Nugende wisunga impwemu ubone kubaho uhuza n’ukwiyegura kwawe
“Gume mugenda mwisunga impwemu, ni ho mutazoshitsa icipfuzo c’umubiri na kimwe.”—GAL. 5:16.
1. Ni amabatisimu ayahe yabaye ku musi wa Pentekoti?
IGIHE abayoboke ba Yezu bavuga mu ndimi nyinshi ku musi wa Pentekoti yo mu 33 G.C., bari bahejeje kubatirishwa impwemu nyeranda. Barerekanye yuko bari baronse ingabirano y’impwemu ku gitangaro. (1 Kor. 12:4-10) None iyo ngabirano be n’insiguro Petero yashikirije vyagize ico bikoze gute ku bari ng’aho? Benshi ‘barasogoswe mu mutima.’ Bivuye ku vyo Petero yari abahimirije gukora, barigaye hanyuma barabatizwa. Iyo nkuru igira iti: “Abakiriye ijambo ryiwe n’umutima wabo wose barabatizwa, hanyuma kuri uwo musi abantu nk’ibihumbi bitatu barongerwako.” (Ibik. 2:22, 36-41) Nk’uko Yezu yari yarabitegetse, bari bakwiye kubatizwa mu mazi mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’iry’impwemu nyeranda.—Mat. 28:19.
2, 3. (a) Sigura itandukaniro riri hagati yo kubatirishwa impwemu nyeranda be no kubatizwa mw’izina ry’impwemu nyeranda. (b) Ni kubera iki vyitezwe ko abantu bose bacika abakirisu b’ukuri muri kino gihe babatizwa mu mazi?
2 Ariko none, hoba hariho itandukaniro hagati yo kubatirishwa impwemu nyeranda no kubatizwa mw’izina ry’impwemu nyeranda? Cane nyene! Ababatirishwa impwemu nyeranda bongera kuvuka ari abana b’Imana bavyawe n’impwemu. (Yoh. 3:3) Bararobanuzwa impwemu kugira ngo baze babe abami n’abaherezi mu Bwami bw’Imana bwo mw’ijuru bafadikanije na Kristu, bakaba kandi bari mu bagize umubiri wa Kristu wo mu buryo bw’impwemu. (1 Kor. 12:13; Gal. 3:27; Ivyah. 20:6) Iyo batisimu rero, ni ukuvuga ukubatirishwa impwemu nyeranda, yatanzwe na Yehova igihe ku musi wa Pentekoti be n’inyuma y’aho, yahitamwo abantu kugira ngo baze babe abaraganwa na Kristu. (Rom. 8:15-17) Tuvuge iki none ku vyerekeye kubatizwa mu mazi mw’izina ry’impwemu nyeranda, ico kikaba ari ikintu cama cabaye ku materaniro no ku mahwaniro y’abasavyi ba Yehova muri iki gihe cacu?
3 Kubatizwa mu mazi ni intambwe abakirisu b’ukuri batera bwa kimenyetso c’uko biyeguriye Yehova Imana ata co bisigarije. Ivyo ni ko biri ku bahamagariwe ijuru. Ariko rero, kubatizwa mu mazi ni intambwe ikenewe no ku bagabo n’abagore amamiliyoni bo mu bihe vya none bafise icizigiro co kuzoba kw’isi ibihe bidahera. Icizigiro umuntu afise caba ikihe, kubatizwa mu mazi mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’iry’impwemu nyeranda ni intambwe ihambaye umuntu ategerezwa gutera kugira ngo yemerwe n’Imana. Vyitezwe ko abakirisu bose babatizwa muri ubwo buryo ‘baguma bagenda bisunga impwemu.’ (Soma Abagalatiya 5:16.) Woba none uriko uragenda wisunga impwemu, gutyo ukabona kubaho uhuza n’ukwiyegura kwawe?
Ico ‘kugenda wisunga impwemu’ bisobanura
4. ‘Kugenda wisunga impwemu’ ahanini bisobanura iki?
4 ‘Kugenda wisunga impwemu’ bisobanura kureka impwemu nyeranda ikagira ico ikoze kuri wewe, ukareka ikakuyobora. Hari n’uwovuga yuko bisobanura kuyoborwa n’impwemu nyeranda mu vyo ukora ku musi ku musi. Abagalatiya ikigabane ca 5 harerekana itandukaniro riri hagati yo gukora ibintu uyobowe n’impwemu nyeranda be no kubikora uyobowe n’umubiri.—Soma Abagalatiya 5:17, 18.
5. Gukora ibintu uyobowe n’impwemu nyeranda birimwo kwirinda ibikorwa ibihe?
5 Igihe ukora ibintu uyobowe n’impwemu nyeranda, uragerageza kwirinda ibikorwa vy’umubiri. Muri ivyo bikorwa vy’umubiri harimwo nk’ibi: “Ubusambanyi, ubuhumane, ubushirasoni, ugusenga ibigirwamana, gukora ivy’ubupfumu, inzankano, ugushihana, ishari, ugushangashirwa, amahane, amacakubiri, imice, inzigo, ukunywera akaborerwe, ukwidagadura.” (Gal. 5:19-21) Ni nk’aho “ibikorwa vy’umubiri [u]vyicisha impwemu.” (Rom. 8:5, 13) Izogufasha gushira umuzirikanyi wawe ku bintu vy’impwemu no kwisunga ubuyobozi itanga, aho kureka ngo uganzwe n’ivyipfuzo vy’umubiri.
6. Tanga akarorero kerekana ibintu bikenewe kugira ngo umuntu agaragaze ivyamwa vy’impwemu.
6 Igihe impwemu nyeranda ikorera muri wewe, uragaragaza kamere ziva ku Mana, ni ukuvuga “ivyamwa vy’impwemu.” (Gal. 5:22, 23) Uratahura rero yuko bisaba ko ugira utwigoro. Reka tubitangire akarorero: umurimyi ararima itongo. Nta gukeka yuko umuco w’izuba be n’amazi bikenewe cane, ku buryo bitabonetse ata mwimbu uwo murimyi yokwitega. Impwemu nyeranda twoshobora kuyigereranya n’umuco w’izuba. Turakeneye impwemu nyeranda kugira ngo tugaragaze ivyamwa vy’impwemu. Ariko none, umurimyi yokwimbura iki hamwe atokora ngo atame? (Imig. 10:4) Ni vyo, ingene utegura ivu ry’umutima wawe biragira ico biterereye cane ku kuntu ivyo impwemu izokwama muri wewe bizoba bimeze be no ku kuntu bizoba bingana. Niwibaze rero uti: ‘Noba ndeka impwemu nyeranda ikama ivyamwa vyayo, mu gukora ndayisunga?’
7. Ni kubera iki kwiga no kuzirikana bihambaye cane nimba twipfuza gutsimbataza ivyamwa vy’impwemu nyeranda?
7 Kugira ngo abarimyi baronke umwimbu mwiza, barakeneye kandi kuvomera ivyo baba bateye. Kugira ngo utsimbataze ivyamwa vy’impwemu, urakeneye amazi y’ukuri dusanga muri Bibiliya, akaba kandi aboneka biciye kw’ishengero rya gikirisu muri kino gihe. (Yes. 55:1) Hari aho woba warafashije abantu benshi kubona yuko Ivyanditswe Vyeranda vyabonetse biciye ku mpwemu nyeranda. (2 Tim. 3:16) Vyongeye, umugwi wa wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge uraturonsa ugutahura dukeneye cane kwerekeye amazi atyoroye y’ukuri kwo muri Bibiliya. (Mat. 24:45-47) Iciyumviro kiratomoye. Kugira ngo dukore ibintu tuyobowe n’impwemu nyeranda, dutegerezwa gusoma Ijambo ry’Imana tukongera tukarizirikanako. Nimba ubigira, uriko urigana uburorero bwiza bwatanzwe n’abahanuzi, abagize “itohoza rigiranywe ubwira be n’ubushakashatsi bwitondewe” ku makuru yari yatanzwe. Birashimishije kubona mbere n’abamarayika baripfuje cane kumenya ukuri kwo mu vy’impwemu ku bijanye na rwa Rubuto rwari rwarasezeranywe be n’ishengero rya gikirisu ry’abarobanujwe impwemu.—Soma 1 Petero 1:10-12.
Umuntu ashobora gute gukora ayobowe n’impwemu?
8. Ni kubera iki bihambaye cane ko usaba Yehova impwemu yiwe?
8 Kwiga Ivyanditswe no kubizirikanako vyonyene ntibihagije. Urakeneye kuguma usaba Yehova imfashanyo be n’ubuyobozi. Arashobora “gukora ibirengeye kure n’iyo ibintu vyose dusaba canke twiyumvira.” (Ef. 3:20; Luka 11:13) None wokwishura gute hagize uwukubaza ati: “Ni kubera iki noguma nsaba Imana nimba iba isanzwe izi ‘ivyo nkenera imbere y’uko ndabiyisaba’?” (Mat. 6:8) Kimwe coco, igihe usenga usaba impwemu nyeranda, uba werekanye ko wiheka kuri Yehova. Nk’akarorero, igihe umuntu yoza kugusaba ngo umufashe, wokora uko ushoboye kwose kugira ngo ubikore, kimwe mu vyotuma ubigira akaba ari uko yoba yagusavye kumufasha, akerekana ko akwizigira. (Gereranya na Imigani 3:27.) Muri ubwo buryo nyene, Yehova arahimbarwa igihe umusavye impwemu yiwe, kandi azoyiguha.—Imig. 15:8.
9. Kwitaba amakoraniro ya gikirisu bishobora gute kugufasha kureka ukayoborwa n’impwemu y’Imana?
9 Uratahura kandi yuko ubundi buryo bwo kureka ukayoborwa n’impwemu y’Imana bufitaniye isano n’amakoraniro tugira, amateraniro be n’amahwaniro. Birahambaye cane ko ugira akigoro ko kuyitaba no gutega yompi ibishikirizwa. Kubigenza gutyo biragufasha gutahura “ibintu vyimbitse vy’Imana.” (1 Kor. 2:10) Kwama utanga insasanuro na vyo nyene biravamwo ivyiza. Subiza ubwenge inyuma wibuke amakoraniro witavye mu ndwi zine ziheze. Mbega wadugije ukuboko kangahe ngo wishure, kugira ngo userure ukwizera kwawe? Woba ubona ko hari ivyo woryohora muri uwo muce? Nimba ubibona, nugire umwiyemezo w’ivyo uzokora mu ndwi ziri imbere. Yehova arabona umutima ukunze ufise wo kuyagiramwo uruhara kandi azoguha impwemu nyeranda yiwe, na yo ikaba izogufasha kurushiriza kwungukira ku makoraniro witaba.
10. Kugenda wisunga impwemu birimwo gushikiriza abantu ubuhe butumire?
10 Kugenda wisunga impwemu birimwo kwitabira akamo uterwa dusanga mu Vyahishuwe 22:17, ahagira hati: “Impwemu na wa mugeni biguma bivuga biti: ‘Ingo!’ Kandi uwo wese yumva navuge ati: ‘Ingo!’ Kandi uwo wese anyotewe naze; uwo wese ashaka niyakire amazi y’ubuzima ku buntu.” Iyo mpwemu, ibicishije ku mugwi wa wa mugeni ugizwe n’abarobanujwe impwemu, iriko iratanga ubwo butumire bwerekeye amazi y’ubuzima. Nimba warakiriye ubwo butumire busaba abantu ‘kuza,’ ubwo nawe woba wariyemeje kuvuga uti: “Ingo!”? Ese ukuntu ari agateka kuba ushoboye kugira uruhara muri ico gikorwa ndokorabuzima!
11, 12. Impwemu nyeranda igira gute uruhara mu gikorwa co kwamamaza?
11 Ico gikorwa gihambaye cane, ubu kiriko kirarangurwa biciye ku buyobozi bw’impwemu nyeranda. Turasoma ukuntu impwemu nyeranda yagize uruhara mu kinjana ca mbere mu bijanye no gutuma abamisiyonari batangura gukorera mu turere dushasha. Intumwa Paulo be na bagenziwe “ba[ra]bujijwe n’impwemu nyeranda kuvuga ijambo mu ntara ya Aziya”; eka ntibemerewe no kuja i Bitiniya. Ntituzi neza na neza ukuntu impwemu yababujije kuja muri ivyo bibanza, ariko rero biragaragara yuko iyo mpwemu yajanye Paulo mu cibare amahero c’i Buraya. Yareretswe umugabo w’Umunyamakedoniya yariko atakamba asaba gufashwa.—Ibik. 16:6-10.
12 No muri kino gihe, impwemu ya Yehova iriko irayobora igikorwa co kwamamaza kw’isi yose. Ubuyobozi ntibutangwa biciye ku kwerekwa ibintu ku gitangaro, ahubwo Yehova ayobora abarobanuwe biciye ku mpwemu nyeranda. Vyongeye, impwemu iravyurira umutima abavukanyi n’abavukanyikazi kugira ngo bakore ivyo bashoboye vyose mu gikorwa co kwamamaza no kwigisha. Nta gukeka yuko nawe umaze igihe ugira uruhara muri ico gikorwa gihambaye cane. Woba none ushobora kwongereza umunezero wawe muri ico gikorwa giteye akamwemwe?
13. Ushobora gute kugamburuka ubuyobozi butangwa n’impwemu nyeranda? Bitangire akarorero.
13 Urashobora kugamburuka ubuyobozi impwemu nyeranda itanga, mu gushira mu ngiro amakuru ahabwa abasavyi b’Imana. Rimbura ivyerekeye umuvukanyikazi umwe akiri muto yitwa Mihoko wo mu Buyapani. Agitangura ubutsimvyi, yiyumvamwo yuko atari ashoboye kugira amasubirayo; yumva yuko atari azi ingene yotuma umunyamuhana avyurirwa ugushimishwa. Ico gihe, hariho amagirenama ngirakimazi yatanzwe mu Gikorwa dukorera Ubwami yerekeye ukuntu umuntu yogira amasubirayo magufi. Mu nyuma harasohowe ka gatabu Une vie pleinement satisfaisante : Comment ? Ako gatabu karabaye ngirakamaro canecane mu cibare c’Ubuyapani. Mihoko yarashize mu ngiro amagirenama yari yatanzwe ku bijanye n’ukuntu ako gatabu kokoreshwa, na canecane ku vyerekeye ukugira amasubirayo magufi. Bidatevye, yaratanguye kwiga Bibiliya n’abantu bari gushobora kwanka kwiga imbere y’aho. Avuga ati: “Nararonse inyigisho nyinshi, ku buryo inyigisho 12 zihurira ku mwanya umwe, bikaba ngombwa ko bamwe ndabarindiriza.” Vy’ukuri, igihe ugenda wisunga impwemu, ugashira mu ngiro ubuyobozi buhabwa abasavyi ba Yehova, urashobora kuhakura ivyiza umukimba.
Niwiheke ku mpwemu y’Imana
14, 15. (a) Bishoboka gute ngo abantu badatunganye babeho bisunga ukwiyegura kwabo? (b) Ushobora gute kuronka abagenzi beza kuruta abandi bose?
14 Kubera yuko uri umusuku yatiwe, urafise ubusuku urangura. (Rom. 10:14) Vyoshika ukumva yuko udakwije neza ibisabwa kugira ngo wikorere iryo banga. Ariko rero, nk’uko bimeze ku barobanujwe impwemu, Imana ni yo ituma uba uwukwije ibisabwa. (Soma 2 Abakorinto 3:5.) Urashobora kubaho uhuza n’ukwiyegura kwawe, mu gukora uko ushoboye kwose no mu kwiheka ku mpwemu y’Imana.
15 Mu vy’ukuri, usanga bitoroshe kuri twebwe abantu badatunganye kubaho duhuza n’ukwiyegurira Imana yacu itunganye Yehova. Ikintu kimwe gituma ivyo bitoroha ni uko bamwebamwe mu bahora ari abagenzi bawe boshobora kuzazanirwa mu gihe bobona ko wahinduye ingendo mu buzima, bigatuma bashobora ‘kugutuka.’ (1 Pet. 4:4) Yamara, ntiwirengagize yuko kuva ico gihe wagiraniye ubucuti bushasha n’abandi bantu, ubuhambaye kuruta ubundi bwose bukaba ari ubwo ufitaniye na Yehova be na Yezu Kristu. (Soma Yakobo 2:21-23.) Usanga kandi bihambaye cane kumenya abavukanyi n’abavukanyikazi bo mw’ishengero urimwo, bano bakaba bari mu bagize “umuryango wose w’abavukanyi” ukwiye kw’isi yose. (1 Pet. 2:17; Imig. 17:17) Abicishije ku mpwemu yiwe, Yehova azogufasha kuronka abagenzi bazobandanya kukugirako akosho keza.
16. Ni kubera iki ushobora ‘guhimbarirwa ubugoyagoye’ nka kumwe kwa Paulo?
16 Mbere naho woba ufise abagenzi bagufasha mw’ishengero, woshobora kuguma ubona yuko ari urugamba kwihanganira ingorane zigushikira ku musi ku musi. Ibintu ubwirizwa guhangana na vyo, rimwe na rimwe vyoshobora gutuma ubura ico ufata n’ico ureka, bikamera nk’aho uguma mu ngorane z’urudaca. Ico rero kiba ari co gihe uba canecane ukeneye kwitura Yehova umusaba impwemu yiwe nyeranda. Intumwa Paulo yanditse ati: “Iyo ngoyagoya [ni] ho mba umunyabubasha.” (Soma 2 Abakorinto 4:7-10; 12:10.) Paulo yari azi yuko impwemu y’Imana ishobora kudufasha mu bugoyagoye bwacu twebwe abantu, naho bwoba bumeze gute. Ku bw’ivyo rero, inguvu nkorakazi y’Imana irashobora kugukomeza igihe cose woba wumva ufise ubugoyagoye kandi ukaba ukeneye imfashanyo. Paulo yanditse ko ‘yahimbarirwa ubugoyagoye.’ Igihe yaba afise ubugoyagoye ni ho yumva ko impwemu nyeranda iriko ikorera muri we. Na wewe urashobora kwumva umerewe gutyo nyene.—Rom. 15:13.
17. Impwemu nyeranda ishobora gute kugufasha uko ugenda ugana iyo uja?
17 Turakeneye impwemu y’Imana kugira ngo dushobore kubaho mu buryo buranga ko twayiyeguriye. Iyumvire yuko uri umukapitene w’ubwato butwarwa n’umuyaga. Intumbero yawe ni iyo gukorera Yehova ibihe bidahera. Impwemu nyeranda ni nk’umuyaga wipfuza kwisunga kugira ngo ushike iyo uja impundu amarembe. Ntiwipfuza kujanwa irya n’ino n’impwemu y’iyi si ya Shetani. (1 Kor. 2:12) Ubwirizwa kumenya umuyaga ubereye kandi ukawisunga. Uwo muyaga ugereranya impwemu nyeranda. Impwemu nyeranda izokwerekeza ahantu habereye, biciye kw’Ijambo ry’Imana no kw’ishirahamwe ryayo riyoborwa n’impwemu.
18. Ni umwiyemezo uwuhe ufise ubu, kandi kubera iki?
18 Nimba umaze igihe wiga n’Ivyabona vya Yehova, wifatanya na bo mu vy’impwemu, mugabo ukaba utaratera intambwe zihambaye zotuma wiyegura ukabatizwa, niwibaze uti: ‘Ni kubera iki ngonanwa?’ Nimba wemera uruhara impwemu nyeranda irangura mu gushitsa ivyo Yehova agomba muri kino gihe kandi ukaba ukenguruka ivyo iriko irakora, nutere rero intambwe watahuye ko zibereye. Yehova azoguhezagira cane. Azoguha impwemu yiwe nyeranda atitangiriye itama. Nimba umaze imyaka nk’ingahe canke imyaka mirongo ubatijwe, nta gukeka yuko wiboneye ingene impwemu nyeranda ikuyobora. Wariboneye ukuntu Imana ishobora kugukomeza ikoresheje impwemu yayo. Ivyo birashobora kubandanya gutyo, emwe, gushika muri kazoza k’ibihe bidahera. Ku bw’ivyo rero, niwiyemeze kuguma ugenda wisunga impwemu nyeranda.
Woba uvyibuka?
• ‘Kugenda wisunga impwemu’ bisobanura iki?
• Ni ibiki vyogufasha ‘kuguma ugenda wisunga impwemu’?
• Ushobora gute kubaho uhuza n’ukwiyegura kwawe?
[Ifoto ku rup. 15]
Gutegura ivu ry’umutima wawe bisaba kugira akigoro
[Ifoto ku rup. 17]
Woba ukora ibintu uyobowe n’impwemu y’Imana?