Gusoma Bibiliya vyarambereye isôko ry’inkomezi mu buzima bwanje bwose
Nk’uko vyavuzwe na Marceau Leroy
“MU NTANGO Imana yaremye amajuru n’isi.” Natanguye gusoma ayo majambo ndi mu cumba canje niherereye. Ni kubera iki nayasomye nihishije? Ni kubera ko nari nzi neza yuko dawe, uno akaba yari umuhakanyi w’imena, atari kwemera ico gitabu nari mfise, ari co Bibiliya.
Sinari bwigere nsoma Bibiliya, ari co gituma igihe nasoma ayo majambo atangura yo mu gitabu c’Itanguriro naguye mu gahundwe. Nariyumviriye nti: ‘Nza naronka insobanuro y’uguhuza kuri mu mategeko agenga ibidukikije kwamye kuntangaza!’ Kubera yuko nari ndyohewe cane, narayisomye guhera isaha zibiri z’ijoro gushika isaha cumi z’ubuca. Ukwo ni ko natanguye kuza ndasoma Ijambo ry’Imana, nkaba nabigize ubuzima bwanje bwose. Reka ndabiganire ukuntu gusoma Bibiliya vyambereye isôko ry’inkomezi mu buzima bwanje bwose.
“Uzobwirizwa kuza uragisoma ku musi ku musi”
Navukiye i Vermelles mu 1926, ico kikaba cari ikigwati bacukuramwo ibizuku cari mu buraruko bw’Ubufaransa. Mu gihe c’intambara ya kabiri y’isi yose, ibizuku cari ikintu gihambaye cinjiriza amahera igihugu. Kubera rero yuko nari umucukuzi w’ibizuku, nari nemerewe kutaja mu gisoda. Naho vyari ukwo, kugira ngo ndushirize kugira ubuzima bwiza, naratanguye kwiga ibijanye no kurungika amajwi biciye ku nsamirizi be n’ibijanye n’umuyagankuba, ivyo bikaba vyatumye ndushiriza gutahura uguhuza kuri mu mategeko agenga ibidukikije. Igihe nari mfise imyaka 21, hari umunyeshure twigana yampaye Bibiliya, ari na yo natanguye gutunga, maze avuga ati: “Ni igitabu dukwiye gusoma.” Igihe naheza kuyisoma, nari maze kujijuka yuko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana, ko ari ibintu vyahishuriwe abantu.
Kubera yuko nibaza ko n’ababanyi banje bohimbawe no gusoma Bibiliya, nararondeye izindi umunani. Naratangaye kubona barantyekeje bakongera bakandwanya. Incuti zanje zemera ibintazi zangabishije ziti: “Niwatangura gusoma ico gitabu, uzobwirizwa kuza uragisoma ku musi ku musi!” Ari ukugisoma naragisomye, kandi sinigeze nicuza. Vyahavuye bicika ikintu nagumye nkora mu buzima bwanje bwose.
Kubera yuko ababanyi banje babonye yuko nkunda Bibiliya, barampaye ibisohokayandikiro vy’Ivyabona vya Yehova bari bararonse. Udutabu nka Un monde, un gouvernementa (kerekanywe mu gifaransa) twarasigura igituma Bibiliya yerekana ko Ubwami bw’Imana ari co kintu conyene abantu bakwiye kwizigira. (Mat. 6:10) Naciye ndushiriza kwiyemeza kubwira abandi ibijanye n’ico cizigiro.
Umwe mu bantu ba mbere nahaye Bibiliya bakayemera yari uwitwa Noël, uno akaba yari umugenzi wanje wo mu bwana. Kubera yuko yari umugatolika w’umunyamwete, yaratunganije ivy’uko tubonana n’umugabo umwe yariko arigira ubupatiri. Naragize ubwoba, yamara mfatiye ku vyo nari narasomye muri Zaburi 115:4-8 no muri Matayo 23:9, 10 nari nzi yuko Imana yanka ivyo gukoresha ibigirwamana mu gusenga be n’ivyo kwita amazina y’icubahiro abakuru b’amadini. Ivyo vyaratumye ngira umutima rugabo wo kuburanira ivyo nari nsigaye nemera. Ico vyavuyemwo ni uko Noël yemeye ukuri, kandi gushika ubu aracari Icabona w’umwizigirwa.
Naragendeye kandi mushikanje. Umunega wiwe yari atunze ibitabu bijanye n’ubupfumu kandi yaraturubikwa n’amadayimoni. Naho mu ntango niyumvamwo ko ntoshobora kumufasha, imirongo yo muri Bibiliya nk’Abaheburayo 1:14 yaranjijuye yuko nari nshigikiwe n’abamarayika ba Yehova. Igihe uwo muramwanje yashira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya maze akikurako ikintu cose gifitaniye isano n’ubupfumu, yarashoboye kuvavanura n’amadayimoni. We na mushikanje barabaye Ivyabona b’abanyamwete.
Mu 1947, Icabona umwe w’Umunyamerika yitwa Arthur Emiot, yarangendeye. Naramubajije akamwemwe kansya aho Ivyabona bakoranira. Yambwiye yuko hariho umugwi wari i Liévin, nko ku bilometero 10. Kubera yuko ico gihe bitari vyoroshe kugura ikinga, namaze amezi menshi nja ku makoraniro n’amaguru nkongera ngataha n’amaguru. Mu Bufaransa, igikorwa c’Ivyabona vya Yehova cari kimaze imyaka umunani kibujijwe. Mu gihugu cose hariho Ivyabona 2.380 gusa, benshi muri bo bakaba bari abaje kuba ng’aho bavuye muri Polonye. Mugabo ku wa 1 Nyakanga 1947, igikorwa cacu carasubiye kwemerwa n’amategeko mu Bufaransa. Ibiro vy’ishami vyarasubiye kwugururwa mu gisagara ca Paris i Villa Guibert. Kubera yuko ata mutsimvyi n’umwe yari mu Bufaransa, inomero y’Igikorwa dukorera Ubwami (icitwa ico gihe Informateur) yo muri Kigarama 1947 yaramenyesheje ko hakenewe abatsimvyi basanzwe, bokwamamaje amasaha 150 ku kwezi. (Mu 1949, ayo masaha yaragabanijwe ashika ku 100.) Mu kwemeranya ata gahigihigi n’amajambo ya Yezu ari muri Yohani 17:17 avuga ngo: “Ijambo [ry’Imana] ni ukuri,” narabatijwe mu 1948, maze muri Kigarama 1949, mba umutsimvyi.
Narapfunguwe nca nsubira i Dunkerque
Aho narungitswe gukorera ubwa mbere, ni ukuvuga i Agen, mu bumanuko bw’Ubufaransa, nahamaze igihe gito. Kubera yuko nari narahevye gucukura ibizuku, nari mu bashobora kuja mu gisoda. Naranse kuja mu gisoda, bikaba vyatumye ntabwa mw’ibohero. Naho ntari nemerewe gutunga Bibiliya, narashoboye kuronka impapuro nkeyi z’igitabu ca Zaburi. Kuzisoma vyarandemesheje. Igihe narekurwa, hariho ingingo nategerezwa gufata: Noba nari nkwiye guhagarika umurimo w’igihe cose kugira ngo ndondere aho mba maze ngire umuryango? N’ico gihe nyene, ivyo nasoma muri Bibiliya vyaramfashije. Narazirikanye amajambo ya Paulo ari mu Bafilipi 4:11-13, agira ati: “Muri vyose, ndonka inkomezi ndabikesheje umwe ampa ububasha.” Naciye mfata ingingo yo kubandanya ubutsimvyi. Mu 1950, nararungitswe gukorera ahandi, ni ukuvuga i Dunkerque, kino kikaba cari igisagara nari narigeze kwamamazamwo.
Igihe nashika ng’aho, nta kintu na kimwe nari mfise. Ico gisagara cari carasinzikaye bimwe bikomeye mu gihe c’Intambara ya kabiri y’isi yose, bikaba bitari vyoroshe kuronka aho kuba. Naciye mfata ingingo yo kuja kuraba umuryango umwe nahora mbwira inkuru nziza, kandi inarugo yaranezerewe cane maze avuga ati: “Yoo, mushingantahe Leroy, wararekuwe! Umunega wanje avuga yuko iyaba hari abantu benshi bameze nkawe, hatokwigeze haba intambara.” Kubera ko bari bafise inzu ingenzi zashikiramwo, barampaye indaro gushika igihe c’ingenzi gitanguye. Kuri uwo musi nyene, mwene wabo na Arthur Emiot ari we Evans yarampaye akazi.b Yari umusobanuzi ku kivuko akaba yarondera umunyezamu wo kurarira ubwato. Yaramenyekanishije kuri umwe mu bisongerezi vy’abakapitene b’ubwato. Igihe nava mw’ibohero, nari nsigaye nagara ku mutwe nk’ubuhiri. Igihe Evans yasigurira ico gisongerezi igituma nari meze gutyo, yaciye ambwira ngo nihe ku bifungurwa vyari muri firigo. Kuri uwo musi, nararonse uburaro, akazi n’ibifungurwa! Nararushirije vy’ukuri kwizigira amajambo ya Yezu ari muri Matayo 6:25-33.
Igihe ikiringo c’ingenzi catangura, twe n’uwo twakorana ubutsimvyi ari we Simon Apolinarsk, twabwirizwa kurondera ahandi hantu tuba, mugabo twari twiyemeje kuguma aho twari twarungitswe gukorera. Twaremerewe kuba mu nzu y’amafarasi ishaje, tukaba twaryama ku matera z’ivyatsi. Imisi yose twaba turi mu ndimiro. Twarabwiye inkuru nziza nyene iyo nzu, kandi yarabaye umwe mu bantu benshi bemeye ukuri. Budakeye na kabiri harasohotse ikiganiro mu bimenyeshamakuru vyo muri ako karere, cagabisha ababa i Dunkerque ibijanye n’ “igikorwa c’Ivyabona vya Yehova cari cadutse muri ako karere.” Ariko rero, twe na Simon hamwe n’abandi bamamaji bari ku rushi ni twe Vyabona twenyene twari ng’aho! Igihe twaba turi mu ngorane, twararemeshwa no kuzirikana ku cizigiro abakirisu bafise no kurimbura ukuntu Yehova yari yaratwitwararitse. I Dunkerque hari abamamaji badahorereza bashika 30 igihe narungikwa gukorera ahandi mu 1952.
Narakomejwe ku bw’amabanga mashasha
Maze igihe gito mu gisagara ca Amiens, naragenywe ngo mbe umutsimvyi adasanzwe i Boulogne-Billancourt, kano kakaba kari akarere kari inyuma y’igisagara ca Paris. Nari mfise inyigisho za Bibiliya nyinshi, kandi bamwe muri bo mu nyuma barakoze umurimo w’igihe cose n’igikorwa c’ubumisiyonari. Umusore umwe yitwa Guy Mabilat yaremeye ukuri, aratera imbere gushika abaye umucungezi w’umuzunguruko, mu nyuma na ho araba umucungezi w’intara. Haciye igihe, yarahagarikiye iyubakwa ry’icapuriro ahasigaye hari Beteli i Louviers, nko ku bilometero bitari bike uvuye i Paris. Kwama nyaga n’abantu kuri Bibiliya mu busuku vyaratumye ndushiriza gutahura Ijambo ry’Imana, bituma ngira umunezero mwinshi vyongera biramfasha kuryohora ubuhanga bwanje bwo kwigisha.
Mu nyuma mu 1953, ntari ndavyiteze na gato, naragenywe ngo mbe umucungezi w’umuzunguruko i Alsace-Lorraine, ino ikaba ari intara yigeze kwigarurirwa n’Ubudagi incuro zibiri hagati ya 1871 na 1945. Ku bw’ivyo, vyarabaye ngombwa ko niga ikidagi gikeya. Igihe natangura igikorwa co kugendera amashengero, muri iyo ntara hari imiduga mikeyi, amateleviziyo makeyi n’imashini zo kwandika nkeyi kandi bene twa turadiyo ngendanwa canke orodinateri ntivyariho. Mugabo nari mpimbawe mu buzima kandi nari mbayeho neza. Nkako, cari igihe giteye umunezero kuruta ibindi vyose. Gukurikiza impanuro Bibiliya itanga idusaba kuguma dufise ‘ijisho riremuruye’ vyaranyorohera kubera ko ico gihe ibintu bisamaza abantu bikababuza gusukurira Yehova vyari bike kuruta ubu.—Mat. 6:19-22.
Rya Teraniro ryatazirwa ngo “Ubwami butahukana intsinzi” (Le Royaume triomphant) ryabera i Paris mu 1955, cari ikiringo c’intibagirwa kuri jewe. Kuri iryo hwaniro, naramenyanye n’uwahavuye ambera umukenyezi ari we Irène Kolanski, akaba yari yatanguye umurimo w’igihe cose umwaka umwe imbere yanje. Abavyeyi biwe b’Abanyapolonye bari bamaze igihe kirekire ari Ivyabona b’abanyamwete. Igihe bari mu Bufaransa baragendewe na Adolf Weber. Uno yari yarabaye umukozi wo mu busitani bw’umuvukanyi Russell akaba yari yaje i Buraya kwamamaza inkuru nziza. Twe na Irène twubakanye mu 1956, aca yifatanya nanje mu gikorwa co kugendera amashengero. Ese ukuntu yanshigikiye cane muri iyo myaka yose!
Haciye imyaka ibiri, hariho ikindi kintu canshikiye ntari ndavyiteze: Naragenywe ngo mbe umucungezi w’intara! Ariko rero, kubera ko abavukanyi bakwije ibisabwa bari bake, narabandanije kugendera amashengero amwamwe ndi umucungezi w’umuzunguruko. Ico gihe nari mfise ibintu vyinshi cane vyo gukora! Hambavu y’amasaha 100 nabwirizwa kwamamaza ku kwezi, buri ndwi nabwirizwa gushikiriza insiguro zitandukanye, kugendera inyigisho z’igitabu zitatu, gusuzuma inzandiko, no gutegura amaraporo. Nari gushobora gute none gucungura umwanya wo gusoma Ijambo ry’Imana? Nasanze nogira iki kintu kimwe gusa: Narakuye impapuro muri Bibiliya imwe yari ishaje, maze nkaza nditwaza zimwezimwe. Igihe cose naba mbwirizwa kurindira uwo twahanye isango, naca nsokorora izo mpapuro nkaba ndazisoma. Ivyo biringo bigufi kandi biruhura mu vy’impwemu vyarakomeje umwiyemezo nari mfise wo kubandanya igikorwa canje.
Mu 1967, twe na Irène twarasabwe kuba mu bagize umuryango wa Beteli i Boulogne-Billancourt. Natanguye gukorera mu Rwego rujejwe umurimo, ubu hakaba haciye imyaka irenga 40 mfise ako gateka. Umuce uteye umunezero w’ico gikorwa ni ukwishura amakete y’abantu babaza ibibazo bishingiye kuri Bibiliya. Ese ukuntu mpimbarwa no kwimba mw’Ijambo ry’Imana no “kuburanira inkuru nziza”! (Flp. 1:7) Ndahimbarwa kandi no guhagarikira ibiganiro bishingiye kuri Bibiliya mu gihe c’ugusenga kwo mu gitondo kuba imbere y’uko twitanga umusase. Mu 1976, naragenywe ngo mbe mu bagize Komite y’ishami mu Bufaransa.
Uburyo bwiza kuruta ubundi bwo kubaho
Naho naciye mu bihe bitoroshe, ubu ni co gihe kigoye kuruta ibindi vyose mu buzima bwanje, aho ingorane z’ubusaza n’amagara make zituma twe na Irène tudashobora gukora ivyo twahora dukora. Naho ari ukwo, gusomera hamwe Ijambo ry’Imana no kuryigira hamwe biratuma icizigiro cacu kiguma ari kizima. Turahimbarwa no gufata ibisi itujana mu cibare c’ishengero ryacu kugira ngo tubwire abandi ibijanye n’ico cizigiro. Ivyo twiboneye mu myaka irenga 120 twese hamwe tumaze mu murimo w’igihe cose biratuma duhimiriza n’umutima wacu wose abo bose bipfuza kugira ubuzima buteye akamwemwe, umunezero, kandi buri n’ico buvuze, ngo bakurikirane umurimo w’igihe cose. Igihe Umwami Dawidi yandika amajambo yo muri Zaburi 37:25, yari ‘yarashaje,’ mugabo cokimwe na we, na jewe nyene “sinabonye umugororotsi yahebwe buhere.”
Mu buzima bwanje bwose, Yehova yarankomeje biciye kw’Ijambo ryiwe. Mu myaka irenga 60 iheze, incuti zanje zaravuze yuko gusoma Bibiliya cobaye ikintu nokoze ubuzima bwanje bwose. Emwe, bavuze ukuri nk’ukurima! Vyarabaye ikintu nama nkora buri musi, nkaba ntigeze nicuza na gato!
[Utujambo tw’epfo]
a Kasohowe mu 1944, mugabo ntikagicapurwa.
b Ushaka kumenya ayandi makuru yerekeye Evans Emiot, raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Nzero 1999, urupapuro rwa 22 n’urwa 23.
[Ifoto ku rup. 5]
Twe na Simon
[Ifoto ku rup. 5]
Bibiliya imeze nk’imwe natangura kuronka
[Ifoto ku rup. 5]
Igihe nari umucungezi w’intara
[Ifoto ku rup. 6]
Ku musi wacu w’ubugeni
[Ifoto ku rup. 6]
Twe na Irène turahimbarwa no gusoma Ijambo ry’Imana be no kuryiga