Ivyerekeye Nowa be na rya Segenya ni ibintu vyabaye, si umugani
WOBA wipfuza cane kubona isi irushirije kuba nziza, ni ukuvuga isi irimwo abantu babana mu mahoro, itarangwamwo intambara, ubugizi bwa nabi be n’agahahazo? Nimba uvyipfuza, urashobora kuremeshwa n’inkuru woshobora kuba uzi neza y’ibintu vyabaye muri kahise. Iyo nkuru yerekeye Nowa, uno akaba ari umugabo yari ameze neza vy’ukuri, yubatse ubwato bwatumye we be n’umuryango wiwe barokoka isegenya ryabaye kw’isi yose, iryahitanye abantu b’inkozi z’ikibi.
Iyo nkuru irazwi cane kuruta izindi nkuru nyinshi. Inkuru ivuga ivyashikiye Nowa tuyisanga mu gitabu ca Bibiliya c’Itanguriro, kuva ku kigabane ca 6 gushika ku ca 9, kandi iriganwa muri ca gitabu citwa Korowani idini rya Isilamu rifata ko ari ceranda, be no mu nkuru z’ibitito zemerwa n’abantu benshi cane bo hirya no hino kw’isi. Ubwo none iryo Segenya ryoba ryarabaye vy’ukiri, canke ni umugani gusa uremesha abantu gukora ibigororotse? Abanyatewolojiya be n’abanyasiyansi baramaze ibinjana n’ibindi baharira kuri ico kibazo. Yamara Ijambo ry’Imana ryoryo, ari ryo Bibiliya, riratomora neza ico kintu, rikavuga yuko iyo nkuru yigana ivyabaye, atari umugani. Rimbura ibi bintu:
Inkuru yo mw’Itanguriro iratubwira neza na neza umwaka, ukwezi be n’umusi uwo Mwuzure watanguriyeko, ikatubwira aho bwa bwato bwahagaze inyuma y’uwo Mwuzure be n’igihe bwahahagaze, ikongera ikavuga n’igihe isi yakamukiyeko. Amakuru y’ido n’ido atangwa ku bijanye n’ubwo bwato na yo nyene aratomoye, ni ukuvuga ukuntu bwari bumeze, uko bwangana, be n’ivyakoreshejwe mu kubwubaka. Inkuru z’ibitito zozo, usanga akenshi zidondora ibintu mu buryo budatomoye.
Inkuru zibiri zo muri Bibiliya zivuga ibijanye n’ukuntu imiryango abantu bakomotseko yagiye irakurikirana, ziremeza yuko Nowa yabayeho vy’ukuri. (1 Ngoma 1:4; Luka 3:36) Ezira na Luka bompi, bano bakaba ari bo batororokanije izo nkuru, bari abantu bagira ubushakashatsi bavyitondeye. Luka avuga ko Yezu Kristu yaturutse mu miryango y’abakomotse kuri Nowa.
Abahanuzi Yesaya na Ezekiyeli be n’intumwa Paulo na Petero, baravuze ivyerekeye Nowa be na rya Segenya.—Yesaya 54:9; Ezekiyeli 14:14, 20; Abaheburayo 11:7; 1 Petero 3:19, 20; 2 Petero 2:5.
Yezu Kristu yaravuze ivyerekeye iryo Segenya, ati: “Nk’uko vyabaye mu misi ya Nowa, ni ko bizoba no mu misi y’Umwana w’umuntu: bararya, baranywa, abagabo bararongora, abagore barashingirwa, gushika kuri wa musi Nowa yinjira mu bwato, hanyuma isegenya irashika, ibatikiza bose.” (Luka 17:26, 27) Iyaba uwo Mwuzure ata wabayeho, ivyo Yezu yavuze ku bijanye n’“imisi y’Umwana w’umuntu” nta co vyobaye bivuze.
Intumwa Petero yaramenyesheje imbere y’igihe ivy’uko hoje “abashinyaguzi” botwengeye mw’ijigo ivyo Bibiliya ivuga. Petero yanditse ati: “Nk’uko icipfuzo cabo kiri, iki kintu kirabasoba: yuko . . . isi [yo mu] gihe [ca Nowa yatikijwe] igihe yarengerwa n’amazi y’umwuzure.” None “[ico] kintu” coba gikwiye kudusoba natwe? Habe namba! Petero yabandanije ati: “Amajuru n’isi biriho ubu birundanirijwe umuriro, kandi bibitswe ku bw’umusi w’urubanza n’uw’ugutikizwa kw’abantu batibanga Imana.”—2 Petero 3:3-7.
Imana izosubira gutikiza abantu b’inkozi z’ikibi, kandi n’ico gihe nyene hazobaho abarokoka. Hamwe twobaho nk’uko Nowa yabayeho, twoshobora kuba mu gitigiri c’abagororotsi bazorokorwa bagashirwa mw’isi irushirije kuba nziza.