Bibiliya yoba ari Ijambo ry’Imana?
“Icanditswe cose cahumetswe n’Imana kandi ni ngirakamaro ku kwigisha, ku gukangira, ku kugorora ibintu, ku gutoza indero mu bugororotsi, ngo umuntu w’Imana abe uwubishoboye neza, afise ibikenewe vyose ku bw’igikorwa ciza cose.”—2 TIMOTEYO 3:16, 17.
MBEGA imvugo ikomeye Paulo akoresha mu kwerekana agaciro ntangere Bibiliya ifise! Mu bisanzwe yariko yerekeza neza na neza ku gice ca Bibiliya yashobora kuronka ico gihe, ico na co kikaba cari kigizwe n’ivyanditswe abantu rimwe na rimwe bita Isezerano rya kera. Yamara ku bwa ngingo, ayo majambo yavuze arakoreshwa afise ubwo buremere nyene mu kwerekeza kuri vya bitabu 66 bigize Bibiliya, harimwo n’ivyanditswe n’abigishwa ba Yezu b’intahemuka mu kinjana ca mbere G.C.
Woba uha agaciro cane Bibiliya nk’uko Paulo yabigira? Woba wibaza ko abanditsi ba Bibiliya mu vy’ukuri bari bahumekewe n’Imana? Ukwo ni ko abakirisu bo mu kinjana ca mbere babibona. Iyo nyigisho ntiyigeze ikekeranywa mu binjana n’ibindi vyakurikiye. Nk’akarorero, umukuru w’idini w’Umwongereza wo mu kinjana ca 14 yitwa John Wycliffe yabona ko Bibiliya ari “itegeko ry’ukuri ritananirwa.” Inyizamvugo imwe y’ivya Bibiliya (The New Bible Dictionary), mu kugira ico ivuze kuri ayo majambo ya Paulo yasubiwemwo aho haruguru, ivuga yuko “kuba Bibiliya yahumetswe [n’Imana] bica bituma ivyo ivuga vyose biba ivy’ukuri.”
Abantu bahindura ukuntu babona Bibiliya
Ariko rero, mu bihe vya vuba, ivyo kwizigira ububasha Bibiliya ifise vyagiye biragabanuka. Igitabu kimwe (The World’s Religions) kivuga giti: “Mu mvugo, abakirisu bose baracemera ko Bibiliya ifise ububasha bwo kuyobora ivyo bakora no gushinga ivyo bemera.” Ariko rero, mu ngiro ivyo si ko bikimeze. Ubu abantu benshi babona ko Bibiliya ata kindi irimwo uretse “imigenzo y’abantu atari iyo kwizigirwa.” Naho bemera yuko abanditsi ba Bibiliya bari abantu bakunda cane ivy’Imana, babona yuko abo banditsi bari abantu bashobora kwihenda, bakaba bagerageje gusigura ukuri kugera kure kwerekeye Imana ariko badafise ubumenyi n’ukumurikirwa nk’ivyo dufise ubu.
Mu vy’ukuri, muri iki gihe, abantu bari ku rushi ni bo bareka koko Bibiliya ikayobora ivyo biyumvira be n’ivyo bakora. Nk’akarorero, ni kangahe wumva abantu bavuga ko ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya zigenga inyifato runtu ari ibintu gusa vyataye igihe kandi bitari ngirakamaro? Benshi ntibitinya gutitura amabwirizwa be n’ingingo ngenderwako vyo muri Bibiliya canke mbere ugasanga baravyirengagiza buhere igihe biba bisa n’uko kubigira ata co bitwaye. Bamwe mu bitwa ngo ni abakirisu barirengagiza imbonankubone ivyo Bibiliya ivuga ku vyerekeye ubusambanyi, ukurenga ibigo, ubugunge n’akaborerwe.—1 Abakorinto 6:9, 10.
Kubera iki ivyo ari ukwo vyifashe? Mu ntango z’ikinjana ca 20 hari imvo imwe yerekanywe n’umucukuzi umwe w’ivya kera Umushingantahe Charles Marston mu gitabu ciwe yise ngo Bibiliya ni iy’ukuri (mu congereza). Yavuze yuko abantu banyaruka “kwemera batarinze guhigimanga vyinshi mu vyo abanditsi bo muri ico gihe bavuga,” bano bakaba bararwanya ivy’uko Bibiliya ivuga ukuri. Ivyo vyoba bishobora kuba ari ko bikiri muri iki gihe? Ukwiye kubona gute ivyo vyiyumviro be n’inyigisho vy’incabwenge bituma abantu batizigira Bibiliya? Raba ivyo ikiganiro gikurikira kivuga ku vyerekeye ico kintu.