ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 1/3 rup. 4-5
  • Ubwami bw’Imana ni iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubwami bw’Imana ni iki?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Abategetsi bazoganza isi yose
  • Igituma inkuru y’Ubwami ari nziza
  • Ubwami “Butazokwigera Buhangūra”
    Senga Imana yonyene y’ukuri
  • Ubwami bw’Imana burahambaye muri vyose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ibibazo bine bijanye n’umuhero vyishurwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ubwami bw’Imana Buraganza
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 1/3 rup. 4-5

Ubwami bw’Imana ni iki?

“Iyi nkuru nziza y’ubwami . . . ”​—MATAYO 24:14.

MURI ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi izwi cane, Yezu yaratanze isengesho ry’akarorero, na ryo rikaba ririmwo aya majambo yo gutakambira Imana agira ati: “Ubwami bwawe nibuze.” Abantu batagira uko bangana barafashe ku mutwe iryo sengesho kandi bararisubiramwo kenshi. Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi kivuga ko ari ryo “sengesho nyamukuru abakirisu bose bakunze gukoresha igihe baba bariko barasenga.” Yamara, benshi mu barisubiramwo usanga ata vyinshi bazi ku bijanye n’insobanuro y’ubwo Bwami canke ku bijanye n’ico buzokora nibwaza.​—Matayo 6:9, 10.

Ivyo ntibitangaje. Igihe indongozi z’amadini y’abiyita abakirisu zisigura ico ari co ubwo Bwami, usanga zitavuga rumwe, zigatanga insobanuro zivuruga ubwenge kandi zigoye gutahura. Imwe muri izo ndongozi yandika ko Ubwami bw’Imana ari “ikintu gikomoka ku Mana, . . . ikintu kiri muri wewe kiguhuza na ya Mana nzima . . , ikintu kiba hagati yawe n’Imana kikaba ari co abagabo n’abagore baronkeramwo ubukiriro.” Iyindi ndongozi isigura ko injili y’Ubwami ari “inyigisho yerekeye idini.” Igitabu kimwe c’Ikatikisimu (Catechism of the Catholic Church) na co kivuga giti: “Ubwami bw’Imana [ni] ubugororotsi, amahoro n’umunezero muri Mutima Mweranda.”

Ku rupapuro rwa 2 rw’iki kinyamakuru urahasanga insobanuro yumvikana gusumba igira iti: “Ubwami bw’Imana, buno bukaba ari intwaro iriho koko yo mw’ijuru, bugiye gukuraho ubukozi bw’ikibi bwose maze buhindure isi Iparadizo.” Reka turabe ingene Bibiliya ishigikira iyo nsobanuro.

Abategetsi bazoganza isi yose

Ubwami ni intwaro iganzwa n’umwami. Umwami w’Ubwami bw’Imana ni Yezu Kristu uwamaze kuzurwa. Iyimikwa ryiwe mw’ijuru ryaradondowe mu vyo umuhanuzi Daniyeli yeretswe, akaba yanditse ati: “Nguma nitegereza mu vyo neretswe mw’ijoro, maze ehe raba, uwusa n’umwana w’umuntu [Yezu] yariko azanana n’ibicu vyo mu majuru; yemererwa gushika aho Umwe wa kera mu misi [Yehova Imana] ari, araheza yegerezwa imbere y’Uwo. Maze ahabwa ubutware n’iteka n’ubwami, kugira ngo ibisata vy’abantu, imiryango y’amahanga n’indimi vyose bimukorere. Ubutware bwiwe ni ubutware bwamaho igihe kitagira urugero, butazovaho; ubwami bwiwe na bwo ni ubutazosenyurwa.”​—Daniyeli 7:13, 14.

Igitabu co muri Bibiliya ca Daniyeli kirerekana kandi ko ubwo Bwami bwoshimangiwe n’Imana, ko buzokuraho intwaro z’abantu zose be n’uko butazokwigera busenyurwa. Mu kigabane ca 2 c’ico gitabu, haradondora indoto ivuye ku Mana umwami wa Babiloni yarose, aho yabonye igishusho kinini kigereranya intwaro nganzasi zogiye zirakurikirana. Umuhanuzi Daniyeli yarasobanuye iyo ndoto. Yanditse ati: “Mu kiringo ca nyuma c’imisi . . . Imana yo mw’ijuru izoshinga ubwami butazokwigera busenyurwa. Kandi ubwo bwami ntibuzohabwa ikindi gisata c’abantu. Buzojanjagura ubwo bwami bwose bubuherengeteze, yamara bwobwo buzohangama gushika ibihe bitagira urugero.”​—Daniyeli 2:28, 44.

Umwami w’Ubwami bw’Imana ntaganza ari wenyene. Mu kiringo c’igikorwa Yezu yaranguriye kw’isi, yarasezeraniye intumwa ziwe z’intahemuka ko bo hamwe n’abandi, bozukiye kuba mw’ijuru bakicara ku ntebe z’ubwami. (Luka 22:28-30) Yezu ntiyariko avuga za ntebe z’ubwami tumenyereye, kuko nk’uko yavyerekanye, ubwo Bwami bwobaye buri mw’ijuru. Bibiliya ivuga ko abo bazofatanya na Yezu kuganza ari abo mu “muryango wose n’ururimi rwose n’igisata cose n’ihanga ryose.” Bobaye ‘abami n’abaherezi ku Mana yacu, bakaganza isi.’​—Ivyahishuwe 5:9, 10.

Igituma inkuru y’Ubwami ari nziza

Urabona ko Kristu Yezu yahawe kuganza “ibisata vy’abantu, imiryango y’amahanga n’indimi” vyose, kandi ko abazofadikanya na we “bazoganza isi.” Ni bande none bazoba abatwarwa b’ubwo Bwami? Ni abakira inkuru nziza iriko iramamazwa muri iki gihe bakongera bakabaho bayisunga. Muri abo batwarwa harimwo kandi abazoba bazukiye kuba kw’isi, bakazoba bafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera.

Bibiliya irerekana neza imihezagiro abantu bazokwinovora igihe bazoba batwarwa n’ubwo Bwami. Raba imwimwe muri iyo mihezagiro:

“Ahagarika intambara gushika ku mpera y’isi. Umuheto aravunagura, emwe, icumu agahimbagura; imikogote ayituririra mu muriro.”​—Zaburi 46:9.

“Emwe, bazokwubaka amazu bayiberemwo; emwe, bazotera imirima y’imizabibu birire ivyamwa vyayo. Ntibazokwubaka ngo uwundi ayibemwo; ntibazotera ngo uwundi abirye.”​—Yesaya 65:21, 22.

“[Imana] izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho. Ivya kera vyagiye.”​—Ivyahishuwe 21:3, 4.

“Ico gihe amaso y’impumyi azohumuka, kandi amatwi y’ibipfamatwi azozibuka. Ico gihe uwucumbagira azonanagira nk’ifumbēri, kandi ururimi rw’ikiragi ruzokwiha akamo k’urweze.”​—Yesaya 35:5, 6.

“Isaha igira igere, aho abari mu mva bose bazokwumva ijwi ryiwe [rya Yezu] bakazivamwo, abakoze ivyiza bakazukira ubuzima.”​—Yohani 5:28, 29.

“Abatekereza bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi.”​—Zaburi 37:11.

Emwe iyo ni inkuru nziza! Vyongeye, ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bumaze kuranguka burerekana ko igihe c’uko Ubwami buzana intwaro yabwo igororotse kw’isi yose kiri hafi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika