ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 1/4 rup. 5
  • Ivyo Yezu yigishije ku bimwerekeye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyo Yezu yigishije ku bimwerekeye
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ivyo bijanye
  • Yezu Kristu ni nde?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Yezu Kristu ni nde?
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Inyishu z’ibibazo twibaza kuri Yezu Kristu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Yezu Kirisitu ni nde?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 1/4 rup. 5

Ivyo Yezu yigishije ku bimwerekeye

“Yezu nta mazinda yari afise ku bijanye n’uwo yari we, iyo yari yaje ava, icatumye aza mw’isi yacu be n’ivyo kazoza kari kamubikiye.”​—VYANDITSWE NA HERBERT LOCKYER.

IMBERE y’uko twemera kandi tukizera ivyo Yezu yigishije, turakeneye kumenya ibimwerekeye. Yezu yari nde vy’ukuri? Yaje ava he? Ni umugambi uwuhe yari afise mu buzima? Dusomye muri za Njili, ni ukuvuga iya Matayo, iya Mariko, iya Luka n’iya Yohani, ni nk’aho twumva Yezu atwihera inyishu.

Yarabayeho imbere y’uko avukira kw’isi Igihe kimwe Yezu yavuze ati: “Imbere y’uko Aburahamu abaho, jewe narabayeho.” (Yohani 8:58) Yezu yavutse haheze imyaka 2.000 Aburahamu abayeho. Yamara, Yezu yarabayeho n’imbere y’uko uwo sekuruza w’imiryango w’umwizigirwa abaho. Ariko none, Yezu yari yahoze aba hehe? Yasiguye ati: “Namanutse mva mw’ijuru.”​—Yohani 6:38.

Umwana w’Imana Yehova arafise abana benshi b’abamarayika. Ariko, Yezu wewe ntasanzwe. We ubwiwe yavuze ko ari “Umwana w’Imana w’ikinege.” (Yohani 3:18) Ayo majambo asobanura yuko Yezu ari we wenyene Imana yiremeye ata wundi biciyeko. Uwo Mwana w’ikinege ni we Imana yabicishijeko mu kurema ibindi vyose.​—Abakolosayi 1:16.

“Umwana w’umuntu” Yezu yarakoresheje iryo zina kenshi kuruta uko yakoresheje irindi iryo ari ryo ryose mu kuvuga ibimwerekeye. (Matayo 8:20) Gutyo yarerekanye yuko atari umumarayika yacitse umuntu canke ikiremwa c’impwemu ciyambitse umubiri w’umuntu. Ahubwo uko yakabaye wese, yari umuntu. Biciye ku mpwemu yayo nyeranda, Imana yarimuye ubuzima bw’Umwana wayo ibukuye mw’ijuru, bituma uwo Mwana asamwa mu nda y’umwigeme w’isugi, ari we Mariya. Yezu yahavuye rero avuka ari umuntu atagira agasembwa, atagira icaha.​—Matayo 1:18; Luka 1:35; Yohani 8:46.

Mesiya yasezeranywe Umusamariyakazi umwe yabariye Yezu ati: “Ndazi yuko Mesiya ariko araza.” Yezu yasubijeyo ati: “Jewe uwuriko arakuvugisha ndi we.” (Yohani 4:25, 26) Ijambo “Mesiya,” cokimwe n’ijambo “Kristu,” risobanura ngo “Uwarobanuwe.” Yezu yararobanuwe, ni ukuvuga ko yagenywe n’Imana, kugira ngo ashitse uruhara rudasanzwe mw’iranguka ry’imihango y’Imana.

Igikorwa nyamukuru camuzanye Igihe kimwe Yezu yavuze ati: “Ntegerezwa kumenyesha . . . inkuru nziza y’ubwami bw’Imana, kubera ko ico ari co natumwe.” (Luka 4:43) Naho yakoreye ivyiza vyinshi abantu bari bafise ivyo bakeneye, kwamamaza ivyerekeye Ubwami bw’Imana ni co cari ikintu nyamukuru yitaho cane mu buzima bwiwe. Ivyo yigishije ku vyerekeye ubwo Bwami, turaza kubica irya n’ino mu nyuma.

Biratomoye, Yezu ntiyari umuntu asanzwe.a Nk’uko tuza kubibona, ubuzima yari afise mw’ijuru bwatumye amajambo yavugiye kw’isi arushiriza kugira insobanuro ikomeye. Vyoba none bitangaje kubona yaramamaje ubutumwa bwohavuye bugira ico buhinduye mu buzima bw’abantu amamiliyoni hirya no hino kw’isi?

[Akajambo k’epfo]

a Ushaka kumenya vyinshi ku bijanye na Yezu be n’uruhara afise mu mugambi w’Imana, raba ikigabane ca 4 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika