Ijambo rya Yehova ni rizima
Ibikurubikuru vyo mu makete ya Yohani no mw’ikete rya Yuda
AMAKETE atatu intumwa Yohani yandikiye i Efeso, ayashobora kuba yanditswe mu 98 G.C., ari mu bitabu vya nyuma bigize Ivyanditswe vyahumetswe. Amakete abiri ya mbere aremesha abakirisu kuguma bagendera mu muco be no kurwanya ubuhuni buriko burakwiragira. Mw’ikete rigira gatatu, Yohani ntavuga gusa ivyo kugendera mu kuri, ariko kandi araremesha abakirisu gusenyera ku mugozi umwe.
Mw’ikete Yuda uwavukana na Yezu kuri nyina yandikiye muri Palesitina, irishobora kuba ryanditswe mu 65 G.C., aragabisha abakirisu bagenziwe ku bijanye n’abantu babi bari barisobetse mw’ishengero, akongera akabahanura ku bijanye n’ukuntu botsinda utwosho tubi. Kwitwararika ubutumwa buri mu makete atatu ya Yohani be n’uburi mw’ikete rya Yuda, birashobora kudufasha kuguma dukomeye mu kwizera naho intambamyi zitabura.—Heb. 4:12.
TUGUME TUGENDERA MU MUCO, MU RUKUNDO BE NO MU KWIZERA
Ikete rya mbere rya Yohani iryo yanditse afise mu bwenge umuryango wose w’abari mu bumwe na Kristu, riratanga impanuro ngirakimazi zigenewe gufasha abakirisu kunanira ubuhuni no kuguma bashikamye ku kuri no ku bugororotsi. Arashimika ku vy’uko bakeneye kuguma bagendera mu muco, mu rukundo be no mu kwizera.
Yohani yandika ati: “Nimba tugendera mu muco nk’uko [Imana] ubwayo iri mu muco, turasangiye koko.” Vyongeye, kubera ko Imana ari yo Sôko ry’urukundo, iyo ntumwa ivuga iti: “Dushishikare gukundana.” Mu gihe “ugukunda Imana” ari vyo bituvyurira umutima wo “[gu]kurikiza amabwirizwa yayo,” “ukwizera” Yehova Imana, Ijambo ryiwe be n’Umwana wiwe ni vyo bituma dutsinda isi.—1 Yoh. 1:7; 4:7; 5:3, 4.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
2:2; 4:10—Ni gute Yezu ari “ikimazi c’impongano”? Guhonga bisobanura “guhoyahoya,” canke “gutururuza.” Yezu yaratanze ubuzima bwiwe kw’ikimazi c’impongano, mu buryo bw’uko mu kubigenza gutyo yahoyahoye, mu yindi mvugo yarashikije igisabwa n’ubutungane butagira agahaze. Yishimikije ico kimazi, Imana irashobora gutanga imbabazi ikongera igaharira ibicumuro vy’abizera Yezu.—Yoh. 3:16; Rom. 6:23.
2:7, 8—Ni ibwirizwa irihe Yohani ariko aravuga ko ari irya “kera” be n’uko ari “rishasha”? Yohani ariko avuga ibijanye n’ibwirizwa ryerekeye urukundo rwa kivukanyi rurangwa no kwitanga. (Yoh. 13:34) Avuga ko ari irya “kera” kubera yuko kuva Yezu aritanze haciye imyaka irenga 60 Yohani atarandika ikete rya mbere ryiwe ryahumetswe. Abizera rero bari barironse “guhera mu ntango” y’ubuzima bwabo bwa gikirisu. Iryo bwirizwa kandi ni “rishasha” mu buryo bw’uko ritadusaba gusa gukunda bagenzi bacu nk’uko twikunda, ariko riranadusaba urukundo rwo kwitanga.—Lew. 19:18; Yoh. 15:12, 13.
3:2—Ni igiki ‘kitarerekanwa’ ku bakirisu basizwe, kandi ni nde bazobona “nk’uko ari”? Ikitarerekanwa ku bakirisu basizwe ni uko bamera igihe bazuriwe kuba mw’ijuru bafise umubiri w’impwemu. (Flp. 3:20, 21) Ariko rero, ico bazi co ni uko ‘aho [Imana] izokwerekanirwa hose bazomera nka yo, kuko bazoyibona nk’uko iri,’ ikaba ari “Mpwemu.”—2 Kor. 3:17, 18.
5:5-8—Ni mu buryo ki amazi, amaraso be n’impwemu vyashinze intahe ko “Yezu ari we Mwana w’Imana”? Amazi yarabaye icabona gishinga intahe kubera ko igihe Yezu yabatizwa mu mazi, Yehova ubwiwe yivugiye ko amwemera ko ari Umwana wiwe. (Mat. 3:17) Amaraso ya Yezu, ari bwo buzima biwe, yatanzwe ngo abe “incungu ikwiranye ku bwa bose,” na yo nyene yarerekanye ko Yezu ari Umwana w’Imana. (1 Tim. 2:5, 6) Vyongeye, impwemu nyeranda yarashinze intahe ko Yezu ari Umwana w’Imana aho yamanuka kuri we igihe yabatizwa, ikaba yatumye ashobora “[guca] mu gihugu akora iciza yongera akiza abo bose bahahazwa na wa Mubesheranyi.”—Yoh. 1:29-34; Ibik. 10:38.
Ivyigwa tuhigira:
2:9-11; 3:15. Igihe umukirisu aretse hakagira ikintu canke umuntu yonona urukundo afitiye abavukanyi biwe, aba ariko agendera mu mwiza wo mu buryo bw’impwemu, atazi iyo ariko araja.
MUGUME ‘MUGENDERA MU KURI’
Yohani atangura ikete ryiwe rigira kabiri mu kuvuga ati: “Umugabo w’inararibonye, ku mukenyezi yatowe no ku bana biwe.” Araserura umunezero afise mu kuba yasanze “bamwe mu bana [b’uwo mukenyezi] bagendera mu kuri.”—2 Yoh. 1, 4.
Yohani amaze kubaremesha gutsimbataza urukundo, yandika ati: “Iki ni co urukundo rusobanura: yuko tubandanya kugenda twisunga amabwirizwa yayo.” Yohani aragabisha kandi ku vyerekeye “umubeshi akaba na antikristu.”—2 Yoh. 5-7.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
1, 13—Uwo “mukenyezi yatowe” ni nde? Yohani ashobora kuba yariko avuga umukenyezi yiswe Kyria, iryo rikaba ari ijambo ry’ikigiriki risobanura ngo “umukenyezi.” Canke yoshobora kuba ariko akoresha imvugo ngereranyo mu kubwira ishengero rinaka kugira ngo abariko barabahama ntibamenye iryo ari ryo. Nimba ico duherejeko ari co Yohani yariko yerekezako, abo bana b’uwo mugore bashobora kuba ari abari bagize iryo shengero, “abana ba mwene wa[bo]” na bo bashobora kuba ari abari bagize irindi shengero.
7—‘Ukuza’ kwa Yezu Yohani avuga ng’aha ni ukuhe, kandi ni gute abahendanyi “batemera icese” ukwo kuza? Si ‘ukuza’ kwa Yezu kwo muri kazoza, aho azoza mu buryo butaboneka. Ahubwo nyabuna, ni ukuza kwiwe mu mubiri be n’ukurobanurwa kugira abe Kristu. (1 Yoh. 4:2) Abahendanyi ntibemera icese ukwo kuza mu mubiri. Kumbure barahakana ko Yezu atigeze abaho canke bakamirira kure ivy’uko yarobanujwe impwemu nyeranda.
Ivyigwa tuhigira:
2, 4. Kugira ngo tuze turonke agakiza birahambaye ko tumenya “ukuri,” ni ukuvuga inyigisho za gikirisu zifatiwe hamwe, izahavuye ziba izigize Bibiliya, kandi tukakugendera.—3 Yoh. 3, 4.
8-11. Niba tudashaka gutakaza “ubuntu ata wari abukwiriye, imbabazi n’amahoro biva ku Mana ari yo Data no kuri Yezu Kristu,” be n’ukwifatanya n’abakirisu bagenzi bacu mu buryo burangwa urukundo, turakwiye ‘kwiyubara’ mu buryo bw’impwemu kandi tukiyamiriza abantu “[bataguma] mu nyigisho ya Kristu.”—2 Yoh. 3.
DUCIKE “ABAKOZI BAKORANA MU KURI”
Ikete rigira gatatu rya Yohani aryandikira umugenzi wiwe Gayo. Yandika ati: “Nta kindi mfise contera gukenguruka kiruta ibi bintu: yuko nokwumva ko abana banje babandanya kugendera mu kuri.”—3 Yoh. 4.
Yohani arakeza Gayo kubera ‘ariko akora igikorwa c’ubwizigirwa’ mu gufasha abavukanyi baba baje kubagendera. Iyo ntumwa ivuga iti: “Tubwirizwa . . . kwakira neza mwene abo bantu, kugira ngo ducike abakozi bakorana mu kuri.”—3 Yoh. 5-8.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
11—Ni kubera iki hari abisuka mu ngeso mbi? Kubera ko abantu bamwebamwe badakomeye mu vy’impwemu, ntibabona Imana n’amaso yabo y’ugutahura. Kubera ko badashobora kuyibona n’amaso yabo y’umubiri, baca bakora nk’aho umenga yo ntibabona.—Ezk. 9:9.
14—Ni bande bavugwa ko ari “abagenzi”? Imvugo ngo “abagenzi” iri muri uwo murongo irashiramwo n’abandi uretse abafitaniye ubucuti bwa somambike. Yohani ayikoresha mu kwerekeza ku basangiye ukwemera muri rusangi.
Ivyigwa tuhigira:
4. Abantu bo mw’ishengero bahumuye mu vy’impwemu baranezerwa cane igihe babona abakiri bato bari muri ryo “babandanya kugendera mu kuri.” Ese kandi umunezero utagira ukwo ungana abavyeyi bagira igihe bashoboye gufasha ababakomokako bakaba abana bashira imbere ivy’impwemu!
5-8. Mu bakora bagatama ku bw’ineza y’abavukanyi babo babitumwe n’urukundo babafitiye be n’urwo bafitiye Yehova, harimwo abacungezi b’ingenzi, abamisiyonari, abakorera mu nyubakwa za Beteli canke ku biro vy’amashami be n’abari mu murimo w’ubutsimvyi. Birabereye ko twigana ukwizera kwabo be n’uko tubashigikira mu buryo buranga urukundo.
9-12. Turakwiye kwigana akarorero k’intahemuka Demetiriyo aho kwigana Diyotirefe, uwavugavugana, uno akaba yari umuntu yambika ibara abandi.
“MWIGUMIZE MU RUKUNDO RW’IMANA”
Yuda avuga ko abariko barisobeka mw’ishengero ari “abidodomvyi, abidozi bidogera umugabane wabo mu buzima, bagenda bisunga ivyipfuzo vyabo bwite.” “[Ba]vuga ibintu vyo kwivyimvya, mu gihe batangarira abahambaye.”—Yuda 4, 16.
Abakirisu bashobora gute kunanira utwosho tubi? Yuda yandika ati: “Bakundwa, mwibuke amajambo yavuzwe kera n’intumwa z’Umukama wacu Yezu Kristu.” Yongerako ati: “Mwigumize mu rukundo rw’Imana.”—Yuda 17-21.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
3, 4—Ni kubera iki Yuda yahimirije abakirisu “kurwana indwano ikomeye ku bw’ukwizera”? Kubera ko ‘abantu batibanga Imana bari barisobetse mw’ishengero.’ Abo bantu bariko ‘bahindura ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana icitwazo c’ubushirasoni.’
20, 21—Dushobora gute “[kwigumiza] mu rukundo rw’Imana”? Ivyo twobigira mu buryo butatu: (1) Mu kwiyubaka ku “kwizera [kwacu] kweranda rwose” biciye ku kwiyigisha Ijambo ry’Imana tubigiranye umwete be no ku kugira uruhara n’umwete mu gikorwa co kwamamaza; (2) mu gusengana “impwemu nyeranda,” ni ukuvuga mu guhuza n’akosho itugirako be no (3) kwizera ikintu gituma ubuzima budahera bushoboka, ico na co kikaba ari inkuka y’incungu ya Yezu Kristu.—Yoh. 3:16, 36.
Ivyigwa tuhigira:
5-7. Umunyakibi yoba ashobora guhunga urubanza rwa Yehova? Nk’uko ubwo burorero butatu bwo kutugabisha bwavuzwe na Yuda buvyerekana, ivyo ntibishoboka.
8-10. Turakwiye kwigana akarorero ka Mikaheli wa mumarayika mukuru, maze tukubaha abo Imana yahaye ubukuru.
12. Abahuni bigira ngo barakundana ni akaga ku kwizera kwacu nka kurya ibitandara bihishijwe musi y’amazi ari akaga ku mato canke ku boga. Abigisha b’ikinyoma boshobora gusa n’aho umenga ni abantu beza, ariko bameze nk’ibicu bitagiramwo amazi mu buryo bw’uko ari ibiroha mu buryo bw’impwemu. Bene abo bigisha bameze nk’ibiti bitagirako ivyamwa vyo mu mpera z’agatasi. Bimirije gusangangurwa nka kurya kw’ibiti vyaranduranywe n’imizi. Tuba tubaye inkerebutsi twirinze abahuni.
22, 23. Abakirisu b’ukuri baranka ikibi. Mu kigoro bagira kugira ngo bakize “bamwebamwe bakekeranya” babakure mu muriro w’ugusangangurwa kw’ibihe bidahera, abakirisu bahumuye bo mw’ishengero, na canecane abacungezi bagenywe, barabafasha mu buryo bw’impwemu.
[Ifoto ku rup. 28]
Amazi, impwemu be n’amaraso birashinga intahe yuko “Yezu ari we Mwana w’Imana”