Niwizigire Yehova uko umuhero wegereza
“Nimwizigire Yehova ibihe vyose.”—YES. 26:4.
1. Ni itandukaniro irihe riri hagati y’abasavyi b’Imana n’abantu bo mw’isi?
TUBAYE mw’isi aho abantu amamiliyoni batakimenya uwo bokwizigira canke ico bokwizigira, kumbure kubera yuko bagiriwe nabi canke bahemukiwe incuro nyinshi cane. Ese ukuntu batandukanye n’abasavyi ba Yehova! Kubera ko bobo bayoborwa n’ubukerebutsi buva ku Mana, baririnda kwizigira iyi si canke “abanyacubahiro” bo muri yo. (Zab. 146:3) Ahubwo nyabuna, ubuzima bwabo na kazoza kabo babishira mu maboko ya Yehova, bazi yuko abakunda be n’uko yama ashitsa Ijambo ryiwe.—Rom. 3:4; 8:38, 39.
2. Yosuwa yerekanye gute ko Imana ari iyo kwizigirwa?
2 Yosuwa wo mu bihe vya kera yarerekanye ko Imana ari iyo kwizigirwa. Amaja mu mpera y’ubuzima bwiwe, yabwiye Abisirayeli bagenziwe ati: “Murazi neza n’imitima yanyu yose n’ubuzima bwanyu bwose yuko ata jambo na rimwe mu majambo meza yose Yehova Imana yanyu yababwiye ritashitse. Yose yararangutse ku bwanyu.”—Yos. 23:14.
3. Izina ry’Imana rihishura iki ku biyerekeye?
3 Yehova arashitsa ivyo asezerana, atabitumwe gusa n’uko akunda abasavyi biwe mugabo canecane ku bw’izina ryiwe. (Kuv. 3:14; 1 Sam. 12:22) Amajambo y’intangamarara yo muri Bibiliya imwe (The Emphasized Bible) y’uwitwa J. B. Rotherham, asigura yuko izina ry’Imana risobanura yuko Imana ishobora gucika ico ari co cose kugira ngo ishitse ivyo yasezeranye. Iyo twumvise izina ryayo, duca twibuka yuko yama nantaryo ikora ivyo ivuga. Irashobora gukora ivyo ikeneye gukora ku mwanya uwo ari wo wose n’ahantu aho ari ho hose. Nta kintu na kimwe kiyinanira. Imana ikora ihuza n’insobanuro y’izina ryayo.
4. (a) Muri Yesaya 26:4 haduhimiriza gukora iki? (b) Ni ibiki twihweza muri iki kiganiro?
4 Niwibaze uti: ‘Noba nzi Yehova bihagije ku buryo ndamwizigira mperejeko? Noba niteze kazoza mfise icizigiro, nzi yuko Imana yifatiye ibintu mu minwe?’ Muri Yesaya 26:4 hagira hati: “Nimwizigire Yehova ibihe vyose, kuko Ya Yehova ari we Gitandara c’ibihe bitagira urugero.” Ego ni ko, muri iki gihe Imana ntihaseruka ngo igire ico ikoze mu buzima bw’abantu ku gitangaro nk’uko vyashika ikabigira mu bihe vya Bibiliya. Ariko rero, kubera ko ari “Igitandara c’ibihe bitagira urugero,” turashobora kuyizigira “ibihe vyose.” None Imana yacu yo kwizigirwa ifasha gute abasavyi bayo b’abizigirwa muri iki gihe? Nimuze turimbure uburyo butatu ibigira: Iradukomeza igihe turondera ko idufasha kunanira inyosha mbi, iradushigikira igihe tubwirizwa kwihanganira abatabinerwa canke abaturwanya imbonankubone, ikongera ikaturemesha igihe turemerewe n’amaganya. Uko twihweza iyo mice, niwiyemeze kuraba ukuntu worushiriza kwizigira Yehova.
Niwizigire Imana igihe wohejwe gukora ikibi
5. Ku bijanye n’ukwizigira Imana kwacu, ni ryari vyoshobora kutugora cane?
5 Biroroshe kwizigira Yehova ku bijanye n’umuhango atanga werekeye Iparadizo canke izuka, ivyo bikaba ari ibintu twipfuza cane. Mugabo vyoshobora kuba ibintu bigoye cane kumwizigira mu bijanye n’ukwigenza runtu, ni ukuvuga kujijuka mu mutima duherejeko yuko gukurikiza inzira ziwe be n’ingingo mfatirwako ziwe ari ikintu kibereye be n’uko bizotuma tugira agahimbare ntangere. Umwami Salomo yanditse iyi mpanuro igira iti: “Wizigire Yehova n’umutima wawe wose kandi ntiwishimikize ubwenge bwawe bwite. Mu nzira zawe zose umwibuke, na we azogorora iminyuro yawe.” (Imig. 3:5, 6) Urabona ko havuga ibijanye n’“inzira” zacu be n’“iminyuro” yacu. Egome, turakwiye kwerekana ko twizigira Imana mu mice yose y’ubuzima bwacu, atari gusa mu bijanye n’icizigiro cacu ca gikirisu. Twokwerekana gute ukwo kwizigira igihe dushikiwe n’inyosha mbi?
6. Dushobora gute gukomeza umwiyemezo dufise wo kwamirira kure ivyiyumviro bibi?
6 Guca kure ikibi bihera mu muzirikanyi. (Soma Abaroma 8:5; Abanyefeso 2:3.) Ushobora gute none gukomeza umwiyemezo ufise wo kwamirira kure ivyiyumviro bibi? Rimbura ubu buryo butanu: 1. Nurondere gufashwa n’Imana biciye mw’isengesho. (Mat. 6:9, 13) 2. Nuzirikane uburorero bwo muri Bibiliya bw’abantu batumvirije Yehova be n’ubw’abamwumvirije. Nuce uraba ukuntu vyabagendeye.a (1 Kor. 10:8-11) 3. Nuzirikane ukuntu igicumuro gishobora kukugirira nabi mu bwenge no mu mutima, kikanagirira nabi muri ubwo buryo abo ukunda. 4. Niwiyumvire ingene Imana itegerezwa kuba imererwa igihe umwe mu basavyi bayo akoze igicumuro gikomeye. (Soma Zaburi 78:40, 41.) 5. Niwihe ishusho y’umunezero Yehova agira igihe abona umusavyi wiwe w’intahemuka yamiriye kure ikibi agakora ikibereye, yaba ari mu bantu canke ari ahiherereye. (Zab. 15:1, 2; Imig. 27:11) Na wewe urashobora kwerekana ko wizigira Yehova.
Niwizigire Imana igihe uhuye n’abatabinerwa canke abakurwanya
7. Ni ibigeragezo ibihe vyashikiye Yeremiya, kandi vyarashika akumva amerewe gute?
7 Benshi mu bavukanyi bacu usanga bakorera mu vyibare bigoye cane. Umuhanuzi Yeremiya yakorera ahantu nk’aho, ni ukuvuga mu bwami bwa Yuda igihe bwari mu misi yabwo ya nyuma yarangwamwo akajagari. Ku musi ku musi yarakubagurwa n’ibintu vyagerageza ukwizera kwiwe kubera ko yatangaza ubutumwa bujanye n’urubanza rw’Imana abigiranye ukugamburuka. Mbere n’umunyamabanga wiwe w’intahemuka ari we Baruki yarigeze kwidoga avuga ko arambiwe. (Yer. 45:2, 3) Yeremiya yoba yaracitse intege? Emwe, vyarashitse arihebura. Yavuze ati: “Urakavumwa umusi navukiyeko! . . . Kubera iki navuye mu gitereko kugira mbone igikorwa c’ubutame n’intuntu, no kugira ngo imisi yanje irangirire mu bumaramare?”—Yer. 20:14, 15, 18.
8, 9. Twisunze ibivugwa muri Yeremiya 17:7, 8 no muri Zaburi 1:1-3, dutegerezwa gukora iki kugira ngo tubandanye kwama ivyamwa vyiza?
8 Ariko rero, Yeremiya ntiyatanye n’akabando. Yarabandanije kwizigira Yehova. Ivyo vyatumye uwo muhanuzi w’umwizigirwa yibonera iranguka ry’amajambo ya Yehova ari muri Yeremiya 17:7, 8, ayo na yo akaba agira ati: “Arahezagiwe umuntu w’umugabo yizigira Yehova, Yehova akaba ari umwizero wiwe. Azoba vy’ukuri nk’igiti gitewe iruhande y’amazi, gishora imizi yaco iruhande y’umugende w’amazi; ubushuhe nibwaza ntazobibona, mugabo urubabi rwiwe ruzoba urutotahaye. Mu mwaka w’uruzuba ntazogira amaganya, canke ngo areke kwama ivyamwa.”
9 Nka kurya kw’igiti c’ivyamwa gitotahaye “gitewe iruhande y’amazi,” canke mu murima w’ivyamwa uvomerwa, Yeremiya ntiyigeze “arek[a] kwama ivyamwa.” Yaranse kwoshwa n’abacokoranyi b’ababisha bari bamukikuje. Ahubwo, yarumiye kuri Sôko ry’“amazi” azigama ubuzima yongera arafata nkama ibintu vyose Yehova yamubwiye. (Soma Zaburi 1:1-3; Yer. 20:9) Ese ukuntu Yeremiya ari akarorero keza kuri twebwe, na canecane kuri bamwebamwe muri twebwe bakorera Imana mu vyibare bigoye! Nimba ivyawe ari ukwo vyifashe, nubandanye kwiheka cane kuri Yehova, we azoguha kwihangana uko “[u]shingira intahe icese izina [ryiwe].”—Heb. 13:15.
10. Ni imihezagiro iyihe dufise, kandi ni igiki dukwiye kwibaza?
10 Kugira ngo Yehova adufashe kwihanganira ingorane zidushikira mu buzima muri iyi misi ya nyuma, yaraduhaye ibintu vyinshi vyo mu buryo bw’impwemu. Muri ivyo bintu harimwo Ijambo ry’Imana rikwiye, rino rikaba ririko rirahindurwa mu buryo butagiramwo amakosa mu ndimi zirushiriza kwongerekana. Yaraturonkeje imfungurwa umukimba zo mu buryo bw’impwemu ku gihe kibereye abicishije kuri wa mugwi w’umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge. Yaraduhaye kandi abagenzi badushigikira bagizwe n’umugwi munini cane w’abo dusangiye ukwemera, bano tukaba duhurira ku makoraniro no ku materaniro. Woba wungukira bimwe bishitse kuri izo ntunganyo? Abo bose bazungukirako “bazokwiha akamo k’umunezero kubera bamerewe neza ku mutima.” Ariko rero, abanka kwumviriza Imana “[ba]zoboroga kubera umubabaro wo mu mutima, [ba]mokeshwe n’ukudendebuka kw’umutima.”—Yes. 65:13, 14.
Niwizigire Imana igihe uri mu maganya
11, 12. Turavye ingorane ziri mw’isi, ingendo iranga ubukerebutsi nyakuri twokurikira ni iyihe?
11 Nk’uko vyari vyaravuzwe, abantu bariko barashikirwa n’amagorwa ameze nk’isegenya arushiriza kwongerekana. (Mat. 24:6-8; Ivyah. 12:12) Igihe isegenya nya segenya riteye, usanga abantu baca birukira ahantu harushirije kuba ahakirurutse canke bakurira mu gisenge c’inyubakwa, egome, ahantu hose harushirije kuba ahakirurutse. Muri ubwo buryo nyene, uko ingorane zo mw’isi zirushiriza kwongerekana, ni ko abantu amamiliyoni baronderera ubuhungiro mu nzego z’ivy’ubutunzi, ivya politike be n’ivy’idini zisa n’izikirurutse tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, bakongera bakaburonderera muri siyansi no mu buhinga. Mugabo nta na kimwe muri ivyo gitanga umutekano nyakuri. (Yer. 17:5, 6) Abasavyi ba Yehova bobo barafise vy’ukuri ubuhungiro bwo kwizigirwa, ni ukuvuga “Igitandara c’ibihe bitagira urugero.” (Yes. 26:4) Umwanditsi wa Zaburi yavuze ati: “[Yehova] ni we gitandara canje n’ubukiriro bwanje, ahantu hanje hakirurutse hatagira inkomanzi.” (Soma Zaburi 62:6-9.) None ico Gitandara tukigira ubuhungiro bwacu gute?
12 Turumira kuri Yehova igihe dukurikiza Ijambo ryiwe, rino rikaba akenshi rihushanye n’ubukerebutsi bw’abantu. (Zab. 73:23, 24) Nk’akarorero, abantu boshwa n’ubukerebutsi bw’abantu boshobora kuvuga bati: ‘Ubuzima ni ubu gusa; bukoreshe bimwe bishitse.’ ‘Kurikirana umwuga mwiza.’ ‘Rondera amahera menshi.’ ‘Gura ibi, gura biriya.’ ‘Fata ingendo; niwiryohere kw’isi.’ Ariko rero, ubukerebutsi buva ku Mana burahuye n’impanuro igira iti: “Abakoresha isi babe nk’abatayikoresha rwose; kuko ibintu vyo kuri iyi si biriko birahinduka.” (1 Kor. 7:31) Muri ubwo buryo nyene, Yezu aduhimiriza kwama dushira mu kibanza ca mbere ivyungura Ubwami, gutyo tukirundaniriza “amatunga mw’ijuru,” aho atazogira inkomanzi na gato.—Mat. 6:19, 20.
13. Dufise mu muzirikanyi ibivugwa muri 1 Yohani 2:15-17, ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza?
13 Ukuntu ubona “isi” n’“ibiri mw’isi” kwoba kwerekana yuko wizigira Imana uherejeko? (1 Yoh. 2:15-17) Ubutunzi bwo mu vy’impwemu be n’uduteka tujanye n’umurimo w’Ubwami vyoba biguhimbara kuruta ibintu isi itanga, kandi ukaba ubona ko bihambaye kuruta ivyo bintu? (Flp. 3:8) Woba wihatira kuguma ufise ‘ijisho riremuruye’? (Mat. 6:22) Ego niko, Imana ntiyipfuza yuko uba umuntu afata ibintu minenerwe canke atitaho ibintu, na canecane igihe ufise umuryango ubwirizwa kwitwararika. (1 Tim. 5:8) Mugabo yiteze ko abasavyi bayo bayizigira bimwe bishitse, ntibizigire isi ya Shetani iri mu kurangira.—Heb. 13:5.
14-16. Bamwebamwe bungukiye gute ku kuguma bafise ‘ijisho riremuruye’ no ku kugumiza ivyungura Ubwami mu kibanza ca mbere?
14 Rimbura akarorero ka Richard na Ruth, bano bakaba ari abavyeyi bafise abana batatu bakiri bato. Richard avuga ati: “Nabona yuko nari gushobora gukora vyinshi mu murimo wa Yehova. Nari mfise ubuzima bwiza mugabo narabona yuko ari nk’aho nariko ndaha Imana ibisagutse. Twe na Ruth tumaze gusenga ku bijanye n’ico kintu tukongera tukazirikana ku co vyodusaba, twaciye twemeranya ko nosaba umukoresha wanje akangabaniriza ibikorwa nkaza ndakora imisi ine mu ndwi, naho nyene mu gihugu ivy’ubutunzi vyari bigeze ahatemba. Naremerewe ico kintu nari nsavye, kandi mu kwezi kumwe naciye ntangura gukorera kuri urwo rutonde rushasha.” None Richard yumva amerewe gute ubu?
15 Avuga ati: “Mpembwa amahera ari munsi y’ayo nahora mpembwa ibice 20 kw’ijana, mugabo ubu ndaronka iyindi misi 50 ku mwaka yo kuba ndi kumwe n’umuryango wanje no kumenyereza abana banje. Narashoboye kugwiza na kabiri umwanya mara mu murimo wo mu ndimiro, abo twigana Bibiliya bariyongera incuro zitatu, ndongera ndarushiriza kwitwararika ishengero. Kandi kubera ko mboneka cane kugira ngo mfashe abana, Ruth yarashoboye kuza aracishamwo agakora ubutsimvyi bwo gufasha. Nariyemeje kwumira kuri urwo rutonde uko bishoboka kwose.”
16 Roy na Petina, bano bakaba bagifise umwigeme babwirizwa kurera, barashoboye kugabanya umwanya bahora bamara ku kazi kugira ngo bagire uruhara mu busuku bw’igihe cose. Roy avuga ati: “Nkora imisi itatu mu ndwi, Petina na we agakora ibiri. Vyongeye, twaravuye mu nzu twabamwo twimukira mu nyubakwa ntoyi kuruta kandi yoroshe kubungabunga. Twari twarakoze ubutsimvyi imbere y’uko tuvyara umuhungu wacu n’umukobwa wacu, kandi ntitwigeze dutakaza icipfuzo co gukora ubutsimvyi. Abana bacu bamaze rero gukura, twaciye dusubira mu busuku bw’igihe cose. Nta gitigiri na kimwe c’amahera gishobora kugereranywa n’imihezagiro twaronse.”
Nureke “amahoro y’Imana” arinde umutima wawe
17. Uravye ukuntu abantu batamenya ico buca bucana, Ivyanditswe vyaguhojeje gute?
17 Nta n’umwe muri twebwe azi ico buca bucana, kubera ko “ibihe be n’ibishika giturumbuka” bidushikako twese. (Umus. 9:11) Ariko rero, ukuba tutazi ico buca bucana si ngombwa ngo bitunyage amahoro yo mu muzirikanyi muri iki gihe, nk’uko akenshi biyanyaga abantu badatekaniwe kubera ko badafitaniye n’Imana ubucuti somambike. (Mat. 6:34) Intumwa Paulo yanditse ati: “Ntimwiganyire ku kintu na kimwe, ahubwo muri vyose, mu gusenga no mu gutakamba hariko n’ugukenguruka, ivyo musaba bimenyeshwe Imana; maze amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima yanyu n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira.”—Flp. 4:6, 7.
18, 19. Ni mu buryo butandukanye ubuhe Imana iduhumuriza? Bitangire akarorero.
18 Bene wacu na bashiki bacu benshi bari mu bihe bitoroshe barumvise ko batekaniwe mu mutima bongera baragira amahoro avuye kuri Yehova. Mushiki wacu umwe avuga ati: “Umuganga abaga yaragerageje akatari gake kuntera ubwoba kugira ngo nemere guterwa amaraso. Akimbona yaciye ambwira ati: ‘Ubwo bujuju bwo kwanka guterwa amaraso bwobwo ni nyabaki?’ Ico gihe be no mu bindi bihe, narasenze Yehova mu mutima, kandi nararonse amahoro yiwe. Narumvise mbaye nk’igitandara. Naho nari mfise intege nke kubera ko amaraso yari yagabanutse, narashoboye gutanga imvo zitomoye zishingiye ku Vyanditswe zisigura impagararo yanje.”
19 Rimwe na rimwe Imana yoshobora kudushigikira igihe tubikeneye ibicishije ku wo dusangiye ukwemera ahumuriza canke ku mfungurwa zo mu buryo bw’impwemu ziza ku gihe kibereye. Ushobora kuba umaze kwumva umuvukanyi canke mushiki wacu avuga ati: “Iki kiganiro kije hageze. Ni jewe candikiwe!” Egome, uko ivyacu vyoba vyifashe kwose canke tukaba dukeneye ibiki, Yehova azokwerekana ko adukunda nitwamwizigira. Na kare, turi “intama” ziwe, kandi yaremeye ko twitirirwa izina ryiwe.—Zab. 100:3; Yoh. 10:16; Ivyak. 15:14, 17.
20. Ni kubera iki abasavyi ba Yehova bazokwibera mu mutekano isi ya Shetani niyashika kw’iherezo ryayo?
20 Mu gihe ca wa “musi w’uburake bwa Yehova” uriko uregereza wihuta, ikintu cose isi ya Shetani yizigira kizotikizwa. Inzahabu, ifeza be n’ibindi bintu vy’agaciro nta mutekano namba bizotanga. (Zef. 1:18; Imig. 11:4) Ubuhungiro bwonyene tuzoba dufise ni “Gitandara [cacu] c’ibihe bitagira urugero.” (Yes. 26:4) Nimuze rero twerekane ko twizigira Yehova bimwe bishitse ubu mu kugendera mu nzira ziwe zigororotse tubigiranye ukugamburuka, mu kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami bwiwe naho tubwirizwa kwihanganira abatabinerwa canke abaturwanya, no mu guterera amaganya yacu yose kuri we. Nitwagira ivyo bintu, ‘tuzokwibera vy’ukuri mu mutekano kandi ntituzohagarikwa umutima n’ugutinya amagorwa.’—Imig. 1:33.
[Akajambo k’epfo]
Woshobora kubisigura?
Dushobora gute kwizigira Imana
• igihe twohejwe gukora ikibi?
• igihe duhuye n’abatabinerwa canke abaturwanya?
• igihe turi mu maganya?
[Ifoto ku rup. 13]
Kwumira ku ngingo mfatirwako z’Imana bishikana ku gahimbare
[Ifoto ku rup. 15]
‘Yehova ni we Gitandara c’ibihe bitagira urugero’