ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 15/8 rup. 27-31
  • Nukurikirane amahoro

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nukurikirane amahoro
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Iyo dutsitaye
  • Igihe ukutumvikana kwerekeye abantu benshi
  • Igihe bituwe ngo bafashe
  • Twoba dukwiye gukurikirana amahoro vyanka vyakunda?
  • Gukurikirana amahoro birazana ivyiza
  • “Dukurikirane ibintu biremesha amahoro”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Amahoro—Woyaronka gute?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Nutunganye ingorane mu rukundo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • ‘Rondera Amahoro Kandi Uyakurikire’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 15/8 rup. 27-31

Nukurikirane amahoro

“Dukurikirane ibiremesha amahoro.”​—ROM. 14:19.

1, 2. Ni kubera iki Ivyabona vya Yehova bafitaniye amahoro?

MW’ISI ya kino gihe biragoye kuronka amahoro nyakuri. Mbere n’abantu basangiye igihugu kandi bavuga ururimi rumwe akenshi usanga biciyemwo ibice kubera idini, politike, ivy’ubutunzi be n’amashure. Igihushanye n’ivyo, abasavyi ba Yehova barunze ubumwe naho baturuka mu “mahanga yose n’imiryango yose n’ibisata vyose n’indimi zose.”​—Ivyah. 7:9.

2 Amahoro dusanzwe twifitiye si ikintu capfuye kwizana. Ahanini yabonetse kubera ko ‘dufitaniye amahoro n’Imana’ biciye ku kwizera Umwana wayo, uno amaraso yiwe yasesetse akaba apfuka ibicumuro vyacu. (Rom. 5:1; Ef. 1:7) Vyongeye, Imana y’ukuri iraha impwemu nyeranda abasavyi bayo b’intahemuka, mu bigize icamwa c’impwemu hakaba harimwo amahoro. (Gal. 5:22) Ikindi kintu gituma tugiranira amahoro ni uko ‘tutari ab’isi.’ (Yoh. 15:19) Aho kugira uruhara mu vya politike, tuguma ata ho duhengamiye. Kubera ko ‘inkota zacu twazicuzemwo ibirimisho,’ ntitwisuka mu ntambara z’abanyagihugu canke iziba hagati y’ibihugu.​—Yes. 2:4.

3. Amahoro twifitiye atuma dushobora gukora iki, kandi ni igiki tugira twihweze muri iki kiganiro?

3 Amahoro dufitaniye ntagarukira gusa ku kwirinda kugirira nabi abavukanyi bacu. Naho ishengero ry’Ivyabona vya Yehova turimwo ryoshobora kuba rigizwe n’abantu baturuka mu moko n’imico kama bitandukanye, ‘turakundana.’ (Yoh. 15:17) Amahoro twifitiye aratuma “dukorer[a] iciza bose, ariko canecane incuti zacu mu kwizera.” (Gal. 6:10) Iparadizo yacu yo mu buryo bw’impwemu irangwa amahoro, ni ikintu dukwiye guha agaciro no kuzigama. Ku bw’ivyo, nimuze twihweze ingene twoshobora gukurikirana amahoro mw’ishengero.

Iyo dutsitaye

4. Twokora iki kugira ngo dukurikirane amahoro igihe hari uwo twababaje?

4 Umwigishwa Yakobo yanditse ati: “Twese dutsitara kenshi. Nimba hari uwudatsitara mw’ijambo, uyo ni umuntu atagira akanenge.” (Yak. 3:2) Ku bw’ivyo, ingorane be n’ukutumvikana hagati y’abo dusangiye ukwemera ntibizobura kwaduka. (Flp. 4:2, 3) Ariko rero, ingorane ziba hagati y’abantu kanaka zirashobora gutorerwa umuti amahoro y’ishengero atarinze guhungabana. Nk’akarorero, rimbura impanuro dukwiye gushira mu ngiro mu gihe tubonye yuko hari uwo twoshobora kuba twababaje.​—Soma Matayo 5:23, 24.

5. Twoshobora gute gukurikirana amahoro igihe hari uwadukoreye ikosa?

5 Tuvuge iki mu gihe twakorewe ikosa ridahambaye? Twoba dukwiye kwitega yuko nyene kudukorera ikosa aza kudusaba ikigongwe? Mu 1 Abakorinto 13:5 hagira hati: “[Urukundo] ntiruza ruraharura ikibi rukorewe.” Igihe hari uwadukoreye ikosa, turakurikirana amahoro mu kumubabarira no mu kwibagira, ivyo bikaba bishaka kuvuga ko ‘tutaza turaharura ikibi twakorewe.’ (Soma Abakolosayi 3:13.) Ibigabitanyo bitobito bishika mu buzima bwa misi yose biratorerwa umuti neza muri ubwo buryo, kubera ko ivyo bituma tugiranira amahoro n’abo dusangiye ukwemera bikongera bigatuma tugira amahoro yo mu muzirikanyi. Hari umugani uranga ubukerebutsi ugira uti: “Kwirengagiza ikigabitanyo ni ubwiza.”​—Imig. 19:11.

6. Dukwiye gukora iki igihe tubona ko tudashobora kwirengagiza ikosa twakorewe?

6 Bite ho mu gihe tubona ko ikosa rinaka twakorewe tudashobora kuryirengagiza? Nta gukeka ko kugenda turabwira uwo tubonye wese ibijanye n’iyo ngorane ari ingendo itaranga ubukerebutsi. Urusaku nk’urwo nta kindi rumara atari uguhungabanya amahoro y’ishengero. Dukwiye gukora iki none kugira ngo dutorere umuti iyo ngorane mu mahoro? Muri Matayo 18:15 hagira hati: “Nimba mwene wanyu acumuye, genda werekane neza ikosa ryiwe, hagati yawe na we mwenyene. Niyakwumviriza, uzoba ugaruye mwene wanyu.” Naho ibivugwa muri Matayo 18:15-17 vyerekeza ku gicumuro gikomeye, twisunze ingingo ngenderwako iri mu murongo wa 15, turakwiye kwegera n’umutima mwiza nyene kudukorera ikosa, tukabigira turi twenyene, maze tukagerageza kunagura ubucuti burangwa amahoro twari dufitaniye.a

7. Ni kubera iki dukwiye kwihutira gutorera umuti ukutumvikana?

7 Intumwa Paulo yanditse ati: “Murake, yamara ntimucumure; izuba ntirirenge mugishavuye, kandi ntimuhe ikibanza Shetani.” (Ef. 4:26, 27) Yezu yavuze ati: “Niwikiranure ningoga n’uwukwitwarira.” (Mat. 5:25) Gukurikirana amahoro bisaba rero ko dutorera umuti ingorane ningoga. Kubera iki? Kubera ko kutabigenza gutyo bituma ingorane zunyuka nka kurya kw’igisebe cagiyemwo imikorobe ntikivurwe. Nimuze ntitureke ngo ubwibone, ishari canke ukwitwararika cane ibintu vy’umubiri bitubuze gutorera umuti ukutumvikana kukimara kwaduka.​—Yak. 4:1-6.

Igihe ukutumvikana kwerekeye abantu benshi

8, 9. (a) Ni ukubona ibintu mu buryo butandukanye ukuhe kwari mw’ishengero ryo mu kinjana ca mbere ry’i Roma? (b) Ni impanuro iyihe Paulo yahaye abakirisu b’Abaroma ku bijanye n’ukutumvikana kwari hagati yabo?

8 Rimwe na rimwe ingorane ziba mw’ishengero usanga zerekeye abantu benshi. Ivyo ni vyo vyashikiye abakirisu b’i Roma, abo intumwa Paulo yandikiye ikete ryahumetswe. Hari ukutumvikana hagati y’abakirisu b’Abayuda n’abakirisu b’Abanyamahanga. Biboneka yuko abantu bamwebamwe bo muri iryo shengero bagaya abari bafise amajwi yo mu mutima adakomeye, canke yababuza ibintu vyinshi naho Bibiliya itabibabuza. Mwene abo bantu baracira urubanza abandi mu buryo butabereye ku bintu bisaba ko umuntu yihitiramwo. Ni impanuro iyihe none Paulo yahaye iryo shengero?​—Rom. 14:1-6.

9 Paulo yarahanuye iyo migwi yompi itumvikana. Yabwiye abatahura ko batakigengwa n’Itegeko rya Musa kutagaya bene wabo. (Rom. 14:2, 10) Inyifato nk’iyo yari gutsitaza abemera bari bakibona ko gufungura ibintu vyari bibujijwe mu gihe c’Itegeko, cari ikintu giteye ishishi. Paulo yabakebuye ati: “Reka gusambura igikorwa c’Imana kubera ibifungurwa gusa. Ego ni ko, ibintu vyose birahumanuye, mugabo ni bibi ku muntu gufungura bikaba intandaro y’ugutsitara. Ni vyiza kutarya inyama canke kutanywa umuvinyu canke kudakora ikintu na kimwe gitsitaza mwene wanyu.” (Rom. 14:14, 15, 20, 21) Ku rundi ruhande, Paulo yahanuye abakirisu bari bafise amajwi yo mu mutima yababuza ibintu vyinshi kutabona yuko ababona ibintu mu buryo bwagutse batagira ukwizera. (Rom. 14:13) Yabwiye ‘umuntu wese muri bo kutiyumvira ko ahambaye kuruta uko abwirizwa kwiyumvira.’ (Rom. 12:3) Paulo amaze guhanura iyo migwi yompi itumvikana, yanditse ati: “Nuko rero, dukurikirane ibiremesha amahoro be n’ivyubaka abandi.”​—Rom. 14:19.

10. Nk’uko vyagendeye ishengero ryo mu kinjana ca mbere ry’i Roma, hakenewe iki kugira ngo ingorane zaduka muri iki gihe zitorerwe umuti?

10 Turashobora kwemera tudakeka ko iryo shengero ry’i Roma ryakiriye neza impanuro ya Paulo maze rigahindura ibikenewe. Igihe hadutse ingorane hagati yacu n’abakirisu bagenzi bacu muri iki gihe, ntidukwiye none natwe nyene kuzitorera umuti tubigiranye ubugwaneza mu kurondera twicishije bugufi impanuro zo mu Vyanditswe maze tukazishira mu ngiro? Nk’uko vyagendeye abakirisu b’i Roma, muri iki gihe imigwi yompi itumvikana yoshobora kuba ikeneye kugira ivyo ihinduye kugira ngo ‘igumane amahoro hagati yayo.’​—Mrk. 9:50.

Igihe bituwe ngo bafashe

11. Umukurambere akwiye kwiyubara gute igihe hari umukirisu yipfuje kumuyagira ingorane afitaniye n’uwo basangiye ukwemera?

11 Tuvuge iki mu gihe umukirisu munaka yipfuje kuyagira umukurambere ingorane afitaniye n’incuti yiwe canke uwo basangiye ukwemera? Mu Migani 21:13 hagira hati: “Uwiziba ugutwi ngo ntiyumve umwidogo w’umuntu mutoyi, na we nyene azohamagara ntiyishurwe.” Birumvikana ko umukurambere ‘atokwiziba ugutwi.’ Ariko rero, hari uwundi mugani ugabisha uti: “Uwubanje kwitwara asa n’uwuvuga ukuri, gushika uwo baburana atanguye kumuhinyuza.” (Imig. 18:17, New English Translation) Umukurambere akwiye gutega yompi n’umutima mwiza, mugabo arakeneye kwiyubara ntahengamire kuri nyene gukorerwa ikosa. Uwo mukurambere amaze kwumviriza iyo ngorane, yoshobora kumubaza nimba yarayiganiriye na nyene kuyiteza. Uwo mukurambere yoshobora kandi kwihweza ari kumwe na nyene gukorerwa ikosa intambwe zishingiye ku Vyanditswe ashobora gutera kugira ngo akurikirane amahoro.

12. Tanga uburorero bwerekana akaga kari mu gufata ingingo gihutihuti umaze kwumviriza umuntu agutuye ingorane.

12 Hariho uburorero butatu bwo muri Bibiliya bwerekana akaga kari mu gufata ingingo gihutihuti umaze kwumviriza umuntu umwe gusa mu bafitaniye ingorane. Potifari yaremeye ivyo umugore wiwe amubwiye yuko Yozefu yari yarondeye kumufata ku nguvu. Potifari abigiranye ishavu ritagira ishingiro yarataye Yozefu mw’ibohero. (Ita. 39:19, 20) Umwami Dawidi yaremeye ivyo Ziba amubwiye, uno akaba yavuze ko shebuja wiwe Mefibosheti yari yagiye ku ruhande rw’abansi ba Dawidi. Dawidi yaciye yishura gihutihuti ati: “Ehe ikintu cose ca Mefibosheti ni icawe.” (2 Sam. 16:4; 19:25-27) Umwami Aritazerusi yabwiwe ko Abayuda bariko barasubira kwubaka impome za Yeruzalemu be n’uko bagira bagararize Inganji y’Ubuperesi. Uwo mwami yaremeye iyo raporo itari yo, aca ategeka ko bahagarika ibikorwa vyose bariko barakora bijanye no gusubira kwubaka Yeruzalemu. Ivyo vyatumye Abayuda bahagarika igikorwa co ku rusengero rw’Imana. (Ezira 4:11-13, 23, 24) Abakurambere bakirisu babigiranye ubukerebutsi barakurikiza impanuro Paulo yahaye Timoteyo yo kwirinda guca urubanza imbere y’igihe.​—Soma 1 Timoteyo 5:21.

13, 14. (a) Igihe hariho ukutumvikana hagati y’abantu babiri, ni igiki dukwiye kwibuka? (b) Ni igiki gishobora gufasha abakurambere guca neza imanza zerekeye abo basangiye ukwemera?

13 N’igihe nyene bisa n’uko twatahuye ukutumvikana kuri hagati y’abantu babiri, birahambaye ko tumenya yuko “nimba umuntu yiyumvira ko yamenye ikintu, [ataba a]rakimenya nk’uko yabwirizwa kukimenya.” (1 Kor. 8:2) Twoba vy’ukuri tuzi ibintu vyose vyatumye haba ukwo kutumvikana? Twoba dushobora gutahura mu buryo bushitse ukuntu ivy’umwumwe wese muri bo bisanzwe vyifashe? Igihe abakurambere basabwe guca urubanza, ese ukuntu bihambaye cane ko batareka ngo bahendwe n’ibinyoma, uruyeri, canke ibihuha! Wa mucamanza yagenywe n’Imana ari we Yezu Kristu, aca imanza mu bugororotsi. “[Ntaca] urubanza afatiye ku bipfa kubonekera amaso yiwe, canke ngo akangire yisunze gusa ivyo amatwi yiwe yumvise.” (Yes. 11:3, 4) Ahubwo riho, Yezu ayoborwa n’impwemu ya Yehova. Abakurambere bakirisu na bo nyene bategerezwa kuyoborwa n’impwemu nyeranda y’Imana.

14 Imbere y’uko abakurambere baca imanza zerekeye abo basangiye ukwemera, barakwiye gusenga Yehova bamusaba yuko impwemu yiwe yobafasha maze bakiheka ku buyobozi bwayo mu gusuzuma Ijambo ry’Imana n’ibisohokayandikiro vya wa mugwi w’umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.​—Mat. 24:45.

Twoba dukwiye gukurikirana amahoro vyanka vyakunda?

15. Igihe tumenye ko umuntu kanaka yakoze igicumuro gikomeye, ni ryari twokibwira abakurambere?

15 Twebwe abakirisu duhimirizwa gukurikirana amahoro. Ariko rero, Bibiliya ivuga kandi iti: “Ubukerebutsi buva hejuru imbere ya vyose ni ubutanduye, maze bukaba ubw’amahoro.” (Yak. 3:17) Kuba umunyamahoro biza inyuma yo kuba uwutanduye, ni ukuvuga gushigikira ingingo mfatirwako z’Imana zigenga ikibereye n’ikitabereye no gushitsa ivyo idusaba bigororotse. Mu gihe umukirisu kanaka amenye yuko uwo basangiye ukwemera yakoze igicumuro gikomeye, arakwiye kumuremesha kwaturira abakurambere ico gicumuro. (1 Kor. 6:9, 10; Yak. 5:14-16) Mu gihe nyene gukora ico gicumuro atabigize, uwo mukirisu azi ibijanye na co arakwiye kukibabwira. Uwo mukirisu aciye yinumira kubera yuko ashaka kuguma afitaniye amahoro n’uwo mucumuzi, aba agize uruhara muri ico gicumuro.​—Lew. 5:1; soma Imigani 29:24.

16. Ni igiki dushobora kwigira ku vyo Yehu yakoreye Umwami Yehoramu?

16 Inkuru imwe yerekeye Yehu irerekana ko ubugororotsi bw’Imana butegerezwa kuza imbere y’ukugiranira amahoro n’abandi. Imana yararungitse Yehu gushitsa urubanza yari yaciriye inzu y’Umwami Ahabu. Wa mwami w’umubisha Yehoramu, mwene Ahabu na Yezebeli, yaragiye guhura na Yehu ari mu mukogote wiwe maze amubwira ati: “Ni amahoro ga Yehu?” None Yehu yamwishuye gute? Yamwishuye ati: “Hoba amahoro nyabaki kandi hakiriho ubusambanyi bwa Yezebeli nyoko n’ubupfumu bwiwe bwinshi?” (2 Abm. 9:22) Yehu yaciye afora umuheto wiwe maze arasa Yehoramu mu mutima. Nka kurya nyene Yehu yaciye agira ico akoze, abakurambere ntibakwiye kurekerana abacumura n’ibigirankana kandi ntibigaye, kugira gusa bagume bafitaniye amahoro na bo. Baraca mw’ishengero abacumuzi batigaya kugira ngo rishobore kuguma rifitaniye amahoro n’Imana.​—1 Kor. 5:1, 2, 11-13.

17. Abakirisu bose bafise uruhara uruhe mu vyo gukurikirana amahoro?

17 Ukutumvikana kwinshi kuba hagati y’abavukanyi usanga kuterekeye ikibi gikomeye gisaba ko umuntu acirwa urubanza. Ese rero ukuntu ari vyiza ko dupfuka tubigiranye urukundo amakosa abandi badukorera. Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Uwupfuka ikigabitanyo aba arondera urukundo, kandi uwuguma avugavuga ikintu aba ariko atandukanya abasanganywe.” (Imig. 17:9) Kwisunga ayo majambo bizodufasha twese kuzigama amahoro mw’ishengero no kuguma dufitaniye ubucuti bwiza na Yehova.​—Mat. 6:14, 15.

Gukurikirana amahoro birazana ivyiza

18, 19. Ni ivyiza ibihe biva ku gukurikirana amahoro?

18 Mu gihe dukurikiranye “ibiremesha amahoro” biratuzanira ivyiza vyinshi. Turagiranira ubucuti bwa hafi na Yehova uko twigana inzira ziwe, tukongera tukagira ico duterereye ku bumwe burangwa amahoro buri mw’iparadizo yacu yo mu buryo bw’impwemu. Gukurikirana amahoro mw’ishengero biradufasha kandi kubona uburyo butandukanye dushobora kwihatira kugiranira amahoro n’abo tubwira “inkuru nziza y’amahoro.” (Ef. 6:15) Turarushiriza ‘kuba abantu bengenga kuri bose, bashoboye kwigisha, tukaguma twiyumanganije mu mibabaro.’​—2 Tim. 2:24.

19 Uribuka kandi yuko hazoba “izuka ry’abagororotsi n’abatari abagororotsi.” (Ivyak. 24:15) Ico cizigiro nicaranguka ng’aha kw’isi, abantu amamiliyoni bamuka mu mico kama itandukanye, bafise inyiyumvo zitandukanye na kamere zitandukanye bazosubira kuba bazima, aho hakazoba harimwo abazoba barabayeho kera cane kuva kw’“ishingwa ry’isi”! (Luka 11:50, 51) Kwigisha abazoba bazutse ibijanye n’amahoro kazoba vy’ukuri ari agateka kadasanzwe. Ese ukuntu ukumenyerezwa turiko turaronka ubu mu bijanye no kuba indemeshamahoro kuzodufasha cane ico gihe!

[Akajambo k’epfo]

a Nimba wipfuza ubuyobozi bushingiye ku Vyanditswe bujanye n’ukuntu umuntu yovyifatamwo igihe akorewe ibicumuro bikomeye nko gucokorwa canke forode, raba Umunara w’Inderetsi, wo ku wa 1 Munyonyo 1999, urupapuro rwa 14-18. Mu gifaransa ni uwo ku wa 15 Gitugutu 1999, urupapuro rwa 17-22.

Wize iki?

• Twoshobora gute gukurikirana amahoro igihe hari uwo twakoreye ikosa?

• Dukwiye gukora iki kugira ngo dukurikirane amahoro igihe hari uwadukoreye ikosa?

• Ni kubera iki bitaranga ubukerebutsi kugira aho duhengamiye igihe hari ukutumvikana hagati y’abantu babiri?

• Sigura igituma atari ngombwa ngo dukurikirane amahoro vyanka vyakunda.

[Amafoto ku rup. 29]

Yehova arakunda abababarira abandi ata gahigihigi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika