Kuvuga izindi ndimi vyoba biva ku Mana?
UWITWA Devon avuga ati: “Je sindavyumva. Buri ndwi, aho nsenga usanga benshi basa n’abaronka impwemu yera bakavuga izindi ndimi ku gitangaro. Bamwebamwe muri bo ni abantu batigenza runtu. Ariko jewe ndagerageza kubaho nigenza neza. Yamara, naho nsenga gute nsaba iyo ngabirano y’impwemu, sinigera ndayironka. None ivyo biva ku ki?”
Gabriel na we nyene aho yama aja gusenga, usanga abantu basa n’abaronka impwemu nyeranda bakavuga izindi ndimi. Asigura ati: “Jewe ikimbabaza ni uko igihe mba ndiko ndasenga nja numva abandi banciriyemwo, bakavuga n’ijwi rinini amajambo yaba jewe canke bo ubwabo tudatahura. Ivyo bavuga nta n’umwe bigira ico bimariye vy’ukuri. None ingabirano y’impwemu yera ntiyari ikwiye kuba iri n’ico imaze?”
Ivyo bintu Devon na Gabriel biboneye bituma havyuka iki kibazo gishimishije: Ukuvuga izindi ndimi kugirwa mu madini amwamwe muri iki gihe, kwoba vy’ukuri kuva ku Mana? Kwihweza ingene ivy’ingabirano yo kuvuga indimi ku gitangaro vyari vyifashe mu bakirisu bo mu kinjana ca mbere vyodufasha kwishura ico kibazo.
“Batangura kuvuga mu zindi ndimi”
Muri Bibiliya, turasoma inkuru zivuga ivy’abagabo n’abagore bamwebamwe bahawe ubushobozi bwo kuvuga indimi batari bwigere biga. Ivyo vyabaye ubwa mbere ku musi wa Pentekoti yo mu 33 G.C. (G.C. bisobanura mu Gihe Cacu), haciye indwi nka zingahe Yezu Kristu apfuye. Kuri uwo musi i Yeruzalemu, abigishwa ba Yezu nka 120 “[barujujwe] impwemu nyeranda, batangura kuvuga mu zindi ndimi.” Abashitsi bavuye mu muhanga baciye “bagwa mu gahundwe, kubera ko umwe wese yabumva bavuga mu rurimi rwiwe bwite.”—Ivyakozwe 1:15; 2:1-6.
Bibiliya iravuga abandi bayoboke ba Yezu bo mu ntango baronse ubwo bushobozi budasanzwe. Nk’akarorero, intumwa Paulo yaravuga indimi nyinshi abishobojwe n’impwemu nyeranda. (Ivyakozwe 19:6; 1 Abakorinto 12:10, 28; 14:18) Ariko rero, birumvikana ko ingabirano yose mwene iyo y’impwemu yabwirizwa kuba ifise intumbero nziza. Uti none kuvuga izindi ndimi vyari bifise iyihe ntumbero mu bihe vya Bibiliya?
Cari ikimenyetso cerekana ko bashigikiwe n’Imana
Igihe Paulo yandikira abakirisu bo mu gisagara ca Korinto, bamwebamwe muri bo bikaba biboneka ko bavuga izindi ndimi, yarasiguye yuko ‘indimi zari ikimenyetso ku batemera.’ (1 Abakorinto 14:22) Ku bw’ivyo, ubushobozi bwo kuvuga izindi ndimi hamwe n’ubundi bushobozi bwaboneka ku gitangaro, bwari ikimenyetso cereka abavyitegereza ko ishengero ry’abakirisu ryari riherutse kuvuka ryashimwa n’Imana be n’uko ryari rishigikiwe na yo. Izo ngabirano zaboneka ku gitangaro zari zimeze nk’icapa co kw’ibarabara cafasha abarondera ukuri kumenya aho ico gihe bari gushobora gusanga abo Imana yatoranije.
Biri n’ico bivuze kubona Bibiliya itavuga ko Yezu canke uwundi muhanuzi w’imbere y’igihe c’ubukirisu, boba baravuze ku gitangaro indimi batari barize. Iyo ngabirano yahawe abigishwa ba Yezu yo kuvuga izindi ndimi, biboneka rero ko yari ifise n’iyindi ntumbero.
Cari ikintu gifasha gukwiragiza inkuru nziza
Mu ntango z’igikorwa c’Imana Yezu yaranguye, yabwiye abigishwa biwe kumenyesha inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana Abayuda bonyene. (Matayo 10:6; 15:24) Ni co gituma ari gake cane abo bigishwa baja kuvuga inkuru nziza mu tundi turere uretse utwo wasanga tubamwo ahanini Abayuda. Ariko ivyo vyari bigiye guhinduka vuba.
Haciye igihe gito Yezu apfuye mu 33 G.C. mu nyuma akazuka, yategetse abayoboke biwe ngo “[ba]hindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa.” Yabwiye kandi abayoboke biwe yuko bomubereye ivyabona “gushika mu karere ka kure rwose k’isi.” (Matayo 28:19; Ivyakozwe 1:8) Kugira ngo bakwiragize inkuru nziza kuri urwo rugero vyosavye yuko bavuga izindi ndimi nyinshi uretse igiheburayo.
Ariko rero, benshi muri abo bigishwa bo mu ntango bari abantu “batize kandi basanzwe.” (Ivyakozwe 4:13) None boshoboye gute kwamamaza inkuru nziza mu bihugu vya kure aho wasanga bavuga indimi abo bigishwa bashobora kuba batari bwigere bumva, tutiriwe turavuga ivyo kwiga kuzivuga? Impwemu nyeranda yarashoboje bamwebamwe muri abo bavugabutumwa b’abanyamwete mu kubaha ku gitangaro ubushobozi bwo kwamamaza bavuga neza indimi batari bwigere biga kuvuga.
Muri make rero, ingabirano yo kuvuga izindi ndimi yari ifise intumbero zibiri zihambaye cane. Ubwa mbere, cari ikimenyetso cerekana ko abakirisu bo mu kinjana ca mbere bari bashigikiwe n’Imana. Ubwa kabiri, cari ikintu kirumara kibafasha kurangura igikorwa bashinzwe co kubwira inkuru nziza abantu bavuga indimi zitandukanye. None ukuvuga izindi ndimi kugirwa mu madini menshi yo muri kino gihe, kwoba gushitsa izo ntumbero?
Ukuvuga izindi ndimi kwo muri iki gihe coba ari ikimenyetso cerekana abashigikiwe n’Imana?
Ni hehe woshira ikimenyetso canke icapa kugira ngo gifashe abantu benshi bashoboka mu kibano urimwo? Mbega wogishira mu nyubakwa ntoyi? Oya nawe nu! Inkuru y’ivyabaye kuri wa musi wa Pentekoti itubwira yuko “abantu indiri” bariko barahita biboneye ikimenyetso cerekana abashigikiwe n’Imana cabonekera ku kuba abigishwa bariko baravuga izindi ndimi ku gitangaro. Emwe, ivyo vyatumye kuri uwo musi “abantu nk’ibihumbi bitatu [bo]ngerwako” kw’ishengero ry’abakirisu! (Ivyakozwe 2:5, 6, 41) Nimba abantu muri iki gihe bemeza yuko bavuga izindi ndimi, ariko bakazivugira mu nyubakwa basengeramwo gusa, wumva none vyobera ikimenyetso gute abantu indiri batizera?
Ijambo ry’Imana ryerekana ko ubusambanyi hamwe n’ibindi “bikorwa vy’umubiri” birwanya impwemu nyeranda, rikongerako yuko “abaza barakora mwene ivyo batazotorana ubwami bw’Imana.” (Abagalatiya 5:17-21) Ubonye abantu batigenza neza bariko bavuga izindi ndimi, vyoba rero vyumvikana wibajije uti: ‘Kuba impwemu nyeranda y’Imana ihabwa abantu bashishikara ingeso Ijambo ry’Imana ubwayo ryiyamiriza, nticoba none ari ikintu kirimwo ukwivuguruza, mbere conazimiza abantu?’ Kwoba ari nk’ugushiraho ikimenyetso canke icapa cerekana inzira itari yo.
Ukuvuga izindi ndimi kwo muri iki gihe coba ari ikintu gifasha gukwiragiza inkuru nziza?
Tuvuge iki kuri ya ntumbero igira kabiri y’ingabirano y’ukuvuga izindi ndimi yariho mu kinjana ca mbere? Ivy’ukuvuga izindi ndimi bigirwa mu madini amwamwe vyoba bifasha mu bijanye no kubwira inkuru nziza abantu bavuga indimi zitandukanye? Niwibuke ko abantu bitegereza ibiriko biraba i Yeruzalemu kuri wa musi wa Pentekoti yo mu 33 G.C. bava mu bihugu vyinshi, kandi baratahuye neza indimi abigishwa bariko baravuga ku gitangaro. Ariko abavuga izindi ndimi muri iki gihe bobo usanga bavuga amajambo ata muntu n’umwe ashobora gutahura.
Biratomoye yuko ukuvuga izindi ndimi kwo muri iki gihe ata ho guhuriye n’ingabirano y’impwemu nyeranda abayoboke ba Yezu bo mu ntango bahawe. Kukaba nkako, nta nkuru n’imwe yo kwizigirwa yerekana yuko hariho uwundi muntu n’umwe yaronse ubwo bushobozi bwo kuvuga izindi ndimi ku gitangaro kuva aho za ntumwa zipfiriye. Ivyo ntibitangaza abasomyi ba Bibiliya. Ku bijanye n’ingabirano zaboneka ku gitangaro, ushizemwo n’iyo kuvuga izindi ndimi, intumwa Paulo yari yaravuze ahumekewe ati: “Zizohagarara.” (1 Abakorinto 13:8) None umuntu yomenya gute abafise impwemu nyeranda muri iki gihe?
Ni bande babonekako ibimenyetso vyerekana ko bafise impwemu nyeranda?
Yezu yari azi neza ko ingabirano yo kuvuga izindi ndimi itotevye gukurwaho ishengero ry’abakirisu rimaze kuvuka. Gatoyi imbere y’uko Yezu apfa, yaravuze ikimenyetso kidata igihe coranze abayoboke biwe b’ukuri. Yavuze ati: “Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje: nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.” (Yohani 13:35) Nkako, muri wa murongo nyene aho Ijambo ry’Imana ryari ryaravuze ko ingabirano zaboneka ku gitangaro zohavuye zihagarara, dusoma duti: “Urukundo ntirwigera runanirwa,” bikaba bisobanura ko rutigera ruhagarara.—1 Abakorinto 13:8.
Urukundo ni co kintu kivugwa ubwa mbere muri vya bintu icenda bigize “icamwa” c’impwemu nyeranda y’Imana. (Abagalatiya 5:22, 23) Ku bw’ivyo, abafise impwemu y’Imana, bakaba rero bashigikiwe n’Imana, baragaragaza ko bakundana vy’ukuri. Vyongeye, ikigira gatatu mu bigize icamwa c’iyo mpwemu ni amahoro. Abafise impwemu nyeranda muri iki gihe rero, baraharanira amahoro, bakihatira kutaba abantu binubana canke bumira ku vyiyumviro vyabo, bakihatira kurengera ubukazi n’urwanko rushingiye kw’ibara ry’urukoba.
Wibuke kandi ivyo Yezu yari yaravuze vyanditswe mu Vyakozwe 1:8. Yavuze yuko abigishwa biwe boronse ububasha bubafasha kumubera ivyabona “gushika mu karere ka kure rwose k’isi.” Yezu yarerekanye kandi ko ico gikorwa cobandanije “gushitsa ku muhero w’isi.” (Matayo 28:20, BY) Ico gikorwa co kuvuga inkuru nziza kw’isi yose cobandanije rero kuba ikimenyetso kiranga abo vy’ukuri impwemu nyeranda ironsa ububasha.
None uvyibazako iki? Ni uwuhe mugwi w’abantu ubonako ibimenyetso vyerekana ko bafise impwemu nyeranda muri iki gihe? Ni bande bagaragaza ca camwa c’impwemu, na canecane urukundo n’amahoro, gushika n’aho bagirirwa nabi n’intwaro kubera ko banka gufata ibirwanisho aho bari hose kw’isi? (Yesaya 2:4) Ni bande bita ku rutare kugira ngo birinde ibikorwa vy’umubiri, nk’ubusambanyi, bakanakūra muri bo abakora ibintu mwene ivyo batigaya? (1 Abakorinto 5:11-13) Ni bande bamamaza kw’isi yose inkuru nziza y’uko Ubwami bw’Imana ari bwo bwonyene abantu bakwiye guhanga amaso?—Matayo 24:14.
Abasohora iki kinyamakuru ntibagonanwa mu kuvuga yuko Ivyabona vya Yehova ari bo bahuje n’ivyo Bibiliya ivuga mu kudondora abafise impwemu nyeranda. Ubona gute urondeye kumenya neza ibiberekeye maze ukirabira yuko boba vy’ukuri bashigikiwe n’Imana?