Imana yoba ifise izina?
Inyishu zikunze gutangwa:
▪ “Izina ryayo ni Imana.”
▪ “Nta zina ry’uruharo ifise.”
Yezu yabivuzeko iki?
▪ “Nuko rero musenge mutya: ‘Data wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe.’” (Matayo 6:9) Yezu yaremera ko Imana ifise izina.
▪ “Narabamenyesheje izina ryawe kandi nzorimenyekanisha, kugira ngo urukundo wankunze rube muri bo nanje nunge ubumwe na bo.” (Yohani 17:26) Yezu yaramenyekanishije izina ry’Imana.
▪ “Ntimuzogenda mumbonye gushika muvuze muti: ‘Arahezagiwe uwuje mw’izina rya Yehova!’” (Luka 13:35; Zaburi 118:26) Yezu yarakoresha izina ry’Imana.
IMANA ubwayo iratubwira izina ryayo. Ivuga iti: “Jewe ndi [“Yehova,” NW], iryo ni ryo zina ryanje.”a (Yesaya 42:8) Izina Yehova ni yo mero y’ikirundi imenyerewe y’izina ry’igiheburayo Imana ubwayo yihaye. Woshobora gutangazwa n’uko iryo zina ridasanzwe ry’igiheburayo riboneka incuro ibihumbi n’ibihumbi mu vyandikano vy’iminwe vya kera vya Bibiliya. Nkako, riboneka incuro nyinshi kuruta irindi zina iryo ari ryo ryose ryanditswe muri Bibiliya.
Abantu bamwebamwe ubabajije ngo “Izina ry’Imana ni irihe?” boshobora kwishura bati: “Ni Imana.” Ariko rero mu vy’ukuri, iyo nyishu nta kintu kinini yofasha uwubajije ico kibazo, nka kurya nyene vyoba bimeze umuntu akubajije ati: “Ni nde yatsinze amatora?” ugaca umwishura ngo “ni uwitoje.” Vyongeye, izo si inyishu zitomoye kubera yuko “Imana” be na “uwitoje” atari amazina y’uruharo.
Ni kubera iki Imana yaduhishuriye izina ryayo? Yabigize kugira ngo dushobore kuyimenya neza. Reka tubitangire akarorero: Umuntu yoshobora kwitwa Mushingantahe, Databuja, Dawe canke Sokuru bivanye n’uko ibintu biba vyifashe. Ayo mazina y’icubahiro aragira ikintu ahishuye ku bimwerekeye. Ariko rero, izina ry’uruharo ry’uwo muntu riratwibutsa ikintu cose tuba tuzi ku bimwerekeye. Muri ubwo buryo nyene, amazina y’icubahiro nka Imana, Mushoboravyose, Data be na Umuremyi aratuma tuzirikana ku mice itandukanye y’ibikorwa vy’Imana. Mugabo izina ryayo ry’uruharo ryonyene ari ryo Yehova, ni ryo ritwibutsa ibintu vyose tuzi ku biyerekeye. None wumva ushobora gute kumenya Imana vy’ukuri utazi n’izina ryayo?
Ntibihambaye gusa ko umenya iryo zina, ariko kandi biranahambaye ko urikoresha. Uti kubera iki? Kubera yuko Bibiliya itubwira iti: “Umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokizwa.”—Abaroma 10:13; Yoweli 2:32.
[Akajambo k’epfo]
a Ushaka kumenya insobanuro y’izina ry’Imana hamwe n’igituma ritaboneka mu mpinduro zimwezimwe za Bibiliya, woshobora kuraba igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, urupapuro rwa 195-197, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Iciyumviro nyamukuru/Ifoto ku rup. 6]
Umuntu yoshobora kwitwa Mushingantahe, Databuja, Dawe canke Sokuru bivanye n’uko ibintu biba vyifashe. Ariko izina ryiwe ry’uruharo riratwibutsa ikintu cose tuba tuzi ku bimwerekeye