ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/1 rup. 4-8
  • “Ugume uri maso ku busuku wemeye mu Mukama”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Ugume uri maso ku busuku wemeye mu Mukama”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Igituma abantu benshi batagira icizigiro
  • Nugume wamamaza ‘udatezura’
  • ‘Nugume uri maso ku busuku bwawe’
  • Ukuntu twovyifatamwo neza mu ngorane zidushikira mu busuku bw’inzu ku nzu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Woba uriko urarangura ubusuku bwawe bimwe bishitse?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Tumenyeshe Inkuru Nziza Tubishashaye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Twigane Yezu mu kwamamaza n’ubutinyutsi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/1 rup. 4-8

“Ugume uri maso ku busuku wemeye mu Mukama”

“Ugume uri maso ku busuku wemeye mu Mukama, ngo ubushitse”.​—KOL. 4:17.

1, 2. Ni ibanga irihe abakirisu bajejwe ku muryango w’abantu?

HARIHO ibanga rihambaye cane tujejwe ku bantu badukikije. Ingingo bafata ubu ni zo zizokwerekana niba bazorokoka canke bazotikira mu gihe ca “ya makuba akomeye” (Ivyah. 7:14). Umwanditsi w’igitabu c’Imigani yavuze ahumekewe ati: “Urokore abo bashorewe bajanwa kwicwa, n’abagenda bacitse intege bajanwa gutikizwa, ntubure kubatabara”. Mbega amajambo akomeye! Turamutse tunaniwe kurangura ibanga tujejwe ryo kuburira abantu ku bijanye n’ico bakwiye kwihitiramwo, vyoshobora gutuma twagirwa n’amaraso yabo. Nkako, ico canditswe nyene kibandanya kivuga giti: “Ni wavuga, ut’Erega ntitwari tubizi: mbeg’Ūgera imitima ku munzane ntavyiyumvira? Kand’Ūzigama ubugingo bgawe ntabizi? Mbega ntazokwishura umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze?”. Mu vy’ukuri, abasavyi ba Yehova ntibashobora kuvuga yuko ‘batazi’ akaga gahanamiye abantu.​—Imig. 24:11, 12.

2 Yehova araha agaciro ubuzima. Ahimiriza abasavyi biwe gukora uko bashoboye kwose kugira ngo barokore ubuzima bw’abantu benshi bashoboka. Umwumwe mu basuku b’Imana ategerezwa kumenyekanisha ubutumwa ndokorabuzima bwo mw’Ijambo ry’Imana. Igikorwa cacu kimeze nk’ic’inderetsi ivuga n’ijwi rirenga iburira abantu igihe ibonye ikintu c’ingeramizi kigira kibe. Ntidushaka ko amaraso y’abari mu kaga ko gutikira aja ku gatwe kacu (Ezk. 33:1-7). Ese rero ingene bihambaye cane ko dushishikara ‘kwamamaza rya jambo’!​—Soma 2 Timoteyo 4:1, 2, 5.

3. Ni ibiki iki kiganiro be n’ibindi bibiri bikurikira bica irya n’ino?

3 Iki kiganiro kiraza kurimbura ukuntu ushobora gutsinda intambamyi zogushikira mu busuku ndokorabuzima urangura be n’ukuntu woshobora gufasha abantu benshi kuruta. Ikiganiro gikurikira na co kirihweza ingene ushobora gutsimbataza ubuhanga bwo kwigisha ukuri guhambaye cane. Ikiganiro c’ukwiga ca gatatu kiravuga ivyiza bimwebimwe biremesha, abamamaji b’Ubwami bo hirya no hino kw’isi bariko bararonka. Ariko rero imbere y’uko twihweza ivyo biganiro, vyoba vyiza tubanje gusubira kwihweza gatoyi igituma ibihe tubayemwo bitoroshe namba.

Igituma abantu benshi batagira icizigiro

4, 5. Ni ibintu ibihe biriko bishikira umuryango w’abantu, kandi benshi bavyakira gute?

4 Ibintu biba kw’isi birerekana ko tubayeho mu gihe c’“insozero y’ivy’isi” kandi ko umuhero wegereje cane. Umuryango w’abantu uriko urashikirwa n’ibintu be n’ibihe Yezu n’abigishwa biwe bavuze ko vyoranze “imisi ya nyuma”. “Ububabare nk’ubw’ibise”, ubugizwe n’intambara, amapfa, vya nyamugigima be n’ibindi vyago, burasinzikaje abantu. Ubugarariji, ubwikunzi be n’inyifato zidahimbara Imana usanga vyariraye. Mbere no ku bantu bihatira kubaho bisunga ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya, ibi bihe tubayemwo ni “ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira”.​—Mat. 24:3, 6-8, 12; 2 Tim. 3:1-5.

5 Ariko rero, abantu benshi cane ntibazi neza insobanuro nyakuri y’ibintu biriko biraba kw’isi. Ivyo bituma benshi bahagarika umutima ku bijanye n’icobakingira bo ubwabo kikanakingira n’imiryango yabo. Abantu benshi usanga batuntuzwa n’ukubura ababo canke ibindi vyago bibashikira. Abo bantu nta cizigiro bafise kubera ko badafise ubumenyi butagira amakosa ku bijanye n’igituma mwene ivyo bintu bibashikira no ku bijanye n’aho umuti wavyo wova.​—Ef. 2:12.

6. Ni kubera iki “Babiloni Akomeye” atashoboye gufasha abamuyobokera?

6 “Babiloni Akomeye”, ni ukuvuga ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma, ntiyahumurije namba umuryango w’abantu. Ahubwo riho, biciye ku “muvinyu w’ubusambanyi bwiwe”, yaratumye abantu indiri badandabagirana, barazazanirwa mu vy’impwemu. Vyongeye, kubera ko idini ry’ikinyoma rikora nk’umumaraya, ryararyosharyosheje “abami b’isi” ryongera rirabifatira mu minwe, rikoresheje inyigisho z’ikinyoma be n’ivy’ubupfumu kugira ngo ritume abantu benshi cane bo kw’isi baguma ari “ganzasabwa” imbere y’abategetsi babo bo mu vy’intwaro. Ukwo ni ko idini ry’ikinyoma ryaronse ububasha riragira n’akosho, ariko muri ico gihe nyene riba rishiburiye kure ukuri kwerekeye Imana.​—Ivyah. 17:1, 2, 5; 18:23.

7. Ni igiki kiraririye gushikira abantu benshi cane bo kw’isi, ariko bamwebamwe boshobora gufashwa gute?

7 Yezu yigishije yuko abantu benshi bariko baca mu nzira nini ijana mu mahonero (Mat. 7:13, 14). Abantu bamwebamwe bariko baraca muri iyo nzira nini kubera ko bahisemwo n’ibigirankana gutera akagere ivyo Bibiliya yigisha, ariko abandi benshi usanga bayirimwo kubera ko bahenzwe, canke bagumijwe mu mwiza, ntibamenya ivyo mu vy’ukuri Yehova abasaba. Kumbure hari aboshobora guhindura uburyo babayeho mu gihe boronka imvo zumvikana zo mu Vyanditswe zotuma babigira. Ariko abaguma muri Babiloni Akomeye be n’ababandanya batera akagere ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya ntibazozigurizwa mu gihe ca “ya makuba akomeye”.​—Ivyah. 7:14.

Nugume wamamaza ‘udatezura’

8, 9. Abakirisu bo mu kinjana ca mbere bavyifashemwo gute igihe barwanywa, kandi kubera iki?

8 Yezu yavuze yuko abigishwa biwe bokwamamaje inkuru nziza y’Ubwami be n’uko bohinduye abantu abigishwa (Mat. 28:19, 20). Ku bw’ivyo, abakirisu b’ukuri bagumye babona ko ukugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza ari ikintu kigaragaza yuko ari intahemuka ku Mana, kikaba n’igisabwa nyamukuru kigaragaza ukwizera kwabo. Ni co gituma abayoboke ba Yezu bo mu ntango bashishikaye ico gikorwa, mbere n’igihe baba bariko bararwanywa. Barihetse kuri Yehova bizigiye yuko ari we yobahaye inkomezi, basenga basaba ko yobashoboza kuguma “bavuga ijambo ry[i]we n’ubutinyutsi bwose”. Yehova Imana yabishuye mu kubuzuza impwemu nyeranda, na bo baca bavuga ijambo ryiwe n’ubutinyutsi.​—Ibik. 4:18, 29, 31.

9 Igihe abo bayoboke ba Yezu barwanywa bimwe bikomeye, boba baciye badohoka ku mwiyemezo wabo wo kwamamaza inkuru nziza? Habe namba! Igihe indongozi z’idini ry’Abayuda zari zarakajwe n’ukwamamaza kw’intumwa, izo ndongozi zarabafashe, zirabagirako iterabwoba zongera zirabatonagura. Yamara, izo ntumwa “[zarabandanije zi]datezura kwigisha no kumenyesha inkuru nziza yerekeye Kristu, ari we Yezu”. Zarabonye neza ko zategerezwa “kugamburukira Imana bwa mutware aho kugamburukira abantu”.​—Ibik. 5:28, 29, 40-42.

10. Ni ingorane izihe zishikira abakirisu muri iki gihe, mugabo ni igiki ukwigenza neza kwabo kwoshobora gushikako?

10 Abasavyi b’Imana benshi muri iki gihe ntivyabaye ngombwa ko bihanganira ugukubitwa canke ugupfungwa bahorwa ibikorwa vyabo bijanye n’ukwamamaza. Ariko rero, abakirisu b’ukuri bose barashikirwa n’ibigeragezo be n’ingorane zitandukanye. Nk’akarorero, ijwi ryawe ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya ryoshobora gutuma ugaragaza inyifato idashimwa na benshi canke ituma uboneka yuko utameze nka bo. Abo mukorana, abo mwigana canke ababanyi boshobora kuvuga ko uri umuntu atabaho kubera yuko ingingo ufata uzishingira ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Naho biri ukwo, kuba bakubona nabi ntibikwiye kuguca intege. Isi iri mu mwiza wo mu buryo bw’impwemu, ariko abakirisu bo bategerezwa ‘kuyakamwo nk’amatara’ (Flp. 2:15). Hari aho abantu bamwebamwe b’umutima nziraburyarya bakwitegereza bazobona ibikorwa vyawe vyiza bongere babishime, maze ivyo bitume baninahaza Yehova.​—Soma Matayo 5:16.

11. (a) Abantu bamwebamwe boshobora gute kwakira igikorwa co kwamamaza? (b) Intumwa Paulo yarwanijwe gute, kandi yavyifashemwo gute?

11 Turakeneye kugira umutima rugabo kugira ngo tubandanye kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami. Abantu bamwebamwe, mbere n’incuti zawe, boshobora kugutyekeza canke bakagerageza kuguca intege mu bundi buryo (Mat. 10:36). Intumwa Paulo yarakubiswe akatari gake kubera yuko yashitsa ubusuku bwiwe adahemuka. Raba ukuntu yavyifatamwo muri mwene ukwo kurwanywa. Yavuze ati: “Aho tumariye kubanza gucumukura tukongera tukagirirwa nabi bimwe biteye isoni . . . , twagize ubutinyutsi biciye ku Mana yacu ngo tubabwire inkuru nziza y’Imana hariko n’urugamba rukomeye” (1 Tes. 2:2). Mu vy’ukuri, rwabaye urugamba kuri Paulo kugira ngo agume avuga inkuru nziza inyuma y’aho bamufatiye, bakamwambura utwo yari afise, bakamukubita inkoni bakongera bakamuta mw’ibohero (Ibik. 16:19-24). Ni igiki none camuronkeje ubutinyutsi bwo kubandanya yamamaza? Ni icipfuzo gikomeye cane yari afise co gushitsa ico gikorwa co kwamamaza Imana yari yaramushinze.​—1 Kor. 9:16.

12, 13. Ni ingorane izihe zishikira abakirisu bamwebamwe, kandi bagerageje gute kuzitsinda?

12 Na twebwe nyene birashobora kutubera urugamba kuguma turi abanyamwete mu vyibare aho ari gake cane usanga abantu bari ku mihana yabo canke ugasanga ni bake bakira neza ubutumwa bw’Ubwami. Ni igiki none twokora ibintu vyifashe gutyo? Hari aho twosanga bikenewe ko turushiriza kugira ubutinyutsi bwo kuyagisha abantu akaryo kizanye. Twoshobora kandi kugira ivyo duhinduye ku rutonde rw’ivyo dukora canke tukitaho cane kwamamaza mu turere aho dushobora kuyaga n’abantu benshi kuruta.​—Gereranya na Yohani 4:7-15; Ibik. 16:13; 17:17.

13 Izindi ngorane abenshi bategerezwa kwihanganira usanga ari ubusaza be n’amagara make, izo na zo zikaba zotuma badashobora gukora uko bavyipfuza mu gikorwa co kwamamaza. Niba ivyawe ari ukwo vyifashe, ntucike intege. Yehova arazi neza aho ugeza kandi arakenguruka ivyo ushobora gukora (Soma 2 Abakorinto 8:12.). Naho woba uriko aranyinyana n’ingorane imeze gute, kwaba ari ukurwanywa, ukuba abantu batanerwa ibintu canke ukugira amagara make, nukore ivyo ushoboye vyose, bivanye n’uko ivyawe vyifashe, kugira ngo ubwire abandi inkuru nziza.​—Imig. 3:27; gereranya na Mariko 12:41-44.

‘Nugume uri maso ku busuku bwawe’

14. Ni akarorero akahe intumwa Paulo yahaye abakirisu bagenziwe, kandi ni impanuro iyihe yatanze?

14 Intumwa Paulo yarafatana uburemere cane ubusuku bwiwe, kandi yararemesheje abo bari basangiye ukwizera kubigenza gutyo (Ibik. 20:20, 21; 1 Kor. 11:1). Umuntu umwe Paulo yahaye indemesho zidasanzwe, ni umukirisu wo mu kinjana ca mbere yitwa Arikipo. Mw’ikete Paulo yandikiye Abakolosayi, yavuze ati: “Mubwire . . . Arikipo muti: ‘Ugume uri maso ku busuku wemeye mu Mukama, ngo ubushitse’” (Kol. 4:17). Ntituzi Arikipo uwo ari we canke ngo tumenye uko ivyiwe vyari vyafashe, ariko bigaragara ko yari yaremeye ubusuku. Niba uri umukirisu yiyeguriye Imana, na wewe waremeye ubusuku. Woba uguma uri maso kuri ubwo busuku kugira ngo ubushitse?

15. Ukwiyegura kwa gikirisu gusobanura iki, kandi gutuma twibaza ibibazo ibihe?

15 Imbere y’uko tubatizwa, twareguriye ubuzima bwacu Yehova mw’isengesho rivuye ku mutima. Ivyo vyasobanura yuko twagize umwiyemezo wo gukora ivyo agomba. Vyoba vyiza rero umwe wese muri twebwe yibajije ati: ‘Gukora ivyo Imana igomba vyoba ari co kintu vy’ukuri gihambaye kuruta ibindi vyose mu buzima bwanje?’. Twoshobora kuba dufise amabanga atandukanye Yehova yiteze ko turangura, nko kuronsa abacu ivyo bakeneye (1 Tim. 5:8). Yamara dukoresha gute umwanya be n’inguvu tuba tugisigaranye? Ni igiki dushira imbere mu buzima?​—Soma 2 Abakorinto 5:14, 15.

16, 17. Ni ibiki abakirisu bakiri bato canke abo usanga bafise amabanga abayabaye boshobora kuzirikanako?

16 Woba uri umukirisu akiri muto yiyeguriye Yehova ukaba umaze kurangiza amashure canke wimirije kuyarangiza? Birashoboka ko ata mabanga aremereye yo mu muryango uragera kuzezwa. None utegekanya kuzokoresha gute ubuzima bwawe? Ni ingingo izihe zizogufasha mu buryo bwiza kuruta gushitsa isezerano wagize ryo gukora ivyo Yehova agomba? Benshi baratunganije ivyabo kugira ngo bakore ubutsimvyi, kandi bararonse akanyamuneza kenshi bongera barahimbarwa cane.​—Zab. 110:3; Umus. 12:1.

17 Kumbure woba ugeze mu bigero. Hari aho woba ufise akazi kagusaba gukora amasaha menshi ariko ukaba ufise n’amabanga makeyi uretse ayajanye n’ukwitwararika ubuzima bwawe. Ata gukeka, urahimbarwa no kugira uruhara mu bikorwa vy’ishengero ku rugero urutonde rw’ivyo usanzwe ukora rubigukundira. Mbega woba woshobora no guhimbarwa kuruta? Woba umaze kwiyumvira ivyo kwongereza uruhara ugira mu busuku (Zab. 34:8; Imig. 10:22)? Mu vyibare bimwebimwe, hari vyinshi bigikenewe gukorwa kugira ngo ubutumwa bwerekeye ukuri butanga ubuzima bushikire bose. Woba ushobora kugira ivyo uhinduye mu buzima bwawe kugira ngo kumbure ukorere mu karere aho usanga abamamaji b’Ubwami bakenewe kuruta ahandi?​—Soma 1 Timoteyo 6:6-8.

18. Ni ibiki umugabo umwe n’umukenyezi wiwe bari bamaze igihe gito bubakanye bahinduye, kandi ivyo vyavuyemwo iki?

18 Rimbura akarorero k’uwitwa Kevin na Elena bo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerikaa. Nk’uko bisanzwe bigenda ku baba baherutse gushinga urwabo mu karere babamwo, barabonye ko bategerezwa kugura inzu. Bompi barakora akazi k’amasaha menshi kandi bari bashoboye kuguma babayeho neza. Yamara rero, urutonde rw’ibikorwa vyo ku kazi kabo be n’ivyo bakorera i muhira rwatuma basigarana umwanya muto cane w’ubusuku bwo mu ndimiro. Bahavuye batahura yuko umwanya wabo nka wose be n’inkomezi zabo bariko babihebera amatungo yabo. Ariko rero, igihe Kevin na Elena bitegereza ukuntu umugabo umwe n’umukenyezi wiwe b’abatsimvyi bari babayeho mu buryo busanzwe kandi bahimbawe, baciye bafata ingingo yo guhindura ivyo bashira imbere mu buzima bwabo. Bamaze gusaba Yehova ubuyobozi mw’isengesho, baragurishije inzu yabo maze baja kuba muri kimwe mu vyumba vy’iyubakwa ibamwo abantu benshi. Elena yaragabanije amasaha yakora ku kazi, maze araba umutsimvyi. Kevin aremeshejwe n’ivyiza umukenyezi wiwe yariko yironkera mu busuku, yarahevye ka kazi kamusaba gukora amasaha menshi, aca atangura gukora ubutsimvyi. Haciye igihe gitoyi, barimukiye mu gihugu kimwe co muri Amerika y’Epfo kugira ngo bakorere aho abamamaji b’Ubwami bari bakenewe cane. Kevin avuga ati: “Umubano wacu wamye nantaryo urangwamwo agahimbare, ariko igihe twakora turondera gushikira imigambi yacu yo mu vy’impwemu, emwe twararushirije kugira agahimbare!”.​—Soma Matayo 6:19-22.

19, 20. Ni kubera iki ukwamamaza inkuru nziza ari co gikorwa gihambaye kuruta ibindi vyose muri iki gihe?

19 Ukwamamaza inkuru nziza ni co gikorwa gihambaye kuruta ibindi vyose kiriko kirarangurirwa kw’isi muri iki gihe (Ivyah. 14:6, 7). Kiragira ico giterereye mu bijanye n’ukweza izina rya Yehova (Mat. 6:9). Ubutumwa bwo muri Bibiliya buratuma abantu ibihumbi vyinshi babwakira neza buri mwaka baryohora ubuzima bwabo, kandi ivyo birashobora gutuma bazorokorwa. Yamara, intumwa Paulo yabajije ati: “Bazokwumva gute ata wamamaza?” (Rom. 10:14, 15). Vyoshoboka gute nyene? Ubona gute wiyemeje gukora ivyo woshobora vyose kugira ngo ushitse ubusuku bwawe?

20 Ubundi buryo ushobora gufashamwo abantu gutahura insobanuro y’ibi bihe bitoroshe be n’ingaruka z’ingingo bafata ni ukuryohora ubushobozi bwawe bwo kwigisha. Ikiganiro gikurikira kiraca irya n’ino ingene ivyo ushobora kubigira.

[Akajambo k’epfo]

a Si ko bitwa.

Wokwishura gute?

• Abakirisu bajejwe ibanga irihe ku muryango w’abantu?

• Dukwiye kuvyifatamwo neza gute mu ntambamyi zidushikira mu gikorwa co kwamamaza turangura?

• Dushobora gute gushitsa ubusuku twemeye?

[Ifoto ku rup. 5]

Urakeneye kugira umutima rugabo kugira ngo wamamaze mu gihe c’ukurwanywa

[Ifoto ku rup. 7]

Wokora iki niba wamamaza mu vyibare aho ari gake cane usanga abantu ku mihana yabo?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika