Umugwi ugira 128 w’abasohoka Ishure ry’i Gileyadi
Abamisiyonari barungitswe ‘guhindura abantu abigishwa’
“KUGIRA amahanga yose yumve inkuru nziza, vyari bigiye kuba ngombwa ko abakirisu bamwebamwe bemera gusiga imiryango yabo n’aho baba kugira ngo baje kwamamaza inkuru nziza mu gihugu co mu mahanga.” Mu kuvuga ayo majambo, David Splane, akaba ari umwe mu bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova, yarateguye imizirikanyi y’abari ng’aho ku bw’ikiringo giteye umunezero kijanye n’ivy’Imana cagira gitangure.
Kw’igenekerezo rya 13 Ntwarante 2010, abantu hafi 8.000 barakoraniye hamwe ku bw’ibirori vyo gushikiriza impapuro z’umutsindo abanyeshure b’umugwi ugira 128 w’Ishure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi. Incuti, abagenzi be n’abatumire bavuye mu bihugu 27 baritavye ivyo birori.
“Abigishwa ntibari kwigumira i muhira”
Umuvukanyi Splane, ari na we yari umuhagarikizi, yatanguje ivyo birori mu guca irya n’ino itegeko Yezu yatanze rigira riti: “Nimugende rero muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa.” (Matayo 28:19, 20) Yarashimitse ku ciyumviro c’uko Yezu yarungitse abigishwa biwe ngo baje aho abantu bari. Ego ni ko, kuri Pentekoti yo mu 33 G.C. abantu bavuye i Mezopotamiya, muri Afirika yo mu Buraruko no mu mihingo myinshi y’Inganji y’Uburoma baraje i Yeruzalemu barumva inkuru nziza. Ariko rero, nk’uko uwo mushikirizansiguro yavyerekanye, “abigishwa ntibari kwigumira i muhira ngo barindire ko abantu bo mu mahanga yose babasanga aho bari. Babwirizwa kuja mu karere ka kure rwose k’isi bagiye kurondera abo bantu.”—Ibikorwa 1:8.
Umuvukanyi Splane yavuze ati: “Yezu ntiyabwiye gusa abigishwa biwe ivyo bakwiye gukora; yarabigishije n’ingene bobikora. Ntiyababwiye gusa ngo basenge; yarabigishije n’ingene bosenga. Ntiyababwiye gusa ngo bamamaze; yaraberetse n’ingene bokwamamaza. Ntiyababwiye gusa ngo babe abigisha beza; yaraberetse n’uburyo bwo kwigisha bwiza kandi bugira ico buvamwo.”
Uwo muhagarikizi yaciye asubiramwo amajambo Yezu yavuze asubiriza umutima mu nda abigishwa biwe, ayasubiramwo abwira abavyeyi b’abari bagiye gusohoka iryo shure, ati: “Ehe ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku nsozero y’ivy’isi.” (Matayo 28:20) Umuvukanyi Splane yarahumurije abari ng’aho ababwira yuko Yezu yobandanije kwitwararika abo banyeshure mu vyibare vyo mu mahanga bobaye bariko barakoreramwo.
“Murashireko mwirate”
Anthony Morris, akaba ari mu bagize Inama Nyobozi, yaremesheje abo banyeshure ngo baze ‘bashireko birate.’ Yavuze yuko hariho ukwirata kwiza n’ukwirata kubi. Ukwirata kubi ni ukwironderera icubahiro. Ukwirata kwiza kuradondorwa mu 1 Abakorinto 1:31, ahagira hati: “Uwirata, niyirate muri Yehova.” Umuvukanyi Morris yavuze ati: “Kuba umuntu azi Yehova Imana akaba kandi atahura ibimwerekeye, ni ikintu co kwiratira. Kukaba nkako, agateka watewe, ari na ko nanje natewe, ni ukwitirirwa iryo zina ryeranda, ukaba uri Icabona ca Yehova.”—Yeremiya 9:24.
Uwo mushikirizansiguro yaciye ashimika ku kamaro ko kumenyekanisha izina rya Yehova mu kwigana inkuru y’ivyashikiye umumisiyonari umwe muri Afirika. Uwo mumisiyonari yari ku rugendo ari kumwe n’umukenyezi wiwe, bagiye gushikiriza insiguro ishingiye kuri Bibiliya. Bashitse ku kirindiro kimwe, umusoda umwe akiri muto yaciye arabisha inkoho kuri uwo muvukanyi maze amubwira ngo yidondore. Umukenyezi wiwe yaciye yibuka ivyo babigishije kw’ishure ry’i Gileyadi maze amwongorera ati: “Mubwire ko uri Icabona ca Yehova, ko ugiye gushikiriza insiguro ishingiye kuri Bibiliya.” Uwo muvukanyi yarumviye iyo nama umukenyezi wiwe amugiriye, baca barabemerera kurengana. Erega bukeye, uwo muvukanyi n’umukenyezi wiwe bagiye bumva kw’iradiyo yuko umukuru w’igihugu yari yabwiye abasirikare biwe ngo babe maso ku bicanyi bagenda biyita ngo ni abamisiyonari! Mu kuvuga ko ari Ivyabona vya Yehova aho kuvuga ko ari abamisiyonari, barikinze runini. Umuvukanyi Morris yasozereye insiguro yiwe ati: “Nimwashika aho mugiye gukorera, murashireko mwirate. Muriratire ibintu vyose Yehova agiye kurangura muri ukwo kubakoresha ku bw’ubuninahazwa bwiwe bw’ibihe bidahera.”
“Mwoba muzorangura igikorwa mwashinzwe?”
Geoffrey Jackson, umwe mu bagize Inama Nyobozi akaba kandi yahoze ari umumisiyonari, yarafashije abagira basohoke iryo shure kuzirikana kuri ico kibazo. Yabajije ati: “Tuba dushaka kuvuga iki igihe tuvuze ko umuntu ari umumisiyonari?” Yarasiguye yuko ijambo “umumisiyonari” rikomoka mu mvugo y’ikilatini ikoreshwa ku muntu canke umugwi w’abantu bahawe igikorwa kanaka kidasanzwe. Twebwe Ivyabona vya Yehova, igikorwa twashinzwe ni ico kwamamaza inkuru nziza no gufasha abandi mu vy’Imana. Ico gikorwa tugikora twigana Yezu Kristu, we yamiza ku muzirikanyi igikorwa yari yarashinzwe. Yabwiye buramatari w’Umuroma Ponsiyo Pilato ati: “Iki ni co navukiye kandi iki ni co canzanye mw’isi: ni ukugira ngo nshingire intahe ukuri.”—Yohani 18:37.
Uwo mushikirizansiguro yarafashije abo banyeshure kuzirikana ku nkuru yo muri Bibiliya ivuga ivy’urugamba rw’i Yeriko. Abarwanyi b’Abisirayeli bamaze imisi itandatu baza barakoroka kare mu gitondo, bakambara ibirwanisho, bakazunguruka igisagara ca Yeriko, bagaca bitahira. Uwo mushikirizansiguro yavuze ati: “Ufatiye ku kuntu abantu babona ibintu, ico gikorwa bari bashinzwe wamengo ni igikorwa kitarimwo ubwenge, kitabaho.” Yavuze yuko bamwebamwe muri abo basoda bashobora kuba baribwiye bati: ‘Emwe, uku ni uguta umwanya!’ Ariko ku musi ugira indwi, Abisirayeli bategetswe ngo bazunguruke ico gisagara incuro indwi, bahejeje bace biha akamo gakomeye k’intambara. Vyavuyemwo iki? Impome z’igisagara ca Yeriko zaciye zihomvokera hasi!—Yosuwa 6:13-15, 20.
Iyo nkuru yerekeye Yeriko umuvukanyi Jackson yayigobotoyemwo ivyigwa bine. (1) Kugamburuka birakenewe cane. Dukwiye gukora ibintu uko Yehova abigomba, aho kubona yuko uburyo twebwe twiyumvira ari bwo bwiza gusumba. (2) Kwizera Yehova no kumwizigira birahambaye cane. “Biciye ku kwizera, impome za Yeriko zaratemvye;” ntizatemvye ngo ni uko bakoresheje ibirwanisho vyo gusenyura impome. (Abaheburayo 11:30) (3) Dutegerezwa kurindira twihanganye. Bitebe bitebuke, umuhezagiro wa Yehova ‘uzobashikīra.’ (Gusubira mu vyagezwe 28:2) (4) Nimwumireko. Ntimwigere mwibagira igikorwa mwashinzwe. Umuvukanyi Jackson yaciye asozera muri make insiguro yariko arashikiriza mu kuvuga ati: “Nimwagumiza ivyo vyigwa ku muzirikanyi, muzoshobora kurangura igikorwa mwashinzwe, bitume Yehova ashemezwa yongere aninahazwe.”
Ibindi bintu bikurubikuru vyaranze ivyo birori
“Nimukunde Bibiliya n’Uwo ikomokako.” Uwo wari umutwe w’ijambo ryashikirijwe na Maxwell Lloyd, umwe mu bagize Komite y’ishami yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Yabwiye abo banyeshure ati: “Bibiliya mukwiye kubona ko ari igitabu kivuga ibintu bizima.” Yaciye abaremesha ati: Ntimwigere mureka ngo urukundo mufitiye Yehova rusinzire. Ntimwibwire ngo umuntu wese aratahura ivyo mwigisha. Nimwige kworosha ukuri kwa Bibiliya kugira ngo ivyo mwigisha bishikire imitima y’abo mwigana Bibiliya. Nimwicishe bugufi. Ntimutume abantu babona ko murusha abandi ubumenyi. Nimwigishe biciye ku karorero mutanga. Abo mwigana Bibiliya nibabone ko mukunda cane Bibiliya.
“Nimwitegereze neza ibikona.” Michael Burnett, umwe mu bigishije abo banyeshure akaba kandi yahoze ari umumisiyonari, ni we yashikirije insiguro ifise uwo mutwe-shimikiro. Yavuze yuko bizoshika tukiganyira, ariko twibuke impanuro Yezu yatanze igira iti: “Nimwitegereze neza ibikona: ntibibiba imbuto canke ngo bishwabure, . . . yamara Imana irabigaburira.” (Luka 12:24) Twisunze isezerano rya rya Tegeko rya Musa, ibikona vyari bihumanye, bikaba bitari bikwiye kuribwa. Vyabonwa ko biteye ishishi. (Abalewi 11:13, 15) Naho vyabonwa gutyo, Imana yarabigaburira. Umuvukanyi Burnett yavuze ati: “Nivyashika rero muri kazoza mukagira amaganya akomeye, muze muzirikane ku gikona. Nimba Imana yitaho inyoni ihumanye, iteye ishishi, mbega ntizorushiriza kwitaho mwebwe mudahumanye mu nyonga zayo?”
“Sinkurenganije.” Mark Noumair, akaba ari uwundi mwigisha w’ishure ry’i Gileyadi, yarafashije abari ng’aho bose kwihweza ca kigereranyo Yezu yatanze kijanye n’abakozi bo mu murima w’imizabibu. Bamwebamwe muri abo bakozi bamaze umusi wose babira akuya. Abandi bobo bakoze isaha imwe gusa. Yamara, bose baronse impembo imwe! Ba bandi bakora umwanya munini kuruta abandi ng’abo baratanguye kwidodomba. Nyene uwo murima w’imizabibu ni kwo guca abwira umwe muri abo bidodomvyi ati: “Sinkurenganije. None ntitwumvikanye ko nguhemba idenariyo? Tora ivyawe ugende.” (Matayo 20:13, 14) Icigwa ni ikihe? Ntiwigereranye n’abandi. Umuvukanyi Noumair yavuze ati: “Kwigereranya n’abandi mu buryo butaremesha, nta kindi bizokumarira atari ugutuma utakaza umunezero. N’icoba kibi kuruta ico, vyoshobora gutuma uhagarika igikorwa warangura, ukaba uhevye agateka gahambaye cane k’umurimo.” Uwo mushikirizansiguro yaribukije abo banyeshure yuko muri iki gihe cacu Yezu ari we ayobora iyimbura ryo mu vy’Imana kandi ko ashobora kugenza abayoboke biwe uko bimuhimbara. Bishitse Yehova na Yezu bagashima kugirira abandi akantu kiyongereye, ntibaba bakurenganije. Nugumize ijisho ku vyawe, ntureke ico twokwita impembo abandi bahabwa ngo kiguteshe igikorwa Yehova yagushinze.
Ivyabonywe be n’ibiganiro vyo kubaza ibibazo
Iyo abo banyeshure b’i Gileyadi batari mu vyigwa canke mu dukorwa bahawe gukorera i muhira, usanga bifatanya n’amashengero y’Ivyabona vya Yehova yo mu karere baba barimwo mu gikorwa co kwamamaza ku mugaragaro. Sam Roberson, akaba ari umwe mu bigisha b’ishure ry’i Gileyadi, yarabajije ibibazo abanyeshure nka bangahe ku bijanye n’ivyo biboneye muri ico gikorwa. Nk’akarorero, mushiki wacu Alessandra Kirchler yarahuye n’umukenyezi umwe yari arajwe ishinga n’ingeso umuhungu wiwe yari afise yo kunywa itabi. Alessandra yahavuye asubirayo amushiriye ikiganiro co mu kinyamakuru Réveillez-vous! kijanye n’ico kibazo. Ahashitse nta muntu yahasanze, ariko ico kinyamakuru yaragisize. Mu nyuma, Alessandra yarasanze wa mukenyezi ari ho ari, aramuha ikaze mu nzu. Uwo mukenyezi yarashimye cane ca kiganiro maze avuga ati: “Mpora nibaza ico Imana iriko ishaka kunyigisha mu kungerageresha ibi bigeragezo vyose.” Alessandra yaciye amwereka muri Bibiliya yuko Imana itaduteza ibintu bibi. (Yakobo 1:13) Ubu uwo mukenyezi n’umuhungu wiwe barahimbarwa no kwiga Bibiliya.
Umuvukanyi Melvin Jones wo mu Rwego rujejwe umurimo yarabajije ibibazo abaciye mw’ishure ry’i Gileyadi batatu, ari bo Jon Sommerud akorera muri Alubaniya, Mark Anderson akorera muri Kenya, na James Hinderer akorera mu Rwego rujejwe amashure y’ivya gitewokarasi. Bose uko ari batatu bariyemereye yuko ishure ry’i Gileyadi ritigisha gusa abanyeshure ukuri kw’ishimikiro kwo muri Bibiliya, ariko kandi ko ribigisha ukuntu boshira mu ngiro ukwo kuri, baba ari bande canke baba bakorera hehe.
Umwe mu banyeshure yaciye asoma ikete rikora ku mutima ryo gukenguruka ryateguwe n’abo banyeshure. John Barr, uwufise imyaka 96 akaba ari na we akuze kuruta abandi bose bagize Inama Nyobozi, ni we yasozereye ivyo birori mu gutura isengesho asaba Yehova ko yohezagira igikorwa uwo mugwi ugira 128 w’abasohoka ishure ry’i Gileyadi wari ugiye kurangura.
[Igicapo/Ikarata ku rup. 31]
IBIRANGA ABITAVYE IRYO SHURE
Ibihugu bavuyemwo 8
Abanyeshure 54
Abubakanye 27
Incahagati y’imyaka 35,2 y’amavuka
Incahagati y’imyaka 19,1 bamaze babatijwe
Incahagati y’imyaka 13,8 bamaze mu busuku bw’igihe cose
[Map]
(Ushaka igisomwa cose, raba iki kinyamakuru)
Abo banyeshure barungitswe mu bihugu 25 vyerekanywe aho h’epfo:
AHO ABO BAMISIYONARI BARUNGITSWE
ALUBANIYA
ARUBA
BOLIVIYA
KAMBOJE
CÔTE D’IVOIRE
RÉPUBLIQUE DOMINICAINE
ÉQUATEUR
GANA
GUATEMALA
GINE
GIYANA
ONDIRASI
ENDONEZI
KOSOVO
LETONIYA
LIBERIYA
MADAGASIKARI
MONGOLI
NAMIBIYA
NIKARAGWA
PARAGWE
RUMANIYA
RWANDA
SEREBIYA
TAYIWANI
(ICIBARE GIHAGARIKIWE N’ISHAMI RYA OSITARALIYA)
[Ifoto ku rup. 30]
Abanyeshure b’i Gileyadi bariko basubiramwo mu gakino kimwe mu vyo biboneye igihe bariko baramamaza
[Ifoto ku rup. 31]
Umugwi ugira 128 w’abasohoka Ishure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower
Mu rutonde rukurikira, imirongo iharurwa uhereye imbere uja inyuma, amazina na yo akaba atondetse uhereye ibubamfu uja iburyo ku murongo umwumwe wose.
(1) Keller, E.; Ostopowich, I.; Jacobsen, S.; Arias, M.; Dieckmann, Y.; Tanaka, J.; Harada, K,
(2) Camacho, L.; Kirchler, A.; Rodríguez, S.; Ward, B.; Trenalone, K,; Victoria, V.; Oxley, F.; Nguyen, K,
(3) Oxley, O.; De Dios, A.; Lindström, C.; Allen, J.; Meads, T.; Waddington, J.; Victoria, E.
(4) Harada, H.; Lindström, A.; Orsini, E.; Logue, D.; Missud, T.; Bergeron, S.; Camacho, G.; Ward, T.
(5) Kirchler, W.; Nguyen, H.; Kremer, E.; Burgaud, C.; Titmas, N.; De Dios, C.; Rodríguez, A.; Waddington, M.
(6) Dieckmann, J.; Allen, C.; Titmas, R.; Arias, J.; Bergeron, E.; Keller, J.; Ostopowich, F.; Burgaud, F.
(7) Tanaka, K,; Kremer, J.; Jacobsen, R.; Trenalone, J.; Logue, J.; Meads, D.; Missud, D.; Orsini, A.