ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 15/7 rup. 4-9
  • Dutahukana intsinzi mu mburano zamaze igihe kirekire!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Dutahukana intsinzi mu mburano zamaze igihe kirekire!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • BAZA BARONKA UMWIDEGEMVYO!
  • HATANGURA KUGIRWA AMATOHOZA
  • BIBILIYA MURI SENTARE
  • IBIREGO BITAGIRA IVYEMEZO
  • TWARATAHUKANYE INTSINZI, MUGABO NTIVYARI BIHEZE
  • TWARATSINZWE, MUGABO NTIVYARI BIHEZE
  • URWANKO RURUSHIRIZA KWONGEREKANA
  • “KUGIRA BIBE INTAHE”
  • Raporo y’ivy’imanza
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016
  • Turwanira umwidegemvyo wo gusenga
    Ubwami bw’Imana buraganza!
  • Bapfunzwe bazira ukwemera kwabo: Uburusiya
    Bapfunzwe bazira ukwizera kwabo
  • Twararutsinze muri Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 15/7 rup. 4-9

Dutahukana intsinzi mu mburano zamaze igihe kirekire!

ZATANGUYE mu 1995 zikaba zamaze imyaka 15. Muri ico kiringo cose, abakirisu b’ukuri bo mu Burusiya baragabweko ibitero n’abarwanya umwidegemvyo wo gusenga. Abo bantu bari biyemeje gutuma Ivyabona vya Yehova batemerwa n’amategeko i Moscou no mu zindi ntara. Naho vyari ukwo, Yehova yabonye ko bibereye guhezagira ugutungana kwa bene wacu na bashiki bacu b’Abarusiya twikundira mu gutuma batahukana intsinzi mu bijanye n’amategeko. Ni ibiki none vyatumye haba ukwo kurwanywa?

BAZA BARONKA UMWIDEGEMVYO!

Hagati y’umwaka wa 1990 n’uwa 1995, abavukanyi bacu bo mu Burusiya barasubiye kuronka umwidegemvyo wo gusenga bari baratswe mu 1917. Mu 1991 intwaro ya Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti yaremeje ko idini ryabo ryemewe n’amategeko. Aho Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti zimariye gusambuka, Ivyabona vya Yehova baremewe n’amategeko muri Leta y’Uburusiya. Vyongeye, iyo Leta yaremeje ko Ivyabona bari barahamwe bahorwa idini mu myaka mirongo yari ihaciye, bazize agahahazo kari gahari mu vya politike. Mu 1993, Ubushikiranganji bw’i Moscou bujejwe ubutungane bwaremeje ko Ivyabona vya Yehova b’i Moscou bemewe n’amategeko. Muri uwo mwaka nyene, ibwirizwa shingiro rishasha ry’Uburusiya, rino rikaba rivuga yuko abantu bafise umwidegemvyo wo gusenga mw’idini bashaka, na ryo nyene ryaragiye mu ngiro. Ntibitangaje kubona hari umuvukanyi yavuze ati: “Ntitwari bwigere mbere turota turonka uwo mwidegemvyo!” Yaciye abandanya ati: “Twamaze imyaka 50 turindiriye ico kintu!”

Bene wacu na bashiki bacu bo mu Burusiya barakoresheje neza ico “gihe ciza” mu guca bongereza igikorwa cabo co kwamamaza, kandi abantu benshi baravyakiriye neza. (2 Tim. 4:2) Umuntu umwe yihweza utuntu n’utundi yavuze ati: “Abantu baritwararika cane ivy’idini.” Igitigiri c’abamamaji, abatsimvyi be n’amashengero nticatevye kwongerekana. Nkako, kuva mu 1990 gushika mu 1995, igitigiri c’Ivyabona i Mouscou caraduze bwampi kiva ku Vyabona nka 300 gishika ku barenga 5.000! Uko abasavyi ba Yehova baguma bongerekana i Moscou, ni ko abarwanya umwidegemvyo wo gusenga barushiriza guhagarika umutima. Imyaka ya 1990 igeze hagati, baratanguye kugaba ibitero ku basavyi ba Yehova baciye mu masentare. Izo mburano zobaye mu biringo bine vyomaze igihe kirekire imbere y’uko zirangira.

HATANGURA KUGIRWA AMATOHOZA

Ikiringo ca mbere c’izo mburano catanguye muri Ruheshi 1995. Umugwi w’abantu b’i Moscou wari ushigikiwe mu buryo bugaragara n’idini ry’aborotodogisi ryo mu Burusiya waritwariye abavukanyi bacu ubagiriza yuko bagira uruhara mu bikorwa vy’ubwicanyi. Uwo mugwi wavuze yuko uvugira abantu bo mu miryango bababajwe n’uko abo bubakanye canke abana babo bari barabaye Ivyabona. Muri Ruheshi 1996, abagira amatohoza baratanguye kurondera ibimenyamenya vyerekana ko Ivyabona bakora ibikorwa bibi, mugabo ntihagira ivyo baronka. Naho vyagenze ukwo, uwo mugwi nyene warongeye kwitwara, n’ico gihe nyene ukaba waragiriza abavukanyi bacu yuko bagira uruhara mu bikorwa vy’ubwicanyi. Harasubiye kugirwa irindi tohoza, mugabo ibirego vyose vyashikirijwe basanga ntibigira ishingiro. Naho vyagenze ukwo, abaturwanya baritwaye ubugira gatatu, bashikiriza vya birego nyene. Ivyabona vya Yehova b’i Mouscou barasubiye kugirwako amatohoza, mugabo umushikirizamanza afata ingingo nk’iyo yari yafashe, yuko ata mvo n’imwe yari gutuma hasubira gushingwa urubanza. Bene kuturwanya barongeye kwitwara ubugira kane bashikiriza vya birego nyene, mugabo n’ico gihe nyene, umushikirizamanza ntiyaronse ibimenyamenya. Igitangaje ni uko uwo mugwi nyene wasavye yuko hagirwa irindi tohoza. Amaherezo, ku wa 13 Ndamukiza 1998, iryo rindi tohoza ryatumye urwo rubanza ruhagarara.

Umucamanza yakurikirana ivy’urwo rubanza avuga ati: “Mugabo hariho ikintu kitumvikana cabaye mu nyuma.” Naho uwaserukiye ibiro vy’umushikirizamanza vyagize iryo tohoza rigira gatanu yemeje yuko ata kimenyamenya cari gihari c’uko Ivyabona bari baragize uruhara mu bikorwa vy’ubwicanyi, yaratanze iciyumviro c’uko abavukanyi bacu bitwarirwa. Uwo yari yaserukiye ivyo biro yavuze yuko Ivyabona vya Yehova b’i Moscou barenga amategeko y’igihugu n’amategeko mpuzamakungu. Umushikirizamanza w’Intara yo mu buraruko ijejwe ivy’intwaro i Moscou yaremeye ico kintu maze arashingisha urubanza.a Ku wa 29 Nyakanga 1998, urwo rubanza rwaratanguye kwumvirizwa muri sentare y’intara ya Golvinsky i Moscou. Ikiringo ca kabiri cari gitanguye.

BIBILIYA MURI SENTARE

Umushikirizamanza Tatyana Kondratyeva ari mu kumba gatoyi baciramwo imanza mu buraruko bwa Moscou, yaragavye igitero akoresheje itegeko ry’ico gihugu ryemejwe mu 1997 rivuga yuko idini ry’aborotodogisi, iry’abisiramu, iry’Abayuda be n’iry’ababuda ari yo madini yemewe.b Iryo tegeko nyene, iryari rigikurikizwa, ryaratumye ayandi madini bitayorohera kwemerwa n’amategeko. Vyongeye, ryaraha amasentare uburenganzira bwo guhagarika amadini aremesha urwanko. Uwo mushikirizamanza akoresheje iryo tegeko, yaragirije ibinyoma Ivyabona vya Yehova avuga yuko baremesha urwanko bakongera bagasambura ingo, ari co gituma bakwiye kubuzwa.

Umushingwamanza yariko araburanira abavukanyi bacu yabajije ati: “Ni bande mw’Ishengero ry’i Moscou barenga iryo tegeko?” Uwo mushikirizamanza ntiyashoboye gutanga izina na rimwe. Ariko rero, yavuze yuko ibisohokayandikiro vy’Ivyabona vya Yehova bituma umuntu agirira urwanko ayandi madini. Kugira ngo yerekane ko ico ciyumviro ciwe ari co, yarasomye mu binyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! no mu bindi bisohokayandikiro (raba aho haruguru). Igihe yabazwa ukuntu ivyo bisohokayandikiro bituma haba urwanko, yishuye ati: “Ivyabona vya Yehova bigisha ko ari bo bari mw’idini y’ukuri.”

Umushingwamanza, akaba yari umwe mu bavukanyi bacu, yarahaye Bibiliya uwo mucamanza aha n’iyindi uwo mushikirizamanza maze asoma mu Banyefeso 4:5, ahagira hati: “Hari Umukama umwe, ukwizera kumwe, ibatisimu imwe.” Kerakera, uwo mucamanza, uwo mushikirizamanza n’uwo mushingwamanza, bose bakaba bari bafise Bibiliya mu minwe, bariko baraganira ku vyanditswe nka Yohani 17:​18 na Yakobo 1:​27. Sentare yabajije iti: “Ibi vyanditswe vyoba bituma umuntu yanka ayandi madini?” Uwo mushikirizamanza yishuye yuko atari umuhanga mu vyo kugira ico avuze kuri Bibiliya. Nya mushingwamanza yarerekanye ibitabu vy’idini ry’aborotodogisi bo mu Burusiya bityoza bimwe bikomeye Ivyabona vya Yehova, aca abaza ati: “Ibi bintu bivugwa ng’aha vyoba bihonyanga iryo tegeko?” Nya mushikirizamanza yasubijeyo ati: “Si ndi umuhanga mu vyo kugira ico mvuze ku vyiyumviro vy’abakuru b’amadini.”

IBIREGO BITAGIRA IVYEMEZO

Mu kwagiriza Ivyabona ko basambura ingo, uwo mushikirizamanza yavuze yuko badahimbaza imisi mikuru nka Noweli. Ariko rero, mu nyuma yariyemereye yuko itegeko ry’Uburusiya ridasaba abanyagihugu guhimbaza Noweli. Abanyagihugu b’Abarusiya, harimwo n’Ivyabona vya Yehova, barafise uburenganzira bwo kwihitiramwo. Nya mushikirizamanza yaravuze kandi yuko ishirahamwe ryacu ‘ribuza abana kuruhuka no kuryoherwa nk’abandi.’ Ariko rero, igihe yabazwa ibibazo, yariyemereye ko atari bwigere aganira n’uwukiri muto n’umwe yarezwe n’abavyeyi b’Ivyabona. Igihe umushingwamanza yabaza uwo mushikirizamanza nimba yarigeze kwitaba amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova, yishuye ati: “Ntivyari bikenewe.”

Uwo mushikirizamanza yarasavye umwigisha wo mu gisata kijanye no kuvura indwara zo mu mutwe ngo agire ico ashikirije. Nya mwigisha yavuze yuko gusoma ibisohokayandikiro vyacu bituma umuntu arwara mu mutwe. Igihe umushingwamanza yariko aratuburanira yabona ko ivyo uwo mwigisha yari yaranditse ku bijanye n’urwo rubanza vyasa n’ivyari mu cete categuwe n’abakuru b’idini b’i Moscou, uwo mwigisha yariyemereye yuko vyinshi mu vyo yanditse ari yo yabikuye. Ibindi bibazo yabajijwe vyarerekanye ko atari bwigere avura Icabona ca Yehova. Igihushanye n’ivyo, uwundi mwigisha wo mu gisata kijanye no kuvura indwara zo mu mutwe yaremeje imbere ya sentare yuko yari yaragize amatohoza ku Vyabona barenga 100 b’i Moscou. Yasanze ivyo Vyabona bakomeye mu mutwe, yongerako yuko bari basigaye ari abantu batinuba abo mu yandi madini kuva aho babereye Ivyabona.

TWARATAHUKANYE INTSINZI, MUGABO NTIVYARI BIHEZE

Ku wa 12 Ntwarante 1999, umucamanza yaragenye incabwenge zitanu kugira ngo zitohoze ibisohokayandikiro vy’Ivyabona vya Yehova, maze aba arahagaritse kwumviriza ababurana. Mugabo imbere y’urwo rubanza rw’i Moscou, Ubushikiranganji bujejwe ubutungane mu gihugu c’Uburusiya bwari bwarasavye umugwi w’incabwenge ngo utohoze ibisohokayandikiro vyacu. Ku wa 15 Ndamukiza 1999, uwo mugwi wari wagenywe n’ubwo Bushikiranganji wavuze yuko ata kintu kibi wari wabonye mu bisohokayandikiro vyacu. Ni co gituma ku wa 29 Ndamukiza 1999 ubwo Bushikiranganji bujejwe ubutungane bwongeye kwemeza yuko Ivyabona vya Yehova bemewe n’amategeko. Naho iryo tohoza ryerekana ko ata kibi cari mu bisohokayandikiro vyacu, sentare y’i Moscou yarashimitse ivuga yuko uwundi mugwi usuzuma ibisohokayandikiro vyacu. Ivyo vyatumye haba ibintu bitumvikana: Ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe ubutungane bwari bwemeje yuko Ivyabona vya Yehova ari idini ryemewe n’amategeko, mugabo muri ico gihe nyene Urwego rujejwe ubutungane rw’i Moscou rwariko rurabagirako itohoza ku vyo bagirizwa yuko barenga itegeko!

Urwo rubanza rwasubiye kwumvirizwa haciye nk’imyaka ibiri, maze ku wa 23 Ruhuhuma 2001, Umucamanza Yelena Prokhorycheva arafata ingingo. Amaze kwihweza ivyo wa mugwi yari yagenye washitseko, yavuze ati: “Nta mvo n’imwe ihari yo guhagarika igikorwa c’idini ry’Ivyabona vya Yehova i Mouscou.” Amaherezo, vyaremejwe n’amategeko yuko ibirego vyose abavukanyi bacu bagirijwe vyari ibinyoma! Ariko rero, umushikirizamanza yaranse kwemera iyo ngingo maze yungururiza muri Sentare y’igisagara ca Moscou. Haciye amezi atatu, ni ukuvuga ku wa 30 Rusama 2001, iyo sentare yarafuse ingingo Umucamanza Prokhorycheva yari yafashe. Yaciye itegeka yuko urwo rubanza rukurikiranwa n’uwo mushikirizamanza nyene mugabo rugahagarikirwa n’uwundi mucamanza. Ikiringo ca gatatu cagira gitangure.

TWARATSINZWE, MUGABO NTIVYARI BIHEZE

Ku wa 30 Gitugutu 2001, Umucamanza Vera Dubinskaya yaratanguye kwumviriza urwo rubanza.c Umushikirizamanza Kondratyeva yarasubiyemwo vya birego vyavuga yuko Ivyabona vya Yehova baremesha urwanko, mugabo aca yongerako yuko kubuza umuryango wemewe n’amategeko w’Ivyabona vya Yehova bwari uburyo bwo gukingira uburenganzira bw’Ivyabona i Moscou! Mu kugira ico bavuze kuri ayo majambo adafise ishingiro, Ivyabona 10.000 b’i Moscou bose baciye bashira umukono ku rwandiko rwasaba iyo sentare kutemera ico ciyumviro uwo mushikirizamanza yari ashikirije yivugisha ngo ashaka kubakingira.

Uwo mushikirizamanza yavuze yuko bitari bikenewe ko atanga ibimenyamenya vyemeza yuko Ivyabona bagirwa n’ubukozi bw’ikibi. Yavuze yuko urwo rubanza rwari rwerekeye ibisohokayandikiro vy’Ivyabona vya Yehova be n’ivyo bemera, ko rutari rwerekeye ivyo bakora. Yamenyesheje ko yoshikirije umuvugizi w’Idini ry’aborotodogisi ryo mu Burusiya akaba ari we abagiriza. Uca wumva rero yuko ico kintu yamenyesheje cemeje ko abakuru b’idini ari bo vy’ukuri bariko barondera gutuma Ivyabona babuzwa. Ku wa 22 Rusama 2003, umucamanza yategetse yuko umugwi w’incabwenge wongera gutohoza ibisohokayandikiro vy’Ivyabona vya Yehova.

Ku wa 17 Ruhuhuma 2004, sentare yarashashe kugira isubire kwihweza ivyavuye mw’itohoza uwo mugwi wari wagize. Izo ncabwenge zabonye yuko ibisohokayandikiro vyacu biremesha abasomyi “gukingira umuryango hamwe n’umubano w’ababiranye” be n’uko ivyo abantu bavuga yuko ibisohokayandikiro vyacu biremesha urwanko “bidafise ishingiro.” Izindi ncabwenge zaremeye ico kintu. Hari umwigisha w’ivya kahise k’amadini yabajijwe ati: “Ni kubera iki Ivyabona vya Yehova bamamaza?” Yishuye iyo sentare ati: “Igikorwa co kwamamaza ni itegeko ku mukirisu. Ivyo ni vyo Injili zivuga kandi ni vyo Kristu yashinze abigishwa biwe gukora, ati ‘Nimugende mwamamaze mu bihugu vyose.’” Ariko rero, ico nticabujije ko ku wa 26 Ntwarante 2004, uwo mucamanza abuza ibikorwa vy’Ivyabona vya Yehova i Moscou. Ku wa 16 Ruheshi 2004, Sentare y’igisagara ca Moscou yarashigikiye iyo ngingo.d Mu kugira ico avuze kuri iyo ngingo yafashwe, Icabona umwe amaze igihe kirekire mu kuri yavuze ati: “Ku ntwaro y’Abasoviyeti, Umurusiya yategerezwa kuba umuhakanamana. Muri iki gihe, Umurusiya ategerezwa kuba umworotodogisi.”

None abo bavukanyi bavyifashemwo gute? Bavyifashemwo mu buryo busa cane n’ukuntu Nehemiya wo mu bihe vya kera yavyifashemwo. Mu misi yiwe, igihe abansi b’abasavyi b’Imana barwanya utwigoro yariko aragira two gusubira kwubaka uruhome rwa Yeruzalemu, Nehemiya n’abo bari kumwe ntibemeye ko hagira ikintu na kimwe co kubarwanya kibabuza gukora ico gikorwa. Ahubwo ‘bagumye bubaka’ kandi “babandanya kugira umutima wo gukora.” (Neh. 4:​1-6) Muri ubwo buryo nyene, abavukanyi bacu b’i Moscou ntibaretse ngo ababarwanya bababuze gukora igikorwa kibwirizwa gukorwa muri iki gihe, ico na co kikaba ari ico kwamamaza inkuru nziza. (1 Pet. 4:12, 16) Bari bizigiye yuko Yehova yobitwararitse, kandi bari biteguriye gutangura ikiringo kigira kane muri izo mburano zamaze igihe kirekire.

URWANKO RURUSHIRIZA KWONGEREKANA

Ku wa 25 Myandagaro 2004, abavukanyi bacu bararungikiye urwandiko Vladimir Putin, ico gihe akaba yari umukuru w’igihugu c’Uburusiya. Urwo rwandiko, urwerekana yuko barajwe ishinga cane n’ukwo kubuzwa, rwari rugizwe n’impapuro 76 rukaba rwari rwashizweko umukono n’abantu barenga 315.000. Muri ico gihe, abakuru b’idini ry’aborotodogisi ryo mu Burusiya barerekanye ico bari koko. Umuvugizi w’abo bakuru b’idini yavuze ati: “Ntitwerekwa na gato ibikorwa vy’Ivyabona vya Yehova.” Indongozi imwe y’umwisilamu yavuze yuko iyo ngingo yo kubuza igikorwa c’Ivyabona yari “ikintu c’intibagirwa kandi ciza.”

Ntibitangaje kubona abantu bari bahenzwe bo mu Burusiya baciye bubahuka kugaba ibitero ku Vyabona vya Yehova. Ivyabona bamwebamwe bariko baragira uruhara mu gikorwa co kwamamaza i Moscou barakubiswe ingumu n’imigere n’ababarwanya. Umugabo umwe yari yashangashiwe yarirukanye mu nyubakwa imwe mushiki wacu yongera amukubita umugere cane ku ruti rw’umugongo ku buryo agwa hasi hanyuma amukubita mu mutwe. Vyarabaye ngombwa ko uwo mushiki wacu aja kwa muganga; yamara, igipolisi nticigeze gikurikirana uwo mugabo. Hariho ibindi Vyabona benshi bahagaritswe n’igipolisi, kibafata nk’inkozi z’ikibi, maze kibaraza mw’ibohero. Abajejwe ibibanza bigirirwamwo amakoraniro i Moscou baragizweko iterabwoba yuko babandanije gukotesha inyubakwa zabo ku Vyabona bokwirukanywe. Budakeye na kabiri, amashengero atari make yaratswe ibibanza yari yarakose yagiriramwo amakoraniro. Vyarabaye ngombwa ko amashengero mirongo ine asangira inyubakwa imwe yari igizwe n’Ingoro z’Ubwami zine. Rimwe muri ayo mashengero yakoresha iyo nyubakwa ryabwirijwe kuza riragira Ikoraniro ry’insiguro y’icese isaha imwe n’igice zo mu gitondo. Umucungezi umwe w’umuzunguruko yigana ati: “Kugira ngo abamamaji bitabe iryo koraniro, bategerezwa kuvyuka isaha cumi n’imwe zo mu gitondo, mugabo baramaze umwaka urenga babigira n’umutima ukunze.”

“KUGIRA BIBE INTAHE”

Kugira ngo abashingwamanza bacu berekane ko ukubuzwa kw’igikorwa c’Ivyabona i Moscou kwari guteye kubiri n’amategeko, muri Kigarama 2004 barituye ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu. (Raba uruzitiro ruvuga ngo “Icatumye urubanza rwaciriwe mu Burusiya rusubira kwihwezwa mu Bufaransa,” ruri ku rupapuro rwa 6.) Haciye imyaka itandatu, ni ukuvuga ku wa 10 Ruheshi 2010, iyo Sentare yarafashe ingingo yari ishigikiwe na bose yambika izera Ivyabona vya Yehova!e Iyo Sentare yarihweje ibirego vyose twari twarezwe isanga nta shingiro bifise. Yaravuze kandi yuko nk’uko amategeko abisaba, Uburusiya bwategerezwa “guhagarika ukwo guhonyanga agateka ka zina muntu kwabonywe n’iyo Sentare, no gukora uko bushoboye kwose kugira ngo butunganye ingorane zakwezwe n’ico kibazo.”​​—⁠Raba uruzitiro ruvuga ngo “Ingingo yafashwe n’iyo Sentare,” ruri ku rupapuro rwa 8.

Iyo Sentare yafashe ingingo yuko Amasezerano y’Abanyaburaya ajanye no kwubahiriza agateka ka zina muntu akingira ibikorwa vy’Ivyabona vya Yehova. Iyo ngingo ntiraba gusa Uburusiya, ariko kandi iraraba n’ibindi bihugu 46 bigize Inama mpanuzwajambo y’Abanyaburaya. N’ikiruta ivyo, kubera ko itegeko n’ibimenyamenya vyasuzumwe mu buryo bwitondewe, abacamanza benshi, abashingamateka be n’abantu bo hirya no hino kw’isi baharanira agateka ka zina muntu na bo nyene bazokwitwararika ibijanye n’iyo ngingo. Uti kubera iki? Mu gufata iyo ngingo, uretse ko iyo Sentare yerekeje ku ngingo umunani yari yarafashe ku neza y’Ivyabona vya Yehova, yarerekeje no ku ntsinzi icenda Ivyabona vya Yehova bari baratahukanye muri sentare nkurunkuru za Afrika y’Epfo, Arijantine, Esupanye, Kanada, Leta Zunze Ubumwe, Uburusiya, Ubuyapani n’Ubwongereza. Izo ntsinzi twatahukanye be n’ukuba iyo Sentare yariyamirije mu buryo bukomeye ibirego vyashikirijwe na wa mushikirizamanza w’i Moscou, biratuma umuryango ukwiye kw’isi yose w’Ivyabona vya Yehova uronka igikoresho gikomeye wikorako mu kuburanira ukwizera kwabo n’ibikorwa vyabo.

Yezu yabwiye abayoboke biwe ati: “Bazobakwega babatware imbere ya ba buramatari n’abami babampora, kugira bibe intahe kuri bo no ku mahanga.” (Mat. 10:​18) Izo mburano zamaze imyaka cumi n’itanu zaratumye abavukanyi bacu baronka akaryo ko kumenyekanisha izina rya Yehova i Moscou n’ahandi kuruta ikindi gihe cose. Amatohoza yagizwe ku Vyabona, imanza baciriwe, hamwe n’ingingo yafashwe na sentare mpuzamakungu vyarabaye vy’ukuri “intahe” vyongera biratuma “inkuru nziza itera imbere.” (Flp. 1:​12) Nkako, igihe Ivyabona b’i Moscou bariko baragira uruhara mu gikorwa co kwamamaza muri iki gihe, abantu benshi basanze ku mihana baratangara, mu kuvuga bati: “Burya mwebwe igikorwa canyu ntikibujijwe?” Ico kibazo kirakunda gutuma abavukanyi bacu baronka akaryo ko kubwira abo bantu ayandi makuru yerekeye ivyo twemera. Biragaragara yuko ata kintu na kimwe gishobora kutubuza gukora igikorwa cacu co kwamamaza Ubwami. Dusenga dusaba ko Yehova yobandanya guhezagira no gufata mu mugongo bene wacu na bashiki bacu b’umutima rugabo twikundira bo mu Burusiya.

[Utujambo tw’epfo]

a Urwo rubanza rwashingishijwe ku wa 20 Ndamukiza 1998. Haciye indwi zibiri, ni ukuvuga ku wa 5 Rusama, Uburusiya bwarashize umukono ku Masezerano y’Abanyaburaya ajanye no kwubahiriza agateka ka zina muntu.

b “Iryo tegeko ryemejwe biturutse ku mukazo ukomeye wariko uragirwa n’idini ry’aborotodogisi ryo mu Burusiya, rino rikaba rirondera gukingira cane ikibanza rifise mu Burusiya, rikaba kandi rishashaye kubona Ivyabona vya Yehova babuzwa.”​​—⁠Vyavuzwe n’itororokanirizo rimwe ry’amakuru (Associated Press) ku wa 25 Ruheshi 1999.

c Igitwengeje ni uko kuri iryo genekerezo nyene ari ho bibuka imyaka icumi yari ihaciye hasohotse itegeko mu Burusiya ryemeza yuko Ivyabona vya Yehova bari barahohotewe bahorwa idini ku ntwaro y’Abasoviyeti.

d Ukwo kubuzwa kwarahagarika urwego rwemewe n’amategeko rwakoreshwa n’amashengero y’Ivyabona i Moscou. Abaturwanya bibaza yuko ukwo guhagarika urwo rwego vyotumye abavukanyi bacu batoroherwa no kurangura ubusuku bwabo.

e Ku wa 22 Munyonyo 2010, umugwi ugizwe n’abacamanza batanu bo mu Nama nkuru ya ya Sentare y’Abanyaburaya waranse kwemera ivyo Uburusiya bwasavye buvuga ko iyo Nama nkuru yosubira kwihweza urwo rubanza. Mu kubigenza gutyo, urubanza rwari rwaraciwe ku wa 10 Mukakaro 2010 rwarabaye ntabanduka maze hafatwa ingingo yuko rukwiye gushirwa mu ngiro.

[Uruzitiro/​Ifoto ku rup. 6]

Icatumye urubanza rwaciriwe mu Burusiya rusubira kwihwezwa mu Bufaransa

Ku wa 28 Ruhuhuma 1996, Uburusiya bwarashize igikumu ku Masezerano y’Abanyaburaya ajanye no kwubahiriza agateka ka zina muntu. (Ku wa 5 Rusama 1998, Uburusiya bwaremeje ayo Masezerano.) Mu gushira igikumu kuri ayo masezerano, Leta y’Uburusiya yari yemeje yuko abanyagihugu bayo bafise:

‘uburenganzira bwo guhitamwo idini bashaka, uburenganzira bwo kubaho bisunga idini ryabo haba i muhira canke mu bandi bantu be n’uburenganzira bwo guhindura idini mu gihe bavyipfuje.’​​—⁠Ingingo ya 9.

‘uburenganzira bwo kuvuga no kwandika ivyo biyumvira ata wubahagarikiye no kugira ico babwiye abandi.’​​—⁠Ingingo ya 10.

‘uburenganzira bwo kugira amakoraniro arangwamwo amahoro.’​​—⁠Ingingo ya 11.

Abantu canke amashirahamwe agateka kabo kahonyanzwe kubera ayo masezerano yarenzwe, kandi bakaba barituye inzego zose ziraba ivy’ubutungane zo mu gihugu cabo mugabo ntihagire ikivamwo, barashobora kwitwara muri Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu iri i Strasbourg, mu Bufaransa (yerekanywe aho haruguru). Igizwe n’abacamanza 47, ico kikaba ari igitigiri kingana n’ibihugu vyashize igikumu ku Masezerano y’Abanyaburaya ajanye no kwubahiriza agateka ka zina muntu. Imanza ziciwe n’iyo Sentare ni ntabanduka. Ibihugu vyashize igikumu kuri ayo masezerano bitegerezwa gushira aho intahe ishize.

[Uruzitiro ku rup. 8]

Ingingo yafashwe n’iyo Sentare

Ng’ibi ivyiyumviro bitatu bigufibigufi vyakuwe mu ngingo yafashwe n’iyo Sentare.

Ikirego kimwe cavuga yuko Ivyabona vya Yehova basambura ingo. Iyo Sentare yafashe ingingo ivuguruza ico kintu. Yavuze iti:

“Kuba mu ngo hariho abantu badakunda ivy’Imana banka kwemera no kwubahiriza umwidegemvyo incuti zabo zikunda ivy’Imana zifise wo kwerekana idini zirimwo no kubaho ziryisunga, ni vyo bituma haba ukutumvikana.”​​—⁠Ingingo ya 111.

Iyo Sentare yasanze kandi ata kintu na kimwe gishigikira ikirego c’uko Ivyabona bakoropa abantu mu mutwe, mu kuvuga iti:

“Iyo Sentare yasanze bigaragara yuko amasentare [yo mu Burusiya] atatanze izina ry’umuntu n’umwe uwo uburenganzira bwiwe bwo kwisunga ijwi ryiwe ryo mu mutima bwari bwarahonyanzwe biciye kuri ubwo buhinga.”​​—⁠Ingingo ya 129.

Ikindi kirego cavuga yuko kuba Ivyabona vya Yehova batemera guterwa amaraso, bituma amagara y’abemera yononekara. Iyo Sentare yafashe ingingo ivuguruza ico kintu, mu kuvuga iti:

“Umwidegemvyo wo kwemera canke kutemera uburyo bunaka bwo kuvurwa, canke guhitamwo uburyo bwo kuvurwa mu gishingo c’ubundi, ni ntahara ku bijanye n’uburenganzira umuntu afise bwo kwihitiramwo. Umurwayi akuze kandi akomeye mu mutwe arafise uburenganzira bwo kwihitiramwo, nk’akarorero kubagwa canke kutabagwa kibure kuvurwa uku canke kuriya, canke muri ubwo buryo nyene, guterwa amaraso canke kutayaterwa.” ​​—⁠Ingingo ya 136.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika