Gume mubanza kurondera “ubugororotsi bw’imana”
“Gume rero mubanza kurondera ubwami n’ubugororotsi bw’Imana, ivyo bindi vyose na vyo muzovyongerwa.”—MAT. 6:33.
1, 2. Ubugororotsi bw’Imana ni iki, kandi bushingiye ku ki?
“GUME rero mubanza kurondera ubwami.” (Mat. 6:33) Iyo mpanuro yatanzwe na Yezu Kristu muri ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi irazwi cane n’Ivyabona vya Yehova muri iki gihe. Mu mice yose y’ubuzima bwacu, turihatira kwerekana ko dukunda iyo ntwaro y’Ubwami be n’uko twipfuza kuyiyobokera. Ariko rero, dutegerezwa kandi kuguma twibuka igice kigira kabiri c’ayo majambo, kivuga ngo “n’ubugororotsi bw’Imana.” None ubugororotsi bw’Imana ni iki, kandi kubanza kuburondera bisigura iki?
2 Amajambo yo mu rurimi rw’intango yahinduwe ngo “ubugororotsi” arashobora kandi guhindurwa ngo “ubutungane” canke “ukugororoka.” Ku bw’ivyo, ubugororotsi bw’Imana ni ukugororoka kwisunga ingingo mfatirwako zayo be n’ingingo ngenderwako zayo. Kubera ko Yehova ari Umuremyi, arafise uburenganzira bwo gushiraho ingingo mfatirwako zigenga iciza n’ikibi, ikibereye n’ikitabereye. (Ivyah. 4:11) Ariko rero, ubugororotsi bw’Imana si urutonde rw’amategeko agoye kandi akandamiza abantu canke urutonde rw’ingingo nyobozi zitagira uko zingana. Ahubwo bushingiye ku kuntu Yehova ameze no kuri kamere yiwe nyamukuru y’ubutungane iri kumwe n’izindi kamere ziwe nyamukuru, ari zo urukundo, ubukerebutsi, n’ububasha. Ubugororotsi bw’Imana rero burafitaniye isano n’ivyo igomba be n’umugambi wayo. Burimwo ivyo yiteze ku bipfuza kuyikorera.
3. (a) Kubanza kurondera ubugororotsi bw’Imana bisobanura iki? (b) Ni kubera iki dushigikira ingingo mfatirwako zigororotse za Yehova?
3 Kubanza kurondera ubugororotsi bw’Imana bisobanura iki? Tubivuze mu buryo bworoshe, bisobanura gukora ivyo Imana igomba kugira ngo tuyihimbare. Kurondera ubugororotsi bwayo birimwo kugerageza kubaho twisunga ingingo ngenderwako zayo be n’ingingo mfatirwako zayo zitagira agahaze ntitwisunge izacu bwite. (Soma Abaroma 12:2.) Ubwo buryo bwo kubaho burerekeye ubucuti dufitaniye na Yehova. Si ukugamburuka gusa amategeko yiwe kubera ko dutinya guhanwa. Ahubwo nyabuna, urukundo dukunda Imana ruratuvyurira umutima wo kwihatira kuyihimbara mu gushigikira ingingo mfatirwako zayo, ntitwishingire izacu. Turatahura yuko ico ari co kintu kibereye twokora, ikintu nyene twashinzwe gukora. Nka kumwe kwa Yezu Kristu, we Mwami w’Ubwami bw’Imana, dutegerezwa gukunda ubugororotsi.—Heb. 1:8, 9.
4. Ni kubera iki kurondera ubugororotsi bw’Imana bihambaye cane?
4 Kurondera ubugororotsi bwa Yehova bihambaye ku rugero rungana iki? Rimbura iki kintu: ikigeragezo ca mbere cabereye mu murima wa Edeni cari gishingiye ku kuba Adamu na Eva bari kwemera canke kutemera uburenganzira Yehova afise bwo gushiraho ingingo mfatirwako. (Ita. 2:17; 3:5) Ukuba batavyemeye vyatumye twebwe ababakomokako dushikirwa n’imibabaro be n’urupfu. (Rom. 5:12) Ariko rero, Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Uwukurikirana ubugororotsi be n’ubuntu bwuzuye urukundo azoronka ubuzima, ubugororotsi n’ubuninahazwa.” (Imig. 21:21) Egome, kubanza kurondera ubugororotsi bw’Imana biratuma tugiranira imigenderanire myiza na Yehova, ivyo na vyo bikadushikana ku gakiza.—Rom. 3:23, 24.
Ingeramizi iri mu kwibona ubugororotsi
5. Ni ingeramizi iyihe dukwiye kwirinda?
5 Igihe intumwa Paulo yandikira abakirisu b’i Roma, yarashimitse ku ngeramizi twese dukeneye kwirinda nimba dushaka kuroranirwa mu bijanye no kubanza kurondera ubugororotsi bw’Imana. Mu kuvuga ibijanye n’Abayuda bagenziwe, Paulo yavuze ati: “Ndabashingira intahe yuko bafitiye Imana umwete; mugabo si mu bumenyi butagira amakosa; kuko, kubera ko batari bazi ubugororotsi bw’Imana mugabo bakarondera kwishingira ubwabo bwite, ntibayobotse ubugororotsi bw’Imana.” (Rom. 10:2, 3) Nk’uko Paulo yabivuze, abo bantu basenga Imana ntibatahura ubugororotsi bwayo kubera ko bitwararika cane ivyo kugerageza kwishingira ubugororotsi bwabo bwite.a
6. Ni inyifato iyihe dukwiye kwirinda, kandi kubera iki?
6 Uburyo bumwe twoshobora kugwa muri uwo mutego ni mu kubona umurimo turangurira Imana nk’uguhiganwa, tukigereranya n’abandi. Iyo nyifato yoshobora kudushikana bitagoranye ku kwizigira ubushobozi bwacu mu buryo burenze urugero. Ariko mu vy’ukuri hamwe twovyifatamwo gutyo twoba twibagiye ubugororotsi bwa Yehova. (Gal. 6:3, 4) Imvo ibereye ituma dukora ikintu kigororotse ni urukundo dukunda Yehova. Ikintu ico ari co cose twokora turondera kwerekana ko twebwe ubwacu turi abagororotsi coshobora kwerekana yuko ivyo twivugisha ko tumukunda atari vyo.—Soma Luka 16:15.
7. Yezu yaciye irya n’ino gute ingorane ijanye n’ukwibona ubugororotsi?
7 Yezu yari arajwe ishinga n’“abiyizigira ubwabo ko ari abagororotsi, bagafata abandi ko ari ubusa.” Yaraciye irya n’ino iyo ngorane ijanye no kwibona ubugororotsi mu kwigana iki kigereranyo: “Abantu babiri baduze mu rusengero gusenga, umwe akaba yari Umufarizayo, uwundi umutozakori. Nya Mufarizayo arahagarara, atangura gusengera ku mutima ati: ‘Ewe Mana, ndagukengurukira yuko ntameze nk’abandi bantu: abanyazi, abakora ibitagororotse, abarenga ibigo, canke mbere nk’uyu mutozakori. Ndisonzesha kabiri mu ndwi, ngatanga ic’icumi c’ibintu vyose ndonka.’ Mugabo wa mutozakori, ahagaze nka hariya, ntiyagomba no kuraramura amaso yiwe ngo arabe mw’ijuru, mugabo aguma yikubita ku gikiriza, avuga ati: ‘Ewe Mana, ngirira impuhwe jewe umucumuzi.’” Yezu yasozereye mu kuvuga ati: “Ndabibabwiye: Uyo muntu yamanutse i muhira iwe abonetse ko ari umugororotsi kuruta urya wundi; kuko uwo wese yishira hejuru azoteterezwa, mugabo uwicisha bugufi we akazoshirwa hejuru.”—Luka 18:9-14.
Iyindi ngeramizi: kuba “umugororotsi birenze urugero”
8, 9. Kuba “umugororotsi birenze urugero” bisobanura iki, kandi bishobora kudushikana ku ki?
8 Iyindi ngeramizi dukwiye kwirinda iravugwa mu Musiguzi 7:16, ahagira hati: “Ntube umugororotsi birenze urugero, eka ntiwiyerekane ko uri inkerebutsi bikabije. Kubera iki wokwikwegera ubugesera?” Nk’uko bivugwa mu murongo wa 20, uwo mwanditsi yahumekewe wa Bibiliya aca atwereka imvo yotuma twirinda mwene iyo nyifato ati: “Kuko ata muntu w’umugororotsi ariho mw’isi aguma akora ivyiza ntacumure.” Umuntu w’“umugororotsi birenze urugero” arishingira ingingo mfatirwako ziwe bwite zigenga ubugororotsi maze agacira abandi urubanza azisunze. Yamara, aba ananiwe gutahura yuko mu kubigenza gutyo, aba ariko arafata ingingo mfatirwako ziwe akazirutisha iz’Imana gutyo akaba yerekanye ko atagororotse mu maso y’Imana.
9 Kuba “umugororotsi birenze urugero,” canke kuba “umugororotsi arengeje,” nk’uko Bibiliya zimwezimwe zibivuga, vyoshobora mbere gutuma dukekeranya ku bijanye n’ukuntu Yehova atunganya ibibazo. Ariko rero, turakeneye kwibuka yuko mu gihe dukekeranije ku bijanye n’uko ingingo Yehova afata zoba zibereye canke zigororotse, ku bwa ngingo tuba turiko turatangura gufata ingingo twishingiye zigenga ubugororotsi tukazirutisha ingingo mfatirwako za Yehova. Ni nk’aho tuba turiko turasambisha Yehova maze tukamucira urubanza canke tukamuhinyura twisunze ingingo twishingiye zigenga ikibereye n’ikitabereye. Mugabo Yehova ni we afise uburenganzira bwo gushiraho ingingo mfatirwako zigenga ubugororotsi, si twebwe!—Rom. 14:10.
10. Nk’uko vyagendeye Yobu, ni igiki coshobora gutuma duhinyura Imana?
10 Naho ata n’umwe muri twebwe yokwipfuza n’ibigirankana guhinyura Imana, ukuba turi abanyagasembwa birashobora gutuma tubigira. Ivyo birashobora gushika bitagoranye igihe tubonye ikintu twiyumvira ko ari akarenganyo canke igihe twebwe ubwacu dushikiwe n’ingorane. Mbere na wa mugabo w’umwizigirwa Yobu yarakoze iryo kosa. Mu ntango Yobu yadondowe ko ‘atagirako umugayo kandi ko yari umuntu agororotse, atinya Imana kandi aca kure ikibi.’ (Yobu 1:1) Ariko mu nyuma Yobu yarashikiwe n’ivyago bikurikirana, ivyo yabona ko ari akarenganyo. Ivyo vyatumye Yobu avuga ko “ari we agororotse aho kuvuga ko Imana ari yo igororotse.” (Yobu 32:1, 2) Ukuntu Yobu yabona ibintu kwabwirizwa gukosorwa. Ntidukwiye rero gutangara mu gihe vyoshika tugashikirwa n’ikintu nk’ico. None biramutse bishitse, ni igiki codufasha kubogora ukuntu twiyumvira?
Ntitwama dufise amakuru yose
11, 12. (a) Mu gihe twiyumviriye yuko ikintu kinaka kirimwo akarenganyo, ni igiki tuba dukeneye kwibuka? (b) Ni kubera iki umuntu yohava yiyumvira yuko ca kigereranyo ca Yezu kivuga ibijanye n’abakozi bo mu murima w’imizabibu cerekana ikintu c’akarenganyo?
11 Ikintu ca mbere dukwiye kwibuka ni uko tutama dufise amakuru yose. Ukwo ni ko vyari biri mu vyashikiye Yobu. Ntiyari azi ibijanye n’amakoraniro abana b’Imana b’abamarayika bari bagize mw’ijuru igihe Shetani yagiriza Yobu ibinyoma. (Yobu 1:7-12; 2:1-6) Yobu ntiyatahura yuko ingorane zariko ziramushikira mu vy’ukuri zaterwa na Shetani. Nkako, ntidushobora kwemeza yuko Yobu yari azi mbere Shetani uwo ari we! Ni co gituma yiyumviriye yihenda yuko Imana ari yo yari yamuteje izo ngorane. Ego cane, biroroshe yuko dushika ku ciyumviro kitari co igihe tutazi amakuru yose.
12 Nk’akarorero, rimbura ca kigereranyo ca Yezu kivuga ibijanye n’abakozi bo mu murima w’imizabibu. (Soma Matayo 20:8-16.) Muri ico kigereranyo Yezu aravuga ibijanye na nyen’urugo ahemba amahera angana abakozi biwe bose, baba abakoze umusi wose canke abakoze isaha imwe gusa. Ivyo wewe ubibona gute? Woba ubona ko bibereye? Kumbure uciye wumvira akagongwe abo bakozi bamaze umusi wose bakora ku zuba rimena imbwa agahanga. Mu vy’ukuri bari bakwiye guhembwa menshi! Hamwe umuntu yoba yisunze ico ciyumviro, yoshobora kubona ko uwo nyen’urugo atagira urukundo be n’uko arenganya. Mbere n’inyishu yahaye abo bakozi biwe bidoze yoshobora gutuma uwo nyen’urugo aboneka ko yakoresheje nabi ubukuru bwiwe. Ariko none twoba dufise amakuru yose?
13. Dushobora kubona ibintu mu bundi buryo ubuhe ku vyerekeye ca kigereranyo ca Yezu kivuga ibijanye n’abakozi bo mu murima w’imizabibu?
13 Nimuze twihweze ico kigereranyo turavye ibintu mu bundi buryo. Nta gukeka ko uwo nyen’urugo avugwa muri ico kigereranyo yatahura yuko abo bagabo bose bari bakeneye kugaburira imiryango yabo. Mu gihe ca Yezu, abakozi bo mu mirima bahembwa ku musi ku musi. Imiryango yabo yari izeye uburaro n’uburamuko ku mpembo baronka ku musi ku musi. Ufise ico kintu mu muzirikanyi, nuzirikane ku kuntu ivya ba bantu nyen’urugo yabona umusi witereye vyari vyifashe, bano bakaba rero barakoze isaha imwe gusa. Kumbure ntibari gushobora kugaburira imiryango yabo bakoresheje impembo bari kuronka bakoze isaha imwe gusa; yamara, bari bafise umutima ukunze wo gukora kandi bari bamaze umusi wose barindiriye uwobaha akazi. (Mat. 20:1-7) Kuba batari baronse akaryo ko gukora umusi wose ntiryari ikosa ryabo. Nta kintu na kimwe cerekana ko bagerageje guhunga akazi n’ibigirankana. Niwihe ishusho hamwe woba ubwirizwa kurindira umusi wose, uzi yuko abandi bazeye uburaro n’uburamuko ku vyo uri buronke kuri uwo musi. Ese ukuntu wokenguruka uronse igikorwa ukora, kandi ese ukuntu wotangara uronse impembo ihagije kugira ngo ugaburire umuryango wawe!
14. Ni icigwa c’agaciro ikihe twigira kuri ca kigereranyo kivuga ibijanye n’umurima w’imizabibu?
14 Ubu na ho nimuze twongere twihweze ivyo uwo nyen’urugo yakoze. Nta n’umwe yahemvye amahera adakwiye. Ahubwo nyabuna, abo bakozi bose yabafashe nk’abafise uburenganzira bwo kubaho. Kubera ko abakozi bari benshi, uwo nyen’urugo yari gushobora kwikika mu kiza kugira ngo bamukorere igikorwa ku mahera makeya. Ariko rero, nta vyo yagize. Abo bakozi biwe bose batahanye ibikwiye vyo kugaburira imiryango yabo. Kurimbura ayo makuru yiyongereye vyoshobora gutuma duhindura ukuntu tubona ivyo uwo nyen’urugo yakoze. Ingingo yafashe yarangwa n’urukundo ntikwabaye ugukoresha nabi ubukuru bwiwe. Ni icigwa ikihe twohigira? Ni ic’uko kurimbura amakuru amwamwe gusa bishobora gutuma dushika ku ciyumviro kitari co. Mu vy’ukuri, uwo mugani urashira ahabona ukuntu ubugororotsi bw’Imana ari ruheta, buno bukaba budashingiye ku mategeko no ku kuba abantu boba babukwiriye vyonyene.
Twoshobora kuba tubona ibintu mu buryo butari bwo canke buri n’aho bugarukira
15. Ni ibiki vyoshobora gutuma tubona ikibereye mu buryo butari bwo canke buri n’aho bugarukira?
15 Ikindi kintu kigira kabiri dukwiye kwibuka igihe duhanganye n’ikintu gisa n’ikirimwo akarenganyo ni ic’uko twoshobora kuba tubona ibintu mu buryo butari bwo canke buri n’aho bugarukira. Turashobora kubona ibintu mu buryo butari bwo kubera agasembwa, ukwinubana, canke imico kama twakuriyemwo. Vyongeye, turabona ibintu mu buryo buri n’aho bugarukira kubera ko tudashobora gutahura imvo zituma abantu bakora ibintu no kumenya ibiri mu mitima yabo vy’ukuri. Igihushanye n’ivyo, ukwo kuntu abantu bari n’ivyo badashoboye nta co bikora kuri Yehova na Yezu.—Imig. 24:12; Mat. 9:4; Luka 5:22.
16, 17. Ni igiki coshobora kuba caratumye Yehova adakurikiza itegeko yatanze rijanye no kurenga ibigo igihe Dawidi yakorana igicumuro na Bati-sheba?
16 Nimuze twihweze inkuru ivuga ibijanye n’ukuntu Dawidi yarenze ibigo na Bati-sheba. (2 Sam. 11:2-5) Twisunze rya Tegeko rya Musa, bari bakwiye kwicwa. (Lew. 20:10; Gus. 22:22) Naho Yehova yabahanye, ntiyakurikije itegeko ryiwe bwite. None ico kintu Yehova yakoze coba kitari kibereye? Yoba yaragiriye nkunzi Dawidi maze akarenga ku ngingo mfatirwako ziwe bwite zigororotse? Abasomyi ba Bibiliya bamwebamwe ni ko biyumviriye.
17 Ariko rero, iryo tegeko rijanye no kurenga ibigo ryatanzwe na Yehova akaba yarihaye abacamanza b’abanyagasembwa batashobora kumenya ibiri mu mitima. Naho hariho ivyo batari bashoboye, iryo tegeko ryaratumye bashobora kuza baraca imanza mu buryo budahindagurika. Yehova wewe arashoboye kumenya ibiri mu mitima. (Ita. 18:25; 1 Ngo. 29:17) Ntidukwiye rero kwitega yuko Yehova yabwirizwa kugira ivyo abujijwe n’itegeko yashiriyeho abacamanza b’abanyagasembwa. Hamwe yoba abwirizwa kugira ivyo abujijwe na ryo, ubwo none ntivyoba ari cokimwe no guhata umuntu abona neza ngo yambare amarori yagenewe gufasha abantu bafise ingorane y’amaso? Yehova yarashoboye kumenya ibiri mu mutima wa Dawidi n’uwa Bati-sheba maze arabona ko bigaye vy’ukuri. Yisunze ico kintu, yarabaciriye urubanza mu buryo buranga imbabazi n’urukundo.
Nubandanye kurondera ubugororotsi bwa Yehova
18, 19. Ni igiki kizodufasha kutigera duhinyura Yehova dufatiye ku ngingo twishingiye zigenga ubugororotsi?
18 Ku bw’ivyo rero, igihe bishitse tukabona ikintu twiyumvira yuko kitabereye ku bijanye na Yehova, twaba tugisomye mu nkuru yo muri Bibiliya canke kidushikiye mu buzima bwacu, ntitukigere duhinyura Imana dufatiye ku ngingo twishingiye zigenga ubugororotsi. Uribuka yuko tutama nantaryo dufise amakuru yose be n’uko twoshobora kuba tubona ibintu mu buryo butari bwo canke buri n’aho bugarukira. Ntiwigere wibagira yuko “uburake bw’umuntu budashitsa ubugororotsi bw’Imana.” (Yak. 1:19, 20) Muri ubwo buryo, imitima yacu ntizokwigera ‘ishangashirirwa Yehova.’—Imig. 19:3.
19 Nka kumwe kwa Yezu, nimuze twame twemera icese yuko Yehova ari we wenyene afise uburenganzira bwo gushiraho ingingo zigenga ikigororotse be n’iciza. (Mrk. 10:17, 18) Niwihatire kuronka “ubumenyi butagira amakosa” ari bwo “bumenyi bw’ukuri” bwerekeye ingingo mfatirwako ziwe. (Rom. 10:2; 2 Tim. 3:7, Ubwuzure Bushasha) Igihe twemeye izo ngingo mfatirwako tukongera tukabaho twisunga ivyo Yehova agomba, tuba twerekanye yuko turiko turabanza kurondera “ubugororotsi bw’Imana.”—Mat. 6:33.
[Akajambo k’epfo]
a Nk’uko incabwenge imwe ibivuga, ijambo ryo mu rurimi rw’intango ryahinduwe ngo ‘gushinga’ rishobora kandi gusobanura ‘kwubaka icibutso.’ Abo Bayuda rero ni nk’aho bariko barubaka icibutso c’ikigereranyo kugira ngo abantu babashemeze aho gushemeza Imana.
Woba uvyibuka?
• Ni kubera iki bihambaye kurondera ubugororotsi bwa Yehova?
• Ni ingeramizi zibiri izihe dukwiye kwirinda?
• Dushobora gute kubanza kurondera ubugororotsi bw’Imana?
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 9]
Ni icigwa ikihe twigira kuri ca kigereranyo ca Yezu kivuga ibijanye n’abagabo babiri bariko barasenga mu rusengero?
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 10]
Kuba ba bakozi batangura gukora kw’isaha igira 11 barahembwe ibingana n’ivy’abakoze umusi wose, vyoba vyarimwo akarenganyo?