ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/6 rup. 22-26
  • Gumana “urukundo wari ufise ubwa mbere”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Gumana “urukundo wari ufise ubwa mbere”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni igiki cakujijuye ko kwari ukuri?
  • Niwubakire ku mushinge washizeho
  • Niwisuzume
  • Hari vyinshi wokenguruka
  • Ntureke ngo urukundo rwawe rukanye
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • “Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Yehova aragukunda!
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Nukunde Imana igukunda
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/6 rup. 22-26

Gumana “urukundo wari ufise ubwa mbere”

“Guma ugumije ico ufise.”​—IVYAH. 3:11.

1, 2. Wumvise umerewe gute igihe wajijuka ko ivyo wariko uriga ku vyerekeye Yehova kwari ukuri?

WOBA wibuka igihe wamenya ari bwo bwa mbere ivyerekeye icizigiro ciza igitangaza Yehova aronsa abantu bagamburuka? Niba wahora uri mu rindi dini, mbega wumvise umerewe gute igihe wasigurirwa ivyerekeye imigambi y’Imana hakoreshejwe Ivyanditswe, canke igihe inyigisho zari zigoye gutahura wazisigurirwa mu buryo butomoye? Kumbure warabonye ko wari warazimiye. Ariko, ese ukuntu ubu akanyamuneza ari kose kubona umuco wo mu vy’impwemu warakwakiye! Niba warezwe n’abavyeyi bakirisu, woba wibuka ingene wumvise umerewe igihe wajijuka ko ivyo wariko uriga ku vyerekeye Yehova kwari ukuri, maze urafata ingingo yo kubaho uhuza na kwo?​—Rom. 12:2.

2 Benshi mu bavukanyi bawe bo mu vy’impwemu bazokubwira ko bagize akanyamuneza kenshi, ko bumvise biyegereje Yehova kandi ko bakengurutse kubera ko yabakwegereye. (Yoh. 6:44) Agahimbare bagize karabavyuriye umutima wo kugira uruhara mu bikorwa vya gikirisu. Barironkeye akanyamuneza kenshi ku buryo bumvise bashatse kubwira abandi ukwo kuntu bumvise bamerewe. Woba nawe warashikiwe n’ikintu gisa n’ico?

3. Ibintu vyari vyifashe gute mw’ishengero ry’i Efeso igihe Yezu yarirungikira ubutumwa?

3 Igihe Yezu yagira ico abwiye ishengero rya gikirisu ryo mu kinjana ca mbere ry’i Efeso, yaravuze ivyerekeye ‘urukundo ryari rifise ubwa mbere.’ Abanyefeso bari bafise kamere nziza nyinshi, ariko urukundo bari bigeze kugaragariza Yehova rwari rumaze kuyama. Ni co gituma Yezu yababwiye ati: ‘Ndazi ibikorwa vyanyu, n’ukubira akuya kwanyu n’ukwihangana kwanyu, be n’uko mudashobora kwihanganira abantu babi, be n’uko mwagejeje abavuga ko ari intumwa, mugabo atari zo, musanga ni ababeshi. Murerekana kandi ukwihangana, kandi mwararindiyeko ku bw’izina ryanje, ntimwarambirwa. Yamara rero, mfise iki kintu mbagaya: ni uko mwaretse urukundo mwari mufise ubwa mbere.’​—Ivyah. 2:2-4.

4. Ni kubera iki ubutumwa Yezu yarungikiye Abanyefeso buhambaye cane muri kino gihe?

4 Impanuro zivugwa mu gitabu c’Ivyahishuwe Yezu yahaye Abanyefeso be n’ayandi mashengero, zari zibereye uravye ukuntu mu bakirisu basizwe ibintu vyari bimaze igihe vyifashe kuva mu 1914 no kubandanya. (Ivyah. 1:10) Yamara, birashoboka ko no muri iki gihe abakirisu bamwebamwe boshobora kureka ‘urukundo bari bafitiye’ Yehova be n’ukuri kwa gikirisu “ubwa mbere”. Dufise ivyo ku muzirikanyi, nimuze dusuzume ingene ushobora kuzigama, gusubiza itoto be no gutsimbataza urukundo n’umwete wari ufitiye Imana be n’ukuri ubwa mbere, biciye ku kuza uriyibutsa ivyo waciyemwo no kubizirikanako.

Ni igiki cakujijuye ko kwari ukuri?

5, 6. (a) Umukirisu umwumwe wese ategerezwa kujijuka ku biki? (b) Ni ibiki vyakujijuye ko Ivyabona vya Yehova bigisha ukuri? (c) Ni ibiki bishobora gufasha umuntu gusubiza itoto urukundo yari afise ubwa mbere?

5 Umuntu wese yiyegurira Yehova ategerezwa kubanza “[kwiyemeza] neza ukugomba kw’Imana kwiza, kwemerwa kandi gutunganye ukwo ari kwo.” (Rom. 12:1, 2) Ku ruhande rumwe, ivyo usanga birimwo ukwiga ukuri kwo muri Bibiliya. Ibishobora gutuma umuntu umwe ajijuka ko Ivyabona vya Yehova bigisha ukuri vyoshobora kuba bitandukanye n’ibijijura uwundi. Bamwebamwe baribuka yuko bagize ihinduka rihambaye igihe basoma izina ry’Imana muri Bibiliya canke igihe batahura ukuntu vy’ukuri abapfuye bamerewe. (Zab. 83:18; Umus. 9:5, 10) Abandi na bo usanga bakozwe ku mutima n’urukundo rurangwa mu basavyi ba Yehova. (Yoh. 13:34, 35) Hari n’abandi bazirikanye cane ku co bisobanura kutaba uw’isi. Barashitse ku ciyumviro c’uko abakirisu b’ukuri badashobora kugira uruhara mu mpari z’ivya politike canke mu ntambara z’igihugu ico ari co cose.​—Yes. 2:4; Yoh. 6:15; 17:14-16.

6 Ku batari bake, ivyo vyiyumviro be n’ibindi ni vyo vyatumye batangura gukunda Imana. Nufate akanya ugerageze kwibuka ibintu vyakujijuye ko ivyo wariko uriga kwari ukuri. Ubiravye, usanga waciye mu bintu ata ho bisa bisana n’ivyo abandi baciyemwo kandi ukaba wari ufise kamere wisangije. Ni co gituma bishoboka ko ibintu vy’ishimikiro vyatumye ukunda Yehova kandi ukizigira imihango yiwe bitandukanye n’ivy’abandi. Birashoboka rwose ko ivyo bintu n’ubu bigihambaye kuri wewe nk’uko nyene vyari igihe wabimenya ari bwo mbere. Ukwo kuri ntikwahindutse. Ku bw’ivyo rero, gusubira gusuzuma ivyo vyiyumviro be n’ukuntu wumvise umerewe birashobora mu buryo bunaka kuvyura no gusubiza itoto urukundo rwa mbere wakunda ukuri.​—Soma Zaburi 119:151, 152; 143:5.

Niwubakire ku mushinge washizeho

7. Ni kubera iki dukeneye gutsimbataza urukundo rwa mbere twakunze ukuri, kandi dushobora gute kubigira?

7 Kumbure hari vyinshi umaze guhindura mu buzima bwawe kuva aho wiyeguriye Yehova. Urukundo wari ufitiye ukuri ubwa mbere rwari ruhambaye, mugabo uko igihe cagiye kirarengana, vyarabaye ngombwa ko ugira urukundo rugera ibwina kugira ngo wihanganire izindi ngorane zagiye ziragerageza ukwizera kwawe. Ariko rero, Yehova yaragushigikiye. (1 Kor. 10:13) Ku bw’ivyo, ibintu n’ibindi wiboneye uko imyaka yagiye irarengana, na vyo nyene birafise agaciro kuri wewe. Vyaragufashije gutsimbataza urukundo wari ufise ubwa mbere, kandi ubwo ni ubundi buryo bushobora kugufasha kwiyemeza neza ukugomba kw’Imana kwiza kandi kwemewe ukwo ari kwo.​—Yos. 23:14; Zab. 34:8.

8. Yehova yidondoye gute Musa, kandi ni mu buryo ki Abisirayeli barushirije kumenya neza Imana?

8 Tubitangire akarorero: Rimbura uko ivy’Abisirayeli vyari vyifashe igihe Yehova yavumera umugambi wiwe wo kubakura mu buja bwo mu Misiri. Imana yaridondoye Musa mu kuvuga iti: “Nzocika ico nzocika.” (Kuv. 3:7, 8, 13, 14, NW) Ni nk’aho Yehova yariko avuga yuko yoranguye uruhara urwo ari rwo rwose rwari rukenewe kugira ngo abohoze abasavyi biwe. Mu vyabaye mu nyuma kandi bivanye n’uko ibintu vyaba vyifashe, Abisirayeli barabonye ingene Yehova ahishura kamere ziwe zitandukanye, aragaragaza ko ari Mushoboravyose, Umucamanza, Indongozi, Umurokozi, Umurwanantambara be n’Umutanzi.​—Kuv. 12:12; 13:21; 14:24-31; 16:4; Neh. 9:9-15.

9, 10. Ni ibintu bwoko ki bishobora gufasha umuntu kumenya Imana, kandi ni kubera iki ari vyiza kuza aribuka mwene ivyo bintu?

9 Ukuntu ivyawe vyifashe kuratandukanye n’uko ivy’Abisirayeli bo mu gihe ca kera vyari vyifashe. Naho biri ukwo, ushobora kuba hari ivyo wiboneye vyakujijuye ko Imana yitaho ineza yawe, bino bikaba vyarakomeje ukwizera kwawe. Kumbure Yehova ubwiwe yoba yarakugaragarije mu buryo bunaka ko ari Umutanzi, Umuhoza canke Umwigisha. (Soma Yesaya 30:20b, 21.) Canke hari aho woba wariboneye ikintu kigaragaza neza ko isengesho watuye ryishuwe. Woshobora kuba warigeze guhangana n’ingorane maze umukirisu mugenzawe arabigufashamwo. Kibure na ho hari aho ukwiyigisha kwawe kwoba kwaratumye wibonera ivyanditswe bihuye neza na neza n’ukuntu ivyawe vyari vyifashe.

10 Hamwe woyagira abandi mwene ivyo bintu wiboneye, bamwebamwe boshobora kudakorwa ku mutima bimwe bidasanzwe. Uko biri kwose, ivyo bintu ntivyari ibitangaro. Ariko wewe urabona ko biri n’ico bivuze koko. Vy’ukuri, Yehova yarabaye ico neza na neza yari akeneye kuba ku bw’ineza yawe. Zirikana ku myaka umaze uri mu kuri. Woba ushobora kwibuka ibihe bitari bike aho wiboneye ko Yehova ubwiwe akwitwararika mu buzima? Niba ari uko biri, kuza uribuka ivyo bintu be n’ukuntu vyatumye wumva umerewe, birashobora gutuma ugira mwene rwa rukundo wumva ukunze Yehova ico gihe. Niwame ukenguruka ku bw’ivyo bintu. Niwame ubizirikanako. Ivyo ni ibimenyamenya vyerekana yuko Yehova akwitwararika, kandi nta n’umwe ashobora kugukuramwo ukwo kujijuka wagize.

Niwisuzume

11, 12. Niba urukundo umukirisu yari afitiye ukuri rumaze kuyama, vyoba none vyatumwe n’iki, kandi ni impanuro iyihe Yezu yatanze?

11 Niba wumva utagikunda Imana be n’ukuri nk’uko wahoze ubigira, ivyo ntivyashitse kubera ko hari ikintu kinaka coba carahindutse ku biyerekeye. Yehova ntiyigera ahinduka. (Mal. 3:6; Yak. 1:17) No muri iki gihe nyene, aracakwitwararitse nk’uko yakwitwararika ico igihe. Ku bw’ivyo rero, niba hoba hari ikintu na kimwe coba caragize ico gihinduye ku bucuti wari ufitaniye na Yehova, coba ari igiki? Kwoba ari uko wumva umengo ubu usigaye ufise imikazo myinshi kuruta, canke amaganya menshi kuruta? Kumbure wahora ukunda gusengana ubwira, ukiyigisha n’umwete ukongera ukazirikana kenshi ku vyo wiga. Woba waragira uruhara n’umwete mwinshi mu busuku kandi ukitaba amakoraniro y’ishengero udahorereza kuruta ukwo ubigira ubu?​—2 Kor. 13:5.

12 Hari aho utoba ubona ko hari ikintu na kimwe cahindutse mu buzima bwawe, ariko na ho niba ukibonye, ni igiki cabitumye? Mbega imyitwarariko yumvikana, nk’ukuronsa ibitunga umuryango wawe, kwitwararika amagara yawe, canke ibindi mwene ivyo, yoba ari yo yatumye ubona ko ukuba umusi wa Yehova uri hafi cane atari ikintu cihutirwa? Yezu yabwiye intumwa ziwe ati: “Mwiyubare kugira ngo imitima yanyu ntiyigere iremerwa no kurira agahokero no kunywa birenze urugero be n’amaganya y’ubuzima, hanyuma bukwi na bukwi uwo musi ukabahwikira nk’umutego. Kuko uzoza ku bantu bose baba kw’isi yose iyo iva ikagera. Mugume muri maso rero, mutakamba igihe cose kugira ngo mushobore gukira ivyo bintu vyose bibwirizwa kuba.”​—Luka 21:34-36.

13. Yakobo yasanishije Ijambo ry’Imana n’iki?

13 Umwanditsi wa Bibiliya Yakobo, ahumekewe n’Imana, yarahimirije abo bari basangiye ukwizera ngo bisuzume ata buryarya bakoresheje Ijambo ry’Imana. Yakobo yanditse ati: “Mucike abakora rya jambo, atari abumva gusa, mwibesha n’ivyiyumviro bitari vyo. Kuko nimba umuntu ari uwumva rya jambo, ntabe uwukora, uwo ameze nk’umuntu araba mu cirore mu maso hiwe yavukanye. Kuko yiraba, maze agaca yigira hanyuma buno nyene akibagira uwo ari. Mugabo uwihweza yitonze muri rya tegeko ritunganye ry’umwidegemvyo kandi agakovya muri ryo, uwo muntu, kubera atacitse uwumva akibagira, mugabo uwukora igikorwa, azoba ahiriwe mu kubikora.”​—Yak. 1:22-25.

14, 15. (a) Bibiliya ishobora kugufasha gute kuryohora ukuntu ivyawe vyifashe mu vy’impwemu? (b) Ni ibibazo ibihe wozirikanako?

14 Umuntu arashobora gukoresha icirore kugira ngo yiyemeze neza ko aboneka neza. Nk’akarorero, hamwe umugabo yobona ko ikaruvati yambaye idatumbereye, arashobora guca ayitumbereza neza. Hamwe umugore yobona yuko imishatsi yiwe yasambutse, arashobora guca ayitunganya neza. Muri ubwo buryo nyene, Ivyanditswe biradufasha kwisuzuma tukamenya uko tumeze. Igihe twoza turigereranya n’ico Bibiliya yerekana ko dukwiye kuba turi, aho ni ho twoba turiko turayikoresha nk’icirore. Ariko none, vyoba vyamaze iki kwiraba mu cirore niba ata kintu na kimwe twakoze kugira ngo dutunganye akanenge twibonyeko? Vyoba biranga ubukerebutsi dukoze twisunga ivyo tubona mw’“itegeko ritunganye” ry’Imana, maze tukaba ‘abarikora’. Ku bw’ivyo, uwo wese asanze urukundo rwa mbere yari afitiye Yehova be n’ukuri rumaze kuyama, vyoba vyiza azirikanye kuri ibi bibazo: ‘Ni imikazo iyihe iriko iranshikira mu buzima, kandi ndiko ndayifatamwo gute? Nahora ndavyifatamwo gute? Hoba hari icahindutse?’ Igihe mwene ukwo kwisuzuma gutumye ubona ko hari ivyo uhajije, ntuvyirengagize. Niba hari ivyo ukeneye kuryohora, nukore ibishoboka vyose kugira ngo ubiryohore mu maguru masha.​—Heb. 12:12, 13.

15 Mwene ukwo kuzirikana kurashobora kandi kugufasha kwishingira imigambi ushobora gushitsa kugira ngo ukure mu vy’impwemu. Intumwa Paulo ahumekewe yarahanuye umukozi mugenziwe Timoteyo kugira ivyo aryohoye mu busuku bwiwe. Paulo yahimirije uwo musore ati: “Uzirikane kuri ivyo bintu; ubicokeremwo, kugira ngo iterambere ryawe ryibonekeze ku bantu bose.” Na twebwe nyene, vyoba vyiza tugiye turazirikana dukoresheje Ijambo ry’Imana, tukaraba iterambere twoshobora gushikako.​—1 Tim. 4:15.

16. Ni akaga akahe ukwiye kugabako igihe wisuzuma ukoresheje Ivyanditswe?

16 Ukwisuzuma ukwo ari kwo kwose kugizwe ata buryarya, nta gukeka ko guhishura ubugoyagoye bunaka umuntu afise. Ivyo vyoshobora gutuma avunika umutima, yamara wewe ntureke ngo ivyo bigushikire. Ivyo ari vyo vyose, intumbero y’ukwisuzuma ni iyo kumenya neza aho ushobora kuryohora. Mu bisanzwe, Shetani yipfuza ko umukirisu yumva yuko ata co amaze kubera utunenge tumwetumwe afise. Nkako, haratanzwe ikirego c’uko ngo Imana isuzugura utwigoro twose umuntu yogira arondera kuyikorera. (Yobu 15:15, 16; 22:3) Ico ni ikinyoma Yezu yabeshuje yivuye inyuma. Imana ibona yuko umwe wese muri twebwe afise agaciro. (Soma Matayo 10:29-31.) Kuba uzi neza utunenge ufise bikwiye nyabuna gutuma wicisha bugufi ukiyemeza kurushiriza gukora neza, ubifashijwemwo na Yehova. (2 Kor. 12:7-10) Niba ukurwaragurika canke ubusaza ari vyo bikubuza kurangura ivyo wari gukora, niwishingire rero imigambi ushobora gushitsa, ariko ntutane n’akabando canke ngo ureke urukundo rwawe ruyame.

Hari vyinshi wokenguruka

17, 18. Ni ivyiza ibihe biva ku gutsimbataza urukundo wari ufise ubwa mbere?

17 Woshobora kwironkera imihezagiro ihambaye mu gihe woguma wubakira ku rukundo wari ufise ubwa mbere. Urashobora kurushiriza kumenya ivyerekeye Imana no gukenguruka ubuyobozi buranga urukundo ikuronsa. (Soma Imigani 2:1-9; 3:5, 6.) Umwanditsi wa Zaburi yavuze ati: ‘Kwitondera [ingingo z’ubucamanza za Yehova] harimwo impera nyinshi. [“Icibutswa ca Yehova ni ico kwizigirwa,” NW], giha umutungu ubgenge.’ Vyongeye, “hahirwa abagenda batunganye, bakagendera mu vyagezwe vy’Uhoraho.”​—Zab. 19:7, 11; 119:1.

18 Mu vy’ukuri, urashobora gushigikira iki ciyumviro c’uko ufise ivyiza vyinshi wokenguruka. Uratahura impamvu y’ibiriko biraba mw’isi. Urungukira ku kuntu Imana yitwararika abasavyi bayo mu vy’impwemu muri iki gihe. Nta gukeka yuko na wewe ukenguruka kuba Yehova yaragukwegereye ukaza mw’ishengero ryiwe rikwiye kw’isi yose, kandi akaba yaraguteye agateka ko kuba uri umwe mu Vyabona vyiwe. Nukenguruke ku bw’imihezagiro ufise! Hamwe wogira urutonde rwayo, birashoboka ko wosanga rubaye rurerure cane. Niwaguma ubigenza gutyo kenshi bishoboka, nta gukeka ko bizogufasha gukurikiza iyi mpanuro igira iti: “Guma ugumije ico ufise.”​—Ivyah. 3:11.

19. Turetse ukuzirikana ku bucuti ufitaniye n’Imana, ni ikindi kintu ikihe gihambaye cane cotuma ugumana amagara meza mu vy’impwemu?

19 Kuzirikana ku kuntu ukwizera kwawe kwagiye kuratsimbatara uko igihe cagiye kirahaca ni ikintu kimwe gusa wokora gishobora kugufasha kugumya ico ufise. Iki kinyamakuru carerekanye akatari gake ibindi bintu bihambaye bidufasha kugumana amagara meza mu vy’impwemu. Muri ivyo harimwo isengesho, ukwitaba amakoraniro ya gikirisu n’ukuyagiramwo uruhara hamwe n’ukugira uruhara n’umwete mu busuku turangurira ku mugaragaro. Ivyo bintu birashobora kugufasha kuguma uvyura rwa rukundo wari ufise ubwa mbere, ukarusubiza itoto kandi ukarutsimbataza.​—Ef. 5:10; 1 Pet. 3:15; Yuda 20, 21.

Wokwishura gute?

• Ibintu vyatumye utangura gukunda Yehova bishobora gute kukubera isoko ry’indemesho muri iki gihe?

• Kuza urazirikana ku vyo wewe ubwawe wiboneye uko imyaka yagiye irarengana bishobora kukujijura ku biki?

• Ni kubera iki ukwiye gusuzuma urukundo ukunda Imana uko rungana?

[Ifoto ku rup. 23]

Ni ikintu ikihe cerekeye ukuri cagukwegereye congera kirakujijura?

[Ifoto ku rup. 25]

Woba ubona ibintu bikwerekeye ukeneye kuryohora?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika