“Inkuru nziza” yamamazwa mu mazinga yo mu Buraruko bwa kure bwa Ositaraliya
“YEZU yavuze ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose.” (Matayo 24:14) Ivyabona vya Yehova baragamburuka iryo tegeko Yezu yatanze, bakagerageza gushira abantu ubutumwa bwo muri Bibiliya, naho boba baba hehe. (Matayo 28:19, 20) Ico gikorwa bagikora bavyishakiye, rimwe na rimwe bakagikora batorohewe na gato kandi bakoresheje uburyo bwabo bwite.
Nk’akarorero, Nathan na Carly baratunganije ivyabo kugira bashobore kuja kubwira inkuru nziza abantu baba mu mazinga ya kure y’ahitwa Détroit de Torres. Mu 2003, hari uwuserukira ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova ryo muri Ositaraliya yabatumiye ngo bimukire mw’izinga rya Thursday kugira bakorane n’ishengero ryaho. Iryo zinga ni rimwe gusa mu mazinga yogereranywa n’utudede tw’urwatsi rutoto dutonze mu gace ka ya Bahari isa n’ubururu yitwa Pasifike kari hagati ya Ositaraliya na Nouvelle-Guinée.
Mu 2007, umuryango wabo waraguze ubwato bushaje bukozwe mu biti buroba ibiruka bivamwo utubuyenge bwitwa Teisan-Y. Barakoresheje uburyo bwabo bwite barasanura ubwo bwato maze batangura kugira ingendo baja kubwira inkuru nziza abantu bo mu mazinga cumi ari mu mazinga ya kure gusumba ayandi. Izinga ryitwa Thursday ni ryo bagize icicaro cabo. Ng’iki ico twokwita icegeranyo c’umukapitene cigana ingene zimwezimwe mu ngendo bagize zagenze.
Nzero 2008: Uno musi nafashe akato nja i Bamaga gutora Ivyabona vya Yehova batandatu baho, rukaba ari urugendo rw’ibilometero 80 kugenda no kugaruka. Ubu turi mu bwato Teisan-Y, turiko tugana izinga rya Warraber n’irya Poruma. Amatangi ajamwo ibitoro aruzuye, tukaba dufise amalitiro 5.500, ilitiro rimwe rikaba rigurwa amadolari abiri yo muri Ositaraliya. Ubwato bugenda bukebuke cane, nk’incahagati y’ibilometero cumi gusa kw’isaha. Ariko ikirere cifashe neza cane, kw’ibahari hakaba hari udupfunda ata co dutwaye.
Dushitse, turatera inanga hafi y’inkengera, tukuriza muri ka kato bakeyi mu bo twagendanye bafise incuti i Warraber, maze tukabonana n’umuhanuzwajambo w’iryo zinga kugira aduhe uruhusha rwo kwamamaza. Ni umupasitori mw’idini ryo muri iryo zinga, mugabo aratwemerera kuyaga n’abanyagihugu baho. Ukwo nyene ni ko tubigenza i Poruma, kandi turemererwa kwamamaza. Abanyagihugu baho bimereye neza cane kandi barashashaye gusoma ibitabu vyacu. Turatanguza inyigisho nyinshi za Bibiliya.
Ndamukiza 2008: Turatunganya urugendo rwo gushika i Dauan, i Saibai n’i Boigu, ayo mazinga atatu akaba ari yo ari kure kuruta ayandi yose, hafi y’urubibe duhana na Papouasie-Nouvelle-Guinée. Ikirere kiraduhindukana, maze tugaca duhindura inzira tukagenda tugana izinga ryitwa Mabuiag. Izinga rya Mabuiag riri ku bilometero 70 gusa uvuye ku kivuko c’aho tuba, mugabo turagenda ibilometero 140 kubera ukuntu tuguma tunyuragira duca hagati y’ibitandara vyinshi vyo mu mazi.
Umupfunda amahero warashikuye ka kato ugakura kuri bwa bwato bwitwa Teisan-Y. Ni kwo guca duhindukiza ubwato tubucisha mu mipfunda miremire igereza nka hariya tugiye kurondera nya kato. Abari mu bwato nka bose baramererwa nabi kubera urwo rugendo rwo mu mazi.
Tugeze i Mabuiag, turaronka uruhusha rwo kwamamaza inkuru nziza muri iryo zinga, kandi abaho baraturamutsa n’igishika cinshi ku buryo tudateba kwibagira ayo twaboneye mu kiyaga. Umupfasoni umwe arahimbarwa cane no kwumva ubutumwa dushikiriza ku buryo yemera ko tumuha n’ibindi bitabu kugira ngo abishire mu bubiko bw’ibitabu bwo ng’aho iwabo, ari na ho akorera.
Kuva muri Rusama gushika muri Gitugutu 2008: Kubera ko ikirere cifashe nabi, ntibikunda ko dushika muri ya mazinga. Turakoresha uwo mwanya tukamamariza aho turi, tukiyungunganya mu dukorwa, tukongera tukagira ivyo dusanuye kuri bwa bwato.
Ubwato burafise vyinshi bikeneye gusanurwa, ari co gituma duca dufata urugendo tukaja ku kivuko c’izinga rikuru c’i Weipa maze tugakura ubwato mu mazi buri ku kiduga amahero. Kubivuga biroroshe, ariko kubikora si icoroshe! Ivyabona vya Yehova bo mw’ishengero ryo ng’aho baratanga umwanya wabo bakadufasha muri ico gikorwa, nko mu gukora ivy’amazi, ugusiga irangi be n’ibijanye n’imbaho. Abandi baratuzanira ibifungurwa. Abandi na bo baraturonsa ivyo tuzokenera ku rugendo rwacu rukurikira rwo kwamamaza. Ukuntu batwakira n’ingene badufasha, ntitugira ingene twobivuga.
Kigarama 2008: Turasubira gutegura urugendo rudushikana i Dauan, i Saibai n’i Boigu. Dukoresheje ca cuma gifasha kumenya ibiri kure bita radar, turakwepa ibihuhusi vyo mu turere dushushe, tukanyuragira mu bitandara vyo mu mazi dukoresheje akuma kacu kerekana amakarata afasha umuntu gutora inzira. Kugira dushike i Dauan bidutwara amasaha 12 duca mu mazi, ariko nta rindi zinga twari bwigere tubona rifise ubwiza nka ryo. Imisozi miremire igereza nka hariya y’ibitandara usanga ipfutswe n’ibicu. Abantu b’i Dauan baradutega yompi babishashaye, tugaca dutunganya ivy’uko tumaze gusubira i muhira twobandanya ibiyago vyacu bishingiye kuri Bibiliya dukoresheje telefone.
Umwe mu baba ng’aho, akaba yari umukenyezi yitwa Lettie, sinzi ukuntu yari yararonse ibinyamakuru vyacu maze aca arungika twa dupapuro tugegenwa ku binyamakuru two gusabirako ibindi bitabu. Ibiro vy’ishami vyaramurungikiye ivyo yasavye ryongera rirungikira ishengero ryacu ikete ridusaba ko twoyaga na we nimba bishoboka. Amaherezo turabonana na Lettie kandi tugahimbarwa no kugira uruhara rutoyi mu bijanye no kumuronsa ivyo akeneye mu vy’Imana.
Kw’izinga rya Saibai, umuhanuzwajambo waho aratwankira kubwira inkuru nziza ababa kuri iryo zinga. Ariko aremerera abo twagendanye bafise incuti muri iryo zinga ngo bazigendere, baziyagishe. Ndagirana na Leta amasezerano yo gukora akazi ko gusiga irangi amazu aho i Saibai, kandi ivyo biradufasha kuronka amahera y’ibintu bimwebimwe dukeneye.
Umwe muri bashiki bacu yitwa Tassie aturuka mu kigwati c’i Papouasie-Nouvelle-Guinée kiri nko ku bilometero bine gusa uvuye i Saibai. Kubera amasezerano ico gihugu cagiranye na Leta ya Ositaraliya, abanyagihugu bo muri Papouasie-Nouvelle-Guinée barashobora kuza gukorera ivy’urudandaza i Saibai. Tassie arahura n’abatari bake mu bo mu kigwati c’iwabo, maze akabura ibitabu abakwiza bose. Ni bwo bwa mbere Tassie abonana n’abo mu kigwati c’iwabo kuva abaye Icabona ca Yehova. Turasubira mu bwato tukamuzanira ikarato y’ibitabu, nka vyose bikaba biri mu rurimi rukoreshwa muri Papouasie-Nouvelle-Guinée rwitwa tok pisin. Tassie arasigurira ubutumwa bwo muri Bibiliya isinzi ry’abantu barenga 30 bo muri Papouasie-Nouvelle-Guinée, maze abashimishijwe n’ubwo butumwa, ya karato y’ibitabu yose bakoza. Kugira umuntu ashike mu kigwati babamwo abwirizwa kugenda n’ubwato, kandi abaho boshobora kuba batarigera bagenderwa n’Ivyabona vya Yehova.
Kugira dushike mw’izinga rya nyuma, ari ryo Boigu, ni urugamba. Turi nko ku bilometero bine uvuye ku nkengera, amazi akaba afise ubwimbike bw’imetero zibiri na santimetero 50 gusa. Indiba y’ubwato yinjiye mu mazi gushika ku metero imwe na santimetero 80. Jewe n’umwe mu bo dufatanije urugendo turakoresha ka kato tukaja kugendura ako karere kugira turondere inzira yodushikana kuri iryo zinga. Imvura ni yose, kandi twajovye! Bidusaba amasaha abiri kugira dutore inzira.
Tuhashitse, abanyagihugu bo kuri iryo zinga baratangara bakatubwira yuko amakarata mfise arimwo amakosa be n’uko mbere n’abarinzi b’inkengera canke abarwanira mu mazi batubahuka gushika muri ako karere. Umuhanuzwajambo waho aranka kuduha uruhusha rwo kwamamaza ariko akemerera abo twagendanye bafise incuti kuri iryo zinga ngo bazigendere, bazibwire inkuru nziza. Turashira aho uwo muhanuzwajambo ashize maze tukagendera gusa incuti. Umugabo umwe arakira igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?,a agaca agisoma ubwo nyene, agatangura kwandika ibibazo ku rupapuro rw’inyuma rwa Bibiliya yiwe. Uwo mugabo nyene arasubira kuyaga n’Ivyabona vya Yehova igihe agendeye izinga rya Thursday.
Nzero 2009: Turasubira kw’izinga rya Moa n’irya Mabuiag kugira dusubire kuyaga n’abari berekanye ko bashimishijwe n’ubutumwa bwo muri Bibiliya. Kuri ayo mazinga yompi, batwakirana igishika cinshi. Benshi mu baba mu kigwati citwa Saint Paul co kuri iryo zinga rya Moa batubwira ngo ntituze dutebe kugaruka kubagendera. Umuhanuzwajambo waho aratubwira ngo ntituze twitinye kuza kwamamaza muri ico kigwati igihe cose tuvyipfuza.
Muri ya mazinga y’ahitwa Détroit de Torres hari ayashika 17 abamwo abantu. Ntituzi urugero tuzogezako mu gushikira umwumwe wese mu baba muri ayo mazinga. Mugabo twese abagize ishengero ryo ng’aha mu mazinga yo mu Buraruko bwa kure bwa Ositaraliya turahimbarwa no gukora ivyo dushoboye kugira dushemeze Umuremyi wacu Ahambaye, Yehova.
[Akajambo k’epfo]
a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Ikarata ku rup. 23]
(Ushaka igisomwa cose, raba iki kinyamakuru)
OSITARALIYA
Weipa
Bamaga
AMAZINGA YA DÉTROIT DE TORRES
PAPOUASIE-NOUVELLE-GUINÉE
[Abo dukesha ifoto]
Ifoto ya NASA/Visible Earth imagery
[Ikarata ku rup. 24, 25]
Bamaga
Izinga rya Thursday
Izinga rya Moa
Izinga rya Warraber
Izinga rya Poruma
Izinga rya Mabuiag
Izinga rya Saibai
Izinga rya Dauan
Izinga rya Boigu
PAPOUASIE-NOUVELLE-GUINÉE
[Abo dukesha ifoto]
Ifoto ya NASA/Visible Earth imagery
[Ifoto ku rup. 24]
Dushika kw’izinga rya Thursday
[Ifoto ku rup. 24]
Turiko tugenda n’amaguru tugiye kugendera abantu bo kw’izinga rya Saibai
[Ifoto ku rup. 25]
Turiko tuvuga inkuru nziza mu rurimi rwitwa “tok pisin”