ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w09 1/4 rup. 27-29
  • Kwisonzesha—Vyoba bituma urushiriza kwiyegereza Imana?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kwisonzesha—Vyoba bituma urushiriza kwiyegereza Imana?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ibijanye n’ukwisonzesha mu bihe vya Bibiliya
  • Kwisonzesha vyoba ari itegeko ku bakirisu?
  • Uragaba ku mitego ijanye no kwisonzesha
  • Ukubona ibintu mu buryo buri ku burimbane
  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kwisonzesha?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Bamubaza ivy’Ukwisonzesha
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Kubera iki abigishwa ba Yezu batisonzesha?
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
w09 1/4 rup. 27-29

Kwisonzesha​—Vyoba bituma urushiriza kwiyegereza Imana?

‘Kwisonzesha ni ikintu kigufasha kuzirikana cane ku bucuti ufitaniye n’Imana kikongera kikakwibutsa ko ibintu vy’umubiri atari vyo bihambaye cane mu buzima.’​—VYAVUZWE N’UMUKENYEZI UMWE W’UMUGATOLIKA.

‘Kwisonzesha birafasha umuntu kugiranira ubucuti n’Imana.’​—VYAVUZWE N’UMURABI W’UMUYAHUDI.

‘Mu vyo nemera, kwisonzesha ni itegeko, ni ikintu gihambaye kimfasha kwerekana ko nihebeye Imana be n’uko ndayikengurukira. Nisonzesha kubera yuko nkunda Imana.’​—VYAVUZWE N’UMUYOBOKE W’IDINI RY’ABABAHAYI.

KWISONZESHA ni umugenzo umenyerewe mu madini menshi yo kw’isi, ushizemwo iry’ababuda, abahindu, abisilamu, abajayini be n’iry’Abayuda. Abantu benshi bemera yuko kumara igihe kinaka umuntu adafungura bituma arushiriza kwiyegereza Imana.

Wewe uvyibazako iki? Woba ukwiye kwisonzesha? Ijambo ry’Imana Bibiliya ribivugako iki?

Ibijanye n’ukwisonzesha mu bihe vya Bibiliya

Mu bihe vya Bibiliya, abantu barisonzesha kubera impamvu zitandukanye zemerwa n’Imana. Bamwebamwe barisonzesha kugira ngo berekane ko bafise intuntu nyinshi canke ko bigaye ibicumuro (1 Samweli 7:4-6), kugira basabe Imana ngo ibatoneshe canke barondere ubuyobozi bwayo (Abacamanza 20:26-28; Luka 2:36, 37), canke kugira ngo birinde gusamara igihe bazirikana.​—Matayo 4:1, 2.

Ariko rero, Bibiliya iravuga kandi ibijanye n’ukwisonzesha Imana itemera. Umwami Sauli yarisonzesheje imbere yo kuja kuraguza ku mupfumu. (Abalewi 20:6; 1 Samweli 28:20) Abantu b’inkozi z’ikibi, nka Yezebeli cokimwe na ba bantu b’ishaka rirenze bagira imigambi yo kwica intumwa Paulo, baratangaje ivyo kwisonzesha. (1 Abami 21:7-12; Ibikorwa 23:12-14) Abafarizayo bari bazwi ko bama bisonzesha. (Mariko 2:18) Yamara, Yezu yarabaciriye urubanza kandi ntibashimwa n’Imana. (Matayo 6:16; Luka 18:12) Muri ubwo buryo nyene, Yehova ntiyahaye agaciro ukwisonzesha kw’Abisirayeli bamwebamwe kubera bari bafise ingeso mbi kandi bagakorana ibintu imvo zitabereye.​—Yeremiya 14:12.

Ubwo burorero burerekana ko ukwisonzesha ubwavyo atari vyo bihimbara Imana. Ariko rero, abasavyi b’Imana benshi b’umutima nziraburyarya bisonzesheje, baremerwa na yo. None, abakirisu boba bakwiye kwisonzesha?

Kwisonzesha vyoba ari itegeko ku bakirisu?

Itegeko rya Musa ryasaba Abayuda ‘kwibabaza,’ ni ukuvuga kwisonzesha, rimwe mu mwaka ku Musi w’Impongano. (Abalewi 16:29-31; Zaburi 35:13) Ukwo ni kwo kwisonzesha kwonyene Yehova yategetse abasavyi biwe kugira.a Abayuda bagengwa n’Itegeko rya Musa babwirizwa kuba baragamburutse iryo tegeko. Ariko abakirisu ntibasabwa gukurikiza Itegeko rya Musa.​—Abaroma 10:4; Abakolosayi 2:14.

Naho Yezu yisonzesheje nk’uko Itegeko ryabisaba, uwo mugenzo si wo wamuranga. Yarabwiye abigishwa biwe ukuntu bari kuvyifatamwo baramutse bahisemwo kwisonzesha, ariko ntiyigeze abategeka kubigira. (Matayo 6:16-18; 9:14) Ni kubera iki none Yezu yavuze ko abigishwa biwe bokwisonzesheje inyuma y’urupfu rwiwe? (Matayo 9:15) Iryo si itegeko yari abahaye. Amajambo ya Yezu yerekana gusa ko kubera urupfu rwiwe abigishwa biwe bokwumvise bishwe n’intuntu be n’uko bokwumvise badashaka gufungura.

Inkuru zibiri zo muri Bibiliya zivuga ibijanye n’abakirisu bo mu ntango bisonzesheje zerekana ko umuntu ahisemwo kureka gufungura abigiranye imvo nziza, vyemerwa n’Imana. (Ibikorwa 13:2, 3; 14:23)b Rero, abakirisu ntibabwirizwa kwisonzesha. Yamara, umuntu ahisemwo kubigira akwiye kugaba ku ngeramizi zimwezimwe ziteye akaga.

Uragaba ku mitego ijanye no kwisonzesha

Umutego umwe umuntu akwiye kwirinda mu bijanye no kwisonzesha, ni ukwibona ubugororotsi. Bibiliya iratugabisha ngo twirinde “ukwicisha bugufi kw’uruhendo.” (Abakolosayi 2:20-23) Ikigereranyo Yezu yatanze ca wa Mufarizayo w’umunyabwishime yumva ko arusha ubutore abandi bantu kubera yuko ngo yama yisonzesha kiratwereka ata gukekeranya ko Imana yiyamiriza agatima mwene ako.​—Luka 18:9-14.

Vyoba kandi ari bibi kwamamaza hose ko wisonzesha canke kwisonzesha kubera yuko uwundi muntu akubwiye ngo ubigire. Twisunze ibivugwa muri Matayo 6:16-18, Yezu yatanze impanuro avuga yuko kwisonzesha bikwiye kugirwa mu mwiherero, hagati y’umuntu n’Imana, be n’uko adakwiye kubimenyesha abandi.

Umuntu ntakwiye kwigera na rimwe yiyumvira ko hari ukuntu ukwisonzesha gutuma ibicumuro akora bibonwa ko bidahambaye. Kugira ngo ukwisonzesha kwemerwe n’Imana, gutegerezwa kujana n’ukugamburuka amategeko yayo. (Yesaya 58:3-7) Ukwisonzesha ubwavyo si vyo bishikana umuntu ku kubabarirwa ibicumuro, ahubwo ni ukwigaya kuvuye ku mutima. (Yoweli 2:12, 13) Bibiliya irashimika ku vy’uko turonka ukubabarirwa biciye ku buntu ata wari abukwiriye bwa Yehova bwagaragajwe biciye ku nkuka ya Kristu. Ntibishoboka ko tuba ababereye ukubabarirwa biciye ku gikorwa na kimwe, harimwo no kwisonzesha.​—Abaroma 3:24, 27, 28; Abagalatiya 2:16; Abanyefeso 2:8, 9.

Muri Yesaya 58:3 harerekana irindi kosa rikunze kugirwa. Abisirayeli bavuze yuko Yehova hari ikintu yobwirijwe kubaha kubera yuko bisonzesha, nk’aho womengo biciye ku kwisonzesha, hari ikintu bariko barakorera Imana. Babajije bati: “Mbeg’igituma twisonzesha, nturuhe ubibona, ni ku ki? Igituma twibabaza, nawe ukavyirengagiza, ni ku ki?” Abantu benshi muri kino gihe na bo nyene biyumvira ko kubera bisonzesha, bashobora kwitega ko Imana ica ibakorera ibintu binaka. Ese tutokwigera na rimwe twigana mwene ako gatima ko kutubaha kandi kadashingiye ku Vyanditswe!

Abandi biyumvira ko bishoboka yuko umuntu yemerwa mu kubabaza umubiri biciye ku kwisonzesha, bakikubitagura, canke ibindi bisa n’ivyo. Ijambo ry’Imana ririyamiriza ico ciyumviro, rikerekana yuko “ugusesereza umubiri” ata “gaciro bifise mu vy’ukurwanya” ivyipfuzo bibi.​—Abakolosayi 2:20-23.

Ukubona ibintu mu buryo buri ku burimbane

Kwisonzesha si itegeko, eka kandi si bibi. Vyoshobora kuba ngirakamaro mu bihe bimwebimwe igihe umuntu yirinze izo ngeramizi zihejeje kuvugwa. Ariko rero, kwisonzesha si co kintu kiza imbere mu bijanye n’ugusenga kwemewe. Yehova ni “Imana ihimbawe,” kandi ashaka ko abasavyi biwe bahimbarwa. (1 Timoteyo 1:11) Ijambo ryiwe bwite rivuga riti: “[Nta] kintu kiriho kibarutira . . . ko umuntu wese yorya, emwe, akanywa, akabona iciza ku bw’igikorwa ciwe c’ubutame cose. Ni yo ngabirano y’Imana.”​—Umusiguzi 3:12, 13, NW.

Ugusenga kwacu gukwiye kurangwa n’umunezero, ariko nta na rimwe Bibiliya isanisha kwisonzesha be n’agahimbare. N’ikindi kandi, nimba kureka gufungura vyogirira ingaruka mbi amagara yacu canke bigatuma dutakaza inkomezi dukeneye kugira ngo turangure igikorwa giteye umunezero Umuremyi wacu yajeje abakirisu b’ukuri, ico na co kikaba ari ico gutangaza inkuru nziza y’Ubwami, biratomoye rero ko vyoba biteza ingorane aho gushikana ku vyo twipfuza gushikako.

Twaba duhitamwo kwisonzesha canke kutabigira, turakwiye kwirinda kunegura abandi. Mu bakirisu b’ukuri, nta kudahuza gukwiye kuhaba ku bijanye n’ico kintu, “kuko ubwami bw’Imana budasobanura kurya no kunywa, ahubwo busobanura ubugororotsi n’amahoro n’akanyamuneza hamwe n’impwemu nyeranda.”​—Abaroma 14:17.

[Utujambo tw’epfo]

a Ukwisonzesha Esiteri yagize, ukwabaye imbere y’uko hahimbazwa Umusi mukuru wa Purimu, ntikwari kwategetswe n’Imana, naho biboneka ko yagushimye.

b Bibiliya zimwezimwe zirimwo imirongo abantu biyongereyemwo ijanye no kwisonzesha, ariko iyo mirongo ntiboneka mu vyandikano vy’iminwe vy’ikigiriki vya kera cane.​—Matayo 17:21; Mariko 9:29; Ibikorwa 10:30; 1 Abakorinto 7:5, King James Version.

[Iciyumviro ku rup. 28]

Abafarizayo baragaragaza ukwicisha bugufi kw’uruhendo igihe baba bisonzesheje

[Iciyumviro ku rup. 29]

“Ubwami bw’Imana [ntibu]sobanura kurya no kunywa, ahubwo busobanura ubugororotsi n’amahoro n’akanyamuneza”

[Uruzitiro ku rup. 29]

Tuvuge iki ku bijanye n’Ikarema?

Imisi 40 yo kwisonzesha mu gihe c’Ikarema bivugwa ko ari iyo kwibuka ya misi 40 Kristu yamaze yisonzesheje. Ariko rero, Yezu ntiyigeze ategeka abigishwa biwe kwibuka ukwo kwisonzesha kwiwe, eka nta n’ikimenyamenya na kimwe kiriho c’uko boba barabigize. Ahantu ha mbere ho kwizigirwa havuga ibijanye n’imisi 40 yo kwisonzesha imbere ya Pasika, vyiyumvirwa ko ari mu makete y’uwitwa Athanase, yanditswe mu 330 G.C.

Kubera yuko Yezu yisonzesheje inyuma y’ibatisimu yiwe atari imbere y’urupfu rwiwe, ukuba amadini amwamwe ahimbaza Ikarema mu ndwi z’imbere ya Pasika vyoshobora gusa n’ibitumvikana. Ariko rero, mu Banyababiloni ba kera, Abanyamisiri ba kera be n’Abagiriki ba kera vyari bimenyerewe kwisonzesha imisi 40 mu ntango z’umwaka. Uwo mugenzo witwa ko ari uwa gikirisu biboneka ko wakomotse muri abo bantu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika