Woba ureka Yehova akakubera umuturi?
“Gume . . . mubanza kurondera ubwami n’ubugororotsi bw’Imana, ivyo bindi vyose na vyo muzovyongerwa.”—MAT. 6:33.
1, 2. (a) “Isirayeli y’Imana” ivugwa mu Bagalatiya 6:16 igereranya bande? (b) “Imiryango cumi n’ibiri ya Isirayeli” ivugwa muri Matayo 19:28, igereranya bande?
IYO usomye izina Isirayeli muri Bibiliya, uca wiyumvira iki? Woba uca wiyumvira mwene Izahaki ari we Yakobo, uwiswe kandi Isirayeli? Canke uca wiyumvira abakomoka kuri we, ni ukuvuga ihanga rya Isirayeli? Tuvuge iki ku bijanye na Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu? Igihe Isirayeli ivuzwe mu buryo bw’ikigereranyo, akenshi iba yerekeza kuri “Isirayeli y’Imana,” ni ukuvuga bamwe 144.000, barobanuzwa impwemu nyeranda kugira ngo babe abami n’abaherezi mw’ijuru. (Gal. 6:16; Ivyah. 7:4; 21:12) Mugabo hariho ahandi hantu izina Isirayeli rikoreshwa mu buryo budasanzwe, aho na ho akaba ari muri Matayo 19:28.
2 Muri ico canditswe, Yezu yavuze ati: “Muri kwa kurema busha, Umwana w’umuntu niyicara ku ntebe y’ubwami yiwe y’ubuninahazwa, mwebwe mwankurikiye namwe ubwanyu muzokwicara ku ntebe z’ubwami cumi na zibiri, mucire imanza imiryango cumi n’ibiri ya Isirayeli.” Muri uwo murongo, iyo “miryango cumi n’ibiri ya Isirayeli” ni abazocirwa urubanza n’abigishwa ba Yezu barobanuwe, bakaba kandi bazoronka ubuzima budahera mw’Iparadizo kw’isi. Bazokwungukira ku bikorwa vy’ubuherezi vya bamwe 144.000.
3, 4. Ni akarorero keza akahe abarobanuwe batanga?
3 Cokimwe n’abaherezi be n’Abalewi ba kera, muri iki gihe abarobanuwe babona yuko igikorwa barangura ari agateka. (Guh. 18:20) Abarobanuwe ntibitega guhabwa akarere kanaka ko kw’isi kugira ngo bakigabire. Ahubwo riho, bariteganye umushasharo kuba abami n’abaherezi mw’ijuru hamwe na Yezu Kristu. Bazobandanya gusukurira Yehova muri iryo banga, nk’uko vyerekanwa n’ivyo dusoma mu Vyahishuwe 4:10, 11 ku bijanye n’abarobanuwe bari mu kibanza cabo mw’ijuru.—Ezek. 44:28.
4 Igihe abarobanuwe baba bakiri kw’isi, babaho mu buryo bwerekana yuko Yehova ari we muturi wabo. Agateka bafise ko gusukurira Imana ni co kintu gihambaye cane kuruta ibindi kuri bo. Barizera inkuka y’incungu ya Kristu bakongera bakaguma bamukurikira, gutyo ‘bagatuma ihamagarwa ryabo be n’itorwa ryabo biba ibidakekeranywa.’ (2 Pet. 1:10) Uko ivyabo vyifashe be n’ububangukirwe bafise usanga bitandukanye. Yamara, ntibitwaza ko hariho ivyo badashoboye kugira ngo bakore bikeyi gusa mu murimo w’Imana. Ahubwo nyabuna, barashira imbere umurimo w’Imana, bagakora uko bashoboye kwose. Kandi baraha akarorero keza abafise icizigiro co kuba mw’isi y’iparadizo.
5. Abakirisu bose bashobora gute kureka Yehova akababera umuturi, kandi ni kubera iki ivyo vyoshobora kuba urugamba?
5 Twaba dufise icizigiro co kuba mw’ijuru canke kw’isi, dutegerezwa ‘kwiyanka tugatora igiti co kubabarizwako cacu hanyuma tukaguma dukurikira Kristu.’ (Mat. 16:24) Abantu amamiliyoni biteze kuba mw’Iparadizo kw’isi, barasenga Imana bakongera bagakurikira Kristu muri ubwo buryo. Ntibahimbarwa no gukora dukeyi gusa mu gihe babona yuko bashobora gukora vyinshi. Abatari bake baravyuriwe umutima wo kworosha ubuzima bwabo maze baraba abatsimvyi. Abandi baragerageza gukora ubutsimvyi mu mezi kanaka buri mwaka. Abandi na bo, naho badashobora gukora ubutsimvyi, barihata mu busuku. Abantu nk’abo bameze nka wa mugore yubaha Imana ari we Mariya, umwe yasuka kuri Yezu amavuta amota neza. Yezu yavuze ati: “Ankoreye igikorwa ciza. . . . Yakoze ivyo ashoboye.” (Mrk. 14:6-8) Vyoshobora kutatworohera gukora ivyo dushoboye vyose, kuko tuba mw’isi iganzwa na Shetani. Naho ari ukwo, turihata cane kandi tukizigira Yehova. Rimbura ingene tubigira mu mice ine ikurikira.
Kubanza kurondera Ubwami bw’Imana
6. (a) Abantu muri rusangi berekana gute yuko umuturi wabo uri muri ubu buzima gusa? (b) Ni kubera iki ari vyiza kubona ibintu nk’uko Dawidi yabibona?
6 Yezu yigishije abayoboke biwe kubanza kurondera Ubwami n’ubugororotsi bw’Imana. Abantu bo mw’isi usanga bafise agatima ko kubanza kurondera inyungu zabo, bakaba ari “abantu b’iki gihe, abo umuturi wabo uri muri ubu buzima.” (Soma Zaburi 17:1, 13-15.) Abo bantu ntibitaho ivyerekeye Umuremyi. Benshi bitwararika gusa ivyo kugira ubuzima bwo kwidibamira, kwibaruka abana no kubasigira intoranwa. Umuturi wabo uri muri ubu buzima gusa. Dawidi wewe, yararazwa ishinga no kugira “izina ryiza” imbere ya Yehova, nk’uko mu nyuma umuhungu wiwe yaduhimirije twese kubigira. (Umus. 7:1) Nka kumwe kwa Asafu, Dawidi yabona yuko kureka Yehova akamubera Umugenzi ari co kintu cari ciza kuruta gushira inyungu ziwe imbere y’ibindi mu buzima. Yarahimbarwa no kugendana n’Imana. Muri iki gihe cacu, abakirisu benshi barashize ibikorwa bijanye n’ivy’impwemu imbere y’akazi kabo.
7. Ni ivyiza ibihe umuvukanyi umwe yironkeye kubera yuko yashize Ubwami mu kubanza ca mbere?
7 Rimbura ivyerekeye Jean-Claude wo muri République centrafricaine. Ni umukurambere yubatse akaba afise abana batatu. Muri ico gihugu, ntivyoroshe kuronka akazi, kandi abantu benshi nta co badakora kugira ngo bagume mu kazi. Umusi umwe, umuyobozi ajejwe ibihingurwa mw’ihinguriro Jean-Claude akoramwo yamubwiye ngo atangure kuza arakora mw’ijoro, guhera isaha cumi na zibiri n’inusu, akaba yogiye arakora imisi indwi mw’iyinga. Jean-Claude yasiguye yuko uretse ko aronsa umuryango wiwe ivyo ukeneye mu vy’umubiri, akeneye no kuwitwararika mu vy’impwemu. Yavuze kandi ko afise ibanga ryo gufasha ishengero. None uwo muyobozi yamwishuye iki? Yamwishuye ati: “Nimba waragize amahirwe ukaronka akazi, utegerezwa kwibagira ibindi bintu vyose, ushizemwo n’umugore wawe, abana bawe n’ingorane zawe. Nta kindi utegerezwa kwihebera atari akazi kawe. Hitamwo kimwe: idini canke akazi.” Wewe wari gukora iki? Jean-Claude yari azi yuko aramutse akuwe mu kazi, Imana yomuronkeje ivyo akeneye. Yogumye afise vyinshi akora mu murimo w’Imana, kandi Yehova yomufashije kuronsa umuryango wiwe ivyo ukeneye mu vy’umubiri. Ku bw’ivyo, yaritavye ikoraniro ryakurikiye ryo mu ndwi hagati. Inyuma y’aho, yariteguye kugira ngo aje ku kazi, atazi mbere yuko akigafise. Yaciye yumva umuntu amuterefonye. Wa muyobozi yari yakuwe mu kazi, mugabo uwo muvukanyi wacu wewe yari akigafise.
8, 9. Ni mu buryo ki dushobora kwigana abaherezi n’Abalewi mu bijanye no kureka Yehova akatubera umuturi?
8 Abantu bamwebamwe bigeze gushikirwa n’ibintu nk’ivyo, bashobora kuba baribajije bati: ‘Nzoshitsa gute ibanga njejwe ryo kuronsa umuryango wanje ivyo ukeneye?’ (1 Tim. 5:8) Waba warashikiwe n’ibintu nk’ivyo canke bitagushikiye, ufatiye ku vyo wiboneye ushobora kuba wemera udakeka yuko utazokwigera uvunika umutima nimba ureka Imana ikakubera umuturi ukongera ugaha agaciro cane agateka ufise ko kuyikorera. Igihe Yezu yabwira abigishwa biwe kuguma babanza kurondera ubwami, yabasubirije umutima mu nda ati: “Ivyo bindi vyose na vyo,” nk’ibifungurwa, ibinyobwa, canke ivyambarwa, “muzovyongerwa.”—Mat. 6:33.
9 Zirikana ibijanye n’Abalewi, bano bakaba batigeze baronka intoranwa y’itongo. Kubera ko ugusenga kw’ukuri ari co kintu bashira imbere, kugira ngo baronke ivyo bakeneye babwirizwa kwiheka kuri Yehova, uno akaba yarababwiye ati: “Ni jewe muturi wawe.” (Guh. 18:20) Naho tudasukurira ku rusengero nya rusengero nk’uko abaherezi n’Abalewi babigira, turashobora kwigana agatima kabo, twizigiye ko Yehova azoturonsa ivyo dukenera. Uko turushiriza kwegereza iherezo, ni ko birushiriza kuba ibihambaye ko twizigira yuko Imana izoturonsa ivyo dukenera.—Ivyah. 13:17.
Kubanza kurondera ubugororotsi bw’Imana
10, 11. Ni gute bamwebamwe bizigiye Yehova mu bijanye n’akazi kabo? Tanga akarorero.
10 Yezu yahimirije kandi abigishwa biwe ‘kuguma babanza kurondera ubugororotsi bw’Imana.’ (Mat. 6:33) Ivyo bisobanura ko dukwiye gufata ingingo mfatirwako za Yehova zigenga ikibereye n’ikitabereye tukazirutisha amategeko y’abantu. (Soma Yesaya 55:8, 9.) Ushobora kuba wibuka yuko kera, abantu batari bake bahora barima itabi canke barigurisha, bigisha abandi ibijanye n’intambara, canke bahingura ibirwanisho bakongera bakabigurisha. Aho bamariye kuronka ubumenyi bwerekeye ukuri, benshi bahisemwo guhindura akazi bahora bakora maze barakwiza ibisabwa kugira ngo babatizwe.—Yes. 2:4; 2 Kor. 7:1; Gal. 5:14.
11 Andrew ni akarorero k’ivyo. Igihe we n’umukenyezi wiwe bamenya ivyerekeye Yehova, baciye bafata ingingo yo kumukorera. Andrew yarakunda cane akazi yakora mugabo yaragahevye. Uti kubera iki? Kubera ko yakorera ishirahamwe ryari n’aho rihengamiye mu vya politike, akaba yari yarafashe ingingo yo gushira imbere ubugororotsi bw’Imana. Igihe Andrew yaheba ako kazi, yari afise abana babiri n’amahera yo kumumaza amezi makeyi gusa. Ufatiye ku kuntu abantu babona ibintu, vyoshobora kuba vyasa n’uko ata ‘ntoranwa’ afise. Yararondeye akazi yizigiye Imana. We n’umuryango wiwe basubije amaso inyuma, barashobora kwemeza yuko ukuboko kwa Yehova atari kugufi. (Yes. 59:1) Mu kuguma boroheje ubuzima, Andrew n’umugore wiwe baratewe mbere agateka ko gukora umurimo w’igihe cose. Avuga ati: “Vyarashika tukiganyira ku bijanye n’amahera, uburaro, amagara, n’ukwiterera mu myaka. Mugabo Yehova yamye adushigikira. . . . Turashobora kuvuga tudakekeranya na gato yuko gukorera Yehova ari co kintu umuntu yokora ciza kandi giteye umunezero kuruta ibindi vyose.”a—Umus. 12:13.
12. Ni kamere iyihe ikenewe kugira ngo umuntu ashire ingingo mfatirwako z’Imana imbere y’ibindi? Tanga uburorero bw’aho iwanyu.
12 Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Mubaye mufise ukwizera kungana n’agatete ka sinapi, muzobwira uyu musozi, muti ‘Imuka uve ng’aha uje hariya,’ kandi uzokwimuka, kandi nta kitazobashobokera.” (Mat. 17:20) Woba woshobora gushira ingingo mfatirwako z’Imana imbere y’ibindi naho ivyo vyotuma ushikirwa n’ingorane? Nimba utazi neza ko wobishobora, nuyage n’abandi bo mw’ishengero. Nta gukeka ko kwumviriza ivyabashikiye bizotuma uruhurirwa mu buryo bw’impwemu.
Gukenguruka intunganyo z’ivy’impwemu Yehova yashizeho
13. Igihe twihata mu gikorwa ca Yehova, dushobora kwizigira kuronka iki?
13 Nimba uha agaciro agateka ufise ko gukorera Yehova, urashobora kwemera udakeka ko azokuronsa ivyo ukeneye mu buryo bw’umubiri no mu buryo bw’impwemu, nk’uko yabironkeje Abalewi. Zirikana ivyerekeye Dawidi. Naho yari mw’isenga, yarizigira ko Imana yomuronkeje ivyo akeneye. Na twebwe nyene turashobora kwizigira Yehova n’igihe nyene tutaba tubona uko biri bugende. Uribuka yuko igihe Asafu yaza “aheranda hahambaye h’Imana,” ari ho yatahura mu buryo bugera kure ibintu vyariko biramuhagarika umutima. (Zab. 73:17) Muri ubwo buryo nyene, turakeneye kwitura Yehova we aturonsa ivyo dukeneye mu vy’impwemu. Tubigenjeje gutyo, tuba twerekanye ko dukenguruka agateka twatewe ko gukorera Imana naho ivyacu vyoba vyifashe gute. Tuba rero turiko turareka Yehova akatubera umuturi.
14, 15. Dukwiye kuvyakira gute igihe hagize ibihinduka mu kuntu dusanzwe dutahura ivyanditswe binaka, kandi kubera iki?
14 Uvyakira gute igihe Yehova, we Sôko ry’umuco wo mu buryo bw’impwemu, adufashije gutahura “ibintu vyimbitse vy’Imana” biri muri Bibiliya? (1 Kor. 2:10-13) Turafise akarorero keza cane kajanye n’ukuntu intumwa Petero yavyakiriye igihe Yezu yabwira abariko baramwumviriza ati: “Mutariye umubiri w’Umwana w’umuntu ngo munywe n’amaraso yiwe, nta buzima mufise muri mwebwe.” Abigishwa benshi biyumviriye ko Yezu yariko aravuga umubiri nya mubiri n’amaraso nya maraso, maze bavuga bati: “Iryo jambo rirababaza; ni nde yoryumviriza?” Baciye “baja ku bintu bari basize inyuma.” Mugabo Petero yavuze ati: “Mukama, tuje kwa nde? Wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera.”—Yoh. 6:53, 60, 66, 68.
15 Petero ntiyatahura neza ivyo Yezu yari avuze ku bijanye no kurya umubiri wiwe hamwe no kunywa amaraso yiwe. Mugabo iyo ntumwa yarizigira ko Imana yomufashije gutahura ibintu vy’impwemu. Igihe umuco wo mu buryo bw’impwemu ku bijanye n’ibintu bimwebimwe urushirije gukayangana, woba ugerageza gutahura imvo zishingiye ku Vyanditswe ziba zatumye ivyo bintu bihindurwa? (Imig. 4:18) Abanyaberoya bo mu kinjana ca mbere barakiriye ijambo “babishashaye cane gusumba, basuzuma Ivyanditswe ku musi ku musi.” (Ivyak. 17:11) Niwabigana bizotuma urushiriza gukenguruka agateka ufise ko gukorera Yehova, ni ukuvuga agateka ko kumureka akakubera umuturi.
Kwubaka mu Mukama gusa
16. Imana ishobora gute kutubera umuturi ku bijanye n’itegeko dusanga muri 1 Abakorinto 7:39?
16 Uwundi muce abakirisu bakwiye kuguma bibuka imigambi y’Imana, ni uwujanye no gukurikiza ubuyobozi bwo muri Bibiliya bwerekeye kwubaka “mu Mukama gusa.” (1 Kor. 7:39) Benshi barahisemwo kutubaka izabo aho gukengera iyo mpanuro yatanzwe n’Imana. Imana iritwararika cane abantu nk’abo. Dawidi yakoze iki igihe yumva irungu akaba kandi yasa n’uwutagira gitabara? Yavuze ati: “Imbere [y’Imana] nagumye nsuka amaganya yanje; imbere [yayo] nabandanije kuvuga amarushwa yanje, igihe umushaha wanje wadendebukirwa muri jewe.” (Zab. 142:1-3) Umuhanuzi Yeremiya na we nyene ashobora kuba yaragize inyiyumvo nk’izo, uno akaba yaramaze imyaka mirongo akorera Imana adahemuka ari umwirebange. Urashobora kwiga ibijanye n’akarorero kiwe mu kigabane ca 8 c’igitabu gifise umutwe uvuga ngo Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya.
17. Mushiki wacu umwe avyifatamwo gute iyo bishitse akagira irungu?
17 Mushiki wacu umwe wo muri Leta Zunze Ubumwe avuga ati: “Sinigeze mfata ingingo yo kutubaka urwanje. Nditeguriye kwubaka urwanje ninaronka umuntu abereye. Mawe, uno tukaba tudasangiye ukwemera, yaragerageje kunjijura ngo nubakane n’umuntu uwo ari we wese yobinsaba. Naramubajije ko yoshima kubibazwa bishitse ntibingendere neza mu rugo. Mu nyuma, yarabonye ko mfise akazi keza, ko nironsa ivyo nkeneye be n’uko mpimbawe. Ntiyasubiye kundemera.” Birashika uwo mushiki wacu akagira irungu. Avuga ati: “Nca ngerageza kwiheka kuri Yehova. Ntiyigera ampeba.” Ni igiki none camufashije kwizigira Yehova? Avuga ati: “Isengesho riramfasha kubona ko Imana atari umugani be n’uko ntigera mba ndi jenyene. Ko Musumbavyose mw’ijuru no kw’isi anyumviriza, nobura gute none kwiyumvamwo akanyamuneza n’icubahiro?” Kubera ko uwo mushiki wacu yemera yuko “gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa,” avuga ati: “Ndagerageza kwitanga mu gufasha abandi, ntiteze kugira ico ndonse. Igihe mba ndiko ndiyumvira nti: ‘Nokora iki kugira ngo mfashe uwu muntu?’, nca niyumvamwo akanyamuneza.” (Ivyak. 20:35) Egome, Yehova ni we muturi wiwe, kandi aranezererwa agateka afise ko kumukorera.
18. Yehova ashobora gute kukugira umuturi wiwe?
18 Naho ivyawe vyoba vyifashe gute, urashobora kureka Imana ikakubera umuturi. Ubigize, urashobora kuba mu basavyi bayo bahimbawe. (2 Kor. 6:16, 17) Ivyo birashobora gutuma uba umuturi wa Yehova, nk’uko vyari no ku bandi bantu bo mu gihe ca kera. (Soma Gusubira mu vyagezwe 32:9, 10.) Nk’uko nyene Isirayeli yabaye umuturi w’Imana mu mahanga, na wewe nyene Imana irashobora kuguhitamwo ukaba uwayo ikongera ikakwitwararikana urukundo.—Zab. 17:8.
[Akajambo k’epfo]
a Raba Be maso! (mu gifaransa) yo muri Munyonyo 2009, urupapuro rwa 12-14.
Wokwishura gute?
Ushobora gute kureka Yehova akakubera umuturi
• mu kubanza kurondera Ubwami bw’Imana n’ubugororotsi bwayo?
• mu gukenguruka ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu?
• mu gukurikiza itegeko ry’Imana rijanye no kwubaka mu Mukama gusa?
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 13]
Yehova aratubera umuturi igihe dushira imbere umurimo tumurangurira
[Ifoto ku rup. 15]
Akarorero ka Yeremiya kararemesha