Abasomyi bacu barabaza . . .
Ingoro y’Ubwami ni iki?
▪ Ingoro y’Ubwami ni inzu yo gusengeramwo Ivyabona vya Yehova bakoresha mu bikorwa vyabo bijanye n’idini. Hari Ingoro z’Ubwami ibihumbi mirongo zikoreshwa hirya no hino kw’isi. Uko indwi itashe, abagize amashengero arenga 105.000 y’Ivyabona vya Yehova barakoranira hamwe mu ngoro mwene izo.
Ingoro y’Ubwami iyo ari yo yose irafise ikibanza nyamukuru gitangirwamwo inyigisho za Bibiliya be n’insiguro zishingiye kuri yo. Muri ivyo bibanza nka vyose, usanga hariho ahantu hakirurutse abayobora amakoraniro batangirako inyigisho. Akenshi haba hariho ivyicaro vy’abantu bari hagati ya 100 na 300. Ingoro y’Ubwami yoshobora kandi kuba ifise isomero ry’inyongera rimwe canke arenga, ikagira ibiro be n’ububiko bw’ibitabu butoyi burimwo ibitabu bishingiye kuri Bibiliya be n’ibindi bitabu uwo ari we wese mu bagize ishengero ashobora gukoresha mu kugira ubushakashatsi.
Ariko rero, mu Ngoro y’Ubwami ntuzohasanga ibishushanyo canke ibindi bintu bijanye n’ugusenga biranga amadini y’abitwa ko ari abakirisu. Nta alutari, nta bishusho canke imisaraba usangayo. Kubera iki? Ivyabona vya Yehova bemera yuko gukoresha ibintu mwene ivyo biteye kubiri n’itegeko ryo muri Bibiliya ridusaba “[guhunga] ugusenga ibigirwamana.” (1 Abakorinto 10:14; Yohani 4:24) Amasengero menshi usanga yubatswe mu buryo buhinyanyuye bidasanzwe akabamwo n’ibisharizo bihanitse kandi birenze urugero. Ingoro z’Ubwami zozo zubakwa hisunzwe ibiba bikenewe kandi mu buryo buciye bugufi. Ico bashira imbere ni inyigisho ishingiye kuri Bibiliya itangirwa muri izo nyubakwa, si ukuntu izo nyubakwa ubwazo ziba zubatswe.
Uti ni kubera iki yitwa Ingoro y’Ubwami? Amakoraniro agirirwa mu Ngoro y’Ubwami ashimika ahanini ku nyigisho zo muri Bibiliya be n’ubutumwa nyamukuru bwayo bujanye n’“ubwami bw’Imana,” ari na co kintu nyamukuru ivyo Yezu yigisha vyari bishimikiyeko. (Luka 4:43) Izina Ingoro y’Ubwami rero, iryatangujwe mu myaka ya 1930, rirerekana mu buryo bubereye intumbero y’izo nyubakwa. Iyo ntumbero ni iyo guteza imbere ugusenga kw’ukuri no kuba intimatima y’ibijanye n’ukwamamaza “inkuru nziza y’ubwami.” (Matayo 24:14) Ku bw’ivyo, Ingoro z’Ubwami ntizikoreshwa ku bw’ibintu vyega abantu ku giti cabo canke vy’urudandaza. Amahera akoreshwa igihe zubakwa n’igihe zikoreshwa be n’ayakoreshwa mu gushigikira igikorwa co kwamamaza aboneka biciye ku ntererano zitangwa n’abavyishakiye. Nta gaseke ko gutoza amahera kigera gatemberezwa. Ahubwo riho, hari agasandugu kari mu kibanza kidahinduka uwo ari we wese avyipfuza ashiramwo intererano.
Ingoro z’Ubwami zikoreshwa ku bw’intumbero imwe mu mihingo yose yo kw’isi, ariko usanga zitandukanye mu bunini no mu buryo zubatse. Uburyo zubakwa buvana n’ibikoresho vyo kwubakisha biboneka mu karere zirimwo, bikavana n’ukuntu ikirere caho cifashe be n’ukuntu ubutunzi bw’Ivyabona vya Yehova baho bwifashe. Zimwezimwe muri zo usanga zubakishije amatafari, ibiti n’amabuye. Izindi na zo usanga ari inyubakwa zitagira impome, zubakishijwe imigano ku mpande zigasakazwa ivyatsi.
Abashitsi bama bahawe ikaze ku makoraniro agirirwa ku Ngoro y’Ubwami iyo ari yo yose. (Abaheburayo 10:25) Nkako, hariho ikoraniro rigenewe bose rigirwa buri ndwi, rikaba rishimika ku ciyumviro nyamukuru kinaka gishingiye kuri Bibiliya usanga gishimishije haba ku basanzwe bagize ishengero canke ku bashitsi. Ubona gute ugendeye Ingoro y’Ubwami iri aho ubaye?
[Ifoto ku rup. 31]
Malawi, muri Afirika
[Amafoto ku rup. 31]
Mu Bwongereza