Niwigishe abana bawe
Rahabu yarateze ugutwi amakuru abwiwe
REKA dufate ko ubu ari mu myaka hafi 3.500 iheze. Turi mu gisagara ca Yeriko, mu gihugu c’i Kanani. Umwigeme yitwa Rahabu aba muri ico gisagara. Yari yavutse inyuma y’aho Musa ayoboreye Abisirayeli akabakura mu buja bwo mu Misiri, maze akabacisha mu Kiyaga Gitukura, kw’isi yumutse! Nta maradiyo, amateleviziyo canke Internet vyari bihari, ariko Rahabu arazi ibijanye n’ico gitangaro naho nyene cabereye kure cane y’aho aba. None woba uzi ingene yamenye ibijanye n’ico gitangaro?—a
Ata gukeka, abantu b’ingenzi ni bo bavuze iyo nkuru yerekeye ivyo bitangaro. Uko Rahabu akura, aribuka ivyo Yehova yakoreye abasavyi biwe. Mu nyuma arumva n’ibindi bintu vy’akumiza vyerekeye Abisirayeli. Haheze imyaka 40 bari mu bugaragwa, barashitse i Kanani, kandi Imana yarabafashije gutsinda uwo ari we wese yabarwanya. Ubu rero Rahabu aramenye ko Abisirayeli bakambitse ku nkengera y’Uruzi Yorodani ruturuka i Yeriko!
Umusi umwe ku mugoroba, abantu babiri Rahabu atamenyereye baramugendera kubera bazi yuko akorera ahantu abashitsi bashobora kurara. Arabaha ikaze rero mu nzu. Muri iryo joro, umwami w’i Yeriko aramenya yuko abatasi b’Abisirayeli baje i Yeriko be n’uko bagiye ku nzu Rahabu akoreramwo. Umwami aca arungika intumwa kwa Rahabu, zikamubwira ngo nasohore abagabo bamugendeye. Woba uzi ivyo Rahabu yamaze kumenya be n’ico yamaze gukora ku bijanye na vyo?—
Urumva, n’imbere y’uko za ntumwa z’umwami zishika, Rahabu yari yamenye yuko abashitsi bamugendeye ari abatasi b’Abisirayeli. Ni co gituma yaciye abanyegeza mw’idari, maze aca abarira za ntumwa z’umwami, ati: “Ni koko haje abantu i wanje, . . . nuko hageze mu mūgarira, buhwibiriye, abo bantu baciye bagenda.” Rahabu aca abahimiriza ati: “Enda ni mubakurikire.”
Wibaza ko ari kubera iki Rahabu yakingiye abo batasi?— Yarasiguye igituma, ababwira ati: “Nzi yuk Uhoraho abahaye iki gihugu. . . . Kuko twumvise ingen’Uhoraho yakamije Ikiyaga Gitukura imbere yanyu, igihe mwava muri Egiputa.” Yari yarumvise kandi ibijanye n’izindi ntsinzi Imana yari yarahaye Abisirayeli imbere y’abansi babo.
Ata gukeka, Yehova yarashimishijwe n’ukuntu Rahabu yakingiye abo batasi, nk’uko Bibiliya ibitubarira mu Baheburayo 11:31. Yarahimbawe kandi igihe Rahabu yasaba ba batasi ashimitse ati: ‘Nabagiriye neza, ndabinginze rero munyemerere yuko igihe Yeriko izofatwa ko muzorokora dawe na mawe be na bene wacu.’ Ba batasi baremerera Rahabu kuzobikora aramutse akurikije ubuyobozi bamuhaye. Woba uzi ubwo ari bwo?—
Ba batasi bamubwira bati: ‘Fata uwo mugozi usa n’agahama uwupfundike kw’idirisha ryawe, maze ukoranirize incuti zawe zose mu nzu yawe. Niwabigenza gutyo, umuntu wese ari muri yo azoba akingiwe.’ Rahabu arakora neza na neza nk’uko ba batasi bamubariye. Woba uzi ibica bishika?—
Abisirayeli barashika inyuma y’igihome gikikije Yeriko. Mu misi itandatu, baza barazunguruka ico gisagara mu gacerere incuro imwimwe ku musi. Ku musi ugira indwi, barakizunguruka incuro indwi maze bagaca rero biha akamo kenshi. Ca gihome gica gihomvokera hasi, uretse ha hantu wa mugozi usa n’agahama wari upfunditse kw’idirisha! Rahabu n’umuryango wiwe bararokoka.—Yosuwa 2:1-24; 6:1-5, 14, 15, 20-25.
Ni igiki twigira ku vyo Rahabu yakoze?— Urabona, ntiyateze amatwi gusa amakuru ajanye n’ibintu Imana yariko irakora kugira ngo ikingire abasavyi bayo, ariko kandi yarabafashije igihe yari aronse akaryo kabereye. Egome, Rahabu yahisemwo gukorera Yehova yifatanije n’abasavyi biwe! Woba uzokora nk’uko nyene?— Dusenga dusaba ko wobikora nk’uko nyene.
a Nimba uriko urasoma uri kumwe n’abana, ako gakwego kakwibutsa yuko ukwiye guhagarara maze ukerekeza ivyo bibazo kuri bo.