ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/8 rup. 17-21
  • Yehova aritwararikana ikibabarwe abasavyi biwe bageze mu zabukuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova aritwararikana ikibabarwe abasavyi biwe bageze mu zabukuru
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni kubera iki bafise agaciro kanini?
  • Nugaragaze ko ubitwararikana ikibabarwe mu buryo buboneka
  • Ukuntu ushobora gufasha
  • Yehova ntazokwibagira ibikorwa vyawe
  • Yehova arabitwararika koko
  • Nuhe agaciro abavukanyi na bashiki bacu bitereye mu myaka
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Kwitaho abageze mu zabukuru ni ibanga ryega umukirisu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Mutere iteka abageze mu zabukuru bari muri mwebwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Abageze mu zabukuru ni abantu bafise agaciro bo mu kivukano cacu ca gikirisu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/8 rup. 17-21

Yehova aritwararikana ikibabarwe abasavyi biwe bageze mu zabukuru

“Imana [si] iyitagororotse ku buryo yibagira igikorwa canyu n’urukundo mwerekanye ku bw’izina ryayo.”​—HEB. 6:10.

1, 2. (a) Igihe ubonye umuntu amaze kumera imvi, ni igiki vyoshobora guca bikwibutsa? (b) Yehova abona gute abakirisu bageze mu zabukuru?

IGIHE mw’ishengero ubonye abageze mu zabukuru bamaze kumera imvi, woba uca wibuka inkuru yiganwa mu gitabu co muri Bibiliya ca Daniyeli? Mu vyo Yehova Imana yeretse Daniyeli, we ubwiwe yidondoye ko afise imvi. Daniyeli yanditse ati: “Nkomeza kwitegereza, bakiriko barashirah’intebe z’ubgami; maze haza Uwa mbere na mbere, aravyagira. Imyambaro yiwe yera nka shelegi kand’umushatsi wiwe wasa n’ubgoya bg’intama yera derere.”​—Dan. 7:9.

2 Ubwoya bw’intama butarahingurwa, akenshi usanga bwera cane. Rero, imvi be n’iryo zina ry’icubahiro ngo “Uwa mbere na mbere” vyerekeza ku myaka myinshi cane no ku bukerebutsi bwinshi cane Imana ifise, ivyo vyompi bikaba bibereye gutuma tuyiha icubahiro kigera kure. None uwo wa Mbere na mbere ari we Yehova, abona gute abagabo n’abagore b’abizigirwa bageze mu zabukuru? Ijambo ry’Imana rivuga ko “imvi ku mutwe [ari] igitsibo c’[“ubwiza,” NW], kiboneka mu nzira y’ubugororotsi.” (Imig. 16:31) Mu vy’ukuri, igihe umukirisu w’umwizigirwa amaze kumera imvi, mwene ico kintu kigaragaza ubuhumure kiba ari ciza mu nyonga z’Imana. Woba ubona abavukanyi n’abavukanyikazi bawe bageze mu zabukuru nk’uko Yehova ababona?

Ni kubera iki bafise agaciro kanini?

3. Ni kubera iki abo dusangiye ukwizera bageze mu zabukuru bafise agaciro kanini kuri twebwe?

3 Muri abo basavyi b’Imana twikundira bageze mu zabukuru, usanga harimwo abagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova, abacungezi b’ingenzi be n’abahoze bakora ico gikorwa, abatsimvyi b’abanyamwete be n’abamamaji b’Ubwami bahumuye, ni ukuvuga abavukanyi n’abavukanyikazi basukurira mu mashengero yacu badahemuka. Hari aho woba uzi abamaze imyaka mirongo bamamaza inkuru nziza n’umwete mwinshi, ukaba uzi kandi abo uburorero bwiza batanze bwafashije mu kuvyurira ingiro abakiri bato bwongera burabagirako akosho keza mu buzima bwabo. Bamwebamwe mu bo dusangiye ukwizera bageze mu zabukuru usanga bararanguye amabanga aremereye bongera barihanganira uguhamwa bahorwa inkuru nziza. Yehova be na wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” barashima cane ibintu vyose abo bavukanyi n’abavukanyikazi baranguye mu gikorwa c’Ubwami be n’ivyo bakiriko bararangura.​—Mat. 24:45.

4. Ni kubera iki dukwiye kwubaha abakirisu bageze mu zabukuru no gusenga tubasabira?

4 Birabereye ko abandi basavyi ba Yehova Imana bakengurukira abo bantu bahumuye b’abizigirwa kandi bakabubaha. Nkako, Itegeko Yehova Imana yatanze abicishije kuri Musa rirerekana ko kwitwararika abageze mu zabukuru no kububaha bifitaniye isano n’ukumutinya. (Lew. 19:32) Turakwiye kwama dusenga dusabira abo bizigirwa tukongera tugashimira Imana kubera ivyo bakora bagatama babitumwe n’urukundo. Intumwa Paulo yarasenze asabira abo bakorana yakunda, baba abari bakiri bato canke abari bageze mu zabukuru.​—Soma 1 Abanyatesalonika 1:2, 3.

5. Dushobora gute kwungukira ku kwifatanya n’abasavyi ba Yehova bageze mu zabukuru?

5 Ikigeretseko, abagize ishengero bose barashobora kwungukira ku kwifatanya n’abo bakirisu bageze mu zabukuru. Biciye ku vyo abo basavyi ba Yehova b’abizigirwa bageze mu zabukuru bagiye bariga, ivyo babonye be n’ivyabashikiye, barironkeye ubumenyi bwinshi bw’agaciro kanini. Barize kwihangana no kugaragariza abandi impuhwe, kandi igihe ivyo bize bavyigishije abarutse inyuma yabo, biratuma bagira umunezero mwinshi kandi bakumva bashize akanyota. (Zab. 71:18) Yemwe bakiri bato, nimube inkerebutsi muvome kuri iryo sôko ry’ubumenyi nka kurya mwovoma amazi muyakuye mw’iriba rirerire.​—Imig. 20:5.

6. Ushobora gute kwereka abageze mu zabukuru ko ubaha agaciro vy’ukuri?

6 Woba umenyesha abageze mu zabukuru yuko ubitwararikana urukundo nk’uko Yehova na we nyene abibagirira? Uburyo bumwe ushobora kubigira ni ukubabwira yuko ubakunda cane kubera ko ari abizigirwa, ukanababwira yuko uha agaciro cane ivyiyumviro vyabo. N’ikindi kandi, igihe ushize mu ngiro ivyo ubigirako, uba ugaragaje ko icubahiro ubafitiye atari ic’uburyarya. Abakirisu benshi bageze mu zabukuru barashobora kwibuka impanuro ziranga ubukerebutsi bigeze guhabwa n’ababakurira b’abizigirwa, bakanibuka ukuntu bungukiye ku kuzikurikiza mu buzima bwabo.a

Nugaragaze ko ubitwararikana ikibabarwe mu buryo buboneka

7. Ni bande Yehova azeza ubwa mbere na mbere ibanga ryo kwitwararika abageze mu zabukuru?

7 Ibanga ryo kuronsa abageze mu zabukuru ivyo bakeneye, Imana irizeza ubwa mbere na mbere abo mu miryango yabo. (Soma 1 Timoteyo 5:4, 8.) Yehova arahimbarwa igihe abagize imiryango bashitsa ivyo basabwa mu kuronsa ivyo incuti zabo zigeze mu zabukuru zikeneye, gutyo bakaba bagaragaje ko bitwararika abageze mu zabukuru nk’uko na we nyene abigira. Imana irashigikira iyo miryango ikongera ikayihezagira ku bw’utwigoro igira no ku bw’ukwitanga kwose igaragaza.b

8. Ni kubera iki amashengero akwiye kugaragaza ko yitwararika abakirisu bageze mu zabukuru?

8 Vyongeye, Yehova arahimbarwa igihe amashengero afashije abageze mu zabukuru bayakukira bari n’ivyo bakeneye, ariko bakaba badafise abo basangiye umuryango bizera canke boba bafise umutima ukunze wo kubitwararika. (1 Tim. 5:3, 5, 9, 10) Ico gihe, ayo mashengero aba agaragaje yuko agirira ‘impuhwe’ abo bageze mu zabukuru, ko ‘abafitiye igishika ca kivukanyi kandi ko abagirira impuhwe z’ikibabarwe.’ (1 Pet. 3:8) Kuba ayo mashengero yitwararika abageze mu zabukuru bari muri yo, Paulo arabitangira ikigereranyo ciza igihe yerekana ko iyo igihimba kimwe c’umubiri kibabaye, “ibindi bihimba vyose bibabarana na co.” (1 Kor. 12:26) Iyo hagize ikintu kiboneka kandi kiranga impuhwe tugiriye abageze mu zabukuru, tuba tugaragaje ko dushira mu ngiro ingingo ngenderwako dusanga mu mpanuro Paulo yatanze igira iti: “Mubandanye kwikoreranira imizigo, gutyo mushitse itegeko rya Kristu.”​—Gal. 6:2.

9. Ubusaza bushobora gutuma umuntu yikorera imizigo iyihe?

9 None ni imizigo iyihe abageze mu zabukuru bikoreye? Benshi usanga baruha ningoga. Boshobora kubona yuko kurangura mbere n’ibikorwa bikenewe mu buzima, nk’ukuja kwa muganga, gutunganya inkaratasi zinaka basabwa, gusukura inzu canke gutegura ibifungurwa, birengeye ubushobozi bafise. Kubera ko uko bagenda bariterera mu myaka ari ko akenshi usanga bagenda barabura akayabagu be n’inyota, boshobora kwiyumvira yuko badakeneye gufungura canke kunywa nk’uko mu vy’ukuri bari bakwiye kubigira. Birashobora kuba bimeze gutyo nyene no mu bijanye n’ukwigaburira mu buryo bw’impwemu. Kubera ko abageze mu zabukuru baba bafise ingorane y’ukubona neza be n’ukwumva neza, vyoshobora kubagora cane gusoma canke kwumviriza porogarama zo mu vy’impwemu, maze ivyo kwitegurira kuja ku makoraniro ugasanga birabarusha cane. Ni igiki none abandi bashobora gukorera abo bageze mu zabukuru?

Ukuntu ushobora gufasha

10. Abakurambere bashobora gukora iki kugira ngo biyemeze neza ko abageze mu zabukuru bariko barafashwa mu buryo ngirakimazi?

10 Mu mashengero menshi, abageze mu zabukuru bariko barafashwa mu buryo bw’akarorero. Abavukanyi n’abavukanyikazi b’abanyarukundo barabafasha mu vyo kuja gusuma, gukinjika canke kugira isuku. Barafasha abageze mu zabukuru kwiyigisha, kwitegurira amakoraniro be n’ukuguma badahorereza mu busuku. Ivyabona bakiri bato na bo barabaherekeza canke bakabafasha mu vyo kwiyunguruza. Igihe hari abageze mu zabukuru badashoboye kuva i muhira, haragirwa intunganyo y’uko bakurikiranira amakoraniro kuri telefone, canke porogarama zayo zigafatwa amajwi ku bwabo. Igihe cose bishoboka, abakurambere bariyemeza neza yuko intunganyo ngirakimazi zagizwe zishirwa mu ngiro kugira ngo abageze mu zabukuru bo mw’ishengero baronswe ivyo bakeneye.c

11. Niwigane ukuntu umuryango umwe wafashije umuvukanyi yari ageze mu zabukuru.

11 Umukirisu umwumwe ukwiwe na we nyene arashobora kugaragaza ubwakiranyi be n’agatima ko gutanga. Aho umuvukanyi umwe ageze mu zabukuru aburiye umukenyezi wiwe, ntiyari agishoboye kuriha amahera y’inzu kuko atari akironka amahera ya pansiyo y’uwo mukenyezi wiwe. We hamwe n’umukenyezi wiwe bari barigishije Bibiliya umuryango umwe ugizwe na serugo, inarugo be n’abakobwa babiri b’imiyabaga, uno ukaba wari ufise inzu yagutse cane. Abagize uwo muryango baciye bamuha ivyumba bibiri. Mu myaka 15 bamaze bari kumwe, barasangirira hamwe ibifungurwa, bakinovorera hamwe ibiringo vyinshi bihimbaye kandi bakagaragarizanya igishika ca kivukanyi. Abo bakiri bato barungukiye cane ku kwizera kw’uwo muvukanyi be no ku bintu vyinshi cane yari yaraciyemwo, uno na we arungukira cane kuri ukwo kwifatanya na bo kwarangwa umunezero. Uwo muvukanyi ageze mu zabukuru yagumye abana n’uwo muryango gushika aho apfiriye afise imyaka 89. Uwo muryango uracakengurukira Imana ku bw’imihezagiro myinshi wironkeye biciye kuri ukwo kwifatanya n’uwo muvukanyi. ‘Bararonse impembo zabo’ kubona barafashije umwigishwa wa Yezu Kristu mugenzi wabo.​—Mat. 10:42.d

12. Ni ibiki ushobora gukora kugira ngo werekane ko witwararikana ikibabarwe abavukanyi n’abavukanyikazi bitereye mu myaka?

12 Hari aho utoba ushoboye gufasha umuvukanyi canke umuvukanyikazi ageze mu zabukuru nk’uko uwo muryango wabigize, ariko woshobora gufasha abageze mu zabukuru kwitaba amakoraniro no kujana na bo mu busuku bwo mu ndimiro. Urashobora kandi kubatumira i muhira iwawe canke ukajana na bo ugiye gusama akayaga. Urashobora kuja kubaramutsa, canecane igihe barwaye canke batagishobora kuva aho bari. Vyongeye, urashobora kwama nantaryo ubafata nk’abantu bakuze kandi ukwo ni ko ukwiye kubigenza. Igihe cose abakirisu bageze mu zabukuru baba bagifise ubushobozi bwo kwiyumvira bukora neza, barakwiye kugira uruhara mu ngingo zose zifatwa ku biberekeye. Mbere n’ababa bamaze gutakaza cane ubushobozi bwabo bwo kwiyumvira, barashobora kubona ko agateka kabo kariko canke katariko karubahirizwa.

Yehova ntazokwibagira ibikorwa vyawe

13. Ni kubera iki bihambaye ko twitwararika ukuntu abakirisu bageze mu zabukuru biyumva?

13 Birahambaye ko twitwararika ukuntu abageze mu zabukuru biyumva. Ni ibisanzwe ko abageze mu zabukuru batuntuzwa cane n’ukuba batagishoboye kurangura ibintu vyose bari bashoboye igihe bari bakiritera bakarisama. Nk’akarorero, hari umuvukanyikazi yamaze nk’imyaka 50 asukurira Yehova n’umwete mwinshi kandi araba n’umutsimvyi asanzwe, vyashitse ararwara indwara isinzikaza cane maze ivyo kwitaba amakoraniro bisigara ari urugamba kuri we. Igihe yagereranya ivyo yahoze arangura mu busuku be n’ukuntu muri iki gihe hari ivyo atagishoboye, yaciye atangura kurira. Yaricurikiye maze avuga umwosori wamurenze ati: “Nta co nkimaze!”

14. Ni indemesho iyihe abasavyi ba Yehova bageze mu zabukuru bashobora gukura mu mazaburi?

14 Niba ugeze mu zabukuru, woba umaze kwumva ugize umubabaro nk’uwo? Canke na ho, vyoba bishika ukumva umengo Yehova yaguhevye? Umwanditsi wa Zaburi na we nyene ashobora kuba yarumvise amerewe nk’ukwo igihe yari ageze mu myaka ya nyuma y’ubuzima bwiwe, kuko yatakambiye Yehova ati: “Ntunte mu gihe c’ubutāma, ntumpebe mu gihe intege zanje zishize. Mana, ntumpebe, kugeza no mu butāma bganje mmeze imvi.” (Zab. 71:9, 18) Urumva nawe ko Yehova atohevye uwo mwanditsi wa Zaburi, kandi na wewe ntazoguheba. Mu yindi zaburi, Dawidi yaraseruye ukuntu yizigira ko yari ashigikiwe n’Imana. (Soma Zaburi 68:19.) Niba uri umukirisu ageze mu zabukuru w’umwizigirwa, urashobora kwemera udakeka ko Yehova ari kumwe nawe kandi ko azoguma agushigikira ku musi ku musi.

15. Ni igiki gishobora gufasha abageze mu zabukuru kuguma babona ibintu mu buryo bwiza?

15 Ibintu vyose mwebwe Ivyabona vya Yehova mugeze mu zabukuru mumaze kurangura be n’ivyo muriko murarangura ku bw’ubuninahazwa bw’Imana, ntizokwigera ivyibagira na gato. Bibiliya ivuga iti: “Imana [si] iyitagororotse ku buryo yibagira igikorwa canyu n’urukundo mwerekanye ku bw’izina ryayo.” (Heb. 6:10) Ku bw’ivyo rero, nimwirinde gutsimbataza agatima ko kubona ibintu mu buryo butari bwo, mwiyumvira mwibesha yuko ngo ata co mukimariye Yehova kubera ko mwitereye mu myaka. Nimwihatire kwikuramwo ivyiyumviro bivuna umutima kandi vy’ukwihebura maze mubisubirize ivyiyumviro vyiza. Nimunezerererwe imihezagiro be n’icizigiro ca kazoza mufise. Turafise ‘kazoza n’icizigiro’ (NW) vyiza kuruta ibindi vyose bishoboka, kandi Umuremyi wacu arabitwemerera icese. (Yer. 29:11, 12; Ibik. 17:31; 1 Tim. 6:19) Nimuzirikane ku cizigiro mufise, mukore kugira ngo mugumane itoto mu mutima no mu bwenge, kandi ntimwigere mufatira mu rwara agaciro mufise ko kuba muri mu bagize ishengero!e

16. Ni kubera iki umuvukanyi umwe ageze mu zabukuru yiyumviriye ko yari akwiye guhagarika gusukura ari umukurambere, ariko inama y’abakurambere yamuremesheje gute?

16 Rimbura ivyerekeye Johan ubu ku myaka 80 amaze, akaba acitwararika igihe cose umukenyezi wiwe w’umwizigirwa Sannief atakigira ico yishoboje. Abavukanyikazi baza barahana imbu mu kugumana na Sannie kugira ngo Johan ashobore kuja ku makoraniro no mu busuku. Yamara rero, mu bihe biheze Johan yarumvise ko yari yarushe cane mu mutima ari hafi gusanzara, maze aca atangura kwiyumvira ko atagikwiye gusukura ari umukurambere mw’ishengero. Yabajije n’amosozi menshi mu maso ati: “Mbereye iki umukurambere? Nta kintu na kimwe c’ingirakamaro nkirangura mw’ishengero.” Abakurambere bagenziwe baramusubirije umutima mu nda bamwereka ko ukuntu abona ibintu be n’utuntu n’utundi azi vyari ibintu vy’ingirakamaro cane. Bamuhimirije kubandanya asukura ari umukurambere naho uruhara yagira rwari n’aho rugarukira. Kubera ko Johan yaremeshejwe cane, arabandanya gusukura ari umukurambere ku bw’umuhezagiro w’ishengero.

Yehova arabitwararika koko

17. Bibiliya ikura amazinda abakirisu bageze mu zabukuru ku biki?

17 Ivyanditswe biratomora neza yuko abageze mu zabukuru bashobora kubandanya basagamba mu vy’impwemu naho bashikirwa n’ingorane ziterwa n’ubusaza. Umwanditsi wa Zaburi yavuze ati: “Abatewe mu rugo rw’Uhoraho . . . no mu busāza bazoba bacāma; bazogira ubukame bginshi n’itōto.” (Zab. 92:13, 14) Intumwa Paulo, uwushobora kuba yarihanganiye ububabare bwo ku mubiri, ‘ntiyihebuye, naho umuntu yari inyuma yariko arashira.’​—Soma 2 Abakorinto 4:16-18.

18. Ni kubera iki abo dusangiye ukwizera bageze mu zabukuru be n’ababitwararika bakeneye ko abandi babafasha?

18 Uburorero bwinshi bwo mu bihe vya none burerekana ko abageze mu zabukuru bashobora ‘kuguma bama.’ Ariko rero, ingorane ziva ku kurwara n’ugusaza zirashobora kubabera urugamba, mbere no ku boba bafise abo mu miryango babitwararika kandi bitanga kugira ngo babafashe. Abo babitwararika na bo nyene boshobora kwumva botana n’akabando. Abagize ishengero barafise agateka be n’ibanga ryo kugaragaza urukundo bafise ku neza y’abo bageze mu zabukuru be n’iy’ababitwararika. (Gal. 6:10) Ku bwa ngingo, ukwo kubafasha kwerekana ko tutaba turiko tubwira abantu nk’abo ngo nibagende, ‘bagume basusurutse kandi barya neza’, ariko tutabafashije mu buryo buboneka.​—Yak. 2:15-17.

19. Ni kubera iki abakirisu b’abizigirwa bageze mu zabukuru bashobora kwitega kazoza bafise ukwizigira?

19 Ukuba umuntu yitereye mu myaka vyoshobora gutuma hari ukuntu imirimo ya gikirisu arangura ihinduka, mugabo igihe ntigishobora gutuma urwo Yehova akunda abasavyi biwe b’intahemuka bageze mu zabukuru rugabanuka. Ahubwo riho, abo bakirisu bose b’abizigirwa barafise agaciro kanini mu nyonga ziwe, kandi ntazokwigera abaheba. (Zab. 37:28; Yes. 46:4) Yehova azobashigikira yongere abayobore mu busaza bwabo.​—Zab. 48:14.

[Utujambo tw’epfo]

a Raba ikiganiro kivuga ngo “Abageze mu zabukuru ni umuhezagiro ku bakiri bato” casohowe mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruheshi 2007.

b Raba Réveillez-vous! yo ku wa 8 Ruhuhuma 1994, ku rupapuro rwa 3-10.

c Mu bihugu bimwebimwe, ivyo vyoshobora kuba birimwo n’ugufasha abageze mu zabukuru kuronka imfashanyo zitangwa na Leta. Raba ikiganiro kivuga ngo “Imana iritaho abageze mu zabukuru” casohowe mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruheshi 2006.

d Raba ikiganiro kivuga ngo “Yehova yama nantaryo atubungabunga” casohowe mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nyakanga 2003.

e Raba ikiganiro kivuga ngo “La splendeur des cheveux gris” casohowe mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Ntwarante 1993.

f Si ko bitwa.

Wokwishura gute?

• Ni kubera iki wewe ubona ko abakirisu b’abizigirwa bageze mu zabukuru bafise agaciro kanini?

• Dushobora gute kugaragaza ko twitwararikana ikibabarwe abo dusangiye ugusenga bageze mu zabukuru?

• Ni ibiki bishobora gufasha abasavyi ba Yehova kuguma babona ibintu mu buryo bwiza?

[Amafoto ku rup. 18]

Abagize ishengero baraha agaciro kanini cane abageze mu zabukuru

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika