Woba wari ubizi?
Ni kubera iki Pontiyo Pilato yagize ubwoba igihe yumva yuko Yezu yagirizwa ko “yigize umwana w’Imana”?—Yohani 19:7.
Yuliyo Sezari amaze gupfa, Inama nkenguzamateka y’Uburoma yaratangaje ko uno yari imana. Mu nyuma umwana wiwe w’umurerano yitwa Octavien akaba ari na we yamusubiriye ku ngoma, yaratangajwe ko ari divi filius, ni ukuvuga “Umwana w’Imana.” Iryo zina ry’ikilatini ryahavuye riba izina ry’icubahiro ryemewe ryahabwa abami b’abami. Ivyo biremezwa n’ibintu bitari bike vyanditswe ku bicaniro vy’Abaroma, ku nsengero zabo, ku bishusho be no ku bingorongoro vyabo. Igihe Abayuda bagiriza Yezu ko ariko yigira “umwana w’Imana,” mu bisanzwe bariko bamwagiriza ko ariko yiha izina ry’icubahiro ryemewe n’amategeko, ivyo bikaba vyangana n’uguhemukira igihugu.
Muri ico gihe Yezu yacirwa urubanza, Tiberiyo yari yaratoranye rya zina ry’icubahiro ari ryo divi filius. Uwo mwami w’abami yari atinyitse cane kuko yari azwi ko yica umuntu wese yabona ko ari umwansi wiwe. Ni co gituma igihe Abayuda bavuga bakikiriza yuko Pilato yobaye ahemukiye Sezari mu gihe atokubita Yezu intahe mu gahanga, uwo buramatari w’Umuroma yaciye “arushiriza kugira ubwoba.” Pilato yahavuye agondozwa kuko bari bamuremereye maze aca ategeka ko Yezu yicwa.—Yohani 19:8, 12-16.
Ni kubera iki Zekariya yabuye ibijanye n’ugusangangurwa kwa Tiro kandi hari haheze igihe kinini isanganguwe n’Abanyababiloni?
Igisagara ca kera ca Tiro, icari ku nkengera y’Ikiyaga Mediterane, mu bisanzwe cari kigizwe n’ibice bibiri. Igice kimwe cari i musozi, ikindi na co kikaba mw’izinga.
Abantu baba i Tiro barigeze kuba bafitaniye ubucuti bwiza n’Abisirayeli. Ariko rero mu nyuma, Tiro yarateye imbere maze itangura kurwanya Yehova Imana, gushika n’aho abantu b’i Tiro biba abasavyi biwe amazahabu n’amafeza bongera baragurisha bamwebamwe muri bo ngo bajanwe mu buja. (Yoweli 3:4-6) Ivyo vyatumye Yehova acira urubanza Tiro. Yehova abicishije ku bahanuzi biwe, yaramenyesheje imbere y’igihe yuko Tiro yoguye mu minwe ya Nebukadinezari Umwami wa Babiloni, uwagomoye ingabo ziwe kuri Tiro inyuma y’aho asanganguriye Yeruzalemu mu 607 B.G.C.—Yesaya 23:13, 14; Yeremiya 27:2-7; Ezekiyeli 28:1-19.
Abantu b’i Tiro babonye batsinzwe, baciye bahunga bajanye n’amatungo yabo, baja muri ca gisagara co mw’izinga. Abanyababiloni basize ca gisagara c’i musozi ari imisaka. Haheze nk’imyaka 100, Yehova yarahumekeye umuhanuzi wiwe Zekariya kugira ngo amenyeshe urubanza yaciriye Tiro, ati: “Umwami Imana azobakomvora, azoshiburira ububasha bgaho mu kiyaga, hatōngōrwe n’umuriro.”—Zekariya 9:3, 4.
Mu 332 B.G.C., ca gisagara co mw’izinga carasanganguwe na Alegizandere Mukuru, gutyo ubuhanuzi bwa Zekariya buba burarangutse. Kugira ngo ivyo abishikeko, Alegizandere yarubatse inzira ikirurutse ica mu mazi ifise uburebure bw’imetero 800, yava muri ca gisagara c’i musozi igashika mu co mw’izinga, akaba yakoresheje ibiti be n’amabuye yakuye mu bihomvagurike vya ca gisagara ca kera ca Tiro. N’ivyo bintu nyene vyari vyarabuwe na Ezekiyeli.—Ezekiyeli 26:4, 12.
[Ifoto ku rup. 27]
“Ukwugarizwa kwa Tiro”
[Abo dukesha ifoto]
Vyacapuwe na Andre Castaigne (1898-1899)