ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w09 1/12 rup. 8
  • “Igihe vyashingiwe” kiri hafi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Igihe vyashingiwe” kiri hafi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ivyo bijanye
  • Twoba turi mu “misi ya nyuma”?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Ukuri kwerekeye Ubwami bw’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2020
  • Twoba vy’ukuri turi mu “misi y’iherezo”?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Iyi Ni Imisi y’Iherezo!
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
w09 1/12 rup. 8

“Igihe vyashingiwe” kiri hafi

NKA kumwe kw’umuhanuzi Habakuki, abigishwa ba Yezu baripfuza cane kubona imibabaro irangiye. Kubera ko bari bazi ico Ubwami bw’Imana bwokoze kugira butorere umuti ingorane zo kw’isi, babajije Yezu bati: “Ivyo bintu bizoba ryari, kandi ni igiki kizoba ikimenyetso c’ukuhaba kwawe [mu bubasha bw’Ubwami] n’ic’insozero y’ivy’isi?” (Matayo 24:3) Mu kubishura, Yezu yavuze yuko Yehova Imana wenyene ari we yari azi igihe nyezina ubwo Bwami bwokwifatiye mu minwe isi. (Matayo 24:36; Mariko 13:32) Ariko rero, Yezu be n’abandi, bari baravuze imbere y’igihe ibintu vyobaye vyokwerekanye yuko ico gihe kiri hafi.​—Raba uruzitiro ruri iburyo.

Ntiwemera none yuko ivyo bintu bisigaye birangwa hose muri iki gihe? Yezu kandi yaravuze imbere y’igihe yuko hari igikorwa co kwigisha coranguwe kw’isi yose. Yavuze ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze umuhero uzoca uza.”​—Matayo 24:14.

Ivyo ni vyo nyene biriko biraba muri iki gihe. Ivyabona vya Yehova bariko barakora ico gikorwa. Mu bihugu nka 236, Ivyabona barenga imiliyoni indwi bariko barabwira abantu ivyo Ubwami buzokora, kandi bariko barabafasha kubaho bisunga ibintu bigororotse Imana isaba, na yo ikaba igomba ko ugucumukura n’umubabaro bihera. Nubandanye kwiga ivyerekeye Ubwami bw’Imana maze uzogire icizigiro co kubaho ibihe bidahera mw’isi itagiramwo imibabaro.

[Uruzitiro ku rup. 8]

Ivyanditswe vyerekana ko turi mu misi ya nyuma

MATAYO 24:6, 7; IVYAHISHUWE 6:4

• Intambara zitari bwigere zibaho

MATAYO 24:7; MARIKO 13:8

• Vya nyamugigima bikomakomeye

• Amapfa

LUKA 21:11; IVYAHISHUWE 6:8

• Indwara z’ibiza

MATAYO 24:12

• Ukwongerekana kw’ubugarariji

• Ugukanya kw’urukundo

IVYAHISHUWE 11:18

• Uguhonya isi.

2 TIMOTEYO 3:2

• Ugukunda amahera birenze urugero

• Kutagamburukira abavyeyi

• Ukwikunda birenze

2 TIMOTEYO 3:3

• Kutagira igishika c’abantu

• Abantu badashaka kwumvikana

• Abantu bo mu mice yose y’ikibano batagira ukwigumya

• Ukudakunda iciza bikwiragiye henshi

2 TIMOTEYO 3:4

• Gukunda ibinezereza kuruta Imana

2 TIMOTEYO 3:5

• Abiyorobetsi benshi bivugisha ko ari abakirisu

MATAYO 24:5, 11; MARIKO 13:6

• Abahanuzi b’ikinyoma benshi bakorana umwete

MATAYO 24:9; LUKA 21:12

• Uruhamo rugirirwa abakirisu b’ukuri

MATAYO 24:39

• Abantu batitaho imburi Bibiliya itanga

[Ifoto ku rup. 8]

Kw’isi yose, Ivyabona vya Yehova barigisha abandi ibijanye n’Ubwami bw’Imana

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika