ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 1/5 rup. 4
  • Ubuhanuzi bwa 1. Vya nyamugigima

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubuhanuzi bwa 1. Vya nyamugigima
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 1/5 rup. 4

Ubuhanuzi bwa 1. Vya nyamugigima

“Hazoba vya nyamugigima bikomakomeye.”​—LUKA 21:11.

● Muri Hayiti, agakobwa k’umwaka n’amezi ane kitwa Winnie barakagobotora mu bihomvagurike vyakaguyeko. Abakozi bo ku mboneshakure imwe bariko barashikiriza amakuru ajanye n’ico cago ni bo bumvise ka Winnie kariko karaboroga. Kararokoka ca nyamugigima, ariko abavyeyi bako bobo kikabahitana.

IBIMENYAMENYA VYEREKANA IKI? Igihe ca nyamugigima gifise ubukomezi bw’ibipimo 7 catera muri Hayiti muri Nzero 2010, abantu barenga 300.000 barapfuye. Mu kanya gato, abandi 1.300.000 ntibari bakigira aho bakika umusaya. Naho ico ca nyamugigima co muri Hayiti cari gikaze cane, si co conyene cabaye. N’imiburiburi vya nyamugigima bikomeye 18 vyarabaye hirya no hino kw’isi hagati ya Ndamukiza 2009 na Ndamukiza 2010.

ICIYUMVIRO ABABIHAKANA BAKUNZE GUTANGA: Nta vya nyamugigima vyiyongereye; kubera ubuhinga bwa none, ubu turatahura cane ibijanye na vyo kuruta uko abantu babitahura muri kahise.

ICO CIYUMVIRO COBA ARI CO? Rimbura iki kintu: Bibiliya ntiyerekana igitigiri ca vya nyamugigima vyobaye mu misi ya nyuma. Ariko rero, iravuga yuko “vya nyamugigima bikomakomeye” vyobaye, “biva hamwe bija ahandi,” bikaba kimwe mu bintu biboneka biranga iki kiringo gihambaye cane abantu bagezemwo.​—Mariko 13:8; Luka 21:11.

UVYIYUMVIRAKO IKI? Twoba tubona vya nyamugigima bikomakomeye, nk’uko nyene Bibiliya yari yarabivuze?

Vya nyamugigima vyonyene vyoshobora kuba bitokwemeza ko tubayeho mu misi ya nyuma. Ubuhanuzi bwerekeye vya nyamugigima ni bumwe gusa mu buriko buraranguka. Rimbura ubuhanuzi bugira kabiri.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 4]

“Twebwe [abahinga batohoza ivy’umubumbe w’isi] tuvyita vya nyamugigima bikomakomeye. Ariko abandi bantu bose bavyita ivyago biteye ikinya.”​—VYAVUZWE NA KEN HUDNUT, WO MU RWEGO RWO MURI LETA ZUNZE UBUMWE ZA AMERIKA RUTOHOZA IVY’UMUBUMBE W’ISI.

[Abo dukesha ifoto ku rup. 4]

© William Daniels/Panos Pictures

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika