Ivyabajijwe n’abasomyi bacu
Ni kubera iki Ivyabona vya Yehova bataja mu ntambara?
Ivyabona vya Yehova aho baba hose, barazwi ko kuva kera na rindi bamye birinda kuja mu ntambara z’ibihugu birwana n’ibindi canke iz’imigwi y’abarwanyi yo mu gihugu kimwe. Haraheze imyaka ishika 50 igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (Australian Encyclopædia) kivuze giti: “Ivyabona vya Yehova barazigama bashikamye impagararo yo kutagira aho bahengamiye mu gihe c’intambara.”
Impamvu nyamukuru ituma Ivyabona birinda kuja mu ntambara ni uko kugira uruhara muri mwene ayo matati kwoba ari uguhonyanga ijwi ryabo ryo mu mutima rya gikirisu. Iryo jwi ryabo ryo mu mutima ryamenyerejwe hisunzwe amabwirizwa y’Umukama Yezu Kristu be n’akarorero yatanze. Yategetse abayoboke biwe gukunda bagenzi babo. Yabategetse kandi ati: “Mushishikare gukunda abansi banyu, kugirira neza ababanka.” (Luka 6:27; Matayo 22:39) Igihe umwe mu bigishwa ba Yezu yagerageza kumurwanira akoresheje inkota, yamubwiye ati: “Subiza inkota yawe mu kibanza cayo, kuko abafata inkota bose bazokwicwa n’inkota.” (Matayo 26:52) Gutyo rero, biciye ku vyo Yezu yavuze be no ku karorero yatanze, yarerekanye mu buryo butomoye ko abayoboke biwe badakwiye gufata ibirwanisho ngo baje mu ntambara.
Iyindi mpamvu ituma Ivyabona vya Yehova bataja mu ntambara ni uko bagize umuryango w’abemera ukwiye kw’isi yose. Intambara rero yohava ituma barwana hagati yabo, kandi ivyo vyoba bihushanye n’ibwirizwa Yezu yatanze ridusaba ‘kugiriranira urukundo hagati yacu.’—Yohani 13:35.
Izo ngingo ngenderwako zigenga urukundo zavuzwe aho haruguru, si ibintu Ivyabona vya Yehova bapfa kuvuga gusa, ahubwo babaho bazisunga. Nk’akarorero, rimbura impagararo bafashe mu kiringo ca ya Ntambara ya kabiri y’isi yose, iyabaye mu 1939-1945. Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Ivyabona vya Yehova barenga 4.300 barapfungiwe mu mabohero makurumakuru y’ico gihugu kubera y’uko banse kuja mu gisirikare. Mu Bwongereza, abarenga 1.500, harimwo n’abakenyezi barenga 300, baraterewe mu mabohero kubera y’uko banse gukora ibikorwa bijanye n’intambara. Mu Budagi bw’Abanazi, Ivyabona barenga 270 barishwe bivuye kw’itegeko ryatanzwe na Leta, bahowe ko banse gufata ibirwanisho. Mu gihe c’intwaro y’Abanazi, Ivyabona barenga 10.000 barapfunzwe, haba mu mabohero canke mu makambi y’itunatuniro. Ivyabona bo mu Buyapani na bo nyene barahuye n’amakuba akomeye nk’ayo. Umuntu wese yaburiye abiwe muri ya Ntambara ya kabiri y’isi yose, canke iyindi ntambara iyo ari yo yose yayikurikiye, arashobora guhera amazinda yuko ata Cabona ca Yehova n’umwe yobazwa ibijanye n’abo bantu bapfuye.
Ukuntu Ivyabona vya Yehova babona ibijanye n’intambara kuraserurwa neza cane mu majambo yanyuma uwitwa Wolfgang Kusserow yavuze. Mu 1942, Abanazi baraciye umutwe uwo Mudagi yari afise imyaka 20, kubera yuko yanse kuja mu ntambara. (Yesaya 2:4) Yavugiye imbere ya sentare ya gisirikare ati: “Narezwe nk’Icabona ca Yehova hisunzwe ijambo ry’Imana riri mu Vyanditswe Vyeranda. Itegeko rihambaye kandi ryeranda gusumba ayandi yose [Imana] yahaye abantu ni iri: ‘Ukwiye gukunda Imana yawe kuruta ibindi bintu vyose ukongera ugakunda mugenzawe nk’uko wikunda.’ Irindi bwirizwa rivuga riti: ‘Ntukice.’ None Umuremyi wacu yandikishije ivyo vyose ngo bibwirwe ibiti?”—Mariko 12:29-31; Kuvayo 20:13.
Ivyabona vya Yehova baremera yuko Yehova wenyene, we Mana Mushoboravyose, ari we azozana kw’isi amahoro azokwamaho. Ni we bahanze amaso ko azorangura umuhango yatanze wo “[guca] intambara gushitsa ku mpera y’isi.”—Zaburi 46:9.