ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/5 rup. 29
  • Ukuntu Inama Nyobozi itunganijwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukuntu Inama Nyobozi itunganijwe
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ivyo bijanye
  • Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova ni iki?
    Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • “Twese hamwe twafashe ingingo”
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
  • Bunze ubumwe mu rukundo—Raporo y’ikoraniro rigirwa buri mwaka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • “Abantu nk’abo mugume mubafatana iteka”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/5 rup. 29

Ukuntu Inama Nyobozi itunganijwe

INAMA Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova igizwe n’abagabo biyeguye bakaba kandi ari abasuku b’Imana basizwe. Ni bo baserukira umugwi wa wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge, uwujejwe ibanga ryo gutanga ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu hamwe no gutanga ubuyobozi bwerekeye igikorwa co kwamamaza Ubwami kiriko kirarangurirwa hirya no hino kw’isi be no kuvyurira ishaka Ivyabona vya Yehova bariko baragikora.​—Mat. 24:14, 45-47.

Inama Nyobozi igira amanama yayo ku ndwi ku ndwi, akenshi ikaba iyagira ku musi wa gatatu. Ivyo bituma abo bavukanyi bakorana mu bumwe. (Zab. 133:1) Abagize Inama Nyobozi kandi barakora mu makomite atandukanye. Mu bijanye no kwitwararika ivyungura Ubwami, komite imwimwe yose irafise ibikorwa binaka icungera nk’uko bigiye kuvurwa muri make aha hepfo.

◼ KOMITE Y’ABAHUZABIKORWA: Iyo komite igizwe n’abahuzabikorwa b’ayandi makomite y’Inama Nyobozi be n’umunyamabanga, akaba na we nyene ari uwo mu Nama Nyobozi. Iyo komite iraraba ko amakomite yose ariko arakora yorohewe. Ijejwe kandi kuraba ibintu vyihutirwa mu buryo budasanzwe, ibijanye n’uruhamo rukomeye, ibijanye n’ivyago vy’ivyaduka bidasanzwe, be n’ibindi bintu vyihutirwa bishikira Ivyabona vya Yehova hirya no hino kw’isi.

◼ KOMITE NSHINGWABAKOZI: Abavukanyi bakorera muri iyo komite bashinzwe ibanga ryo kuraba ibijanye n’intunganyo zerekeye ukumererwa neza mu vy’umubiri no mu vy’impwemu kw’abagize imiryango ya Beteli hirya no hino kw’isi, no kubafasha mu bundi buryo. Iyo komite ni yo iraba ivyo guhitamwo no gutumira abashasha ngo baze gukorera muri Beteli, ikongera ikitwararika ibibazo bijanye n’umurimo barangurira kuri Beteli.

◼ KOMITE NSHINGWASOHORA: Iyo komite ihagarikira ibijanye no gucapura ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya, kubisohora no kubirungika hirya no hino kw’isi. Iraraba amacapuriro be n’amatungo vyegukira Ivyabona vya Yehova, bigakoreshwa n’inzego zitandukanye zabo. Iyo komite iratunganya ivy’uko amahera y’intererano ku bw’igikorwa c’Ubwami kirangurirwa kw’isi yose adasesagurwa.

◼ KOMITE Y’UMURIMO: Abakorera muri iyo komite baraba ibijanye n’igikorwa co kwamamaza be n’ibibazo vyerekeye amashengero, abatsimvyi, abakurambere be n’abacungezi b’ingenzi. Irahagarikira ibijanye n’itegurwa ry’Igikorwa dukorera Ubwami, ikongera igatumira abanyeshure bitaba rya Shure ry’i Gileyadi be n’abitaba Ishure rimenyereza abasuku, mu nyuma ikabarungika iyo bakorera.

◼ KOMITE NSHINGWANYIGISHO: Iraba ibijanye n’inyigisho zitangwa ku materaniro, ku mahwaniro be no ku makoraniro y’ishengero. Iratunganya amaporogarama y’ivy’impwemu agenewe abagize imiryango ya Beteli, irahagarikira kandi amashure atandukanye, nk’Ishure ry’i Gileyadi be n’Ishure ry’umurimo w’abatsimvyi, be n’itegurwa ry’amaporogarama yo kwumviriza be n’ayo kuraba.

◼ KOMITE NSHINGWAYANDIKA: Iyo komite ifise ibanga ryo guhagarikira igikorwa co kwandika ibifungurwa vy’impwemu mu bisohokayandikiro no kubishikiriza abo basangiye ukwizera be n’abandi bantu muri rusangi. Iyo komite irishura ibibazo bishingiye kuri Bibiliya ikongera ikemeza amayagwa nk’ayerekeye igisomwa c’igikino c’ivya Bibiliya be n’incacagu z’insiguro. Ni yo kandi ihagarikira igikorwa c’ubuhinduzi kirangurirwa hirya no hino kw’isi.

Intumwa Paulo yasanishije ishengero ry’abasizwe n’umubiri w’umuntu, yongera arashimika ku kuntu abarigize bose bafise ikibanza gihambaye be n’uko bakwiye kwunganirana, bagakundana, bakongera bagasenyera ku mugozi umwe mu kurangura igikorwa bahawe n’Imana. (Rom. 12:4, 5; 1 Kor. 12:12-31) Umutwe w’uwo mubiri, ari we Yezu Kristu, araha ibihimba bigize uwo mubiri ibikenewe kugira ngo bikorane neza, biyobore neza ibintu vyongere bitange ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu. (Ef. 4:15, 16; Kol. 2:19) Muri ubwo buryo, Inama Nyobozi itunganijwe mu buryo ishobora guhagarikira ibintu nk’uko Yehova ayobora abayigize biciye ku mpwemu yiwe nyeranda.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika