ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 1/5 rup. 16-17
  • Ingene twokurikira Kristu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene twokurikira Kristu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ivyo bijanye
  • Ubwami bw’Imana ni iki? Twokwerekana gute ko tubushaka?
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Yezu yashaka kuvuga iki mu kuvuga ngo «nkurikira»?
    “Ingo unkurikire”
  • Kubera iki abakirisu babatizwa?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • ‘Ingo unkurikire’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 1/5 rup. 16-17

Ivyo twigira kuri Yezu

Ingene twokurikira Kristu

Igihe abantu baba bizeye Yezu, akenshi yaca ababwira ati: “Nkurikira.” (Matayo 9:9; 19:21) None kuba uwukurikira Kristu, ni ukuvuga kuba umukirisu, bisobanura iki? Rimbura inyishu z’ibibazo bitatu nyamukuru.

Ukwiye gufata abandi gute?

▪ Umwigishwa wa Yezu akwiye kwisunga ubuyobozi butwereka ukuntu twofata abandi. Nk’akarorero, Yezu yavuze ati: “Ibintu vyose rero mushaka ko abantu babagirira, namwe nyene mutegerezwa kubibagirira.” Bite ho igihe hagize uwukubabaza? Yezu yavuze ati: “Niwikiranure ningoga n’uwukwitwarira” canke uwukwidogera. Yabwiye kandi abamukurikira ati: “Nimutababarira abantu amakosa yabo, na So ntazobababarira amakosa yanyu.”​—Matayo 5:25; 6:15; 7:12.

Abubatse, Yezu yabahanuye ati: “Mwarumvise ko vyavuzwe ngo: ‘Ntukarenge ibigo.’ Mugabo jewe ndababwiye ko umuntu wese aguma araba umugore bigatuma amugirira inambu, aba amaze kurenga ibigo kuri we mu mutima wiwe.” Umukirisu w’ukuri arareka inyigisho za Yezu zikagira ico zikoze ku muzirikanyi wiwe no ku mutima wiwe.​—Matayo 5:27, 28.

Abakirisu b’ukuri baraheba ibibahimbara kugira ngo bafashe abandi. Yezu yari umuntu yemera kugira ivyo ahevye. Nk’akarorero, mu rugendo rumwe rwo kwamamaza inkuru nziza ruruhisha yagiranye n’intumwa ziwe, nta n’akanya ko gufungura baronse. Yezu yaciye rero abajana n’ubwato ahiherereye kugira ngo baruhuke. Ariko abantu barumvise iyo yari aroye baca bariruka bamwitangira imbere. Inkuru yo muri Bibiliya ivuga iti: “Yururutse, abona isinzi rinini, mugabo bamutera ikigongwe, kuko bari bameze nk’intama zitagira umwungere. Aca atangura kubigisha ibintu vyinshi.” (Mariko 6:30-34) Urashobora kwigana Yezu mu gukora ivyo Imana igusaba, naho wohura n’ingorane.

Ni kubera iki ukwiye kubwira abandi inkuru nziza?

▪ Yezu yigishije abamukurikira, ari bo bayoboke biwe, ngo babwire abandi inkuru nziza. Yabwiye intumwa ziwe ati: “Uko mugenda, mwamamaze, muti: ‘Ubwami bwo mw’ijuru buregereje.’” (Matayo 10:7) Abayoboke ba Yezu barafise ubutumwa bw’agaciro kanini. Yezu yasenze ati: “Ubuzima budahera ni ubu: ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri.”​—Yohani 17:3.

Yezu yaravuze ibijanye n’igikorwa abayoboke biwe amamiliyoni bogizemwo uruhara. Yavuze ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose.” (Matayo 24:14) Nimba umaze kwiga ibijanye n’Ubwami bw’Imana kandi ukaba wizera ivyo Bibiliya ivuga, ntuzobura guhimbarwa no kubwira abandi ivyo uzi. Benshi mu bayoboke ba Yezu usanga incuti zabo ari zo batangura kubwira ibijanye n’Ubwami bw’Imana.​—Yohani 1:40, 41.

Ni kubera iki ukwiye kubatizwa?

▪ Igihe Yezu yabatizwa mu ruzi Yorodani, biboneka ko yasenze ati: ‘Ndaje gukora ukugomba kwawe, ewe Mana.’ (Abaheburayo 10:7) Nimba ushaka gukora ivyo Imana igomba, na wewe urakwiye kubatizwa. Yezu yategetse ati: “Muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa, mubabatiza.”​—Matayo 28:19.

Iyo umuntu abatijwe, ni amabanga ayahe aca agira kandi ni ivyiza ibihe aheza akironkera? Abayoboke ba Yezu babatijwe bakorera Imana n’ubuzima bwabo bwose. Yezu yarasubiyemwo mu majambo Itegeko ry’Imana rigira riti: “Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose.” (Matayo 22:37) Yavuze kandi ati: “Nimba hari uwushaka kunkurikira, niyiyanke.” (Matayo 16:24) Ibatisimu igereranya ingingo umuntu afata yo kwiyanka maze agasigara agabwa n’Imana. Abafitaniye n’Imana ubwo bucuti budasanzwe barashobora kuyisaba ngo ibaharire ibicumuro vyabo ngo baheze bagire ijwi ryo mu mutima ritabagiriza ikibi.​—1 Petero 3:21.

Ushaka kumenya amakuru yiyongereye, raba ikigabane ca 18 c’iki gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika