Mugire “impuhwe z’ikibabarwe”
BENSHI mu bantu nkatwe ntibari bwigere bakenera kugaragarizwa impuhwe nk’ubu, aho bahanganye n’inzara, indwara, ubukene, ubugizi bwa nabi, indyane z’abanyagihugu be n’ivyago vy’ivyaduka. Impuhwe ni ukumenya be n’ugusangira n’uwundi imibabaro be n’ingorane aba afise, bifatanije n’icipfuzo co kubimuremurura. Cokimwe n’imishwarara isusurutsa y’izuba rikayangana, impuhwe zirashobora guhumuriza uwutuntuye, zikagabanya umubabaro, zikongera zikaremesha umutima w’umuntu yigorewe.
Dushobora kugaragaza impuhwe mu mvugo no mu ngiro, ni ukuvuga mu kwitwararika abandi no mu kubaserukako igihe badukeneye. Si vyiza kugaragariza impuhwe gusa abo mu muryango, abagenzi be n’abo tuzinanyi. Turashobora kwaguka tukazigaragariza mbere n’abo tutazi. Muri ya Nsiguro yo ku Musozi, Yezu Kristu yabajije ati: “Nimwakunda ababakunda, ni impembo nki muzoba mufise?”. Uwo mugabo w’umunyempuhwe yavuze kandi ati: “Ibintu vyose rero mushaka ko abantu babagirira, namwe nyene mutegerezwa kubibagirira”.—Matayo 5:46, 47; 7:12.
Ayo majambo urashobora kuyisomera mu Vyanditswe Vyeranda. Abatari bake baremera ko mu bijanye no kugaragaza impuhwe, Bibiliya ari yo ishobora kutuyobora kuruta ikindi kintu ico ari co cose. Ivyanditswe vyama vyerekana ibanga dufise ryo gufasha abadashobora kugira ico bifashije, vyaba bivuye ku mvo iyihe. Bibiliya yerekana ko uwo ikomokako akaba n’Umuremyi wacu, Yehova Imana, ari we karorero ruheta mu vyo kugaragaza impuhwe.
Nk’akarorero, dusoma duti: “[Imana] icira imanza impfuvyi n’abapfakazi, ikunda inyambukīra, ikayigaburira, ikayambika” (Gusubira mu vyagezwe 10:18). Yehova Imana adondorwa ko ari “[uwu]cira imanza impahazwa; a[ka]gaburira abashonje ivyo kurya” (Zaburi 146:7). Ku bijanye n’inyambukira zitagira ic’epfo ca ruguru, Yehova yavumereye ati: “Umunyamahanga . . . muze mumugirire nk’imvukira, mumukunde nk’uko mwikunda”.—Abalewi 19:34.
Ariko rero, kugaragaza impuhwe ntivyama vyoroshe. Intumwa Paulo yandikiye abakirisu b’i Kolosayi ati: “Mwambure kamere ya kera n’ibikorwa vyayo, hanyuma mwambare kamere nshasha, imwe igirwa nshasha hisunzwe ishusho y’Uwayiremye, biciye ku bumenyi butagira amakosa. . . . Nk’abatowe n’Imana, beranda kandi bakundwa, nimwambare ikibabarwe c’impuhwe”.—Abakolosayi 3:9, 10, 12.
Urabona rero ko gutsimbataza agatima k’impuhwe bisaba akigoro. Ako gatima ni kimwe mu bigize “kamere nshasha” vyitegwa ko abakirisu bambara. Paulo, uwaba ahantu huzuye ububisha hatwarwa n’Uburoma bwa kera, yaremesheje abakirisu bagenziwe kugira amahinduka aboneka muri kamere zabo kugira ngo barushirize kuba abanyempuhwe, abanyakibabarwe.
Ubushobozi impuhwe zifise
Hari ababona ko abantu bagaragaza impuhwe bagoyagoya kandi ko batagira gitabara. None ukubona ibintu muri ubwo buryo kwoba ari kwo?
Ihibambewe! Ikintu gituma umuntu agaragaza impuhwe nyakuri ni urukundo rugera ibwina, urukomoka ku Mana yo karorero ruheta mu vyo kurugaragaza. “Imana ni urukundo” (1 Yohani 4:16). Yehova yitwa mu buryo bubereye “Se w’imbabazi zuzuye ikibabarwe ikaba n’Imana y’uruhoza rwose” (2 Abakorinto 1:3). Imvugo yahinduwe ngaha ngo “imbabazi zuzuye ikibabarwe” ahanini isobanura “kugira akagongwe, kugirira abandi impuhwe kubera ingorane barimwo”. Nakare, Yehova “agirira ubuntu intashima n’abanyakibi”!—Luka 6:35.
Umuremyi wacu ashaka ko na twebwe nyene tugaragaza kamere ziranga ubuntu, nk’impuhwe. Muri Mika 6:8 dusoma duti: “Ko yakweretse iciza ic’ari co, ga yewe muntu: mbega har’ikindi Uhoraho akugombako, atar’ugukora ibiroranye, no gukunda kugira imbabazi?”. Mu Migani 19:22 (NW) na ho dusoma duti: “Ikintu c’agaciro ku muntu ni ubuntu-mvarukundo bwiwe”. Yezu Kristu Umwana w’Imana, uwagaragaje kamere za Se ata gahaze, yahimirije abayoboke biwe muri ubwo buryo nyene, ati: “Mushishikare gucika abanyembabazi, nk’uko na So ari umunyembabazi” (Luka 6:36). Bibiliya yitwa Bible de Jerusalem ihindura iyo nkeburo iti: “Mube abanyempuhwe nk’uko na So ari umunyempuhwe”.
Turafise imvo zumvikana zo kumera gutyo kubera ko impuhwe zishobora gutuma turonka imihezagiro itagira uko ingana. Turakunze kubona ko amajambo yanditse mu Migani 11:17 ari ay’ukuri, ayagira ati: “Umunyakigongwe agirira neza umutima wiwe ubgiwe”. Igihe tugaragarije impuhwe umuntu ari n’ivyo akeneye, Imana ibona ko ari yo tuba tugiriye ubuntu. Iremera ibanga ryo kwishura abayisenga mu kubagirira ubuntu, kubera impuhwe bagaragaza. Umwami Salomo, ahumekewe n’Imana, yavuze ati: “Ūgirira akagongwe umugorwa aba agurānye Uhoraho, kand’ukugira neza kwiwe azokumwishura” (Imigani 19:17). Paulo na we yanditse ati: “Mu[ra]zi yuko ineza yose umwe wese yokora azoyishurwa na Yehova”.—Abanyefeso 6:8.
Impuhwe zirafise ububasha bwo kuzigama amahoro no kugira ico ziterereye kugira ngo amatati atorerwe umuti. Zirafasha mu vyo gutorera umuti ukutumvikana maze zigacira inzira uguharirana. Ukutumvikana kwoshobora kwaduka kubera ko tutama nantaryo duserura ivyiyumviro vyacu canke inyiyumvo zacu nk’uko twavyipfuza, canke na ho ivyo dukora bigashobora gutahurwa ukutari kwo. Aho rero ni ho impuhwe zica zihaseruka zikadufasha kuzigama amahoro. Biroroshe guharira umuntu azwi ko ari umunyempuhwe. Impuhwe ziradufasha gushira mu ngiro impanuro intumwa Paulo yahaye abakirisu igira iti: “Mushishikare kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi iyo hari uwufise ico yidogera uwundi”.—Abakolosayi 3:13.
Impuhwe ni ikibabarwe kiba gishizwe mu ngiro
Vyongeye, impuhwe zirafise ububasha bwo kugabanya umubabaro. Nk’uko twamaze kubibona, impuhwe ni agatima karangwa ikibabarwe umuntu agaragariza abari mu magorwa kagatuma dusangira umubabaro. Impuhwe zisobanura kwitwararikana ikibabarwe abantu bari mu magorwa no kubakorera ibikorwa ngirakamaro.
Mu gihe abakirisu babaye abanyakibabarwe baba biganye Yezu. Naho yari afise vyinshi akora, ntiyigera abura umwanya wo gufasha abandi mu buryo bw’umubiri no mu buryo bw’impwemu. Igihe yabona ko abandi hari ivyo bakeneye, yararondera uburyo bwo kubafasha abigiranye impuhwe.
Ehe raba ukuntu Yezu yumvise amerewe igihe yabona amasinzi atitwararikwa mu vy’impwemu: “Abonye amasinzi, bamutera ikigongwe, kuko bari baratabaguwe, basabagiye nk’intama zitagira umwungere” (Matayo 9:36). Ku bijanye n’ijambo ryahinduwe ngaha ngo “bamutera ikigongwe”, incabwenge imwe mu vya Bibiliya ivuga ko ryerekeza ku “nyiyumvo z’umuntu zimukora ku mutima bimwe bigera kure”. Kukaba nkako, iryo jambo ryafashwe ko ari ryo jambo ry’ikigiriki rikomeye kuruta ayandi mu vyo guserura impuhwe.
Muri ubwo buryo nyene, abakirisu b’abanyempuhwe barihutira kuhaseruka iyo hari ivyo abandi bakeneye mu buryo bw’umubiri no mu buryo bw’impwemu. Intumwa Petero yanditse ati: “Mwese muhuze ivyiyumviro, mugira impuhwe, mufise igishika ca kivukanyi, mugira impuhwe z’ikibabarwe” (1 Petero 3:8). Nk’akarorero, igihe umuryango umwe w’abakirisu batifise wabwirizwa kwimukira mu karere gashasha kubera imvo z’amagara, abakirisu bagenzi babo bo muri ako karere barabemereye kuba mu nzu yabo isanzwe ipangishwa, amezi atandatu batariha. Serugo avuga ati: “Buri musi baraza kuraba ingene tumerewe kandi amajambo yabo y’indemesho yatuma twumva twisanze”.
Abakirisu b’ukuri baritwararika kandi ivyo abantu batazi bakeneye. Baratanga banezerewe umwanya wabo, inguvu zabo be n’ivyo batunze kugira ngo bafashe abantu batazi. Ba bantu twavuga mu kiganiro c’imbere y’iki bitanze bavyishakiye bagafasha abo batari bazi namba, bari Ivyabona vya Yehova.
Ishengero rya gikirisu rero rica rirangwamwo agatima k’impuhwe n’ubuntu-mvarukundo. Babitumwe n’urukundo, abagize ishengero barakora uko bashoboye kwose kugira ngo barondere uburyo bwo gufasha. Kubera ingorane zitandukanye impfuvyi n’abapfakazi bari mw’ishengero baba bafise, boshobora kuba bakeneye ko ubitwararika kandi ukabagaragariza impuhwe. Woba ushobora gufasha abantu nk’abo kugira ngo bashobore kurwana n’ubukene, uburyo buke bwo kwivuza, ukutagira aho baba habereye canke izindi ngorane?
Zirikana ku vyashikiye umugabo umwe n’umugore wiwe bo mu Bugiriki. Umugabo yarafashwe n’indwara yonona ubwonko. We hamwe n’umukenyezi wiwe batwawe ku bitaro vyari nko ku birometero amajana uvuye aho baba. Ariko rero, udufaranga tw’intica ntikize baronka, twava mu murima w’imicungwe igihe baba bawimbuye. Ni bande none bari kuwimbura ko bobo bari ku bitaro? Ishengero ry’iwabo ryaragize ico rikoze. Abarigize barimbuye bongera baragurisha iyo micungwe, bituma wa mugabo n’umugore baronka udufaranga bongera baragira amahoro yo mu mutima.
Impuhwe zishobora kugaragazwa mu buryo bwinshi. Nk’akarorero, abakirisu b’abanyempuhwe baratahura ko rimwe na rimwe ikintu nyamukuru bamwebamwe mu bari mu magorwa bakenera ari ukugenderwa n’abantu babatega yompi babigiranye ikibabarwe, bagasangira umubabaro, maze bagatanga impumurizo ishingiye ku Vyanditswe.—Abaroma 12:15.
Nuhimbarwe no kuba ahantu harangwa abanyempuhwe
Ishengero rya gikirisu rikwiye kw’isi yose vyaragaragaye ko ari ahantu harangwa amahoro be n’uguhumurizwa, aho impuhwe n’ubuntu bigaragarizwa. Abakirisu b’ukuri baratahura ko umunyempuhwe atuma bamwiyegereza, mu gihe amunyagahahazo wewe atuma bamwigirwa kure. Ku bw’ivyo rero, uko bagerageza kwigana Se wabo wo mw’ijuru, barihatira kugaragaza “impuhwe z’ikibabarwe” mu buryo ngirakamaro.
Ivyabona vya Yehova baraguhaye ikaze n’igishika cinshi ngo uze mu muryango wabo wa gikirisu, aharangwa impuhwe, urukundo be n’ubwitwararitsi . Barizeye badakeka ko uzokwumva wisanze kandi uryohewe.—Abaroma 15:7.
[Ifoto ku rup. 5]
Paulo yahimirije abakirisu b’i Kolosayi kwambara ikibabarwe c’impuhwe
[Amafoto ku rup. 7]
Igihe Yezu yaba abonye ko hari uwukeneye gufashwa, yaca arondera uburyo bwo kumufasha abigiranye impuhwe