ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 1/12 rup. 15-17
  • “Emwe, ndumva ko natewe agateka koko!”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Emwe, ndumva ko natewe agateka koko!”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ivyo bijanye
  • Ubuhanuzi bwa 1. Vya nyamugigima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ivyigwa wa Mwigisha wacu ahambaye yanyigishije mu buzima
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 1/12 rup. 15-17

Ikete rivuye muri Hayiti

“Emwe, ndumva ko natewe agateka koko!”

INYUMA ya ca kinyamugigima caba muri Hayiti ku wa 12 Nzero 2010, no kuraba amakuru yerekana ingene ibintu vyari vyageseye ntivyanyoroheye. Kw’igenekerezo rya 20 rero, umugenzi wanje somambike Carmen yaranteye akamo angira inama y’uko twokwitanga tukaja kugira ico dufashije muri Hayiti. Hari haheze imyaka nk’ingahe duhwanye na Carmen igihe twari twitanze ngo dufashe abagize ingorane z’amagara ahantu Ingoro y’Ubwami yariko irubakwa. Guhera ico gihe, twaritanze tuja gukorera n’ahandi, gutyo turaba abagenzi somambike.

Nabariye Carmen yuko hari aho amagara be n’ukuntu niyumva mu mutima bitari kunkundira gufasha muri Hayiti. Yaranyibukije yuko twari twarakoranye neza be n’uko twofatanye mu mugongo. Ayo majambo yambwiye yarandemesheje, ndatelefona ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova kiri i Brooklyn muri New York, nca mvugana n’uwari ajejwe gutunganya ivy’abaja gutabara bavuye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Naramubwiye izina ryanje ngo aryongere ku rutonde rw’abari bitanze bavyishakiye. Naravuze n’izina rya Carmen nongera mvuga yuko twipfuza ko twokorana. Yanyishuye yuko ata cemeza ko jewe canke Carmen twari gutumwako canke ngo dukorane.

Naciye rero nibandaniriza imirimo yanje ya misi yose, nibaza yuko batari kuntumako. Haheze imisi ine, ku wa mbere igenekerezo rya 25, naciye ndonka telefone ivuye i Brooklyn imbaza niba nari gushobora gufata urugendo nkaja muri Hayiti, bishobotse ku musi ukurikira! Wamengo ndiko ndarota. Naremeye ko nzokora ibishoboka vyose. Nabanje ndarondera agakonji ku kazi. Hanyuma naciye mvugana na Carmen, ariko nsanga we ntibamutumyeko kubera yuko atazi igifaransa. Nari nezerewe ariko kandi nari mfise ubwoba. Kw’igenekerezo rya 28 Nzero, bimaze gukunda ko ndonka itike y’indege, narafashe urugendo mva i New York nshika i Saint-Domingue muri République dominicaine, ahahana urubibe na Hayiti.

Twarahuriye ku kibuga c’indege n’Icabona ca Yehova umwe akiri muto maze antwara n’umuduga ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri République dominicaine. Hari abandi baforomakazi babiri bashitse uwo musi bavuye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, duca turararana iryo joro. Bukeye mu gatondo, baratujanye n’imodoka ku biro vy’ishami vya Hayiti i Port-au-Prince, rukaba ari urugendo rw’amasaha indwi n’igice.

Tumaze kujabuka urubibe tukinjira muri Hayiti, twariboneye ingene ibintu vyageseye. Vyarasiga ubwenge kubona ivyo ico kinyamugigima camaze amasegunda 35 cakoreye ico gihugu cari giteye igomwe. Ntivyari vyaranyoroheye kuraba ku mboneshakure ingene ibintu vyari vyageseye; sinoronka rero n’ingene mvuga ukuntu numvise merewe ndiko ndavyibonera n’amaso yanje. Inzu nyinshi ushizemwo n’ikirimba c’umukuru w’igihugu zari zononekaye, izindi na zo zacitse ibirundo vy’ibihomvagurike. Nyinshi muri izo nzu zari zasavye ko benezo bamara igihe kinini babira akuya mu kuzubaka, ariko ivyo vyose bica bicika ubusa mu masegunda makeyi. Naguma nzirikana ku kuntu ibintu bihambaye mu buzima atari amatungo umuntu afise.

Dushitse ku biro vy’ishami, uwakira abantu yaratubonye turiko turinjira aca arabaduka aza kudusanganira, atugwa mu nda n’akamwemwe kenshi. Yaradushimiye kubona twarahevye ivyacu kugira ngo dushike ng’aho iwabo. Duhejeje kwivuna umusase, twaciye tugenda ku Ngoro y’amateraniro iri hafi yari yahinduwemwo ibitaro. Narahahuriye n’ibindi Vyabona vya Yehova bari bitanze baraza, muri bo hakaba harimwo umugabo n’umugore b’abaganga bava mu Budagi, umufasha wabo be n’umugore w’umwakirizi ava mu Busuwisi.

Naciye ntangura gukora iryo joro nyene rya mbere. Hari abarwayi 18 b’Ivyabona n’abatari Ivyabona, bakaba bari baryamye ku tumatera dushashe hasi muri iyo Ngoro y’amateraniro. Umugwi w’abaganga b’Ivyabona baritwararika kumwe kandi ku buntu umurwayi wese.

Muri iryo joro, umurwayi umwe w’imyaka 80 yarapfuye. Umugore wiwe yari iruhande yiwe, kandi jewe n’uwo twarara hamwe ni ho twari turi na twebwe. Inyuma y’aho, umugore umwe akiri muto yitwa Ketly yaciye atangura kuboroga. Bari baramuciye ukuboko kw’iburyo kubera ayo kwari kwaboneye muri iyo nyamugigima. Iruhande ya Ketly hari umugore umwe yigisha Bibiliya Ketly. Yari yagumye arara iruhande ya Ketly muri iyo Ngoro y’amateraniro hafi buri joro.

Naregereye Ketly nipfuza cane kumutezurira ububabare, ariko ububabare yari afise ntibwari ubw’umubiri gusa. Yarambwiye ko yari mu rugo rw’umugenzi igihe ya nyamugigima yatangura kwiha ibara. Ntibatahura neza ivyariko biraba. Baciye batangura kwiruka baja kw’ibaraza bafatanye amaboko, maze igihome c’inzu kibagwako, ibihomvagurike vyaco bica biguma bibubamyeko. Yarahamagaye uwo mugenzi, arabura icomwitaba. Yavuze ko yaciye amenya ubwo nyene ko umugenzi wiwe yari yasandavye. Igice c’umubiri w’uwo mugenzi wa Ketly cagumye kimuryamyeko gushika aho abatabara baziye inyuma y’amasaha ane. Ukuboko kwa Ketly kw’iburyo vyabaye ngombwa ko bakugegenera mu bitugu.

Mw’ijoro rya mbere nahamaze, igihe cose Ketly yaba ariko arondera agatiro, yaguma yibuka ivyo yaciyemwo. Yarambwiye ariko arasevagura, ati: “Ndazi ico Ivyanditswe bivuga ku bijanye n’imisi ya nyuma be na vya nyamugigima. Ndazi yuko twizigiye ibintu bihimbaye muri kazoza. Ndazi yuko nkwiye gushima kuba nkiriho. Ariko niwishire mu kibanza canje akanya na gatoyi. Ibaze kubona ivyawe vyose vyagenda neza, maze bukwi na bukwi ugasanga umeze nk’uku.” Narabuze ico nogira, nca ndamufata gusa maze nanje ntangura kurira. Twempi twagumye turira gushika aho agatiro kamwibiye.

Uko bukeye, umuganga umwe n’abaforomakazi babiri bama barungitswe gufasha ababa bakeneye kuvurwa. Jewe narungitswe ahitwa Petit Goave, rukaba rwari urugendo rw’amasaha abiri n’imodoka uvuye i Port-au-Prince. Nagiye njanye n’abandi babiri mu bari bitanze, umwe akaba yari umuforomakazi ava muri Floride, uwundi akaba yari umuganga ava mu Bufaransa. Twashitseyo isaha zitatu n’inusu z’igitondo, turapakurura ivyo twari twajanye, duca tuvyinjiza mu Ngoro y’Ubwami yo ng’aho. Abantu bari babwiwe yuko tuza kuza, bakaba rero bari bicaye barindiriye ko dushika.

Ubwo nyene twaciye twanzika gukora. Hari hashushe, imirongo y’abakeneye kuvurwa na yo ikaguma iba miremire. Twaronse akanya ko kumira amate nko mu ma sacenda. Twese uko turi batatu twaracandaze abantu 114 twongera turasuzuma abashika 105 uwo musi. Nararushe cane, ariko naranezerejwe no kubona dushobora kugira ico duterereye kugira ngo abakeneye gufashwa bamererwe neza.

Ikiringo cose namaze muri ico gikorwa co gutabara muri Hayiti zabaye indwi zibiri zirenga gatoyi. Hafi buri joro nakora izamu ry’amasaha 12 kuri ya Ngoro y’amateraniro. Ryari ibanga riremereye ntari bwigere ndangura. Ariko rero, numva ko ari agateka n’umuhezagiro kuba naragiyeyo. Ndahimbawe cane no kuba narashoboye kuruhurira na gatoyi abantu bo muri Hayiti bari barashikiwe n’imibabaro ikomeye, ngatuma kandi bumva borohewe.

Turafise vyinshi cane twobigirako. Nk’akarorero, umwe mu barwayi nitwararika, akaba ari umuhungu w’imyaka 15 yitwa Eliser, babwirizwa kumuca ukuguru kumwe. Nariboneye ingene yabika udufungurwa twiwe kugira ngo adusangire na Jimmy, uwari amaze igihe aza kurara iruhande yiwe. Yansiguriye yuko Jimmy atama yaronse utwo atamira imbere y’uko aza kumusanga ku mugoroba. Akarorero ka Eliser karamfashije gutahura ko atari ngombwa ngo tube abatunzi canke mbere ngo tube dufise amagara meza kugira ngo dusangire n’abandi ivyo dufise.

Ako gatima ni na ko karanga abitanze twari kumwe mu mugwi. Umwe muri bo ntiyari amerewe neza; uwundi na we yari arwaye umugongo. Yamara rero, bompi bashira imbere ivyo abarwayi bakeneye aho gushira imbere ukworoherwa kwabo bwite. Vyarandonkeje indemesho nari nkeneye kugira ngo mbandanye. Vyarashika tukumva twarushe mu mutima, mu bwenge no ku mubiri, ariko twarafatana mu mugongo maze tugashishikara igikorwa. Mbega ikintu c’intibagirwa niboneye! Ndashima cane kubona ndi mu bagize ishirahamwe ry’abakirisu b’intore bafise umutima mwiza, bakundana kandi bitangira abandi.

Imbere y’uko mva muri Hayiti, abarwayi babiri bari baraciwe amaboko y’iburyo baragerageje kunyandikira udukete two kunshimira, bakaba bansavye bashimitse ngo sindadusome imbere y’uko nurira indege. Ivyo narabikoze. Utwo dukete twarankoze ku mutima, biranka ko mpagarika gukorora amosozi.

Kuva aho ngarukiye i muhira, twagumye duhana amakuru na bamwebamwe mu bagenzi bashasha twahuriye muri Hayiti. Mu bihe vy’ingorane abantu barashobora kwunga ubucuti bukomeye kandi izo ngorane zikagaragaza nimba ari ubw’ukuri. Nizigiye ko ubucuti twunze butazohungabanywa n’ingorane n’imwe yoshika muri kazoza. Emwe, ndumva ko natewe agateka koko!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika