ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 15/5 rup. 11-15
  • Yemwe miryango y’abakirisu, ‘nimugume mwiteguye’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yemwe miryango y’abakirisu, ‘nimugume mwiteguye’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Nugume ‘uremuruye’ ijisho ryawe
  • Nimurondere gushika ku migambi y’ivy’impwemu
  • Nimugume mufise umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango
  • ‘Mugume murikanuye’ kandi “mugume mwiteguye”
  • Intunganyo ifasha imiryango
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Nimwigire Hamwe Ijambo ry’Imana mu Muryango Mudahorereza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Ugusenga kwo mu muryango—Mwoba mwotuma kurushiriza kuryoha?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Nukoreshe imigambi yo mu vy’impwemu kugira uninahaze Umuremyi wawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 15/5 rup. 11-15

Yemwe miryango y’abakirisu, ‘nimugume mwiteguye’

“Mugume mwiteguye, kubera ko Umwana w’umuntu azoza kw’isaha mutiyumvira.”​​—⁠LUKA 12:​40.

1, 2. Ni kubera iki dukwiye gufata nkama impanuro ya Yezu idusaba ‘kuguma twiteguye’?

“UMWANA w’umuntu niyashika mu buninahazwa bwiwe” maze agatandukanya “abantu n’abandi,” wewe n’umuryango wawe bizobagendera gute? (Mat. 25:31, 32) Kubera yuko ivyo bizoba kw’isaha tutiyumvira, ese ukuntu bihambaye cane ko dufata nkama impanuro Yezu yatanze yo ‘kuguma twiteguye’!​​—⁠Luka 12:​40.

2 Ikiganiro giheruka caraciye irya n’ino ingene umwe wese mu bagize umuryango yofasha umuryango wose kuguma urikanuye mu vy’impwemu mu kwitwararika ibanga ajejwe. Nimuze turimbure ibindi bintu twokora kugira ngo dutume umuryango wacu umererwa neza mu vy’impwemu.

Nugume ‘uremuruye’ ijisho ryawe

3, 4. (a) Imiryango y’abakirisu ikwiye kwirinda iki? (b) Kuguma ‘turemuruye’ ijisho bisobanura iki?

3 Kugira ngo imiryango yitegurire ukuza kwa Kristu, itegerezwa kuba maso kugira ngo ntihagire ikiyibuza kwitwararika ibintu bijanye n’ugusenga kw’ukuri. Irakeneye kwirinda ivyohava biyisamaza. Kubera yuko kwiruka inyuma y’amaronko ari umutego umaze gucakira imiryango myinshi, rimbura ivyo Yezu yavuze ku bijanye no kuguma ‘turemuruye’ ijisho. (Soma Matayo 6:22, 23.) Nka kurya nyene itara rishobora kutumurikira mu nzira ducamwo maze rigatuma tutagwa igihe turiko turatambuka, ni na ko ivyo twinjiza imbere muri twebwe biciye ku “maso y’umutima” y’ikigereranyo bishobora kutumurikira, bikadufasha kudatsitara mu kuntu twigenza.​​—⁠Ef. 1:⁠18.

4 Kugira ngo ijisho nya jisho ribone neza, ritegerezwa kuba rikora neza kandi rikaba rishoboye kuguma ku co ririko riraraba. N’amaso y’umutima nyene ni ukwo. Kuba dufise ijisho ry’ikigereranyo riremuruye bisobanura ko twibanda ku mugambi umwe. Aho kugira ubuzima bushingiye ku kurondera amaronko no guhagarikwa umutima n’ivyo kwitwararika gusa ibintu vy’umubiri umuryango ukenera, ijisho ryacu turigumiza ku bintu vy’impwemu. (Mat. 6:​33) Ivyo bisobanura yuko tuguma tubumbwa n’ivyo dufise maze tugashira imbere mu buzima bwacu umurimo turangurira Imana.​​—⁠Heb. 13:5.

5. Umwigeme umwe w’umuyabaga yerekanye gute yuko “ijisho” ryiwe ryari ku gukorera Imana?

5 Ese ukuntu hashobora kuvamwo ivyiza igihe abana bamenyerejwe kuguma bafise ijisho riremuruye! Rimbura akarorero k’umwigeme umwe w’umuyabaga wo mu gihugu ca Etiyopiya. Yaramenya cane mw’ishure ku buryo aho amariye kurangiza amashure y’ishimikiro, yemerewe kurihirwa amahera kugira ngo yiyongeze amashure. Ariko rero, kubera ko yagumiza ijisho ku gukorera Yehova, yaranse kurihirwa ayo mahera. Budakeye na kabiri, yarahawe akazi kogiye karamuronsa umushahara w’amahera 3.000 y’amanyaburaya ku kwezi (nk’amarundi arenga 4.800.000), ayo akaba ari amahera menshi uyagereranije n’umushahara umunyakazi aronka muri rusangi muri ico gihugu. Mugabo “ijisho” ry’uwo mwigeme ryari ku murimo w’ubutsimvyi. Ntiyarinze kubaza abavyeyi biwe kugira ngo yanke ako kazi. None abavyeyi biwe bumvise bamerewe gute igihe bamenya ivyo uwo mwigeme wabo yari yagize? Baranezeranwe na we bongera bamubwira yuko bamwishimira cane!

6, 7. Dukwiye kuguma turikanuye ku bijanye n’akaga akahe?

6 Amajambo ya Yezu dusanga muri Matayo 6:22, 23 aratugabisha mu buryo budashoka bwibonekeza ku vyerekeye umunoho ari wo mwina. Yezu ntiyahushanije imvugo ngo “riremuruye” n’igihushane cayo ari co “riremereye” ahubwo yayihushanije n’imvugo ngo “ribi.” ‘Ijisho ribi’ riripfuza ivy’abandi, ni ukuvuga yuko riba rifise umwina. (Mat. 6:​23) Yehova abona gute ibijanye n’umwina? Bibiliya ivuga iti: “Ubusambanyi n’ubuhumane bw’ubwoko bwose canke umunoho [ari wo mwina], no kuvugwa ntibikavugwe muri mwebwe.”​​—⁠Ef. 5:3.

7 Mu gihe bishobora kutworohera kumenya ko abandi bafise umwina, usanga bitoroshe na gato kumenya yuko twebwe ubwacu tuwufise. Ku bw’ivyo, twoba tubaye inkerebutsi twumviye impanuro Yezu yatanze igira iti: “Mugume murikanuye kandi mwirinde ubwoko bwose bw’umwina.” (Luka 12:​15) Ivyo bisaba ko twisuzuma kugira ngo tumenye ivyo dushirako umutima. Imiryango y’abakirisu irakwiye kuzirikana ata gufyina ivyerekeye umwanya be n’amahera ikoresha mu bijanye no kwisamaza, kwiruhura be no kurondera ibintu vy’umubiri.

8. Ku bijanye no kugura ibintu, dushobora gute ‘kuguma turikanuye’?

8 Imbere y’uko ugura ikintu kinaka, urakeneye kuzirikana n’ibindi uretse gusa kumenya nimba ufise canke udafise amahera akwiye yo kukigura. Nurimbure ibintu bimwebimwe nk’ibi: ‘Noba nzoronka umwanya wo kwama nkoresha ico kintu be n’uwo kukibungabunga? Bizonsaba igihe kingana iki kugira ngo menye kugikoresha neza?’ Yemwe bakiri bato, ntimwemere ibintu vyose isi ivuga mu guhayanisha ibidandazwa ngo muce mugura imideri izimvye y’impuzu canke ibindi bintu mutabanje kwiyumvira. Nimugaragaze ukwigumya. N’ikindi kandi, nimurabe nimba kugura ico kintu mwipfuza bizofasha umuryango wanyu kwitegurira ukuza kw’Umwana w’umuntu. Nimwizere uwu muhango Yehova atanga ugira uti: “Sinzogenda ngutaye, eka sinzogenda nguhevye.”​​—⁠Heb. 13:5.

Nimurondere gushika ku migambi y’ivy’impwemu

9. Kurondera gushika ku migambi yo mu vy’impwemu bishobora kumarira iki umuryango?

9 Ikindi kintu abagize umuryango bokora kugira ngo bakomeze ukwizera kwabo bongere batume umuryango wose umererwa neza mu vy’impwemu, ni ukwishingira imigambi y’ivy’impwemu kandi bakarondera kuyishikako. Kubigenza gutyo birashobora gufasha abagize umuryango kumenya ukuntu bariko baravyifatamwo mu mwiyemezo bafise wo guhimbara Yehova, bikongera bigatuma bashobora kumenya ibikorwa bakwiye gushira imbere mu buzima bwabo ivyo ari vyo.​​—⁠Soma Abafilipi 1:⁠10.

10, 11. Uko mugize umuryango, ni imigambi iyihe muriko murarondera gushikako, kandi ni imigambi iyihe mwipfuza kuzokwishingira muri kazoza?

10 Mbere no kwishingira imigambi mitomito, iyo abagize umuryango nka bose bashobora gushikako, biravamwo ivyiza vyinshi. Nk’akarorero, rimbura umugambi wo kwihweza icanditswe c’umusi buri musi. Insasanuro zitangwa n’abagize umuryango zirashobora gufasha serugo kumenya aho iterambere ryabo ryo mu vy’impwemu rigeze. Umugambi wo kwama musomera hamwe Bibiliya uko mugize umuryango uratuma abana baronka akaryo keza cane ko kuryohora ubuhanga bwabo bwo gusoma no kurushiriza gutahura ubutumwa buri muri Bibiliya. (Zab. 1:​1, 2) Vyongeye, ntidukwiye none kugira icipfuzo co kwishingira umugambi wo kuryohora amasengesho dutura? Kurushiriza gutsimbataza imice y’icamwa c’impwemu na vyo nyene birashobora kuba umugambi mwiza tworondera gushikako. (Gal. 5:22, 23) Canke na ho, tuvuge iki ku bijanye no kurondera uturyo two kugaragariza impuhwe abantu duhura mu busuku? Kwihatira kubigira uko mugize umuryango birashobora gufasha abana kwiga kuba abanyempuhwe, kandi bizoshoboka rwose ko batsimbataza icipfuzo co kuba abatsimvyi basanzwe canke abamisiyonari.

11 Ubona gute uzirikanye imigambi imwimwe wewe n’umuryango wawe mushobora kurondera gushikako? Umuryango wanyu woba ushobora kwishingira umugambi wo kwongereza umwanya umara mu busuku? Woba ushobora kwihatira gutsinda ubwoba bujanye no gushinga intahe kuri telefone, kw’ibarabara, canke mu bibanza bikorerwamwo ivy’ubudandaji? Bite ho ku bijanye no gukorera aho abamamaji b’Ubwami bakenewe kuruta? Umwe mu bagize umuryango yoba yoshobora kwiga urundi rurimi kugira ngo abwire inkuru nziza abanyamahanga?

12. Ba serugo bokora iki kugira ngo bafashe imiryango yabo gukura mu vy’impwemu?

12 Wewe serugo, numenye imice umuryango wawe woshobora guteza imbere mu vy’impwemu. Nuce ushinga imigambi itomoye yobafasha kuyiteza imbere. Imigambi mwishingira uko mugize umuryango ikwiye kuba iyo mushobora gushikako mwisunze ukuntu ivyanyu vyifashe be n’ubushobozi mufise. (Imig. 13:​12) Birumvikana ko kwihatira gushika ku mugambi mwiza bisaba igihe. Ku bw’ivyo rero, nimucungure umwanya mumara muriko muraraba televiziyo maze muwukoreshe mu kwitwararika ivy’impwemu. (Ef. 5:15, 16) Nukore uko ushoboye kwose kugira ngo umuryango wawe ushike ku migambi wawushingiye. (Gal. 6:9) Umuryango urondera gushika ku migambi y’ivy’impwemu uzotuma iterambere ryawo “ryibonekez[a] ku bantu bose.”​​—⁠1 Tim. 4:​15.

Nimugume mufise umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango

13. Ni ihinduka irihe ryagizwe mu rutonde rw’amakoraniro y’ishengero agirwa buri ndwi, kandi ni ibibazo ibihe dukwiye kuzirikana?

13 Ikintu ciza cane mu bijanye no gufasha imiryango ‘kuguma yiteguriye’ ukuza kw’Umwana w’umuntu, ni ihinduka rihambaye ryagizwe mu rutonde rw’amakoraniro agirwa buri ndwi, iryo na ryo rikaba ryashizwe mu ngiro guhera ku wa 1 Nzero 2009. Ntibigikenewe ko dukoranira hamwe ku wundi musi mu ndwi kugira ngo tugire ikoraniro ryahoze ryitwa Inyigisho y’igitabu y’ishengero. Ubu iryo koraniro ryashizwe hamwe n’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi be n’Ikoraniro ry’umurimo. Iryo hinduka ryagizwe kugira ngo imiryango y’abakirisu ironke akaryo ko gukomeza kamere yabo y’ivy’impwemu mu gushiraho umugoroba munaka buri ndwi uhariwe ugusenga kwo mu muryango. Ubu ko haciye igihe iryo hinduka ribaye, turashobora kwibaza duti: ‘Noba ndiko ndakoresha umwanya twaronkejwe mu gutegekanya umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango canke mu kwiyigisha? Noba narashikije icatumye iyo ntunganyo ishirwaho?’

14. (a) Intumbero nyamukuru yo kuguma dufise umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango canke umwanya wo kwiyigisha, ni iyihe? (b) Ni kubera iki gutegekanya umugoroba wo kwiga ari ntahara?

14 Intumbero nyamukuru yo kuguma dufise umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango canke umwanya wo kwiyigisha, ni iyo kurushiriza kwiyegereza Imana. (Yak. 4:8) Igihe tuza turamara umwanya turiko turiga Bibiliya maze tukarushiriza kumenya Umuremyi, ubucuti dufitaniye na we burakomera. Uko turushiriza kwiyegereza Yehova, ni ko turushiriza kugira icipfuzo co kumukunda ‘n’umutima wacu wose n’ubuzima bwacu bwose n’umuzirikanyi wacu wose n’inkomezi zacu zose.’ (Mrk. 12:​30) Mu vy’ukuri, tuba dushashaye kugamburukira Imana no kuyigana. (Ef. 5:1) Kuguma rero dufise umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango, ni co kintu nyamukuru gifasha abagize umuryango wacu bose ‘kuguma biteguye’ mu buryo bw’impwemu uko turindira ya “makuba akomeye” yavugwa. (Mat. 24:​21) Ni ntahara ku kurokoka kwacu.

15. Umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango ushobora kugira ico ukoze gute ku kuntu umwe wese mu bagize umuryango abona mugenzi we?

15 Indinganizo y’Ugusenga kwo mu muryango irafise n’iyindi ntumbero, iyo na yo ikaba ari iyo gufasha abagize umuryango kurushiriza kwiyegerezanya. Kumara umwanya muganira ibintu vy’impwemu buri ndwi muri kumwe, biragira ikintu kinini bikoze ku kuntu umwe wese mu bagize umuryango abona mugenzi we. Ese ukuntu abubakanye barushiriza kwunga ubumwe igihe umwe wese yumva ukuntu mugenzi we aserura umunezero afise ku bijanye n’ikintu gishasha baba bubuye muri Bibiliya bari kumwe! (Soma Umusiguzi 4:​12.) Abavyeyi be n’abana bakorera hamwe ibikorwa bijanye no gusenga birashoboka ko bunga ubumwe mu rukundo, wo “mugozi utagira akanenge wunga ubumwe.”​​—⁠Kol. 3:​14.

16. Niwigane ukuntu bashiki bacu batatu bariko barungukira ku mugoroba bategekanije wo kwiga Bibiliya.

16 Rimbura ukuntu bashiki bacu batatu bungukiye ku ndinganizo yo gutegekanya umugoroba wo kwiga Bibiliya. Naho abo batamakazi batatu b’abapfakazi ata co bapfana, baba mu gisagara kimwe kandi bamaze imyaka itari mike ari abagenzi nyakuri. Kubera ko bari bafise icipfuzo co kurushiriza kwifatanya bakaba kandi barashaka yuko ukwo kwifatanya kuba gushingiye ku bintu vy’impwemu aho gushingira gusa ku bintu bisanzwe, barafashe ingingo yo gutegekanya umugoroba wo gukoranira hamwe maze bakiga Bibiliya. Baratanguye kubigira bakoresheje igitabu ‘Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana.’ Umwe muri bo avuga ati: “Turahimbarwa cane no kuba turi kumwe ku buryo inyigisho yacu ikunda kumara umwanya urenga isaha. Turagerageza kwiha ishusho y’ukuntu ivy’abavukanyi bacu bo mu kinjana ca mbere vyari vyifashe maze tukaganira ku co twokora hamwe ibintu nk’ivyo vyodushikira. Duca twihatira gushira mu ngiro mu busuku ivyiyumviro tuba twakuye muri ico kiyago cacu. Ivyo vyatumye igikorwa cacu co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa kirushiriza kuba igiteye umunezero no kwimbuka kuruta uko cahora.” Uretse ko iyo ndinganizo yabakomeje mu vy’impwemu, yaratumye kandi abo bagenzi nyakuri batatu barushiriza kwiyegerezanya. Bavuga bati: “Turaha agaciro cane iyo ndinganizo.”

17. Ni ibintu ibihe bituma umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango ugenda neza?

17 Weho bite? Uriko wungukira gute ku mugoroba wategekanirije ugusenga kwo mu muryango canke ukwiyigisha? Mu gihe iyo ndinganizo iza iragirwa rimwerimwe, ntizoshitsa icatumye ishirwaho. Umwe wese mu bagize umuryango arakwiye kuba yiteguriye kwiga ku gihe cashinzwe. Ntidukwiye kureka ngo ibintu bidahambaye bibangamire uwo mugoroba. Vyongeye, ukwiye kurobanura amayagwa yo kwiga ku buryo ivyo biringo bigirira akamaro umuryango wawe. Wokora iki kugira ngo utume ivyo biringo vyo kwiga biba ibishimishije? Nukoreshe uburyo bwo kwigisha bugira ico buvamwo, kandi utume ukwo gusenga kwo mu muryango kurangwamwo icubahiro n’amahoro.​​—⁠Yak. 3:​18.a

‘Mugume murikanuye’ kandi “mugume mwiteguye”

18, 19. Kumenya yuko ukuza kw’Umwana w’umuntu kuri hafi bikwiye kugira ico bikoze gute kuri wewe no ku muryango wawe?

18 Kuba ivyo kw’isi bigenda biradabuka muri iki gihe cacu biradukura amazinda yuko kuva mu 1914, isi mbi ya Shetani yinjiye mu misi yayo ya nyuma. Uribuka yuko Harumagedoni iri ku rugi. Umwana w’umuntu agira aze gushitsa urubanza Yehova yaciriye abatibanga Imana. (Zab. 37:​10; Imig. 2:21, 22) None kumenya ivyo ntibikwiye kugira ico bikoze kuri wewe no ku muryango wawe?

19 Woba uriko urumvira impanuro Yezu yatanze yo kuguma ‘uremuruye’ ijisho? Mu gihe abantu bo muri iyi si boshobora kuba bariko bararondera itunga, kuba rurangiranwa canke ububasha, umuryango wawe woba uriko urarondera gushika ku migambi yo mu vy’impwemu? Indinganizo yo gutegekanya umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango canke umwanya wo kwiyigisha, yoba iriko irakugirira akamaro? Woba uriko urashitsa ivyatumye iyo ndinganizo ishirwaho? Nk’uko twabibonye mu kiganiro giheruka, woba uriko uritwararika ibanga Ivyanditswe bikuzeza wewe mugabo, wewe mugore canke wewe mwana, gutyo ugafasha umuryango wose uko ungana ‘kuguma urikanuye’? (1 Tes. 5:6) Nimba ari ukwo biri, ‘uzoguma witeguriye’ ukuza kw’Umwana w’umuntu.

[Akajambo k’epfo]

a Nimba ushaka ivyiyumviro bijanye n’ivyo mwokwiga be n’ukuntu mwotuma porogarama zijanye n’umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango ziba ngirakamaro kandi zikaba izihimbaye, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Gitugutu 2009, urupapuro rwa 29-31.

Wize iki?

• Sigura ingene imiryango y’abakirisu ishobora ‘kuguma yiteguye’ mu . . .

kugira ijisho “riremuruye.”

kwishingira imigambi yo mu vy’impwemu no mu kurondera kuyishikako.

kuguma ifise umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango.

[Ifoto ku rup. 13]

Ijisho “riremuruye” rizotuma tunanira ibisamaza vyo mw’isi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika