Abasomyi bacu barabaza . . .
Ivyabona vya Yehova boba bemera kuvurwa?
▪ Yezu yavuze ati: “Abafise amagara meza ntibakenera umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukenera.” (Matayo 9:12) Mu kuvuga ivyo, yarerekanye yuko kurondera imfashanyo ivuye ku bahinga mu vy’ubuvuzi bidateye kubiri n’Ijambo ry’Imana. Ni co gituma Ivyabona vya Yehova bemera n’umutima mwiza imiti n’ubundi buryo bwo kuvurwa. Baripfuza kugumana amagara meza no kuramba. Kanatsinda, cokimwe na Luka umukirisu wo mu kinjana ca mbere, Ivyabona vya Yehova bamwebamwe usanga ari abaganga.—Abakolosayi 4:14.
Ariko rero, Ivyabona vya Yehova ntibemera uburyo bwo kwivuza buteye kubiri n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Nk’akarorero, ntibemera guterwa amaraso kubera yuko Bibiliya ibuza ko umuntu arondera gufasha umubiri mu kurya amaraso. (Itanguriro 9:4; Abalewi 17:1-14; Ivyakozwe 15:28, 29) Ijambo ry’Imana kandi rirarwanya uburyo bwo kwivuza burimwo “ububasha bw’ivy’amageza,” ni ukuvuga ubupfumu.—Yesaya 1:13; Abagalatiya 5:19-21.
Abahinga benshi mu vyo kwitwararika amagara y’abantu baraturonsa uburyo bwo kwivuza bukingira ubuzima budateye kubiri n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Ubwo buryo bwo kwivuza Ivyabona vya Yehova benshi bahitamwo, kenshi usanga ari bwiza kurusha ubundi buryo butisunga ivyo Imana isaba.
Mu bisanzwe, ku bijanye n’ikibazo c’amagara usanga hari ivyiyumviro vyinshi. Icofasha umuntu umwe coshobora kudafasha uwundi. Ni co gituma abarondera gusuzumwa no kuvurwa neza n’abahinga mu vy’ubuvuzi ushobora gusanga bashimye kubaza n’uwundi muganga.—Imigani 14:15.
Ivyabona vya Yehova bose ntibahitamwo bimwe mu bijanye no kuvurwa. Aho ata tegeko ryo muri Bibiliya riba rirenzweko, Ijambo ry’Imana riremera yuko ijwi ryo mu mutima ry’umukirisu umwe rishobora gutandukana n’iry’uwundi. (Abaroma 14:2-4) Ku bw’ivyo rero, umuntu wese akwiye kwihweza neza uburyo ubwo ari bwo bwose bwo kuvurwa agiriwe inama, akaraba neza yuko budateye kubiri n’ijwi ryiwe ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya.—Abagalatiya 6:5; Abaheburayo 5:14.
Iyo Icabona ca Yehova agomba gufata ingingo iyo ari yo yose, amera nk’umushoferi yegereje amayirabiri acamwo imiduga myinshi. Apfuye gukurikira imiduga iri imbere yiwe agaca muri ayo mayirabiri yiruka, yoshobora gusanga ateje isanganya rikomeye. Umushoferi w’inkerebutsi aca agenda buhorobuhoro akaraba imiduga iri hirya no hino imbere y’uko abandanya. Mu buryo nk’ubwo, Ivyabona vya Yehova ntibihutagiza mu gufata ingingo z’ukuntu bovurwa canke ngo bapfe gukurikira ivyiyumviro vya benshi. Ahubwo riho, barashira ku munzane uburyo butandukanye bohitamwo kuvurwa bakongera bakarimbura ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya imbere y’uko bafata ingingo.
Ivyabona vya Yehova barakenguruka vy’ukuri igikorwa kitoroshe ababavura barangura n’ukuntu bitanga. Barakenguruka kandi ukuntu abo bavuzi bahaseruka hageze bakabafasha gutora mitende.