Kwihanganira ibigeragezo vyatumye turushiriza kwizigira Yehova
Nk’uko vyavuzwe na Ada Dello Stritto
Ico gihe ni ho nari ngiheza kwimurira icanditswe c’umusi mu gakaye niyandikiramwo utuntu. Mfise imyaka 36, mugabo kwandika iyo mirongo mikeyi vyantwaye amasaha abiri. Kubera iki vyantwaye umwanya muremure gutyo? Mawe nabagire ku muriri.—Joel
TWE n’umunega wanje twabatijwe mu 1968, tuba Ivyabona vya Yehova. Aho mariye kuvyara abahungu babiri bafise amagara meza, ari bo David na Marc, naribarutse umuhungu wacu agira gatatu Joel. Yavutse ataragera mu 1973 mu bitaro vyo mu gisagara ca Binche mu Bubiligi, ikiri nko ku bilometero 60 mu Bumanuko bwa Buruseli. Yapima ikilo 1 n’amagarama 700 gusa. Igihe nava mu bitaro, vyasavye ko Joel asigarayo kugira ngo ibilo vyiwe vyiyongere.
Haciye amayinga makeya, igihe ata bimenyetso vyari bwaboneke vyerekana ko umwana wacu ariko aramera neza, twe n’umunega wanje Luigi twaramujanye ku muganga w’abana. Nya muganga amaze gusuzuma Joel, yavuze ati: “Nimwigumye. Joel asa n’uwufise ingorane zose benewabo badafise.” Twaciye tumara umwanya muremure turi mu gacerere. Ico gihe, naratahuye yuko agahungu kacu kari gafise ingorane ikomeye y’amagara. Uwo muganga yaciye yihereranya umunega wanje maze amubwira ati: “Umwana wanyu arwaye indwara yitwa trisomie 21,” ikaba ari indwara ifatira mu tugingo ngengakamere.a
Kubera ko twari tubabajwe n’indwara uwo muganga w’abana yatoye, twaciye dufata ingingo yo kumujana ku wundi muhinga mu vy’ubuvuzi. Yamaze hafi isaha yose asuzuma ka Joel yitonze adakurako umunwa. Twe na Luigi twabona umenga ni ibihe bidahera. Amaherezo, uwo muganga yarunamuye amaso maze avuga ati: “Umwana wanyu azobakenera cane.” Yaciye yongerako n’ijwi rirangwa ubuntu ati: “Mugabo Joel azohimbarwa kubera ko abavyeyi biwe bamukunda!” Ndengewe n’inyiyumvo, naratengatiye Joel mu maboko, maze tumujana i muhira. Ico gihe yari amaze amayinga umunani avutse.
Twarakomejwe n’amakoraniro ya gikirisu be n’ubusuku
Ibindi bipimo vyo kwa muganga vyerekanye kandi yuko umutima wa Joel wari umugaye bikomeye be n’uko yari arwaye indwara y’amagufa yitwa rachitisme. Kubera yuko umutima wiwe wari munini cane, warafyonda amahaha yiwe bigatuma ashobora kwandura indwara ziterwa n’imikorobe. Butaraca na kabiri, igihe Joel yari amaze amezi ane, yarafashwe n’umusonga maze biba ngombwa ko asubira mu bitaro, aho yaciye ashirwa ukwa wenyene. Vyaratubabaza cane kumubona ariko aracumukura. Twaripfuza kumutengatira mu maboko yacu no kumukuyakuya, mugabo mu kiringo c’amayinga cumi arangwa umubabaro, ntitwari twemerewe kumukorako na gato. Nta kindi twe na Luigi twari dushoboye gukora atari kwihweza, kugumbirana, no gusenga.
Muri ico gihe kitoroshe, twarabandanije kwitaba amakoraniro y’ishengero turi kumwe na David be na Marc, ico gihe umwe akaba yari afise imyaka 6 uwundi 3. Kuri twebwe, ukuba turi ku Ngoro y’Ubwami vyari bimeze nk’ukuba turi mu maboko ya Yehova, we yitwararikana. Mu masaha twamara turi ng’aho, dukikujwe n’abavukanyi be n’abavukanyikazi bacu bakirisu, twarumva dushoboye gushira umuzigo wacu kuri Yehova, kandi twarumva hari ukuntu dutekaniwe mu mutima. (Zab. 55:22) Mbere n’abaforomakazi bitwararika Joel baravuze ko babona ukuntu kwitaba amakoraniro ya gikirisu vyadufasha kuguma dufise uburimbane.
Muri ico gihe, naratakambira kandi Yehova ndamusaba inkomezi zo kuja mu murimo wo mu ndimiro. Aho kuguma i muhira ndira, nashaka kuyaga n’abandi nkababwira igituma kwizigira umuhango Imana yatanze w’isi itagiramwo indwara vyandonsa inkomezi. Igihe cose naba nshoboye kugira uruhara mu busuku, nariyumvamwo yuko Yehova yishuye amasengesho yanje.
“Emwe, biratangaje!”
Ese ukuntu wari umusi uteye umunezero igihe amaherezo twatahana Joel i muhira tumukuye mu bitaro! Mugabo ku musi nyene ukurikira, umunezero wacu wahindutse umubabaro. Ivya Joel vyaciye ubwo nyene bidabuka, maze biba ngombwa ko twihutira kumusubiza mu bitaro. Aho abaganga bamariye kumusuzuma, batubwiye bati: “Joel asigaje amezi atarenga atandatu yo kubaho.” Haciye amezi abiri, igihe Joel yari amaze nk’amezi umunani, ivyo nya baganga bari bavuze vyasa n’ibibaye vyo kubera yuko ivya Joel vyari vyunyutse. Umuganga umwe yaricaranye natwe maze avuga ati: “Nimwigumye. Nta kindi dushobora kumukorera.” Yaciye yongerako ati: “Aho ageze, Yehova wenyene ni we ashobora kumufasha.”
Naciye nsubira mu cumba Joel yari arwariyemwo. Naho nari natuntuye kandi nasanzaye, nari niyemeje kutava iruhande y’igitanda ciwe. Abavukanyikazi bakirisu batari bake barakuranwa kugumana nanje mu gihe Luigi yategerezwa kwitwararika abahungu bacu bakuru babiri. Indwi yose yarakunkumutse. Maze bukwi na bukwi, Joel yaragize ingorane y’umutima. Abaforomakazi bariteye mu cumba mugabo nta co bari bashoboye kumufasha. Haciye iminuta mikeyi, umwe muri bo yavuze buhorobuhoro ati: “Karaciye . . . ” Naciye nturikisha ndarira maze mva muri ico cumba, nacitse intege. Naragerageje gusenga Yehova, ariko sinashobora kuronka amajambo yo guserura umubabaro nari mfise. Haraciye iminuta 15, hanyuma umuforomakazi umwe arampamagara ati: “Joel ariko ararabuka!” Yaciye amfata ukuboko maze ambwira ati: “Ingo umurabe.” Nsubiye iyo Joel ari, nasanze umutima wiwe wasubiye gutera! Inkuru yuko yarabutse ntiyatevye gukwiragira. Abaforomakazi n’abaganga baraje kumuraba, maze benshi baratangara bati: “Emwe, biratangaje!”
Afise imyaka ine, yarateye intambwe itangaje
Mu myaka ya mbere y’ubuzima bwa Joel, wa muganga w’abana yarakunda kutubwira ati: “Joel arakeneye gukundwa cane.” Kubera ko twe na Luigi twari twariboneye bimwe bidasanzwe ingene Yehova yitwararikana mu buryo burangwa urukundo inyuma y’aho Joel avukiye, na twebwe nyene twashaka kwitwararika umuhungu wacu mu buryo burangwa urukundo. Twari dufise uturyo twinshi two kubigira kuko yari akeneye ko tumufasha mu kantu kose yakora.
Ku mwaka ku mwaka, mu kiringo c’imyaka indwi ya mbere y’ubuzima bwa Joel, twarahangana n’ibintu vyaza biraba bikurikirana. Hagati ya Gitugutu na Ntwarante, yaragira ingorane z’amagara zikurakuranwa, bikaba vyaba ngombwa ko tuza turamusubiza mu bitaro. Muri ico gihe nyene, narihatira kumarana umwanya munini ushoboka n’abahungu bacu David na Marc. Bahavuye bagira uruhara cane mu vyo gufasha Joel gutera imbere, hakaba haravuyemwo ibintu bitanganje. Nk’akarorero, abaganga batari bake bari baratubwiye ko Joel atokwigeze ashobora gutambuka. Mugabo umusi umwe, igihe Joel yari afise imyaka ine, umuhungu wacu Marc yavuze ati: “Joel, ereka mawe yuko ubishoboye!” Joel yarateye intambwe ziwe za mbere, ivyo bikaba vyarantangaje cane! Twarahimbawe cane, maze turasenga turi kumwe uko tugize umuryango kugira ngo dukengurukire Yehova bivuye ku mutima. Mu bindi bihe, mbere n’igihe Joel yaba ateye imbere gatoya mu muce umwe canke mu wundi, twama nantaryo tumukeza n’igishika.
Ingene kumenyerezwa ivy’Imana kuva mu buhinja kwamye ivyamwa
Igihe cose vyaba bishobotse, twarajana na Joel ku makoraniro ku Ngoro y’Ubwami. Kugira ngo tumukingire imikorobe yotumye arwara bitagoranye, twamushira mu gakinga basunika kadasanzwe kari gapfukishijwe igipfukisho ca pulasitike kibonerana. Yamara, mbere naho yaba yicaye muri ico gipfukisho, yarahimbarwa no kuba ari kumwe n’ishengero.
Abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bakirisu baratubereye isoko ry’inkomezi, mu kudukikuza urukundo no mu kudushigikira mu buryo ngirakamaro. Hari umuvukanyi yakunda kutwibutsa amajambo yo muri Yesaya 59:1 agira ati: “Ehe, ukuboko kw’Uhoraho ntikubaye kugufi ngo kunanirwe gukiza, n’ugutwi kwiwe ntikwapfuye ngo kunanirwe kwumva.” Ayo majambo ahumuriza yaradufashije kwizigira Yehova.
Uko Joel yakura, twarihatira gutuma gukorera Yehova biba umuce nyamukuru w’ubuzima bwiwe. Igihe cose twaba turonse akaryo, twaraganira na we ivyerekeye Yehova mu buryo bwotumye Joel agiranira na Se wiwe wo mw’ijuru ubucuti burangwa urukundo. Twaratakambira Yehova ngo ahezagire utwigoro twacu kugira ngo ukumumenyereza ivy’Imana kwame ivyamwa vyiza.
Igihe Joel yagera mu myaka ya mbere y’ubuyabaga, twarahimbawe no kubona yuko yakunda kubwira ukuri kwo muri Bibiliya abo vyahura. Igihe yariko aratora mitende aho bari bamubaze bikomeye afise imyaka 14, naranezerewe cane igihe Joel yambaza ati: “Ma, noha uwu muganga yambaze igitabu Kubaho Ibihe Bidashira?” Haciye imyaka mikeyi, vyarabaye ngombwa ko Joel yongera kubagwa. Twari tuzi neza ko yoshobora kutarokoka. Imbere y’uko Joel abagwa, yarahereje abaganga biwe ikete twari twateguriye hamwe na we. Ryasigura impagararo afise ku bijanye n’ikoreshwa ry’amaraso. Umuganga yagira amubage yabajije Joel ati: “None uravyemera?” Joel yishuye ashikamye ati: “Egome, Muganga.” Twarashimishijwe cane n’ukuntu umuhungu wacu yizigira Umuremyi wiwe be n’ukuntu yari yiyemeje kumuhimbara. Abakozi bo muri ivyo bitaro baradushigikiye cane, ivyo tukaba twarabikengurutse rwose.
Joel atera imbere mu vy’impwemu
Joel afise imyaka 17 yarerekanye ko yiyeguriye Imana mu kubatizwa mu mazi. Ese ukuntu wari umusi w’intibagirwa! Kubona ukuntu atera imbere mu vy’impwemu biratwuzuza umunezero mwinshi. Kuva ico gihe, urukundo akunda Yehova be n’umwete afitiye ukuri ntivyagabanutse. Nkako, Joel arakunda kubwira umuntu wese bahuye ati: “Ukuri ni kwo buzima bwanje!”
Mu myaka ya nyuma yiwe y’ubuyabaga, Joel yarize gusoma no kwandika. Vyamusavye akigoro gakomeye. Akajambo kamwekamwe kose yaba ashoboye kwandika kaba ari intsinzi. Kuva ico gihe, umusi umwumwe wose awutangura mu kurimbura icanditswe c’umusi co mu gatabu Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi. Inyuma y’ivyo, aca yimurira yitonze ico canditswe muri kamwe mu dukaye twiwe yiyandikiramwo utuntu, ubu muri ako gakaye akaba amaze gukoranirizamwo ivyanditswe vyinshi!
Ku misi y’amakoraniro, Joel ariyemeza neza yuko tuja ku Ngoro y’Ubwami hakiri kare kuko aba ashaka gushika kare kugira ngo ahe ikaze n’igishika abinjira mu ngoro bose. Mu makoraniro, arahimbarwa no gutanga insasanuro be no kugira uruhara mu myerekano. Arafasha kandi mu vyo kwitwararika amamikoro akongera akarangura n’ibindi bikorwa. Ku ndwi ku ndwi, iyo amagara yiwe amukundiye, araduherekeza mu gikorwa co kwamamaza. Mu 2007 ishengero ryaratangarijwe yuko Joel yagenywe ngo abe umukozi w’ishengero. Twarakoroye amosozi y’umunezero. Mbega umuhezagiro urangwa ubuntu uvuye kuri Yehova!
Turibonera ingene Yehova adufasha
Mu 1999 twarashikiwe n’ikindi kigeragezo. Umuduga wacu waragonzwe n’umushoferi atitaho ibintu, maze Luigi arakomereka bikomeye. Vyabaye ngombwa ko acibwa ukuguru, yongera arabagwa bimwe bikomeye akatari gake mu ruti rw’umugongo. N’ico gihe nyene, biciye ku kwizigira Yehova, twarumvise turonse inkomezi aha abasavyi biwe bazikeneye. (Flp. 4:13) Naho Luigi ari ikimuga, turagerageza kubona ibintu mu buryo bwiza. Kubera ko adashoboye gukora akazi ko mw’isi, arafise umwanya wiyongereye wo kwitwararika Joel. Ivyo biratuma ndonka umwanya wiyongereye wo gukora ibikorwa vyo mu vy’impwemu. Luigi arashoboye kandi kurushiriza kwitwararika ivyo abagize umuryango wacu be n’abagize ishengero ryacu bakeneye mu vy’impwemu, muri iryo shengero akaba abandanya gusukura ari umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere.
Kubera ko ivy’umuryango wacu vyifashe mu buryo budasanzwe, turamarana umwanya munini uko tugize umuryango. Uko igihe cagiye kirarengana, twarize kuba abantu bagira ibitegereka no kutitega ibidashoboka. Ku misi twumva ko tudendebukiwe, turaserurira Yehova mw’isengesho ukuntu twiyumva. Ikibabaje, ni uko igihe abahungu bacu David na Marc bagera mu bigero maze bakava i muhira, bagiye buhorobuhoro baraheba gukorera Yehova. Turizigiye yuko bashobora kugaruka kuri Yehova.—Luka 15:17-24.
Uko imyaka yagiye irarengana, twariboneye ingene Yehova adushigikira twongera turiga kumwihekako mu ngorane iyo ari yo yose idushikira. Amajambo dusanga muri Yesaya 41:13 ni ay’agaciro canecane kuri twebwe, ano akaba agira ati: “Jewe Uhoraho Imana yawe nzogufata ukuboko kw’i buryo, nkubgire, nti Ntutinye, ndagutabara.” Kumenya yuko Yehova adufata ukuboko akatugumya biraduhumuriza. Ego cane, turashobora vy’ukuri kuvuga yuko kwihanganira ibigeragezo vyatumye turushiriza kwizigira Data wa twese wo mw’ijuru Yehova.
[Akajambo k’epfo]
a Iyo ndwara (Trisomie 21) ni indwara mvukanwa ituma umuntu ateba gukura mu bwenge. Mu bisanzwe utugingo ngengakamere bita chromosomes twama turi mu migwi ya tubiritubiri dufatanye, mugabo abana bavukanye indwara yitwa trisomie baba bafise akagingo ngengakamere karenze muri umwe muri iyo migwi. Iyo ndwara (trisomie 21) ifata umugwi ugira 21 w’utwo tugingo ngengakamere.
[Ifoto ku rup. 16, 17]
Uwu ni Joel na nyina wiwe Ada
[Ifoto ku rup. 18]
Aba ni Ada, Joel na Luigi
[Ifoto ku rup. 19]
Joel arahimbarwa no guha ikaze abavukanyi n’abavukanyikazi ku Ngoro y’Ubwami