ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 15/7 rup. 16-20
  • Nugire uruhara rushitse mw’iyimbura rihambaye ryo mu vy’impwemu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nugire uruhara rushitse mw’iyimbura rihambaye ryo mu vy’impwemu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kwicisha bugufi ni ntahara
  • Kugira umwete birazana impera
  • “Mutegerezwa kuba beranda”
  • Imihezagiro y’ubu be n’iyo muri kazoza
  • Nukomere ku Muheto mu Gikorwa c’Iyimbura!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Nitube Abimbuzi Banezerewe!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Imirima ireze, igeze kwimbura
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Ibiva mu gikorwa co kwamamaza—“Imirima ireze, igeze kwimbura”
    Ubwami bw’Imana buraganza!
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 15/7 rup. 16-20

Nugire uruhara rushitse mw’iyimbura rihambaye ryo mu vy’impwemu

‘Mugire vyinshi mukora mu gikorwa c’Umukama.’​—1 KOR.15:58.

1. Ni akamo akahe Yezu yateye abigishwa biwe?

IGIHE Yezu yariko aragenda aciye mu karere ka Samariya mu mpera y’umwaka wa 30 G.C., yarahagaze kw’iriba ryari iruhande y’igisagara ca Sikara kugira ngo aruhuke. Ari ng’aho yabwiye abigishwa biwe ati: “Raramure amaso yanyu murabe imirima: ireze, igeze kwimbura.” (Yoh. 4:35) Yezu ntiyariko avuga iyimbura nya yimbura, ahubwo yariko avuga ibijanye no gutororokanya abantu b’umutima ugororotse bobaye abayoboke biwe. Mu bisanzwe yariko atera akamo abigishwa biwe ngo bakure amaboko mu mpuzu. Igikorwa co gukora cari kinini mugabo igihe co kugikora cari gito!

2, 3. (a) Ni igiki cerekana ko tubayeho mu gihe c’iyimbura? (b) Iki kiganiro gica irya n’ino ibiki?

2 Amajambo ya Yezu yerekeye iyimbura arafise insobanuro idasanzwe muri iki gihe cacu. Tubayeho mu gihe indimiro y’isi, ari bo bantu, “[yeze], igeze kwimbura.” Ku mwaka ku mwaka, abantu amamiliyoni baraterwa akamo ko kwiga ukuri gutanga ubuzima, kandi abigishwa bashasha ibihumbi n’ibihumbi barabatizwa. Turafise agateka ko kugira uruhara mw’iyimbura rihambaye kuruta ayandi yose yigeze kuba, duhagarikiwe na wa Mukuru w’iyimbura, ari we Yehova Imana. Woba ufise “vyinshi [ukora]” muri ico gikorwa c’iyimbura?​—1 Kor. 15:58.

3 Mu kiringo c’imyaka itatu n’igice Yezu yamaze ariko ararangura ubusuku bwiwe kw’isi, yarateguye abigishwa biwe ku bijanye n’uruhara boranguye ari abakozi bakora mw’iyimbura. Iki kiganiro kiraca irya n’ino bitatu mu vyigwa bihambaye vyinshi Yezu yigishije abigishwa biwe. Icigwa kimwekimwe cose kirashira ahabona kamere idufitiye akamaro kanini uko twihatira gukora ivyo dushoboye vyose mw’itororokanywa ry’abigishwa ririko riraba muri iki gihe. Nimuze twihweze izo kamere imwimwe ukwayo.

Kwicisha bugufi ni ntahara

4. Yezu yerekanye gute ko kwicisha bugufi bihambaye?

4 Niwihe ishusho y’iki kintu: Abigishwa bahejeje guharira ku bijanye n’uwuri mukuru muri bo. Birashoboka ko mu maso habo hacerekana ko batizigirana be n’uko bafise inzigo. Yezu ahamagaye rero umwana mutoyi ngo ahagarare hagati yabo. Arerekeza ivyiyumviro vyabo kuri uwo mwana mutoyi, akavuga ati: “Uwo wese . . azokwicisha bugufi [canke, “uwo wese yigira mutoyi,” Byington] nk’uyu mwana mutoyi ni we mukuru mu bwami bwo mw’ijuru.” (Soma Matayo 18:1-4.) Aho kwiyumvira nk’uko isi yiyumvira, ino ikaba isuzuma agaciro umuntu afise ifatiye ku bubasha afise, ku butunzi afise no ku kibanza afise mu kibano, abo bigishwa bari bakeneye gutahura yuko kugira ngo babonwe ko ari bakuru vyavana n’uko ‘bigize batoyi’ mu maso y’abandi. Yehova yobahezagiye akongera akabakoresha mu gihe gusa bagaragaje ukwicisha bugufi nyakuri.

5, 6. Ni kubera iki utegerezwa kwicisha bugufi kugira ngo ugire uruhara rushitse mu gikorwa c’iyimbura? Bitangire akarorero.

5 Muri iki gihe, abantu benshi mw’isi barihebera ivyo kurondera ububasha, ubutunzi be n’ibibanza mu kibano. Ivyo bituma baronka umwanya mutoya wo kwitwararika ivy’impwemu canke ntibawuronke. (Mat. 13:22) Igihushanye n’ivyo, abasavyi ba Yehova barahimbarwa no ‘kwigira batoyi’ mu maso y’abandi kugira ngo bahezagirwe bongere bashimwe na wa Mukuru w’iyimbura.​—Mat. 6:24; 2 Kor. 11:7; Flp. 3:8.

6 Rimbura akarorero k’uwitwa Francisco, uno akaba ari umukurambere muri Amerika y’Epfo. Akiri umusore, yarahevye kaminuza kugira ngo abe umutsimvyi. Avuga ivyo yibuka ati: “Igihe mu nyuma naresha umwigeme kugira ngo nubake urwanje, nari gushobora kuronka akazi kari gutuma twe n’umukenyezi wanje turushiriza gutekanirwa mu vy’amahera. Aho kubigenza gutyo, twafashe ingingo yo kworosha ubuzima bwacu no kubandanya gukora umurimo w’igihe cose turi kumwe. Mu nyuma twaravyaye abana, maze ingorane zirongerekana. Mugabo Yehova yaradufashije kwumira ku ngingo twari twafashe.” Francisco asozera ati: “Haraheze imyaka irenga 30 mfise agateka ko kuba umukurambere, ntavuze ibindi bikorwa bidasanzwe vyinshi nshingwa. Ntitwigeze na rimwe twicuza kuba tubayeho mu buryo busanzwe.”

7. Wagerageje gute gushira mu ngira impanuro dusanga mu Baroma 12:16?

7 Mu gihe wanse “ibintu bihanitse” vyo muri iyi si maze ukemera “[kurongorwa] n’ibintu biciye bugufi,” na wewe nyene urashobora kwitega kuronka iyindi mihezagiro myinshi n’uduteka twinshi muri ca gikorwa c’iyimbura.​—Rom. 12:16; Mat. 4:19, 20; Luka 18:28-30.

Kugira umwete birazana impera

8, 9. (a) Nuvuge muri make ca kigereranyo Yezu yatanze cerekeye italanto. (b) Ico kigereranyo gishobora canecane kuremesha ba nde?

8 Iyindi kamere dukeneye kugira ngo tugire uruhara rushitse muri ca gikorwa c’iyimbura ni ukugira umwete. Yezu yarabitangiye ikigereranyo muri wa mugani w’italanto.a Ico kigereranyo kivuga ibijanye n’umugabo umwe yajeje ivyo atunze abashumba biwe batatu imbere y’uko aja mu mahanga. Umushumba wa mbere yaronse italanto zitanu, uwa kabiri aronka zibiri, uwa gatatu na we aronka imwe. Shebuja wabo amaze kugenda, abo bashumba babiri ba mbere barakoranye umwete baca ubwo nyene ‘baracuruza’ italanto zabo. Wa mushumba wa gatatu wewe yari “ikinebwe.” Yarazitse italanto yiwe mw’ivu. Wa mugabo agarutse, yarahaye impera ba bashumba babiri ba mbere mu kubashinga “vyinshi.” Yaratse nya mushumba agira gatatu ya talanto yari yamuhaye yongera aramwirukana mu rugo rwiwe.​—Mat. 25:14-30.

9 Nta gukeka ko wipfuza kwigana abo bashumba b’abanyamwete bavugwa mu mugani wa Yezu maze ukagira uruhara rushitse uko ushoboye kwose muri ca gikorwa co guhindura abantu abigishwa. Ariko none tuvuge iki mu gihe ukuntu ibintu vyifashe bituma ivyo ushoboye gukora ubu bigabanuka cane? Kumbure ingorane zo mu vy’ubutunzi ziratuma biba ngombwa ko ukora amasaha menshi kugira ngo uronse umuryango wawe ivyo ukeneye. Canke na ho ushobora kuba utagifise inkomezi zo mu buto n’amagara meza. Nimba ari ukwo vyifashe, wa mugani w’italanto urimwo ubutumwa bushobora kukuremesha.

10. Shebuja avugwa muri wa mugani w’italanto yerekanye gute ko agira ibitegereka, kandi ni kubera iki ubona ko ivyo biremesha?

10 Urabona yuko shebuja avugwa muri uwo mugani yatahura yuko umwe wese muri ba bashumba biwe yari afise ubushobozi butandukanye n’ubw’uwundi. Ivyo yavyerekanye igihe yabaha za talanto “umwe wese nk’uko ubushobozi bwiwe bwite buri.” (Mat. 25:15) Nk’uko vyari vyitezwe, umushumba wa mbere yarungutse cane kuruta umushumba wa kabiri. Ariko rero, uwo shebuja yaremeye icese utwigoro turangwa umwete abo bashumba bompi bagize mu kuvuga yuko ari abashumba ‘beza kandi b’abizigirwa’ no mu kubaha impera zimwe. (Mat. 25:21, 23) Muri ubwo buryo nyene, wa Mukuru w’iyimbura Yehova Imana, arazi ko ukuntu ivyawe vyifashe bigira ico bikoze ku vyo ushoboye gukora mu murimo wiwe. Ntazoreka kwemera icese utwigoro ugira n’umutima wawe wose kugira ngo umukorere no kuguha impera yisunze utwo twigoro.​—Mrk. 14:3-9; soma Luka 21:1-4.

11. Tanga akarorero kerekana ukuntu kugira umwete igihe ibintu bitoroshe bishobora kuvamwo imihezagiro myinshi.

11 Akarorero k’uwitwa Selmira, uno akaba ari umuvukanyikazi aba muri Berezile, karerekana yuko kugira umwete mu murimo w’Imana bitavana n’ukuba ibintu vyifashe neza mu buzima. Haraheze imyaka mirongo ibiri umunega wa Selmira arashwe n’abasuma aca arapfa, akaba yamusigiye abana batatu batoyi bo kurera. Akazi yakora ari umukozi wo mu nzu kasaba yuko akora amasaha menshi akagira n’ingendo ziruhisha ari mu miduga yo kwiyunguruza yo mu gisagara yaba yuzuyemwo abantu. Naho yari afise izo ngorane, yaratunganije ivyiwe kugira ngo ashobore kuba umutsimvyi asanzwe. Babiri muri ba bana biwe batatu bahavuye bifatanya na we mu murimo w’ubutsimvyi. Yigana ati: “Uko imyaka yagiye irarengana, nariganye Bibiliya n’abantu barenga 20 kandi ndabivuze mu buryo bw’ikigereranyo, barabaye abo mu bagize umuryango wanje. Gushika uno musi, ndinovora urukundo rwabo n’ubugenzi bwabo. Iryo ni itunga amahera adashobora kugura.” Nta gukeka ko wa Mukuru w’iyimbura yahezagiye utwigoro turangwa umwete Selmira yagize!

12. Dushobora gute kugira umwete mu gikorwa co kwamamaza?

12 Nimba ukuntu ibintu vyifashe ubu mu buzima bituma umwanya ushoboye kumara mu busuku ugabanuka, woshobora na ho nyene kugerageza kwongereza uruhara ugira muri ico gikorwa c’iyimbura mu gutuma ubusuku bwawe burushiriza kwimbuka. Niwashira mu ngiro uvyitondeye ivyiyumviro ngirakimazi bishikirizwa kw’Ikoraniro ry’umurimo rigirwa buri ndwi, uzoryohora ubuhanga bwawe bwo kwamamaza wongere ugerageze uturyo dushasha two gushinga intahe. (2 Tim. 2:15) N’ikindi kandi, nimba bishoboka, woshobora guheba ibikorwa bidahambaye canke ukabikora mu kindi gihe kugira ngo ushobore kwama ushigikira indinganizo ishengero rishiraho zijanye n’umurimo wo mu ndimiro.​—Kol. 4:5.

13. Ni ikintu nyamukuru ikihe codufasha gutsimbataza umwete no kuwuzigama?

13 Urama wibuka yuko umwete uva ku mutima ukenguruka. (Zab. 40:8) Wa mushumba wa gatatu avugwa mu mugani wa Yezu yaratinye shebuja, akaba yabona ko ari umuntu asaba vyinshi kandi atagira ibitegereka. Ivyo vyatumye uwo mugabo azika italanto yiwe aho kuyikoresha kugira yongereze ivyo shebuja atunze. Kugira ngo twirinde agatima nk’ako ko gufata ibintu minenerwe, turakeneye kugiranira ubucuti burangwa igishika na wa Mukuru w’iyimbura Yehova tukongera tukabuzigama. Nutegekanye umwanya wo kwiga no kuzirikana kuri kamere ziwe zikwegera, nk’urukundo, ukwihangana n’imbabazi. Muri ubwo buryo, uzovyurirwa umutima wo gukora ivyo ushoboye vyose mu murimo wiwe.​—Luka 6:45; Flp. 1:9-11.

“Mutegerezwa kuba beranda”

14. Ni ikintu gihambaye ikihe gisabwa, abipfuza kuba abakozi bakora mw’iyimbura bategerezwa gushitsa?

14 Mu gusubiramwo amajambo yo mu Vyanditswe vy’igiheburayo, intumwa Petero aravuga ikintu gitomoye Imana igomba ku basavyi bayo bo kw’isi, ati: “Nk’uko wa Mweranda yabahamagara ari, namwe ubwanyu mube beranda mu ngeso zanyu zose, kuko vyanditswe ngo: ‘Mutegerezwa kuba beranda, kuko jewe ndi mweranda.’” (1 Pet. 1:15, 16; Lew. 19:2; Gus. 18:13) Ayo majambo arashimika ku vy’uko abakozi bakora mw’iyimbura bakwiye kuba badahumanye mu vy’ingeso runtu no mu vy’impwemu. Turashobora gushitsa ico kintu gihambaye dusabwa mu kugira ivyo dukoze kugira ngo tube abantu bogejwe, tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo. None ivyo twobishobora gute? Twobishobora tubifashijwemwo n’ijambo ry’Imana ryerekeye ukuri.

15. Ukuri kwerekeye ijambo ry’Imana gufise ububasha bwo gukora iki ku bw’ineza yacu?

15 Ijambo ry’Imana ryerekeye ukuri rigereranywa n’amazi atyorora ikintu. Nk’akarorero, intumwa Paulo yanditse yuko ishengero ry’abakirisu barobanuwe rityoroye mu nyonga z’Imana, nk’umugeni atanduye wa Kristu, uwaryuhagije “amazi biciye kuri rya jambo, . . . . kugira ngo . . . ribe ryeranda kandi ritagira ikirabagu.” (Ef. 5:25-27) Imbere y’aho, Yezu na we nyene yari yaravuze ibijanye n’ububasha ijambo ry’Imana rifise bwo gutyorora umuntu, akaba yararyamamaje. Mu kubwira abigishwa biwe, Yezu yavuze ati: “Mwebwe musanzwe mutyoroye kubera ijambo nababwiye.” (Yoh. 15:3) Ku bw’ivyo rero, ukuri kwerekeye ijambo ry’Imana kurafise ububasha bwo gutyorora umuntu mu bijanye n’inyifato runtu no mu vy’impwemu. Nitwareka ukuri kwerekeye Imana kukadutyorora muri ubwo buryo ni ho gusa izokwemera ugusenga kwacu.

16. Dushobora gute kuguma dutyoroye mu vy’impwemu no mu vy’inyifato runtu?

16 Kugira ngo rero tube abakozi bakora mw’iyimbura ry’Imana, tubanza guheba ingeso zose zihumanya mu vy’inyifato runtu no mu vy’impwemu. Egome, kugira ngo tubandanye kuba abakwije ibisabwa bituma tugumana agateka ko kuba abakozi bakora mw’iyimbura, dutegerezwa kuba intangakarorero mu bijanye no gushigikira ingingo mfatirwako za Yehova ziri hejuru zo mu vy’inyifato runtu be n’izo mu vy’impwemu. (Soma 1 Petero 1:14-16.) Nka kurya nyene tuguma twitwararika isuku ryacu ryo ku mubiri, ni na ko dutegerezwa kwama twemera gutyororwa n’Ijambo ry’Imana ryerekeye ukuri. Ivyo bisaba gusoma Bibiliya no kwitaba amakoraniro ya gikirisu. Bisaba kandi yuko tugira akigoro kavuye ku mutima ko gushira mu ngiro ivyibutswa vy’Imana mu buzima bwacu. Kubigenza gutyo bizotuma dushobora kurwanya impengamiro zacu bwite zo gukora igicumuro twongere tunanire utwosho twandukira tw’iyi si. (Zab. 119:9; Yak. 1:21-25) Ego cane, ese ukuntu bihumuriza kumenya yuko tubifashijwemwo n’ijambo ry’Imana ryerekeye ukuri, dushobora ‘kwozwa’ mbere n’igicumuro gikomeye!​—1 Kor. 6:9-11.

17. Kugira ngo tugume dutyoroye, ni impanuro iyihe yo muri Bibiliya dutegerezwa gukurikiza?

17 Woba ureka ijambo ry’Imana ryerekeye ukuri rigatyorora ubuzima bwawe? Nk’akarorero, uvyakira gute igihe ugabishijwe ku bijanye n’ingeramizi ziri mu kwisamaza kwonona kwo muri iyi si? (Zab. 101:3) Woba wirinda kugiranira ubugenzi bidakenewe n’abo mwigana be n’abo mukorana mudasangiye ukwemera? (1 Kor. 15:33) Woba ugira utwigoro ubikuye ku mutima kugira ngo utsinde ubugoyagoye bwawe bwoshobora gutuma uba uwuhumanye mu nyonga za Yehova? (Kol. 3:5) Woba uguma wirinda kwisuka mu bihari vyo mu vya politike vyo muri iyi si be n’agatima ko kwishimira igihugu kiraye mu nkino nyinshi zo guhiganwa?​—Yak. 4:4.

18. Kuba abantu batyoroye mu vy’inyifato runtu no mu vy’impwemu bizodufasha gute kuba abakozi bakora vyinshi mw’iyimbura?

18 Kugamburuka udahemuka mu bintu nk’ivyo bizovamwo ibintu vyiza cane. Mu kugereranya abigishwa biwe barobanuwe n’amashami y’umuzabibu, Yezu yavuze ati: “Ishami ryose ryo muri jewe ritama [Data] ararikura, iryama ryose na ryo akarityorora, kugira ngo rirushirize kwama.” (Yoh. 15:2) Niwareka amazi yerekeye ukuri kwo muri Bibiliya akagutyorora, uzokwama mbere ivyamwa vyinshi kuruta.

Imihezagiro y’ubu be n’iyo muri kazoza

19. Abigishwa ba Yezu bahezagiwe gute mu twigoro bagize ari abakozi bakora mw’iyimbura?

19 Abigishwa b’abizigirwa bemeye kumenyerezwa na Yezu bahavuye bahabwa ububasha n’impwemu nyeranda kuri Pentekoti yo mu 33 G.C. kugira ngo babe ivyabona “gushika mu karere ka kure rwose k’isi.” (Ibik. 1:8) Barabandanije gusukura ari abagize inama nyobozi, abamisiyonari, be n’abakurambere b’ingenzi, kandi bararanguye uruhara ruhambaye mu kwamamaza inkuru nziza “mu biremwa vyose vyo munsi y’ijuru.” (Kol. 1:23) Ese ukuntu baronse imihezagiro, bakongera bagatuma abandi bagira umunezero!

20. (a) Ni imihezagiro iyihe wironkeye kubera ugira uruhara rushitse mw’iyimbura ryo mu vy’impwemu? (b) Wiyemeje gukora iki?

20 Egome, nitwagaragaza ukwicisha bugufi be n’umwete, tukongera tugashigikira ingingo mfatirwako ziri hejuru zo mw’Ijambo ry’Imana, tuzobandanya kugira uruhara rushitse kandi ngirakamaro mw’iyimbura rihambaye ryo mu buryo bw’impwemu ririko riraba. Mu gihe abantu benshi bagira umubabaro be n’uguta umutwe bijana n’ubuzima bwo muri iyi si burangwa no guhahamira amaronko be n’ukurondera ibinezereza, twebwe turironkera umunezero nyakuri tukongera tugahera akanyota koko. (Zab. 126:6) N’igihambaye kuruta vyose, ‘ukubira akuya kwacu si ukw’ubusa mu bijanye n’Umukama.’ (1 Kor. 15:58) Wa Mukuru w’iyimbura, ari we Yehova Imana, azoduha impera ibihe bidahera kubera ‘igikorwa cacu n’urukundo twerekanye ko dufitiye izina ryiwe.’​—Heb. 6:10-12.

[Akajambo k’epfo]

a Uwo mugani w’italanto werekana ahanini imigenderanire Yezu afitaniye n’abigishwa biwe barobanuwe, mugabo urimwo ingingo ngenderwako ziraba abakirisu bose.

Woba uvyibuka?

Uko wihatira kugira uruhara rushitse mu gikorwa c’iyimbura . . .

• ni kubera iki bihambaye ko ugaragaza ukwicisha bugufi?

• ushobora gute gutsimbataza umwete no kuwuzigama?

• ni kubera iki bihambaye ko uguma utyoroye mu vy’inyifato runtu no mu vy’impwemu?

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 17]

Ukwicisha bugufi kurashobora kudufasha kugira ubuzima buremuruye bushingiye ku vyungura Ubwami

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika