muyaga mwisanzuye. Ubonye bibereye ko womwereka ico Ivyanditswe bivuga, ukwiye kubigirana ubugenge, nturwanye ivyo asanzwe yemera. Niba ahimbawe no kukwumviriza, hari aho yoshima ko wogaruka kumugendera. Yamara, bite ho mu gihe akubajije ikibazo udashobora kwishura? Urashobora kugira ubushakashatsi maze ukagaruka witeguriye kumubwira ‘impamvu y’icizigiro kiri muri wewe, ubigiranye ubwitonzi n’icubahiro kigera kure’.​—1 Petero 3:15.

Yezu yarigisha ababikwiriye

11. Ni igiki kizogufasha kuronka abakwiriye kwigishwa?

11 Wa muntu atagira agasembwa Yezu yari afise ubushobozi bwo gutandukanya ibintu ku buryo yashobora kumenya neza abari bakwiriye kwigishwa. Kumenya neza “abafise agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera”, usanga ari urugamba rutoroshe na gato kuri twebwe (Ibikorwa 13:48). Ukwo ni ko vyari bimeze no ku ntumwa, abo Yezu yabwiye ati: “Igisagara cose canke ikigwati cose muzokwinjiramwo, muharondere uwukwiriye” (Matayo 10:11). Cokimwe n’intumwa za Yezu, ni ngombwa ko urondera abantu bafise umutima ukunze wo kwumviriza no kwigishwa ukuri kwo mu Vyanditswe. Urashobora kuronka abakwiriye mu kwumviriza witonze abo muyaga, maze ukagerageza kumenya neza agatima umwumwe wese agaragaza.

12. Ushobora gute kubandanya ufasha umuntu yashimishijwe?

12 Umaze kuvana n’umuntu yashimishijwe n’ubutumwa bw’Ubwami ku rugero runaka, bizoba vyiza ubandanije kuzirikana ku vyo akeneye mu vy’impwemu. Niwandika ivyo wabonye uhejeje kuyaga n’umuntu ku vyerekeye inkuru nziza, bizogufasha kubandanya umusahiriza mu vy’impwemu. Igihe usubiye kugendera abo mwayaze, urakwiye kubumviriza witonze niba ushaka kumenya vyinshi ku vyerekeye ivyo bemera, ukuntu babona ibintu be n’ukuntu ivyabo vyifashe.

13. Ni igiki cogufasha kumenya neza ukuntu umuntu abona Bibiliya?

13 Ushobora gute kuremesha abantu kugira ngo bakubwire ukuntu babona Ijambo ry’Imana? Mu turere tumwetumwe, biraba ngirakamaro ubajije uti: “Woba wibaza ko ivyo Bibiliya ivuga bigoye gutahura?”. Inyishu umuntu atanga kuri ico kibazo irakunze guhishura ukuntu abona ivy’impwemu. Canke na ho, woshobora kumusomera icanditswe kinaka maze ugaca umubaza uti: “Ivyo uvyumva gute?”. Cokimwe na Yezu, woshobora kurangura vyinshi mu busuku ukoresheje ibibazo bibereye. Ariko rero, urakeneye kwiyubara cane.

Yezu yarakoresha ibibazo mu buryo ngirakamaro

14. Utarinze kubazagiza abantu, ushobora gute kwitwararika ukuntu babona ibintu?

14 Niwitwararike ukuntu abandi babona ibintu utiriwe urabababaza. Niwigane uburyo Yezu yakoresha. Ntiyapfa kubaza ikibazo ico ari co cose, ariko yabaza ibibazo bisaba ko umuntu azirikana. N’ikindi kandi, Yezu yari umuntu w’umutima mwiza yumviriza abandi, uwaruhurira abantu b’inziraburyarya akongera agatuma bumva bisanze (Matayo 11:28). Abantu b’uburyo bwose vyaraborohera kumuserurira ikibaraje ishinga (Mariko 1:40; 5:35, 36; 10:13, 17, 46, 47). Niba abantu bumva boroherwa no kukubwira ico biyumvira ku vyerekeye Bibiliya be n’ivyo yigisha, urakeneye kwirinda kubabazagiza.

15, 16. Ushobora gute gutuma abantu bagira uruhara mu kiyago kijanye n’ivy’Imana?

15 Uretse gukoresha ibibazo mu buryo ngirakamaro, urashobora gutuma umuntu agira uruhara mu kiyago mu kumubwira ikintu gishimishije maze ugaca wumviriza ico asubizayo. Nk’akarorero, Yezu yarabwiye Nikodemu ati: “Umuntu atongeye kuvuka, ntashobora kubona ubwami bw’Imana” (Yohani 3:3). Ayo majambo yari atangaje cane ku buryo Nikodemu atari kureka kugira ico avuze no kwumviriza Yezu (Yohani 3:4-20). Woshobora gutuma abantu bagira uruhara mu kiyago ukoresheje mwene ubwo buryo.

16 Muri iki gihe, ukuba hariko haduka amadini menshi usanga ari ikintu kivugangwa cane mu mihingo itandukanye nko muri Afirika, mu Buraya bwo mu Buseruko no muri Amerika y’Epfo. Mu mihingo mwene iyo, woshobora kuza uratanguza ikiyago mu kuvuga uti: “Ndahagaritswe umutima n’uko hariho amadini menshi cane. Ariko ndizigiye kubona ubu bwa vuba abantu bo mu mahanga yose bahurikira hamwe mu gusenga kw’ukuri. Woshima ko ico kintu gishika?”. Uvuze ikintu gitangaje ku bijanye n’icizigiro ufise, woshobora gutuma abantu baserura ukuntu babibona. Kandi, usanga ibibazo vyoroha kwishura igihe biba bishoboka ko umuntu yishura uku canke ukundi (Matayo 17:25). Umuntu muriko murayaga ahejeje kugira ico avuze ku kibazo wabajije, nucishure wewe ubwawe ukoresheje icanditswe kimwe canke bibiri (Yesaya 11:9; Zefaniya 3:9). Mu kwumviriza witonze inyishu uwo muntu atanze no mu kuyizirikanako, vyoshobora kugufasha kumenya neza ico muzoganirako ugarutse kumugendera.

Yezu yarumviriza abana

17. Ni igiki cerekana ko Yezu yitwararika abana?

17 Yezu ntiyitwararika abakuze gusa, yaritwararika n’abana. Yari azi udukino tw’abana be n’ivyo bavuga. Rimwe na rimwe yaratera akamo abana ngo baze kuri we (Luka 7:31, 32; 18:15-17). Mu bantu indiri bumviriza Yezu wasanga harimwo abana benshi. Igihe abana b’abahungu basemerera bahimbaza Mesiya, Yezu yarashize ku mutima ico kintu yongera arerekana ko Ivyanditswe vyari vyaravuze ko cobaye (Matayo 14:21; 15:38; 21:15, 16). Muri iki gihe, abana benshi bariko baracika abigishwa ba Yezu. None woshobora gute gufasha abana?

18, 19. Ushobora gute gufasha umwana wawe mu vy’impwemu?

18 Kugira ngo ufashe umwana wawe mu vy’impwemu, utegerezwa kumwumviriza. Urakeneye gutahura ivyiyumviro yoba afise bishobora kuba biteye kubiri n’ukuntu Yehova abona ibintu. Naho umwana wawe yokubwira ibintu bimeze gute, biraranga ubukerebutsi ubanje kumwishura mu buryo buremesha. Woshobora guca ukoresha ivyanditswe bibereye kugira ngo umufashe gutahura ukuntu Yehova abona ibintu.

19 Ibibazo ni ngirakamaro. Yamara, abana ntibakunda ko umuntu ababazagiza nk’uko abakuze na bo nyene batabikunda. Aho kuremereza umwana wawe umusaba kwishura ibibazo vyinshi bigoye, ubona gute uvuze muri make ibikwerekeye? Bivanye n’ivyo mwoba muriko murayaga, woshobora kuvuga yuko na wewe wahora wumva umerewe ukunaka ukongera ukavuga icabigutuma. Woshobora guca umubaza uti: “Vyoba bishika nawe ukumva umerewe gutyo nyene?”. Inyishu umwana wawe atanga yoshobora neza na neza gutuma mugiranira ikiyago c’ingirakamaro kandi kiremesha gishingiye ku Vyanditswe.

Nugume wigana wa Muntu ahambaye mu vyo guhindura abantu abigishwa

20, 21. Ni kubera iki ukwiye kuba umuntu atega ugutwi abandi mu gikorwa urangura co guhindura abantu abigishwa?

20 Waba uriko uraganira n’umwana wawe canke uwundi muntu ku kintu kinaka, kumutega ugutwi birahambaye cane. Nkako, ico ni ikintu kigaragaza urukundo. Igihe wumvirije uwuba ariko aravuga, uba ugaragaje ko wicisha bugufi, ko umwubaha kandi ko umwitwararitse ubigiranye urukundo. Ariko ntiwumve, kwumviriza umuntu bisaba ko witwararika ivyo aba ariko aravuga.

21 Uko ugira uruhara mu busuku bwa gikirisu, nugume wumviriza witonze abo muyaga. Niwitwararika cane ivyo bavuga, birashoboka ko uzotahura imice y’ukuri kwo muri Bibiliya izobashimisha mu buryo budasanzwe. Hanyuma uraca wihatira kubafasha ukoresheje uburyo butandukanye bwo kwigisha Yezu yakoresha. Niwabigenza gutyo, uzogira akanyamuneza wongere uhimbarwe kubera yuko uzoba uriko urigana wa Muntu ahambaye mu vyo guhindura abantu abigishwa.

Wokwishura gute?

• Yezu yaremesha gute abandi guserura ivyiyumviro vyabo?

• Ni kubera iki Yezu yumviriza abo yigisha?

• Ushobora gute gukoresha ibibazo mu busuku urangura?

• Wokora iki kugira ngo ufashe abana bawe mu vy’impwemu?

[Ifoto ku rup. 28]

Igihe wamamaza, nurabe neza ko wumviriza abandi

[Ifoto ku rup. 30]

Tuba twiganye Yezu igihe dufashije abana mu vy’impwemu

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika