Woba wari ubizi?
Uretse ibiri muri Bibiliya, ni ikindi kimenyamenya ikihe kihari cerekana ko Yezu ari umuntu vy’ukuri yabayeho muri kahise?
▪ Abanditsi benshi batari ab’ivya Bibiliya babayeho mu gihe cegeranye n’ico Yezu yabayemwo baravuze badomako ibimwerekeye. Muri bo hariho uwitwa Koruneliyo Tasito, uwanditse inkuru ya kahise k’Uburoma mu gihe c’ingoma y’abami b’abami. Ku bijanye n’umuriro wayogeje Uburoma mu 64 G.C., Tasito yigana yuko vyanuganuzwe ko Umwami w’abami Nero ari we yateje ico cago. Tasito avuga ko Nero yagerageje guta ikosa ku mugwi w’abantu abanyagihugu bita abakirisu. Tasito yandika ati: “Kristu, uwo iryo zina ryabo rikomokako, yiciwe mu minwe y’umutegetsi yitwa Ponsiyo Pilato yaserukira Uburoma mu gihe c’ingoma ya Tiberiyo.”—Annals, XV, 44.
Umutohozakahise w’Umuyuda yitwa Flavius Josèphe na we nyene aravuga ivyerekeye Yezu. Mu kudondora ibintu vyabaye hagati y’urupfu rwa Fesito, buramatari w’Umuroma yatwara Ubuyuda nko mu 62 G.C., be n’umuzo w’uwamusubiriye ku butegetsi ari we Albinus, Josèphe avuga ko Umuherezi mukuru yitwa Ananus (Anasi) “yahamagaje abacamanza bo mu Nama Nkuru maze arengutsa imbere yabo umugabo yitwa Yakobo, mwenewabo na Yezu uwitwa Kristu, be n’abandi bamwebamwe.”—Antiquités judaïques, XX, 200 (ix, 1).
Ni kubera iki Yezu yiswe Kristu?
▪ Inkuru zo mu Njili zirigana yuko igihe Umumarayika Gaburiyeli yabonekera Mariya kugira ngo amubarire ko yosamye inda, yamubwiye ko umuhungu yovyaye yari kumwita Yezu. (Luka 1:31) Iryo ryari izina rimenyerewe cane mu Bayuda bo mu bihe vya Bibiliya. Wa Mutohozakahise w’Umuyuda Josèphe yaranditse ivyerekeye abandi bantu 12 biyongera ku bavugwa mu Vyanditswe, bari bafise iryo zina. Umwana wa Mariya yiswe “Umunyanazareti,” iryo zina rikaba ryari iryo kumudondora kugira ngo ryerekane ko ari umwe Yezu yakomoka i Nazareti. (Mariko 10:47) Yahavuye kandi amenyekana ko yitwa “Kristu” canke Yezu Kristu. (Matayo 16:16) Ivyo none bisobanura iki?
Ijambo “Kristu” rikomoka kw’ijambo ry’ikigiriki Khri·stosʹ, irifise insobanuro imwe n’ijambo ry’igiheburayo Ma·shiʹach (Mesiya). Ayo majambo yompi, ijambo ku rindi asobanura ngo “Uwarobanujwe amavuta.” Iryo jambo ryarakoreshwa mu buryo bubereye ryerekejwe ku bandi babayeho imbere y’uko Yezu abaho. Nk’akarorero, Musa, Aroni n’Umwami Dawidi vyavugwa ko bari bararobanujwe amavuta, bikaba bisobanura yuko bari baragenywe, bahabwa n’Imana amabanga kanaka n’ubukuru kanaka. (Abalewi 4:3; 8:12; 2 Samweli 22:51; Abaheburayo 11:24-26) Yezu, uwari Mesiya yasezeranywe, ni we yari uwuserukira Imana aruta abandi bose. Ku bw’ivyo rero, vyari bibereye ko Yezu yitwa “Kristu, Umwana w’Imana nzima.”—Matayo 16:16; Daniyeli 9:25.
[Ifoto ku rup. 15]
Ishusho ya Flavius Josèphe yashushanijwe n’umuhinguzi w’utugenegene