Ku basomyi bacu
TURAHIMBAWE no kubamenyesha yuko kuva kuri iyi nomero hari ibintu bimwebimwe bizohindurwa ku bijanye n’ukuntu Umunara w’Inderetsi utunganijwe. Imbere yuko dusigura ibizohinduka, reka tubanze tuvuge ibitazohinduka.
Izina ry’iki kinyamakuru, ari ryo Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova, ntiryahindutse. Ku bw’ivyo, Umunara w’Inderetsi uzobandanya gutera iteka Yehova nka we Mana y’ukuri be no guhumuriza abawusoma ukoresheje inkuru nziza y’Ubwami bwiwe. Ibiganiro biri kuva ku rupapuro rwa 5 gushika ku rwa 9 muri iyi nomero, biraca irya n’ino ubwo Bwami ico ari co be n’igihe buzozira. Vyongeye, Umunara w’Inderetsi uzobandanya kuremesha abantu kwizera Yezu Kristu, gushigikira ukuri kwa Bibiliya be no gutanga insobanuro y’ibintu biriko biraba mw’isi wisunze ubuhanuzi bwo muri Bibiliya, nk’uko umaze imyaka irenga 100 ubigira.
Ibizohinduka na vyo ni ibiki? Reka dusigure ibintu bimwebimwe bishasha bihimbaye bizoza birasohorwa mu nomero y’igenekerezo rya mbere rya buri kwezia.
Hariho ibintu bitari bike bifasha kuzirikana bizoza birasohorwa buri kwezi. Ikiganiro gifise umutwe uvuga ngo “Woba wari ubizi?”, kizotanga ayandi makuru ashimishije afitaniye isano n’inkuru zizoba zatowe zikuwe muri Bibiliya, ayo akaba azofasha gutahura isobanuro yazo. Ikizoba gifise umutwe uvuga ngo “Niwiyegereze Yehova”, kizokwerekana ivyigwa imirongo minaka yo muri Bibiliya ishobora kutwigisha ku vyerekeye Yehova. Ikizoba kivuga ngo “Ivyabajijwe n’abasomyi bacu”, kizotanga inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya usanga abantu muri rusangi bibaza. Nk’akarorero, hari abantu benshi bibajije bati: “Ubwami bw’Imana bwoba buri mu mutima wawe?”. Uraza gusanga inyishu y’ico kibazo ku rupapuro rwa 13.
Hariho ibiganiro bitari bike bizoza birasohorwa bigenewe gufasha imiryango. Ikiganiro kivuga ngo “Ibintu nyamukuru vyotuma mu rugo haba agahimbare”, ikizoza kirasohorwa kane mu mwaka, kizokwerekana ingorane zibaho vy’ukuri mu ngo congere cerekane ingene ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zishobora gufasha kuzitorera umuti. Ikizoba kivuga ngo “Niwigishe abana bawe”, kizoba ari ikiganiro abavyeyi bazosomera hamwe n’abana babo, kikaba kizoza kirasohorwa rimwe mu mezi abiri. Ico kiganiro kizoza kirakurakuranwa n’ikivuga ngo “Ku bw’urwaruka rwacu”, kino kikaba kizokwerekana uburyo bwo kwiga Bibiliya bugenewe urwaruka.
Hariho ibindi biganiro bikeya bizoza birasohorwa kane mu mwaka. Ikivuga ngo “Niwigane ukwizera kwabo”, kizoturemesha kwigana akarorero k’umuntu munaka avugwa muri Bibiliya. Nk’akarorero, kuva ku rupapuro rwa 18 gushika ku rwa 21 muri iyi nomero, uraza gusoma inkuru ikora ku mutima yerekeye umuhanuzi Eliya, maze uce wiga ukuntu dushobora kwigana ukwizera kwiwe. Ikizoba kivuga ngo “Ikete rivuye . . . ”, kizoba kirimwo ibintu twiganirwa n’abo vyashikiye, abo bakazoba ari abamisiyonari canke abandi bantu, bo mu mihingo itandukanye y’isi. Ikizoba kivuga ngo “Ivyo twigira kuri Yezu”, kizoba kirimwo inyigisho z’ishimikiro zo muri Bibiliya zishikirijwe mu buryo bworoheje.
Turizigiye tudakeka yuko Umunara w’Inderetsi uzobandanya gushimisha abasomyi bubaha Bibiliya kandi bipfuza kumenya ivyo mu vy’ukuri ico gitabu cigisha. Turizigiye ko iki kinyamakuru kizogufasha gushira inyota ufitiye ukuri kwo muri Bibiliya.
ABAGISOHORA
[Akajambo k’epfo]
a Ubu Umunara w’Inderetsi uzoza urasohorwa mu nteguro zibiri. Inomero y’igenekerezo rya mbere rya buri kwezi izoba igenewe abantu bose. Inomero yo ku wa 15 wa buri kwezi izoba ari integuro y’ukwiga izokoreshwa n’Ivyabona vya Yehova mu makoraniro y’ishengero, ayo na yo umuntu uwo ari we wese akaba atimiriwe kuyajamwo.