Woba wanka ubugarariji?
Wewe Yezu ‘waranse ubugarariji.’—HEB. 1:9.
1. Yezu yigishije iki ku vyerekeye urukundo?
KUGIRA Yezu Kristu ashimike ku vy’uko urukundo ruhambaye, yabwiye abigishwa biwe ati: “Ndabahaye ibwirizwa rishasha: mukundane. Nk’uko nabakunze, abe ari ko namwe mukundana. Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje: nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.” (Yoh. 13:34, 35) Yezu yategetse abayoboke biwe gukundana urwo kwitanga. Urwo rukundo ni rwo rwobaranze. Yezu kandi yabahimirije ati: “Mubandanye gukunda abansi banyu no gusabira ababahama.”—Mat. 5:44.
2. Abayoboke ba Kristu bakwiye gutsimbataza umutima wo kwanka iki?
2 Ariko rero, Yezu ntiyigishije gusa abigishwa biwe ivyerekeye urukundo, yarabigishije n’ico bakwiye kwanka. Ku bijanye na we, vyaravuzwe ngo: “Wakunze ubugororotsi, . . . wanka ububisha.” (Heb. 1:9; Zab. 45:7) Ivyo vyerekana yuko, uretse ko dutegerezwa gutsimbataza umutima wo gukunda ubugororotsi, dutegerezwa no gutsimbataza umutima wo kwanka igicumuro, ari bwo bugarariji. Biri n’ico bivuze kuba intumwa Yohani yavuze mu buryo butomoye ati: “Umuntu wese agendera mu gicumuro aba kandi ariko agendera mu bugarariji, kandi rero igicumuro ni ubugarariji.”—1 Yoh. 3:4.
3. Ku bijanye no kwanka ubugarariji, ni imice y’ubuzima iyihe iki kiganiro gica irya n’ino?
3 Kubera yuko turi abakirisu, vyoba vyiza rero twibajije duti: ‘Noba nanka ubugarariji?’ Nimuze dusuzume ingene dushobora kwerekana yuko twanka ikibi mu mice ine y’ubuzima bwacu ikurikira: (1) ukuntu tubona ivyo kurenza urugero mu kunywa inzoga, (2) ingene tubona ubupfumu, (3) ingene tuvyifatamwo imbere y’ubuhumbu, be (4) n’ukuntu tubona abakunda ubugarariji.
Ntube umuja w’inzoga
4. Ni kubera iki Yezu yagira umwidegemvyo wo kuvuga igihe yaba ariko aragabisha ku bijanye no kunywa inzoga zirenze urugero?
4 Rimwe na rimwe Yezu yaranywa umuvinyu, akaba yaratahura ko ari ingabirano iva ku Mana. (Zab. 104:14, 15) Ariko rero, ntiyigeze akoresha nabi iyo ngabirano mu kwisuka mu vyo kunywa birenze urugero. (Imig. 23:29-33) Ni co gituma Yezu yagira umwidegemvyo wo kuvuga igihe yaba ariko aratanga impanuro zijanye no kwirinda ingeso nk’iyo. (Soma Luka 21:34.) Kunywa inzoga zirenze urugero birashobora gushikana ku bindi bicumuro bikomeye. Ni co gituma intumwa Paulo yanditse ati: “Ntimuborerwe umuvinyu ari wo urimwo ubuhumbu, ahubwo mugume mwuzuzwa impwemu.” (Ef. 5:18) Yarahanuye kandi abatamakazi bo mw’ishengero kutaba “abaja b’umuvinyu mwinshi.”—Tito 2:3.
5. Ni ibibazo ibihe abahitamwo kunywa inzoga boshobora kwibaza?
5 Nimba uhisemwo kunywa inzoga, vyoba vyiza kandi wibajije uti: ‘Noba mbona ivyo kunywa inzoga zirenze urugero nk’uko Yezu yabibona? Igihe bikenewe ko mpanura abandi muri ivyo, noba ngira umwidegemvyo wo kuvuga? Noba nywa inzoga kugira ngo zimfashe kwibagira ingorane mfise? Nywa izingana iki buri ndwi? Ndavyakira gute igihe hari uwuvuze akikiriza yuko nshobora kuba nywa inzoga nyinshi? Noba nca ntangura kwisigura canke mbere nkamugirira inzika?’ Twirekeranye tukaba abaja b’umuvinyu mwinshi birashobora kugira ico bikoze ku bushobozi bwacu bwo kwiyumvira ibintu neza no gufata ingingo ziranga ubukerebutsi. Abayoboke ba Kristu barihatira kuzigama ubushobozi bwabo bwo kwiyumvira.—Imig. 3:21, 22.
Niwirinde ivy’ubupfumu
6, 7. (a) Yezu yavyifashemwo gute ku bijanye na Shetani be n’amadayimoni? (b) Ni kubera iki abantu benshi cane usanga baja mu vy’ubupfumu muri iki gihe?
6 Igihe Yezu yari kw’isi, yararwanije ashikamye Shetani n’amadayimoni. Yariyamirije ibitero Shetani yamugavyeko arondera gusenyura ukudahemuka kwiwe. (Luka 4:1-13) Vyongeye, yarashoboye kumenya ibintu vyihishije vyarondera kugira ico bikoze ku vyiyumviro no ku bikorwa vyiwe maze arabinanira. (Mat. 16:21-23) Yezu yarafashije abantu bari babikwiriye kwiganzura amadayimoni yabahahaza.—Mrk. 5:2, 8, 12-15; 9:20, 25-27.
7 Aho Yezu amariye kwimikwa mu 1914, yarahumanuye amajuru ayakuramwo akosho konona ka Shetani n’amadayimoni. Ico vyavuyemwo ni uko ubu kuruta ikindi gihe cose Shetani yiyemeje “[ku]zimiza isi yose.” (Ivyah. 12:9, 10) Ntidukwiye rero gutangazwa no kubona abantu benshi barushiriza gushimishwa n’ubupfumu. Ni ibintu ibihe twokora kugira ngo twikingire?
8. Ni ukwisuzuma ukuhe twogira ku bijanye n’uburyo bwo kwisamaza duhitamwo?
8 Bibiliya iragabisha mu buryo butomoye ku vyerekeye ingeramizi zijanye n’ubupfumu. (Soma Gusubira mu vyagezwe 18:10-12.) Muri iki gihe, Shetani n’amadayimoni barosha ivyiyumviro vy’abantu biciye mu masinema, mu bitabu, no mu dukino two kuri videwo biremesha ivy’ubupfumu. Ku bw’ivyo, igihe duhitamwo uburyo bwo kwisamaza, umwe wese muri twebwe akwiye kwibaza ati: ‘Mu mezi aheze, noba narahisemwo kwisamaza nkoresheje amasinema, ibiganiro vyo kuri Televiziyo, udukino two kuri videwo, ibitabu canke ibiganiro vyo gutwenza vyerekana ivy’amageza? Noba ntahura yuko bihambaye ko namirira kure ibintu bishobora gutuma nisuka mu bupfumu, canke noba mfatira mu rwara izo ngeramizi? Noba hoho maze kuzirikana ingene Yehova ashobora kuba abona ibijanye n’uburyo bwo kwisamaza mpitamwo? Nimba narahaye ikaze mwene ivyo bintu biremeshwa na Shetani, urukundo nkunda Yehova be n’ingingo ngenderwako ziwe zigororotse rwoba ruzotuma mfata ingingo ruhasha maze nkavyiyamiriza?’—Ivyak. 19:19, 20.
Niwumvire ingabisho ya Yezu ijanye n’ubuhumbu
9. Umuntu yoshobora gute gutsimbataza umutima wo gukunda ubugarariji?
9 Yezu yarashigikira ingingo mfatirwako za Yehova zijanye n’ukwigenza neza mu vy’igitsina. Yavuze ati: “Mbega ntimwasomye yuko uwabaremye kuva mu ntango yabagize umugabo n’umugore, akavuga ati: ‘Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina akifatanya n’umugore wiwe, kandi abo babiri bazoba umubiri umwe’? Ku buryo bataba bakiri babiri, ahubwo baba ari umubiri umwe. Ku bw’ivyo rero, ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe, umuntu ntakagitanye.” (Mat. 19:4-6) Yezu yari azi ko ivyo twiyinjizamwo biciye ku maso yacu bishobora kugira ico bikoze ku mutima wacu. Ni co gituma muri ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi yavuze ati: “Mwarumvise ko vyavuzwe ngo: ‘Ntukarenge ibigo.’ Mugabo jewe ndababwiye ko umuntu wese aguma araba umugore bigatuma amugirira inambu, aba amaze kurenga ibigo kuri we mu mutima wiwe.” (Mat. 5:27, 28) Abirengagiza iyo ngabisho ya Yezu baba vy’ukuri bariko baratsimbataza umutima wo gukunda ubugarariji.
10. Niwigane ikintu cabaye cerekana ko umuntu ashobora guheba ivyo kuraba amashusho yerekana ubushegabo.
10 Shetani araremesha ubuhumbu biciye ku mashusho yerekana ubushegabo. Iyi si yuzuyemwo ayo mashusho. Abantu baraba ayo mashusho basanga bigoye kuyazimanganya mu bwenge bwabo. Barashobora mbere kwizizirwa n’ivyo kuyaraba. Rimbura ivyashikiye umukirisu umwe. Avuga ati: “Nararaba amashusho yerekana ubushegabo ninyegeje. Ni nk’aho nari mu yindi si iyo niyumvira ko ata ho ihuriye n’isi nabamwo nkorera Yehova. Nari nzi ko iyo ngeso ari mbi mugabo nkibwira ko umurimo ndangurira Imana wari ucemewe.” Ni igiki none catumye uwo muvukanyi ahindura ivyiyumviro? Avuga ati: “Naho cari co kintu kigoye kuruta ibindi vyose nigeze gukora, narafashe ingingo yo kubwira abakurambere ivyerekeye iyo ngorane nari mfise.” Amaherezo uwo muvukanyi yarahevye iyo ngeso yonona. Yiyemerera ati: “Aho mariye guhumanura ubuzima bwanje nkareka ico gicumuro, nahavuye niyumvamwo ko mfise vy’ukuri ijwi ryo mu mutima ridahumanye.” Abanka ubugarariji bategerezwa kwiga kwanka amashusho yerekana ubushegabo.
11, 12. Twokwerekana gute ko twanka ubugarariji ku bijanye no guhitamwo imiziki twumviriza?
11 Umuziki be n’amajambo ari muri wo birashobora kugira ikintu gikomeye bikoze ku nyiyumvo zacu, gutyo bikagira ico bikoze no ku mutima wacu w’ikigereranyo. Umuziki ubwawo ni ingabirano iva ku Mana kandi waramaze igihe kirekire ukoreshwa mu gusenga kw’ukuri. (Kuv. 15:20, 21; Ef. 5:19) Mugabo isi mbi ya Shetani iremesha umuziki uhayagiza ubuhumbu. (1 Yoh. 5:19) Ushobora gute none kumenya nimba umuziki wumviriza uriko uraguhumanya canke utariko uraguhumanya?
12 Woshobora gutangurira ku kwibaza uti: ‘Indirimbo numviriza zoba zihayagiza ubwicanyi, ukurenga ibigo, ubusambanyi, be n’ukurogota? Hamwe nosomera umuntu amajambo yo mu ndirimbo zimwezimwe, uwo muntu yoba yoca atahura yuko nanka ubugarariji, canke ayo majambo yokwerekana yuko umutima wanje uhumanye?’ Ntidushobora kuvuga ko twanka ubugarariji kandi tubuhayagiza mu ndirimbo. Yezu yavuze ati: “Ibiva mu kanwa biba bivuye mu mutima, kandi ivyo ni vyo bihumanya umuntu. Nk’akarorero, mu mutima ni ho hava ivyiyumviro bibi, ubwicanyi, ukurenga ibigo, ubusambanyi, ukwiba, ugushinga intahe z’ikinyoma, ukurogota.”—Mat. 15:18, 19; gereranya na Yakobo 3:10, 11.
Nubone abakunda ubugarariji nk’uko Yezu yababona
13. Yezu yabona gute abantu bari baramogoreye igicumuro?
13 Yezu yavuze ko yaje guhamagara abacumuzi, ari bo bagarariji, ngo bigaye. (Luka 5:30-32) Ariko none yabona gute abamogoreye ingendo y’igicumuro? Yezu yaratanze ingabisho zikomeye zijanye no kwirinda kwoshwa na mwene abo bantu. (Mat. 23:15, 23-26) Yaravuze kandi atomora ati: “Si umuntu wese ambwira ngo: ‘Mukama, Mukama’ azokwinjira mu bwami bwo mw’ijuru, atari uwukora ukugomba kwa Dawe ari mw’ijuru. Benshi bazombwira kuri wa musi [Imana niyaca urubanza] ngo: ‘Mukama, Mukama, ntitwavuga ubuhanuzi mw’izina ryawe, tukirukana amadayimoni mw’izina ryawe, tugakora n’ibikorwa vyinshi vy’ububasha mw’izina ryawe?’” Ariko rero, azokwamirira kure abakora ivy’ubugarariji ntibigaye, mu kuvuga ati: “Mva mu maso.” (Mat. 7:21-23) Ni kubera iki none azobacira urubanza nk’urwo? Ni kubera ko bene abo bantu badatera iteka Imana bakaba kandi bagirira abandi nabi biciye ku bikorwa vyabo vy’ubugarariji.
14. Ni kubera iki abacumuzi batigaya bakurwa mw’ishengero?
14 Ijambo ry’Imana ritegeka yuko abacumuzi batigaya bakurwa mw’ishengero. (Soma 1 Abakorinto 5:9-13.) Ivyo birakenewe n’imiburiburi kubera imvo zitatu: (1) kugira ngo izina rya Yehova ntirisigwe iceyi, (2) kugira ngo ishengero ntiryandure, (3) no kugira ngo umucumuzi afashwe kwigaya nimba bishoboka.
15. Nimba twipfuza kuguma turi intahemuka kuri Yehova, ni ibibazo bihambaye ibihe dukwiye kwibaza?
15 Twoba tubona abiyemeje kuguma mu ngendo yabo y’ubugarariji nk’uko Yezu yababona? Turakeneye kuzirikana kuri ibi bibazo: ‘Noba nohitamwo kwama nifatanya n’umuntu yaciwe canke yiyonjoroye mw’ishengero rya gikirisu? Tuvuge iki mu gihe uwo muntu ari incuti ya hafi itakiba i muhira?’ Ico kintu kirashobora kwerekana ko twoba vy’ukuri dukunda ubugororotsi be n’uko twoba turi intahemuka ku Mana canke atari ko biri.a
16, 17. Ni ikintu kitoroshe ikihe cashikiye inabibondo umwe w’umukirisu, kandi ni igiki camufashije gushigikira intunganyo ijanye no guca abacumuzi batigaya?
16 Rimbura ivyerekeye mushiki wacu umwe yari afise umuhungu ageze mu bigero yigeze kuba akunda Yehova. Ariko rero, mu nyuma yarahisemwo gukora ivy’ubugarariji kandi aranka kwigaya. Ivyo vyatumye acibwa mw’ishengero. Uwo mushiki wacu yarakunda Yehova, mugabo agakunda n’umuhungu wiwe kandi yarabona ko bigoye cane gushira mu ngiro itegeko ryo mu Vyanditswe rimusaba kwirinda kwifatanya na we.
17 Wari guhanura iki uwo mushiki wacu? Umukurambere umwe yaramufashije kubona yuko Yehova atahura umubabaro yari afise. Uwo muvukanyi yaramusavye kwiyumvira umubabaro Yehova ategerezwa kuba yaragize igihe bamwe mu bana biwe b’abamarayika bagarariza. Uwo mukurambere yaramufashije kuzirikana yuko naho nyene Yehova azi ukuntu ikintu nk’ico gishobora kubabaza, asaba yuko abacumuzi batigaya bacibwa. Uwo mushiki wacu yarafashe nkama ivyo vyibutswa maze arashigikira adahemuka iyo ntunganyo ijanye no guca abacumuzi batigaya.b Ukudahemuka nk’ukwo kuranezereza umutima wa Yehova.—Imig. 27:11.
18, 19. (a) Guhagarika imigenderanire dufitaniye n’uwukora ivy’ubugarariji vyerekana ko twanka iki? (b) Mu gihe tuguma turi intahemuka ku Mana kandi tugashigikira intunganyo yashizeho, hashobora kuvamwo iki?
18 Niwashikirwa n’ikintu nk’ico, uribuka yuko Yehova atahura ukuntu umerewe. Uhagaritse imigenderanire ufitaniye n’uwaciwe canke uwiyonjoroye, uba werekanye ko wanka inyifato be n’ibikorwa vyashikanye kuri ico kintu. Ariko rero, uba kandi werekanye ko ukunda uwo mucumuzi bigatuma wipfuza kumukorera ikintu ciza kuruta ibindi. Kuguma uri intahemuka kuri Yehova vyoshobora gutuma birushiriza gushoboka ko uwo yatojwe indero yigaya maze akagaruka kuri Yehova.
19 Umuntu umwe yigeze gucibwa mugabo mu nyuma akagarukanwa yanditse ati: “Ndahimbarwa n’uko Yehova akunda abasavyi biwe ku buryo araba neza ko ishirahamwe ryiwe riguma ridahumanye. Ikintu abo hanze boshobora kubona ko kiranga umutima mubi ni co kintu gikenewe kandi vy’ukuri kiranga urukundo umuntu yokora.” Wiyumvira yuko uwo muntu yari gufashwa gushika kuri ico ciyumviro iyo abagize ishengero, harimwo n’umuryango wiwe, baguma bafitaniye na we imigenderanire igihe yari yaraciwe? Kuba dushigikira iyo ntunganyo ishingiye ku Vyanditswe ijanye no gucibwa birerekana ko dukunda ubugororotsi be n’uko twemera uburenganzira Yehova afise bwo kudushingira ingingo mfatirwako zigenga inyifato runtu.
‘Niwanke ikibi’
20, 21. Ni kubera iki bihambaye ko twiga kwanka ubugarariji?
20 Intumwa Petero agabisha ati: “Muzigame ubwenge bwanyu, mube maso.” Kubera iki? Kubera yuko “umwansi wanyu Shetani agendagenda nk’intambwe iroha, arondera uwo arotsa.” (1 Pet. 5:8) Uwo muntu Shetani arondera kurotsa yoba azoba wewe? Ahanini bivana n’urugero ushikanako mu kwiga kwanka ubugarariji.
21 Gutsimbataza umutima wo kwanka ikibi si icoroshe. Tuvukana igicumuro, tukaba kandi tuba mw’isi ituremesha gukurikirana ivyipfuzo vy’umubiri. (1 Yoh. 2:15-17) Ariko rero, twiganye Yezu Kristu kandi tugatsimbataza urukundo dukunda Yehova Imana, turashobora kuroranirwa mu bijanye no gutsimbataza umutima wo kwanka ubugarariji. Nimuze twiyemeze ‘kwanka ikibi,’ twizigiye neza yuko Yehova “arinda . . . intahemuka ziwe; a[kazi]rokora mu kuboko kw’ababisha.”—Zab. 97:10.
[Utujambo tw’epfo]
a Ushaka kumenya ido n’ido ku vyerekeye ico ciyumviro, raba Igikorwa dukorera Ubwami co muri Myandagaro 2002, urupapuro rwa 3-4.
Wokwishura gute?
• Ni igiki kizodufasha gusuzuma ukuntu tubona ibijanye n’inzoga?
• Ni ibintu ibihe twokora kugira ngo twikingire ivy’ubupfumu?
• Ni kubera iki kuraba amashusho yerekana ubushegabo birimwo akaga?
• Twerekana gute ko twanka ubugarariji igihe uwo dukunda aciwe?
[Ifoto ku rup. 29]
Nimba uhisemwo kunywa inzoga, ni ibiki ukwiye kurimbura?
[Ifoto ku rup. 30]
Uraba maso ku bintu biremeshwa na Shetani biri mu buryo bwo kwisamaza
[Ifoto ku rup. 31]
Uwuraba amashusho yerekana ubushegabo aba ariko aratsimbataza umutima wo gukunda iki?