ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 1/12 rup. 18-21
  • Kubera iki batemeye Mesiya?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubera iki batemeye Mesiya?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ivyo bari biteze bitarangutse
  • Indongozi z’idini ntizamwemeye
  • Barabinuba mu kibano bakanabahama
  • Nugire ico wigiye ku banse kwemera Yezu
  • Mesiya! ni we Imana ikoresha kugira ngo iturokore
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Yezu Kristu ni nde?
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Yezu Kristu ni nde?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Yezu Kirisitu—Ni We Rupfunguzo rw’Ubumenyi Bwerekeye Imana
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 1/12 rup. 18-21

Kubera iki batemeye Mesiya?

IGIHE Yezu yari kw’isi, amasinzi y’abantu yarashimishwa cane n’ivyo yavuga, agatangazwa n’ibitangaro yakora. Ivyo vyatumye benshi muri bo ‘bamwizera,’ baremera ko ari we Mesiya canke Kristu yari yarasezeranywe. Barazirikanye, bavuga bati: “Kristu niyashika, mugira ngo azokora ibimenyetso biruta ivyo uyu muntu yakoze?”​—Yohani 7:31.

Naho ibimenyamenya vyemeza ko Yezu ari we Mesiya vyari umuyoro, abenshi mu bamubonye bakanamwumva yigisha ntibizeye. Ikibabaje ni uko na bamwebamwe mu bari baramwizeye bahavuye bamuta. Ni kubera iki none abantu benshi batemeye ko Yezu ari we Mesiya kandi hariho ibimenyamenya bikomeye bivyemeza? Reka twihweze imvo zabitumye, maze igihe tuzoba turiko turazihweza, wibaze uti: ‘Noba nanje muri iki gihe nohakwa gusanga nihenze mu buryo nk’ubwo?’

Ivyo bari biteze bitarangutse

Igihe Yezu yavuka, Abayuda benshi bari biteze ukuza kwa Mesiya. Igihe Yezu bamuzana mu rusengero akiri akana, yarasanganiwe n’abari “barindiriye ukurokoka kwa Yeruzalemu” biciye kuri Mesiya yasezeranywe. (Luka 2:38) Mu nyuma, abantu benshi bitegereje ivyo Yohani Umubatizi akora baribajije bati: “Ubwo ntiyoba ari we Kristu?” (Luka 3:15) Ni ibiki none Abayuda bo mu kinjana ca mbere bari biteze ko Mesiya yokoze?

Muri ico gihe, Abayuda benshi bizera yuko Mesiya yoje akabakurako intwaro y’agakandamizo y’Abaroma maze agasubizaho ubwami bwo kw’isi bwa Isirayeli. Imbere y’uko Yezu atangura igikorwa ciwe, indongozi zitari nke zizi kuresharesha abantu zarahagurutse zitangura kuremesha ivyo kurwanya ubutegetsi bwariho ico gihe hakoreshejwe inguvu. Ivyo izo ndongozi zakora bishobora kuba vyaragize akosho ku vyo abantu bari biteze kuri Mesiya.

Yezu nta ho yari ahuriye n’abo ba Mesiya b’ikinyoma. Ntiyaremesha ivyo gukoresha inguvu, ahubwo yigisha abamwumviriza gukunda abansi babo no kuyobokera abategetsi. (Matayo 5:41-44) Igihe abantu bagerageza kumugira umwami, yaranse. Ahubwo riho yigishije yuko ubwami bwiwe butobaye “ubwo muri iyi si.” (Yohani 6:15; 18:36) Naho ari ukwo, ivyiyumviro abantu bari basanganywe ku bijanye na Mesiya vyagumye bibiziziye.

Yohani Umubatizi ubwiwe yarabonye yongera arumva ibintu vy’igitangaro vyemeza ko Yezu ari we Mwana w’Imana. Mugabo igihe Yohani yatabwa mu mvuto, yaratumye abigishwa biwe kubaza Yezu bati: “Woba uri Umwe ariko araza, canke twitege uwundi?” (Matayo 11:3) Yohani ashobora kuba yaribaza nimba vy’ukuri Yezu yari we Murokozi yasezeranywe yoshikije ivyo Abayuda bari biteze.

Intumwa za Yezu vyarazigora gutahura yuko yokwishwe mu nyuma akazuka. Igihe kimwe, Yezu yarasiguye yuko vyobaye ngombwa ko Mesiya ashikirwa n’imibabaro kandi agapfa, maze Petero “aramwikebukanya, atangura kumuhambarira.” (Mariko 8:31, 32) Petero ntiyari bwashobore gutahura ukuntu urupfu rwa Yezu rwari rujanye n’uruhara yabwirizwa kurangura ari Mesiya.

Igihe Yezu yinjira i Yeruzalemu gatoyi imbere ya Pasika yo mu 33 G.C. (G.C. bisobanura mu Gihe Cacu), yarasanganiwe n’amasinzi yuzuye akamwemwe amushemagiza avuga ko ari Umwami. (Yohani 12:12, 13) Ewe kuntu ivyo vyamaze umwanya urume rumara! Muri iyo ndwi nyene, Yezu yarafashwe aricwa. Inyuma y’aho apfiriye, babiri mu bigishwa biwe baridoze bati: “Twari twizigiye ko uyo muntu ari we abwirizwa kurokora Isirayeli.” (Luka 24:21) N’igihe mbere Yezu yabonekera abigishwa biwe amaze kuzuka, iciyumviro c’uko Mesiya yoshinze ubwami bwo kw’isi nticari bwabavemwo. Bamubajije bati: “Mukama, iki gihe ni ho ugira usubize ubwami Isirayeli?” Emwe, ibintu bitari vyo abumviriza Yezu bari biteze kuri Mesiya vyari vyarashinze imizi mu mitima yabo no mu bwenge bwabo.​—Ivyakozwe 1:6.

Yezu amaze kuduga mw’ijuru, impwemu nyeranda na yo igasukwa ku bigishwa biwe, bano bahavuye batahura neza yuko Mesiya yobaye Umwami aganza ari mw’ijuru. (Ivyakozwe 2:1-4, 32-36) Intumwa Petero na Yohani baramamaje ibijanye n’izuka rya Yezu babigiranye ubutinyutsi bongera barakora ibitangaro vyerekana ko Imana yari ibashigikiye. (Ivyakozwe 3:1-9, 13-15) Abantu ibihumbi b’i Yeruzalemu barakozwe ku mutima barizera. Ariko ivyo ntivyaguye neza abategetsi b’Abayuda. Nk’uko nyene bari bararwanije Yezu, baciye barwanya intumwa ziwe n’abigishwa biwe. Ni kubera iki none indongozi z’idini ry’Abayuda zarwanije Yezu zashangashiwe?

Indongozi z’idini ntizamwemeye

Igihe Yezu yaza kw’isi, ivyiyumviro n’imigenzo vyo mw’idini ry’Abayuda ntivyari bigihuje n’inyigisho zo mu Vyanditswe vyahumetswe. Indongozi z’idini z’ico gihe, ni ukuvuga Abasadukayo, Abafarizayo n’abanditsi, barumira ku migenzo yashizweho n’abantu, ikaba ari yo bashira imbere y’Ijambo ryanditswe ry’Imana. Incuro n’izindi baragirije Yezu ngo ararenga kw’Itegeko kubera ko yakiza abantu ku gitangaro kw’Isabato. Mu kuvuguruza yivuye inyuma inyigisho zabo zidashingiye ku Vyanditswe, Yezu yaratuma havyuka ibibazo ku bijanye n’ubukuru bwabo no ku bijanye n’ubutoni bavuga yuko bafise imbere y’Imana. Yezu wewe yava mu muryango uciye bugufi kandi ntiyari yaraciye mu mashure yabo y’ivy’idini. Ntibitangaje rero kuba abo bagabo b’ubwibone vyarabagoye cane kwemera ko Yezu ari we Mesiya! Ukwo kutavuga rumwe na bo kwarabariye mu mutwe gushika n’aho “baja inama yo kumwica.”​—Matayo 12:1-8, 14; 15:1-9.

Izo ndongozi z’amadini zari gushobora gute none gusigura ubushobozi Yezu yari afise bwo gukora ibitangaro? Ntizahakana yuko ivyo bitangaro vyabaye. Ahubwo riho, zararogota zirondera gutuma abantu batizera Yezu, mu kwerekana ko ububasha afise buva kuri Shetani, zikavuga ngo: “Uyo muntu ntiyirukana amadayimoni bidaciye kuri Beyezebuli, umutware w’amadayimoni.”​—Matayo 12:24.

Hariho n’iyindi mvo ikomeye cane yatuma izo ndongozi zanka n’akagagazo n’akantu kwemera ko Yezu ari we Mesiya. Inyuma y’aho Yezu azuriye Lazaro, indongozi z’imigwi itandukanye y’idini zaragiye inama ziti: “Mbega dukore iki, ko uyu muntu akora ibimenyetso vyinshi? Nitwamureka gutyo, bazomwizera bose, kandi Abaroma bazoza bakureho ahantu hacu n’ihanga ryacu.” Kubera ko izo ndongozi z’idini zatinya gutakaza ububasha n’igiti zari zifise, zaciye zija inama yo kwica Yezu na Lazaro!​—Yohani 11:45-53; 12:9-11.

Barabinuba mu kibano bakanabahama

Agatima indongozi z’idini ry’Abayuda zo mu kinjana ca mbere zagaragaza katumye mu kibano abantu basigara baraba ribi uwo wese yaba yemeye ko Yezu ari we Mesiya. Kubera ko bishimira igiti gikomeye bafise, barashira hasi uwo wese yerekana ko yizera Yezu. Bavuze bati: “Hari n’umwe mu batware canke mu Bafarizayo yamwizeye?” (Yohani 7:13, 48) Indongozi z’Abayuda zimwezimwe, nka Nikodemu na Yozefu w’i Arimateya, baracitse koko abigishwa ba Yezu, mugabo barahisha ukwizera kwabo kubera ubwoba. (Yohani 3:1, 2; 12:42; 19:38, 39) Indongozi z’Abayuda zari zarashinze yuko “hagize uwumwemera icese ko ari Kristu, [yo]cibwa mw’isinagogi.” (Yohani 9:22) Uwo muntu baca bamucira umukenke bakamuhana na rujongo, agasigara ari igicibwa.

Ukwo kurwanya intumwa za Yezu n’abigishwa biwe kwahavuye kwaradometse umucanwa w’uruhamo rukaze. Kubera ko izo ntumwa zamamaza inkuru nziza n’ubutinyutsi, zaragiriwe nabi n’Inama Nkuru, ari yo sentare nkuru y’Abayuda. (Ivyakozwe 5:40) Abarwanya abigishwa ba Yezu bararementanirije umwigishwa Sitefano bamwagiriza ngo yararogose. Iyo Nama Nkuru yaramukubise intahe mu gahanga, araheza yicishwa amabuye. Haciye “havyuka uruhamo rukomeye kw’ishengero ryari i Yeruzalemu; bose kiretse intumwa [baca] barasanzara mu ntara za Yudaya na Samariya.” (Ivyakozwe 6:8-14; 7:54–8:1) Sauli, umwe yahavuye aba intumwa Paulo, yaragize uruhara mw’isekeza ryo guhama abo bigishwa ryari rishigikiwe icese n’umuherezi mukuru be n’“ikoraniro . . . ry’abagabo b’inararibonye.”​—Ivyakozwe 9:1, 2; 22:4, 5.

No mu bihe bigoye nk’ivyo, ubukirisu bwarateye imbere ningoga mu myaka yakurikiye urupfu rwa Yezu. Ariko rero, naho hari abantu ibihumbi bacitse abizera, abakirisu bagumye ari inkehwa muri Palesitina yo mu kinjana ca mbere. Kwerekana ku mugaragaro ko uri umuyoboke wa Kristu vyarashobora gutuma uharirwa ivomo, no kugirirwa nabi ukagirirwa nabi.

Nugire ico wigiye ku banse kwemera Yezu

Nk’uko twabibonye, ivyiyumviro bitari vyo, akosho ko mu kibano be n’uruhamo vyaratumye abantu benshi bo mu kinjana ca mbere batizera Yezu. Muri iki gihe, ivyiyumviro bitari vyo vyerekeye Yezu n’inyigisho ziwe birashobora kugira ingaruka nk’iyo. Nk’akarorero, abantu benshi bigishijwe yuko Ubwami bw’Imana buri mu mutima wabo canke ko buzoza biciye ku twigoro tw’abantu. Abandi na bo barabajijura ngo bahange amaso siyansi canke ubuhinga bwa none nka ryo sôko ry’umuti w’ingorane zihanze umuryango w’abantu, bigatuma batabona ko bikenewe yuko bizera Mesiya. Abantu benshi bo muri iki gihe batora amahinyu Bibiliya usanga bavuga yuko ngo ibintu vyanditswe muri yo vyabaye igihe Yezu yarangura igikorwa ciwe kw’isi ari umugani, gutyo bagatuma abantu batizera Yezu ngo bemere ko ari we Mesiya.

Ivyiyumviro mwene ivyo vyatumye abantu benshi badasobanukirwa uruhara rwa Mesiya canke na ho bituma batabona akamaro ko kurondera kubitahura. Ariko rero, ku boshima gusuzuma ivyemeza ko Yezu ari we Mesiya, vy’ukuri muri iki gihe hariho ibimenyamenya vyinshi kuruta ivyariho mu kinjana ca mbere. Turafise Ivyanditswe vy’igiheburayo birimwo ubuhanuzi bwinshi buvuga ivyo Mesiya yokoze, tukagira n’inkuru zo muri za Njili zine zigana ivyo Yezu yakoze mu gushitsa ubwo buhanuzi.a

Mu vy’ukuri, ibimenyamenya vyotuma umwumwe wese muri twebwe ashobora kumenya ico yohitamwo avyitondeye ku bijanye na Mesiya, si vyo bibuze. Kandi birihuta ko tugira iryo hitamwo. Uti kuki? Kubera Bibiliya yerekana yuko Yezu, we Mwami Mesiya w’Ubwami bw’Imana, agiye vuba kugira ico akoze kugira ngo akureho abariko barahonya isi maze azane intwaro igororotse izoha abantu bose bayigamburukira akaryo ko kubaho ibihe bidahera kw’isi yabaye Iparadizo. (Daniyeli 2:44; Ivyahishuwe 11:15, 18; 21:3-5) Urashobora kwironkera ubwo buzima bwiza igitangaza bwo muri kazoza ugize akigoro ko kwiga ivyerekeye Yezu no kwerekana ko umwizera, ukabigira ubu. Nufate nka nkama amajambo Yezu ubwiwe yavuze agira ati: “Imana yakunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo aronke ubuzima budahera.”​—Yohani 3:16.

[Akajambo k’epfo]

a Raba uruzitiro ruvuga ngo “Ubuhanuzi bwerekeye Mesiya” ruri ku rupapuro rwa 200 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 20]

Iyo uza kuba uriho mu gihe ca Yezu, woba wari kumenya Mesiya ukamwemera?

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 21]

Ntureke ngo ivyiyumviro usanganywe bikubuze kwiga ukuri kwerekeye Yezu

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika