ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/7 rup. 30
  • Vyoba ari bibi gukoresha izina ry’Imana?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Vyoba ari bibi gukoresha izina ry’Imana?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ivyo bijanye
  • Ukuntu izina ry’Imana rikoreshwa be n’insobanuro yaryo
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Izina ry’Imana
    Be maso!—2017
  • A4 Izina ry’Imana mu Vyanditswe vy’igiheburayo
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Imana yitwa nde?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2019
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/7 rup. 30

Vyoba ari bibi gukoresha izina ry’Imana?

MU Vyanditswe vy’igiheburayo, ivyo abantu bakunze kwita ngo ni Isezerano rya kera, izina ry’Imana ribonekamwo incuro hafi 7.000 riri muri iyi mero יהוה (mu gusoma bava iburyo baja ibubamfu). Ivyo bisobanura ko izina ry’Imana ryandikwa hakoreshejwe indome zine z’igiheburayo, izo na zo zikaba ari Yohdh, He, Waw, be na He, izikunze guhindurwa ngo YHWH.

Mu bihe vya kera cane, Abayuda bahavuye bagira iciyumviro kirimwo ukwemera ibintazi c’uko ari bibi gukoresha izina ry’Imana. Ico ivyo vyavuyemwo, ni uko baciye bareka kuvuga iryo zina, kandi mu bisomwa vyabo baca batangura gukoresha imvugo zo kurisubiriza. Ariko rero, abahinduzi benshi ba Bibiliya barakoresheje izina “Yahweh” canke “Yehova.” Mu mpinduro zikoresha iryo zina harimwo iyahinduwe n’abagatolika yitwa Bible de Jérusalem. Twisunze iyo mpinduro, igihe Musa yabaza Imana ingene azokwishura hamwe Abisirayeli bomubaza uwamurungitse kuri bo uwo ari we, Imana yishuye iti: “Uze ubwire abahungu ba Isirayeli uti: ‘Yahweh, Imana ya ba so, Imana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, be n’Imana ya Yakobo, yabantumyeko.’ Iryo ni ryo zina ryanje ibihe vyose; amayaruka yose azoza, azonyambaza muri iryo zina.”​—Kuvayo 3:15.

Igihe Yezu yariko arasenga, yavuze ku bijanye n’ingene we ubwiye yakoresha izina ry’Imana ati: “Narabamenyesheje izina ryawe kandi nzorimenyekanisha.” Vyongeye, muri rya sengesho abantu benshi bita Dawe wa twese, Yezu yavuze ati: “Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niribonwe ko ari ryeranda.”​—Yohani 17:26; Matayo 6:9, BJ.

Vyoshobora rero guca biba ibitangaje kumenya ko mu gitabu Papa Benedigito wa 16 aherutse gusohora (Jesus of Nazareth), yavuze ku bijanye no gukoresha izina ry’Imana ati: “Abisirayeli . . . bari bafise impamvu yumvikana neza cane yo kureka kuvuga izina Imana ubwayo yihaye, iriserurwa mw’ijambo YHWH, kugira ngo birinde kurititura ku buryo rimera nk’amazina y’imana z’abapagani. Ku bw’iyo mvo nyene, impinduro za vuba za Bibiliya zaragize nabi gukoresha iryo zina nk’aho womengo gusa ni izina rya kera nk’ayandi, kandi Isirayeli yamye iribona ko ridasanzwe be n’uko ridakwiye kuvugwa.”

None wewe uvyiyumvirako iki? Vyoba ari vyiza, canke ari bibi gukoresha izina ry’Imana? Nimba Yehova ubwiwe avuga ati: “Iryo ni ryo zina ryanje ibihe vyose; amayaruka yose azoza, azonyambaza muri iryo zina,” hoba hari n’umwe afise uburenganzira bwo kumuvuguruza?

[Ifoto ku rup. 30]

Yezu yarakoresha izina ry’Imana igihe yaba ariko arasenga

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika