ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 15/4 rup. 24-28
  • Woba uriko urakurikira Kristu bimwe bishitse?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba uriko urakurikira Kristu bimwe bishitse?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Niwakirize yompi amabanga ushingwa n’Imana
  • ‘Tubanze kurondera ubwami’ tubigiranye umwete
  • Niwisuzume ata kwibesha
  • Uburorero bwo muri Bibiliya twokurikiza
  • Nugirire umwete ugusenga kw’ukuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Woba ‘ugirira umwete ibikorwa vyiza’?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Dutegerezwa kuguma dufise umwete mu busuku
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • “Mururumbe impwemu”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 15/4 rup. 24-28

Woba uriko urakurikira Kristu bimwe bishitse?

‘Nk’uko mbere muriko muragenda, gume murushiriza rwose kubigira.’​—1 TES. 4:1.

1, 2. (a) Ni ibintu bihambaye ibihe abantu benshi bo mu gihe ca Yezu biboneye? (b) Kubera iki igihe turimwo na co nyene gihambaye?

WOBA urigera wiyumvira ingene kubaho igihe Yezu yari kw’isi bitegerezwa kuba vyari bihimbaye? Hari aho wokwiyumvira ko wari gushobora gukizwa na Yezu gutyo ntuze urashikirwa n’ububabare bwo ku mubiri butesha umutwe. Canke woshobora kuzirikana ku kuntu wari kunezerezwa cane no gushobora kubona Yezu be no kumwumva, ni ukuvuga gushobora kwigishwa na we canke kumubona ariko arakora ibitangaro bimwebimwe. (Mrk. 4:1, 2; Luka 5:3-9; 9:11) Ese ukuntu iyo uza kuba ari ho uri igihe Yezu yakora ivyo bikorwa vyose kari kuba agateka gahambaye! (Luka 19:37) Kuva ico gihe, nta yaruka na rimwe ryasubiriye kubona ivyo bintu, kandi ivyo Yezu yaranguye kw’isi “biciye ku kimazi ciwe ubwiwe” ntibizosubirwamwo.​—Heb. 9:26; Yoh. 14:19.

2 Ariko rero, igihe tubayemwo na co nyene kirahambaye. Uti kubera iki? Ubu tubayeho mu gihe Ivyanditswe vyabuye ko ari “igihe c’iherezo” n’“imisi ya nyuma.” (Dan. 12:1-4, 9; 2 Tim. 3:1) Muri iki kiringo, Shetani yarirukanywe mw’ijuru. Ubu bwa vuba, azobohwa maze atererwe “mu nyenga.” (Ivyah. 12:7-9, 12; 20:1-3) Muri iki gihe ni na ho dufise agateka gahambaye ko kwamamaza “inkuru nziza y’ubwami” kw’isi yose, tubwira abantu ivyerekeye icizigiro c’Iparadizo igiye kuza, ico kikaba ari igikorwa kitazokwigera gisubirwamwo.​—Mat. 24:14.

3. Imbere gato y’uko Yezu aduga mw’ijuru, yabwiye abayoboke biwe gukora iki, kandi ivyo vyobaye birimwo iki?

3 Imbere gato y’uko Yezu aduga mw’ijuru, yabwiye abigishwa biwe ati: “Muzombera ivyabona i Yeruzalemu n’i Yudaya hose n’i Samariya no gushika mu karere ka kure rwose k’isi.” (Ibik. 1:8) Ico gikorwa cobaye kirimwo ukwigisha kw’isi yose. Intumbero yobaye iyihe? Yobaye iyo guhindura abantu abigishwa, ni ukuvuga abandi bayoboke ba Kristu, imbere y’uko umuhero uza. (Mat. 28:19, 20) None dutegerezwa gukora iki nimba dushaka kuroranirwa mu kurangura igikorwa Kristu yadushinze?

4. (a) Amajambo y’ugutangara Petero yavuze dusanga muri 2 Petero 3:11, 12 ashimika ku kihe kintu dukeneye? (b) Ni igiki dukeneye kubako maso?

4 Raba uku kuntu intumwa Petero yatangaye ati: “Mubwirizwa kuba abantu bameze gute mu bikorwa vy’ingeso nyeranda be n’ibikorwa vy’ukwihebera Imana, murindira kandi mwamiza hafi ku muzirikanyi ukuhaba kw’umusi wa Yehova!” (2 Pet. 3:11, 12) Ayo majambo ya Petero arashimika ku vy’uko dukeneye kuguma turi maso muri iyi misi ya nyuma kugira ngo twiyemeze neza ko ubuzima bwacu buguma bushingiye ku bikorwa vy’ukwihebera Imana. Muri ivyo bikorwa harimwo n’ukwamamaza inkuru nziza. Ese ukuntu rero bidutera umunezero iyo tubonye umwete abavukanyi bacu bo kw’isi yose barangurana igikorwa co kwamamaza bashinzwe na Kristu! Muri ico gihe nyene, turatahura yuko dukeneye kuba maso kugira ngo imikazo yo ku musi ku musi iva kw’isi ya Shetani be n’iyiva ku mpengamiro z’umubiri zacu bwite twarazwe, ntibigabanye umwete turangurana umurimo w’Imana. Nimuze rero twihweze ingene twokwiyemeza neza yuko tuguma dukurikira Kristu.

Niwakirize yompi amabanga ushingwa n’Imana

5, 6. (a) Paulo yakeje abo bari basangiye ukwizera b’i Yeruzalemu ku biki, kandi yabagabishije ku bijanye n’iki? (b) Kubera iki tudakwiye gufata minenerwe amabanga dushingwa n’Imana?

5 Mw’ikete intumwa Paulo yandikiye abakirisu b’i Yeruzalemu, yarakeje abo bari basangiye ukwizera ku kuntu bihanganye badahemuka muri kahise n’igihe nyene bari mu ruhamo. Yavuze ati: “Mugume mwibuka imisi ya kera, hamwe, inyuma y’aho mumariye kumurikirwa, mwihanganira urugamba rukomeye mu mibabaro.” Egome, Yehova yaributse ukuntu babaye abizigirwa. (Heb. 6:10; 10:32-34) Ayo majambo arangwa igishika Paulo yanditse abakeza ategerezwa kuba yararemesheje cane abo bakirisu b’Abaheburayo. Ariko rero, muri iryo kete nyene, Paulo yarabagabishije ku bijanye n’impengamiro abantu basanganywe ishobora kugabanya umwete umuntu afitiye umurimo w’Imana hamwe itoguma icungerewe. Yavuze yuko abakirisu bakwiye kuba maso “[ntibanke] kwumviriza,” ni ukuvuga ntibisigure ku bijanye n’igituma badakurikiza amabwirizwa y’Imana.​—Heb. 12:25.

6 Iyo ngabisho ijanye n’impengamiro yo ‘kwanka’ kwemera amabanga umuntu ashingwa n’Imana iraraba n’abakirisu muri iki gihe. Turatahura yuko dukeneye kwiyemeza kutigera dufata minenerwe amabanga ya gikirisu dushingwa no kutareka ngo umwete dufise mu murimo w’Imana ugabanuke. (Heb. 10:39) Nakare, kurangura umurimo mweranda ni ikibazo kijanye n’ubuzima canke urupfu.​—1 Tim. 4:16.

7, 8. (a) Ni igiki kizodufasha kuguma turi abanyamwete mu murimo w’Imana? (b) Nimba twaragabanije umwete twari dufise mu ntango, dukwiye kwibuka iki ku vyerekeye Yehova na Yezu?

7 Ni igiki kizodufasha kwirinda kwisigura ku bijanye n’igituma tutarangura ivyo dusabwa n’Imana? Uburyo bumwe buhambaye bwo kurwanya iyo mpengamiro ni mu kwama tuzirikana ku nsobanuro y’indagano twagize igihe twiyegurira Imana. Muri make, twasezeraniye Yehova yuko gukora ivyo agomba tuzobishira imbere mu buzima bwacu, kandi ntidushaka kwihindukiza mw’ijambo. (Soma Matayo 16:24.) Turakeneye rero kuza turafata akanya tukibaza duti: ‘Noba ngifise umwiyemezo wo kubaho nisunga ukwiyegurira Imana kwanje nk’uko vyari bimeze igihe nabatizwa? Canke noba naragabanije umwete nari mfise mu ntango mu myaka ihaciye kuva ico gihe?’

8 Nimba twisuzumye ata buryarya tukabona yuko hari ukuntu twagabanije umwete, vyoba vyiza twibutse amajambo agarura agatege yavuzwe n’umuhanuzi Zefaniya. Yavuze ati: “Amaboko yawe ntadendebuke. Uhoraho Imana yawe ari hagati muri wewe n’umuhizi ashobora gukiza: azokunezererwa n’akanyamuneza.” (Zef. 3:16, 17) Ayo majambo adusubiriza umutima mu nda yabanje kwerekeza ku Bisirayeli ba kera basubiye i Yeruzalemu bavuye mu bunyagano i Babiloni. Ariko rero, ukwo gusubirizwa umutima mu nda kurerekeye n’abasavyi b’Imana bo muri iki gihe. Kubera ko igikorwa dukora ari igikorwa ca Yehova, dukwiye kwamiza ku muzirikanyi yuko Yehova n’Umwana wiwe badufata mu mugongo bakongera bakadukomeza kugira ngo dushitse neza amabanga twashinzwe n’Imana. (Mat. 28:20; Flp. 4:13) Nitwihatira kubandanya gukorana umwete umurimo w’Imana, izoduhezagira maze idufashe kubandanya gusagamba mu vy’impwemu.

‘Tubanze kurondera ubwami’ tubigiranye umwete

9, 10. Umugani wa Yezu uvuga ivy’imfungurwa nyinshi zo ku mugoroba usobanura iki, kandi utwigisha iki?

9 Igihe Yezu yariko afungura imfungurwa mu rugo rw’umutware wo mu Bafarizayo, yaratanze ikigereranyo cerekeye imfungurwa nyinshi zo ku mugoroba. Muri ico kigereranyo, yarasiguye akaryo kahawe abantu batandukanye ko gushobora kuronka Ubwami bwo mw’ijuru. Yarerekanye kandi ico bisobanura “gusaba imbabazi.” (Soma Luka 14:16-21.) Abo batumire bavugwa mu kigereranyo ca Yezu barasavye imbabazi, ni ukuvuga ko batanze ivyitwazo vy’igituma batari kuza kuri nya nzimano. Umwe yavuze ko yari akeneye kuja gusuzuma itongo yari aherutse kugura. Uwundi yavuze ko yaguze inka akaba yashaka kuzisuzuma. Uwundi na we yavuze ati: ‘Sinshobora kuza. Mperutse kuzana umugore.’ Ivyo vyari ivyitwazo bidafashe. Uwuguze itongo canke ibitungwa mu bisanzwe abisuzuma imbere y’igihe, ari co gituma kubisuzuma inyuma yaho biba bitihutirwa cane. Vyongeye, uwuherutse kuzana umugore, kubera iki vyomubuza kwemera ubutumire buhambaye nk’ubwo? Ntibitangaje rero kubona uwari yabatumiye avugwa muri ico kigereranyo yaciye arurumba ishavu!

10 Abasavyi b’Imana bose barashobora gukura icigwa kuri uwo mugani wa Yezu. Uti ni ikihe? Ntidukwiye kwigera tureka ivyacu bwite, nka bimwe bivugwa mu kigereranyo ca Yezu, ngo bibe ibihambaye rwose kuri twebwe ku buryo bija imbere y’umurimo turangurira Imana. Mu gihe umukirisu atagumije ibintu vyiwe bwite mu kibanza cavyo kibereye, umwete afise mu busuku uzogenda uragabanuka. (Soma Luka 8:14.) Kugira ngo ivyo ntibishike, turakurikiza impanuro Yezu yatanze igira iti: “Gume rero mubanza kurondera ubwami n’ubugororotsi bwayo.” (Mat. 6:33) Ese ukuntu biremesha kwibonera yuko abasavyi b’Imana, abakiri bato n’abakuze, bariko barashira mu ngiro iyo mpanuro ihambaye! Nkako, benshi barateye intambwe zo kworosha uburyo bwabo bwo kubaho kugira ngo bashobore guhebera ubusuku umwanya wiyongereye. Baribonera yuko kubanza kurondera Ubwami babigiranye umwete bituma bahimbarwa vy’ukuri bakongera bagashira akanyota cane.

11. Ni inkuru iyihe yo muri Bibiliya yerekana ko gukorana umwete umurimo w’Imana kandi tukawukorana umutima wacu wose bihambaye?

11 Kugira ngo twerekane ko kuba abanyamwete mu murimo w’Imana bihambaye, nimuze turimbure ikintu cabaye mu buzima bw’Umwami wa Isirayeli ari we Yehowasi. Kubera ko Yehowasi yari arajwe ishinga n’uko Isirayeli yasa n’iyigira ikorokere mu maboko ya Siriya, yaraje kwa Elisa ariko ararira. Uwo muhanuzi yamutegetse kurasa umwampi mw’idirisha awerekeza kuri Siriya, ivyo bikaba vyerekana intsinzi yotahukanye kuri iryo hanga biciye mu kuboko kwa Yehova. Nta gukeka ko ivyo vyari bikwiye gutuma uwo mwami agarura agatege. Ubukurikira Elisa yarabwiye Yehowasi gutora imyampi yiwe akayikubita hasi. Yehowasi yakubise hasi incuro zitatu gusa. Ivyo vyatumye Elisa arurumba ishavu, kubera ko gukubita hasi incuro zitanu canke zitandatu vyari kwerekana yuko ‘yonesheje Abasiriya gushika abaherengeteje.’ Yehowasi rero yatsinze incuro zitatu gusa mu buryo budashitse. Kubera ko Yehowasi atakoranye umwete, yaroraniwe ku rugero rutoyi. (2 Abm. 13:14-19) None iyo nkuru itwigisha iki? Yehova azoduhezagira cane mu gihe gusa dukorana umutima wacu wose umurimo wiwe kandi tukawukorana umwete.

12. (a) Ni ibiki bizodufasha kuguma turi abanyamwete mu murimo w’Imana uko duhangana n’ingorane zo mu buzima? (b) Niwigane ingene uriko wungukira ku kuguma ufise vyinshi ukora mu busuku.

12 Ingorane zo mu buzima zirashobora gutuma bitugora kurangurana umwete umurimo w’Imana no kuwihebera. Benewacu na bashiki bacu benshi bariko barahangana n’ingorane zo mu vy’ubutunzi. Abandi barababazwa n’uko indwara ikomeye ituma badashobora gukora ivyo bari bashoboye mu murimo wa Yehova. Naho ari ukwo, umwe wese muri twebwe arashobora kugira ivyo akoze kugira ngo arabe neza yuko aguma ari umunyamwete be n’uko abandanya gukurikira Kristu bimwe bishitse. Turakwinginze wihweze bimwebimwe mu vyiyumviro n’ivyanditswe biri mu ruzitiro ruvuga ngo: “Ni ibiki bizogufasha kuguma ukurikira Kristu?” Rimbura ingene wobishira mu ngiro bimwe bishitse. Niwabigira, uzokwironkera ivyiza vyinshi. Kuguma dufise vyinshi dukora mu busuku biratuma twumva dutekaniwe, ubuzima bwacu bukarushiriza kuba ubuhimbaye, kandi bigatuma turushiriza kuronka amahoro n’agahimbare. (1 Kor. 15:58) Vyongeye, gukorera Imana n’umutima wacu wose biradufasha “[k]wamiza hafi ku muzirikanyi ukuhaba kw’umusi wa Yehova.”​—2 Pet. 3:12.

Niwisuzume ata kwibesha

13. Dushobora gute kumenya ico gukorana umutima wacu wose bisobanura kuri twebwe ubwacu?

13 Ariko rero, ni vyiza ko twibuka yuko gukorana umutima wacu wose bidahagaze ku kuntu umwanya tumara mu busuku ungana. Ivy’abantu usanga vyifashe ugutandukanye. Umuntu amara isaha imwe gusa canke abiri mu murimo wo mu ndimiro ku kwezi ku kwezi yoshobora kuba ahimbara cane Yehova nimba vy’ukuri ivyo ari vyo amagara yiwe amwemerera gukora. (Gereranya na Mariko 12:41-44.) Ku bw’ivyo, kugira ngo tumenye ico gukorera Imana n’umutima wacu wose bisobanura kuri twebwe ubwacu, turakeneye gusuzuma ata kwibesha ubushobozi bwacu be n’uko ivyacu vyifashe. Kubera turi abayoboke ba Kristu, dushaka kandi kubona ibintu nk’uko yabibona. (Soma Abaroma 15:5; 1 Kor. 2:16) Ni igiki Yezu yashira imbere mu buzima bwiwe? Yabwiye isinzi ryavuye i Kaperinawumu ati: “Ntegerezwa kumenyesha . . . inkuru nziza y’ubwami bw’Imana, kubera ko ico ari co natumwe.” (Luka 4:43; Yoh. 18:37) Ufise ku muzirikanyi umwete Yezu yari afise mu busuku yarangura, nusuzume uko ivyawe vyifashe kugira ngo urabe yuko woba ushobora kurushiriza kwagura ubusuku bwawe.​—1 Kor. 11:1.

14. Ni mu buryo butandukanye ubuhe twoshobora kurushiriza kwagura ubusuku bwacu?

14 Gusuzuma twitonze uko ivyacu vyifashe vyoshobora gutuma dushika ku ciyumviro c’uko dushobora kwongereza umwanya tumara mu busuku. (Mat. 9:37, 38) Nk’akarorero, abakiri bato bacu ibihumbi n’ibihumbi baherutse kurangiza amashure baraguye ubusuku bwabo, ubu na ho bakaba bariko bironkera umunezero uzanwa no gukora ubutsimvyi babigiranye umwete. Woba nawe wipfuza guhonja kuri uwo munezero? Benewacu na bashiki bacu bamwebamwe barasuzumye uko ivyabo vyifashe maze barabona yuko boshobora kwimukira mu kandi karere mu gihugu iwabo, canke mbere mu mahanga, ahakenewe cane abamamaji b’Ubwami. Abandi na bo barize urundi rurimi kugira ngo bafashe abantu bavuga ururimi runyamahanga. Naho kwagura ubusuku bwacu bishobora kuba urugamba, birazana imihezagiro myinshi, kandi twoshobora gufasha abandi benshi “[gu]shika ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.”​—1 Tim. 2:3, 4; 2 Kor. 9:6.

Uburorero bwo muri Bibiliya twokurikiza

15, 16. Ni uburorero bwa bande twokwigana mu bijanye no kuba abayoboke ba Kristu b’abanyamwete?

15 Bamwebamwe mu babaye intumwa bavyakiriye gute igihe Kristu yabahamagara ngo bamukurikire? Ku bijanye na Matayo, inkuru ivuga ivyiwe igira iti: “Asiga vyose arahaguruka aramukurikira.” (Luka 5:27, 28) Ku vyerekeye Petero na Andereya, abariko bararoba, dusoma duti: “Baca baheba za nsenga, baramukurikira.” Ubukurikira Yezu yarabonye Yakobo na Yohani, bano bakaba bariko basanasana insenga zabo bari kumwe na se wabo. None bakiriye gute akamo Yezu yabateye? “Ba[ciye] basiga ubwato na se, baramukurikira.”​—Mat. 4:18-22.

16 Akandi karorero keza ni aka Sauli, uwahavuye aba intumwa Paulo. Naho yari yarabaye umuntu afise ishaka rirenze urugero yahama abayoboke ba Kristu, yarahinduye ingendo maze araba “urwavya [rwatowe]” kugira ngo yitirirwe izina rya Kristu. Bibiliya ivuga iti: “Buno nyene [Paulo] atangura kwamamaza Yezu mu masinagogi, yuko Uyo ari Umwana w’Imana.” (Ibik. 9:3-22) Kandi naho vyabaye ngombwa ko Paulo yihanganira amagume menshi n’uruhamo rwinshi, yamye nantaryo ari umunyamwete.​—2 Kor. 11:23-29; 12:15.

17. (a) Icipfuzo cawe ni ikihe ku bijanye no gukurikira Kristu? (b) Ni imihezagiro iyihe twironkera kubera dukora ivyo Yehova agomba tubigiranye umutima wacu wose n’inkomezi zacu zose?

17 Nta gukeka ko dushaka kwigana uburorero bwiza bwatanzwe n’abo bigishwa, tukemera ubwo butumire tubishashaye kandi ata co twisigarije. (Heb. 6:11, 12) Ni imihezagiro iyihe twironkera uko tubandanya kwihatira gukurikira Kristu tubigiranye umwete kandi tukabigira bimwe bishitse? Turaronka umunezero nyakuri mu gukora ivyo Imana igomba tukongera tugashira akanyota kubera ko twemera uduteka tw’umurimo twiyongereye be n’amabanga yiyongereye mw’ishengero. (Zab. 40:8; soma 1 Abanyatesalonika 4:1.) Egome, uko twihatira cane gukurikira Kristu, turironkera imihezagiro itagira uko ingana kandi iramba, nko kugira amahoro yo mu muzirikanyi, gushira akanyota, guhimbarwa, gushimwa n’Imana, no kugira icizigiro co kubaho ibihe bidahera.​—1 Tim. 4:10.

Woba uvyibuka?

• Ni igikorwa gihambaye ikihe twashinzwe, kandi dukwiye kukibona gute?

• Ni impengamiro iyihe abantu bafise dutegerezwa kwirinda, kandi kubera iki?

• Ni gute dukwiye kwisuzuma ata kwibesha?

• Ni ibiki bizodufasha kuguma dukurikira Kristu?

[Uruzitiro ku rup. 27]

Ni ibiki bizogufasha kuguma ukurikira Kristu?

▪ Nusome Ijambo ry’Imana ku musi ku musi wongere uzirikane ku vyo usoma.​—Zab. 1:1-3; 1 Tim. 4:15.

▪ Nusenge kenshi usaba yuko impwemu y’Imana yogushigikira ikongera ikakuyobora.​—Zek. 4:6; Luka 11:9, 13.

▪ Niwifatanye n’abagira umwete mu busuku babikuye ku mutima.​—Imig. 13:20; Heb. 10:24, 25.

▪ Nutahure yuko ibintu vyihutirwa mu bihe tubayemwo.​—Ef. 5:15, 16.

▪ Numenye inkurikizi zikomeye zizanwa no gutanga ivyitwazo.​—Luka 9:59-62.

▪ Niwame uzirikana ku ndagano wagize igihe wiyegurira Imana no ku mihezagiro itagira uko ingana iva ku gukorera Yehova no ku gukurikira Kristu n’umutima wawe wose.​—Zab. 116:12-14; 133:3; Imig. 10:22.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika