Imana yoba yari izi ko Adamu na Eva bocumuye?
ABANTU benshi barabaza ico kibazo ata buryarya babigiranye. Iyo havyutse ikibazo kijanye n’igituma Imana ireka hakaba ububisha, bica bisaba ko umuntu avuga ibijanye n’igicumuro ca wa mugabo n’umugore ba mbere mw’itongo ry’i Edeni. Biroroshe cane ko iciyumviro c’uko ‘Imana izi vyose’ gituma bamwebamwe bibwira yuko itegerezwa kuba yari izi imbere y’igihe ko Adamu na Eva boyigambarariye.
Nimba vy’ukuri Imana yari izi imbere y’igihe ko uwo mugabo n’umugore ba mbere batunganye bocumuye, ivyo vyoca vyerekana iki? Vyotuma Imana ibonekako amakemwa atari make. Yoca iboneka ko itagira urukundo, irenganya ikaba n’indyarya. Hari abovuga ko ari ukuba ruburakigongwe gufata abo bantu ba mbere ikabashira mu bintu izi neza yuko bizorangira nabi. Woca umengo Imana ni yo yobazwa ibibi vyose n’imibabaro yose vyaciye bitangura gushikira abantu, canke n’imiburiburi ikitwa ko yabigizemwo uruhara. Hari n’abobona ko Umuremyi wacu ari imburabwenge.
None Yehova Imana, umwe Ivyanditswe biduhishurira, yoba ari ukwo ameze? Kugira turonke inyishu y’ico kibazo, reka twihweze ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’ivyo Yehova yaremye be n’ukuntu ameze.
‘Vyari vyiza cane’
Ku bijanye n’ivyo Imana yaremye, ushizemwo na ba bantu batangura kuba kw’isi, inkuru yo mw’Itanguriro ivuga iti: “Imana yihweza ikintu cose yari yakoze, isanga cari ciza cane.” (Itanguriro 1:31) Adamu na Eva baremwe mu buryo butunganye, buberanye neza n’isi bari kubako. Nta kanenge bari bararemanywe. Kubera ko bari baremwe bameze ‘neza cane,’ nta gukeka ko bari bashoboye kuvyifatamwo neza nk’uko babisabwa. Baremwe “mw’ishusho y’Imana.” (Itanguriro 1:27) Bari bashoboye rero kugaragaza ku rugero runaka kamere z’Imana nk’ubukerebutsi, urukundo rudahemuka, ubutungane n’ukumera neza. Kugaragaza mwene izo kamere vyobafashije gufata ingingo zogize ico zibunguye zikongera zigahimbara Se wabo wo mw’ijuru.
Ivyo biremwa bitunganye bifise ubwenge, Yehova yarabihaye ubushobozi bwo kwihitiramwo. Ntibaremwe bameze nk’ibimashini ku buryo bahimbara Imana kubera gusa ari vyo yabashizemwo. Zirikana gatoyi. Hagati y’ibi bintu bibiri wohitamwo ikihe? Ingabirano uhawe bitavuye ku mutima canke iyo uhawe bivuye ku mutima? Uca uvyumva nawe. Adamu na Eva na bo nyene, iyo bihitiramwo kugamburukira Imana, vyari kuyihimbara cane. Ubushobozi bwo guhitamwo bwatuma uwo mugabo n’umugore ba mbere bashobora kugamburukira Yehova babitumwe n’urukundo.—Gusubira mu vyagezwe 30:19, 20.
Ni Imana igororotse, y’ubutungane kandi imeze neza
Bibiliya iraduhishurira kamere za Yehova. Izo kamere zituma icitwa igicumuro kiba umuziro kuri we. Muri Zaburi 33:5 havuga yuko Yehova “akunda ubugororotsi n’ubutungane.” Ni co gituma muri Yakobo 1:13 hagira hati: “Imana [nti]shobora kugeragezwa n’ibintu bibi, eka na yo ubwayo nta we ibigerageresha.” Imana ibigiranye ubutungane n’ubwitwararitsi, yaburiye Adamu iti: “Igiti cose co muri uwo murima urashobora kukiryako ugashira ipfa. Mugabo ku vyerekeye igiti c’ubumenyi bw’iciza n’ikibi, ntuze ukiryeko, kuko umusi wakiriyeko uzopfa ata kabuza.” (Itanguriro 2:16, 17) Uwo mugabo n’umugore ba mbere bahawe guhitamwo hagati y’urupfu n’ubuzima butagira iherezo. Wumva none butobaye ari uburyarya Imana ibaburiye ku bijanye n’igicumuro kanaka kandi isanzwe izi neza ko bogikoze? Kubera ko Yehova “akunda ubugororotsi n’ubutungane,” ntiyari kubaha akaryo ko guhitamwo kandi bidashoboka vy’ukuri ko bahitamwo.
Vyongeye, ukumera neza kwa Yehova ni kwinshi. (Zaburi 31:19) Mu kudondora ukumera neza kw’Imana, Yezu yavuze ati: “Ni nde muri mwebwe umwana wiwe yosaba umukate . . . mbega azomuha ibuye? Canke kumbure yomusaba ifi . . . mbega azomuha inzoka? Nimba rero mwebwe, naho muri babi, muzi guha abana banyu ingabirano nziza, ese ingene So wo mw’ijuru azorushiriza guha ibintu vyiza ababimusaba!” (Matayo 7:9-11) Imana iha ibiremwa vyayo “ibintu vyiza.” Uburyo abantu baremwe be n’uburyo Iparadizo bari kubamwo yateguwe ni ivyerekana ukumera neza kw’Imana. Wumva none Umutware Segaba mwiza nk’uwo yoba ruburakigongwe ku buryo yotegurira abantu ahantu heza ho kuba kandi azi neza ko azohabaka? Oya ni ukuri, Umuremyi wacu agororotse kandi ameze neza, si we yobazwa ubugarariji bw’abantu.
Ni “inkerebutsi yonyene”
Ivyanditswe birerekana kandi ko Yehova ari “inkerebutsi [we]nyene.” (Abaroma 16:27) Abamarayika b’Imana bariboneye ibintu vyinshi bigaragaza ubwo bukerebutsi butagira uko bungana. Igihe Yehova yarema ivyo kw’isi, baciye batangura “gusamiriza impundu.” (Yobu 38:4-7) Nta gukeka ko ivyo biremwa vy’impwemu bifise ubwenge vyakurikiranira hafi ibiba mw’itongo ry’i Edeni. Wumva none vyumvikana ko Imana y’inkerebutsi, imaze kurema ikirere giteye akoba hamwe n’ibitangaza vyo kw’isi bitagira uko bingana, yari guca irema ibiremwa bidasanzwe bibiri izi neza ko bitazororanirwa, ikabirema abana bayo b’abamarayika babona? Tuvugishije ukuri, cobaye ari ikintu kitumvikana Imana iteguye ibintu bibabaje nk’ivyo.
Ariko hari uwoca avyura ikibazo ati: ‘None vyagenze gute ngo Imana nyene ubukerebutsi bwose ntimenye ko vyobaye?’ Ego ni ko, kimwe mu bintu biranga ubukerebutsi buhambaye bwa Yehova ni ubushobozi bwiwe bwo kumenya ‘iherezo kuva mu ntango.’ (Yesaya 46:9, 10) Ariko rero, si ngombwa ko akoresha ubwo bushobozi, nk’uko nyene bitama ari ngombwa ko akoresha ububasha bwiwe bwose butagira urugero. Ubwo bushobozi Yehova afise bwo kumenya ibintu imbere y’igihe, abukoresha ku bintu bimwebimwe gusa abigiranye ubukerebutsi. Abukoresha igihe haba hari imvo yumvikana yo kubigira, akaraba n’uko ibintu vyifashe.
Ukwo kudakoresha ubushobozi bwo kumenya ibintu imbere y’igihe twogutangira akarorero kajanye n’ikintu co mu buhinga bwa none. Dufate ko umuntu agira arabe urukino rw’umupira rwafashwe kw’ikaseti. Uwo umuntu arashobora gushima guhera ku gice ca nyuma c’urwo rukino kugira ngo amenye ingene rwarangiye. Mugabo si ngombwa ngo ahere ku gice ca nyuma. Nka hamwe yohitamwo kurorera urwo rukino rwose guhera ku ntango, hari uwomutora amahinyu? Mu buryo nk’ubwo nyene, biboneka ko Umuremyi yahisemwo kutaraba imbere y’igihe ingene ibintu vyorangiye. Ahubwo riho, yahisemwo kurindira kugira ngo yitegereze ukuntu abana biwe bo kw’isi bavyifatamwo uko ibintu vyobaye biriko biraba.
Nk’uko twamaze kubivuga, Yehova akoresheje ubukerebutsi bwiwe ntiyaremye ba bantu ba mbere nk’ibimashini ngo babeho bakora nk’uko nyene yabibashizemwo. Ahubwo riho, kubera urukundo yarabahaye ubushobozi bwo kwihitiramwo. Baramutse bahisemwo ingendo ibereye, bari kuba bagaragaje urukundo, ugukenguruka n’ukugamburuka, ivyo bigatuma ubwabo barushiriza guhimbarwa, tutibagiye na Se wabo wo mw’ijuru.—Imigani 27:11; Yesaya 48:18.
Ivyanditswe birerekana ko akatari gake Imana itakoresheje ubushobozi bwayo bwo kumenya ibintu imbere y’igihe. Nk’akarorero, igihe wa mwizigirwa Aburahamu yagira atange umwana wiwe nk’ikimazi, Yehova yavuze ati: “Ubu [nda]menye vy’ukuri yuko utinya Imana, kuko utanyimye umuhungu wawe, umwana wawe rudende.” (Itanguriro 22:12) Ariko vyarashitse mu bindi bihe ingendo itabereye y’abantu bamwebamwe iratuma Imana ‘ibabara.’ Iyo iza kuba yari izi kuva kera ivyo abo bantu bokoze, wumva none yari kubabara?—Zaburi 78:40, 41; 1 Abami 11:9, 10.
Ku bw’ivyo rero, ikintu cumvikana umuntu yovuga ni uko ya Mana nyene ubukerebutsi bwose itakoresheje ubushobozi bwayo bwo kumenya ibintu imbere y’igihe kugira imenye yuko abavyeyi bacu ba mbere bocumuye. Ntiyabaye imburabwenge ku buryo itunganya ikintu kitumvikana kitazokunda, igakoresha ubushobozi bwayo bwo kumenya imbere y’igihe ingene ibintu bizogenda, hanyuma ikareka ico kintu isanzwe izi kikaranguka kurya nyene yabiteguye.
‘Imana ni urukundo’
Shetani wa mwansi w’Imana ni we yatanguje ubugarariji bwo muri Edeni bwakweze ingaruka zibabaje, harimwo igicumuro n’urupfu. Muri ubwo buryo Shetani yarabaye “umwicanyi.” Yarabaye kandi “umunyakinyoma [aba] na se w’ikinyoma.” (Yohani 8:44) Abitumwe n’imvo mbi ubwiwe afise, aragerageza kwerekana ko Umuremyi wacu munyarukundo akorana imvo mbi. Ntibimugwa nabi kwegeka kuri Yehova ibicumuro abantu bakora.
Urukundo ni yo mvo ihambaye kuruta izindi yatumye Yehova ahitamwo kutamenya imbere y’igihe yuko Adamu na Eva bocumuye. Urukundo ni co kintu nyamukuru kiranga Imana. Muri 1 Yohani 4:8 havuga ko “Imana ari urukundo.” Urukundo rujana n’ivyiza, ntirujana n’ibibi. Rurondera iciza mu bandi. Egome, Yehova Imana abitumwe n’urukundo, yashaka ko wa mugabo n’umugore ba mbere bibagendera neza.
Naho abo bana b’Imana bo kw’isi bari bashoboye guhitamwo ingendo itaranga ubukerebutsi, Imana yacu yuzuye urukundo ntiyiyumviriye ko ibintu vyogenze nabi canke ngo yikeke ivyo biremwa vyayo bitunganye. Yari yarabahaye ivya nkenerwa bikwiye, arabaronsa n’ivyobafasha kuvyifatamwo neza. Vyari bibereye ko Imana yitega yuko baheza bakayigamburukira babitumwe n’urukundo aho kuyigarariza. Yari izi ko Adamu na Eva bari bashoboye kuba abizigirwa, nk’uko vyahavuye vyerekanwa n’abantu mbere badatunganye nka Aburahamu, Yobu, Daniyeli n’abandi benshi.
Yezu yavuze ati: “Ku Mana vyose birashoboka.” (Matayo 19:26) Ico ni iciyumviro kiremesha. Urukundo rwa Yehova, ruri kumwe n’izindi kamere ziwe nk’ubutungane, ubukerebutsi n’ububasha, ruradukura amazinda yuko igihe kibereye kigeze azoshobora gukuraho ingaruka zose z’igicumuro n’urupfu.—Ivyahishuwe 21:3-5.
Biratomoye yuko Yehova atari azi yuko wa mugabo n’umugore ba mbere bocumuye. Naho Imana yababajwe n’ukugambarara kw’abantu be n’imibabaro yakurikiye, yari izi neza ko ivyo bintu vy’igihe gito bitobujije iranguka ry’umugambi w’ibihe bidahera ifitiye isi n’abantu bayibako. Ubona gute urondeye kumenya n’ibindi ku bijanye n’uwo mugambi, ukamenya n’ukuntu woshobora kwungukira kw’iranguka ryawo ryiza igitangaza?a
[Akajambo k’epfo]
a Ushaka kumenya n’ibindi ku bijanye n’umugambi Imana ifitiye isi, raba ikigabane ca 3 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 14]
Yehova ntiyaremye ba bantu ba mbere nk’ibimashini ngo babeho bakora nk’uko nyene yabibashizemwo
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 15]
Imana yari izi ko Adamu na Eva bari bashoboye kuba abizigirwa