ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 15/9 rup. 16-20
  • Niwiruke muri rya siganwa wihanganye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwiruke muri rya siganwa wihanganye
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Turakeneye kwihangana kugira dutahukane intsinzi
  • ‘Igipfungu c’ivyabona’
  • Ni igiki catumye bibagendera neza?
  • Ivyigwa tuhakura
  • Urashobora Kwihangana Gushika kw’Iherezo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • “Nimwiruke ku buryo mugashikira”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • ‘Niwiruke kugeza kw’iherezo’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Nturambirwe Muri kwa Gusiganirwa Ubuzima!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 15/9 rup. 16-20

Niwiruke muri rya siganwa wihanganye

“Twiruke twihanganye muri rya siganwa twashirwa imbere.”​—HEB. 12:1.

1, 2. Intumwa Paulo yagereranije ubuzima bw’umukirisu n’iki?

BURI mwaka, mu mihingo myinshi haragirwa amasiganwa maremare bita marato. Ba karuhariwe muri mwene ayo masiganwa bayajamwo bafise intumbero imwe: Gutahukana intsinzi. Mugabo abandi birutsi benshi baba bazi ko badashobora gutahukana intsinzi. Ikiba gihambaye cane kuri bo, ni ukurangiza gusa iryo siganwa.

2 Muri Bibiliya, ubuzima bw’umukirisu bugereranywa n’isiganwa. Intumwa Paulo yarashikirije ico ciyumviro abakirisu bagenziwe b’i Korinto ha kera mw’ikete rya mbere yabandikiye. Yanditse ati: “Ntimuzi yuko abirutsi mw’isiganwa biruka bose, mugabo umwe gusa akaba ari we aronka agashimwe? Nimwiruke ku buryo mugashikira.”​—1 Kor. 9:24.

3. Ni kubera iki Paulo yavuze yuko umwirutsi umwe gusa ari we atahukana intsinzi?

3 Paulo yoba none yariko aravuga yuko umwe gusa muri abo bakirisu ari we yoronse agashimwe k’ubuzima, abandi bose na bo bakirukira ubusa? Oya nawe nu! Abiruka muri mwene ayo masiganwa wasanga bimenyereza bakongera bakihata cane bafise intumbero yo gutahukana intsinzi. Paulo yashaka ko abakirisu bagenziwe bihata muri ubwo buryo baharanira ubuzima budahera. Mu kubigenza gutyo, bari gushobora kwizigira kuronka agashimwe k’ubuzima. Egome, mw’isiganwa ry’abakirisu, abarangiza bose bararonka ako gashimwe.

4. Ni ibiki dukeneye kurimbura ku bijanye na rya siganwa twashirwa imbere?

4 Ayo majambo araremesha abo bose binjiye mw’isiganwa ku bw’ubuzima muri iki gihe, mugabo kandi aratuma bazirikana. Uti kubera iki? Kubera ko agashimwe bazoronka, kaba ako kuba mw’ijuru canke mw’Iparadizo kw’isi, ata co kogereranywa. Ariko ntiwumve, iryo siganwa ni rirerire kandi riragoye; mu nzira hariho intambamyi nyinshi, ibisamaza vyinshi, n’ingeramizi nyinshi. (Mat. 7:13, 14) Ikibabaje ni uko hariho abadebukiwe, abahevye, canke mbere abaguye bakiri mu nzira. Ni imitego be n’ingeramizi ibihe biri muri iryo siganwa ku bw’ubuzima? Ushobora gute kuvyirinda? Wokora iki kugira ngo urangize iryo siganwa, gutyo utahukane intsinzi?

Turakeneye kwihangana kugira dutahukane intsinzi

5. Nk’uko vyanditswe mu Baheburayo 12:1, Paulo yavuze iki ku bijanye n’isiganwa?

5 Mw’ikete Paulo yandikiye abakirisu b’Abaheburayo b’i Yeruzalemu n’i Yudaya, yarongeye kuvuga ibintu bimwebimwe biranga abiruka mw’isiganwa. (Soma Abaheburayo 12:1.) Uretse ko yavuze igituma umuntu aja mw’isiganwa, yaranerekanye ico ategerezwa gukora kugira ngo atahukane intsinzi. Imbere y’uko twihweza impanuro yahumetswe Paulo yahaye abakirisu b’Abaheburayo kugira ngo tubone ivyigwa twohakura, nimuze turimbure icatumye yandika iryo kete be n’ico yariko aragerageza kubaremesha ngo bakore.

6. Ni umukazo uwuhe indongozi z’idini zariko zirashira ku bakirisu?

6 Abakirisu bo mu kinjana ca mbere, na canecane ababa i Yeruzalemu n’i Yudaya, bariko barashikirwa n’ibigeragezo vyinshi be n’ingorane nyinshi. Bariko barashirwako umukazo ukomeye n’indongozi z’idini ry’Abayuda, zino zikaba zari zigifise akosho gakomeye ku bantu. Imbere y’aho, izo ndongozi zari zarashoboye gutuma Yezu Kristu akubitwa intahe mu gahanga ahorwa ko ngo agumura abantu maze aricwa nk’inkozi y’ikibi. Kandi zari ziyemeje kubandanya kurwanya abayoboke biwe. Mu gitabu c’Ivyakozwe, turahasanga inkuru nyinshi zivuga ibitero zagavye ku bakirisu zirondera guhagarika igikorwa cabo, ivyo bikaba vyatanguye inyuma gato ya vya bintu vyaba ku gitangaro kuri Pentekoti yo mu 33 G.C. Nta gukeka ko ivyo vyatumye abantu b’abizigirwa bibagora cane kubaho.​—Ivyak. 4:1-3; 5:17, 18; 6:8-12; 7:59; 8:1, 3.

7. Ni ikiringo kitoroshe ikihe abakirisu Paulo yandikiye barimwo?

7 Vyongeye, abo bakirisu bari babayeho mu kiringo hari hasigaye igihe gito ngo iherezo ry’ivy’Abayuda rishike. Yezu yari yarababwiye yuko ihanga ry’Abayuda ry’irihemu ryotikijwe. Yari yarabwiye kandi abayoboke biwe ibintu vyobaye imbere gato y’uko iryo herezo rishika, arabaha ubuyobozi butomoye bujanye n’ico babwirizwa gukora kugira ngo barokoke. (Soma Luka 21:20-22.) None bari gukora iki? Yezu yagabishije ati: “Mwiyubare ubwanyu kugira ngo imitima yanyu ntiyigere iremerwa n’ukurira agahokero n’ukunywa birenze urugero be n’amaganya y’ubuzima, hanyuma bukwi na bukwi uwo musi ukabazako ako kanya nyene.”​—Luka 21:34.

8. Ni ibiki bishobora kuba vyaratumye abakirisu bamwebamwe badebukirwa canke baheba?

8 Igihe Paulo yandikira Abaheburayo, hari haciye nk’imyaka 30 Yezu atanze iyo ngabisho. Ni ibiki vyashikiye abo bakirisu muri iyo myaka 30? Bamwebamwe baratwawe n’imikazo be n’ibisamaza vyo mu buzima bwa misi yose maze ntibashobora kugira iterambere ryo mu vy’impwemu ryari kubakomeza. (Heb. 5:11-14) Biboneka ko abandi biyumviriye yuko borushirije kworoherwa mu buzima baramutse bifatanije na benshi mu Bayuda bari babakikije. Nakare, abo Bayuda ntibari barahevye Imana buhere; bari bagikurikiza Itegeko ryayo ku rugero runaka. Abandi bakirisu barajijuwe canke baraterwa ubwoba n’abantu bo mw’ishengero bariko baragerageza kubahata ngo bumire kw’Itegeko rya Musa n’imigenzo ijanye na ryo. Ni ibiki none Paulo yari gushobora kuvuga vyofashije abo bavukanyi biwe b’abakirisu kuguma bari maso mu vy’impwemu no kwihangana muri rya siganwa?

9, 10. (a) Ni indemesho iyihe Paulo yatanze amaja mu mpera z’ikigabane ca 10 c’ikete yandikiye Abaheburayo? (b) Ni kubera iki Paulo yanditse ivyerekeye ibikorwa biranga ukwizera vyakozwe n’ivyabona ba kera?

9 Birashimishije kubona ukuntu Paulo ahumekewe n’Imana yagerageje gukomeza abakirisu b’Abaheburayo. Mu kigabane ca 10 c’iryo kete yanditse, yarerekanye ko Itegeko ryari “igitutu c’ibintu vyiza bizoza” yongera arerekana neza agaciro k’inkuka y’incungu ya Kristu. Amaja mu mpera y’ico kigabane, Paulo yahanuye abo yariko arandikira ati: “Mukeneye ukwihangana, kugira ngo nimwamara gukora ukugomba kw’Imana, muronke iranguka rya wa muhango. Kuko hasigaye ‘akanya gato cane,’ kandi ‘umwe ariko araza azoshika kandi ntazoteba.’”​—Heb. 10:1, 36, 37.

10 Mu Baheburayo ikigabane ca 11, Paulo arasigura abigiranye ubuhanga ico ari co ukwizera Imana kw’ukuri. Aca abitangira akarorero mu kuvuga ibijanye n’abagabo be n’abagore bari bafise ukwizera babayeho kera. Ico none coba cari iciyumviro yinjijemwo bidakenewe? Habe na gato. Iyo ntumwa yari izi ko abo basavyi b’Imana bagenziwe bari bakeneye gutahura yuko, kugira ngo bagaragaze ukwizera, bategerezwa kugira umutima rugabo bakongera bakihangana. Akarorero kadasanzwe katanzwe n’abo basavyi ba Yehova b’abizigirwa ba kera, kokomeje Abaheburayo kugira ngo bihanganire ibigeragezo n’ingorane vyariko birabashikira. Ni co gituma Paulo amaze kudondagura ibikorwa biranga ukwizera vy’abo bantu b’intahemuka ba kera, yavuze ati: “Ko dufise igipfungu kinini gutyo c’ivyabona kidukikije, twiyambure kandi uburemere bwose n’igicumuro kitwizingirako bitagoranye, kandi twiruke twihanganye muri rya siganwa twashirwa imbere.”​—Heb. 12:1.

‘Igipfungu c’ivyabona’

11. Kuzirikana ibijanye na ca ‘gipfungu kinini c’ivyabona’ bishobora kugira ico bidukozeko gute?

11 Tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, ico ‘gipfungu kinini c’ivyabona’ ntibari abarorerezi gusa bari ng’aho kugira barorere iryo siganwa canke birabire ingene umwirutsi canke umugwi bikundira bitahukana intsinzi. Ahubwo nyabuna, bari bameze nk’abirutsi bari bararangije neza isiganwa ryabo. Naho ico gihe bari barapfuye, barashobora kubonwa nk’abirutsi bakanongoreye bari gushobora kuremesha abirutsi bari baherutse kwinjira muri iryo siganwa. Iyumvire ingene umwirutsi yokwumva amerewe amenye ko mu bamukikije canke mu bariko baramurorera harimwo abirutsi karuhariwe. Ntiyovyuriwe none umutima wo gukora uko ashoboye kwose kugira ngo atahukane intsinzi? Ivyo vyabona ba kera barerekanye ko umuntu ashobora gutahukana intsinzi muri iryo siganwa ry’ikigereranyo, naho ryoba rigoye gute. Ku bw’ivyo, mu kuguma bibuka akarorero k’ico ‘gipfungu c’ivyabona,’ abakirisu b’Abaheburayo bo mu kinjana ca mbere bari gushobora kugira umutima rugabo maze ‘bakiruka muri iryo siganwa bihanganye,’ nk’uko natwe dushobora kubigira muri iki gihe.

12. Uburorero Paulo yatanze bushobora kutwigisha iki?

12 Benshi mu bantu b’abizigirwa Paulo yavuze, ivyabo vyari vyifashe nk’ivyacu. Nk’akarorero, Nowa yabayeho igihe Yehova yari mu gutikiza isi akoresheje Isegenya. Tubayeho mu gihe ivy’iyi si biri mu gukurwaho. Aburahamu na Sara barasabwe guheba igihugu cabo c’amavukiro kugira ngo bakurikirane ugusenga kw’ukuri bongere barindire iranguka ry’ivyo Yehova yasezeranye. Duhimirizwa kwiyanka kugira ngo dushimwe na Yehova twongere twironkere imihezagiro atubikiye. Musa yarafashe urugendo aca mu gahinga gateye ubwoba, agana mu Gihugu c’isezerano. Turi mu rugendo duca muri iyi si iri mu kuvaho, tugana mw’isi nshasha yasezeranywe. Birabereye vy’ukuri yuko twihweza ivyo abo bantu baciyemwo, ivyabagendeye neza n’ibitabagendeye neza, aho bari bakomeye be n’aho bagoyagoya.​—Rom. 15:4; 1 Kor. 10:11.

Ni igiki catumye bibagendera neza?

13. Ni ibintu bitoroshe ibihe Nowa yategerezwa gukora, kandi ni igiki camufashije kubishikako?

13 Ni igiki cafashije abo basavyi ba Yehova kwihangana maze bakarangiza iryo siganwa? Raba ivyo Paulo yanditse ku vyerekeye Nowa. (Soma Abaheburayo 11:7.) ‘Umwuzure w’amazi kw’isi wari guhonya ikiri n’umubiri cose,’ cari ikintu Nowa ‘atari bwabone.’ (Ita. 6:17) Cari ikintu kitari bwigere kiba. Naho vyari ukwo, Nowa ntiyabonye ko cari ikintu kidashobora gushika. Kubera iki? Kubera ko yizera yuko Yehova yama ashitsa ikintu cose avuze. Nowa ntiyiyumviriye yuko yari asabwe amananiza. Ahubwo, ‘yakoze kuno nyene.’ (Ita. 6:22) Uravye ibintu vyose Nowa yategerezwa gukora, uri ukwubaka ubwato, gutororokanya ibikoko, gushira mu bwato ibifungurwa vy’abantu n’ibikoko, kwamamaza ubutumwa bwo kugabisha hamwe no gukomeza umuryango wiwe mu buryo bw’impwemu, bitegerezwa kuba bitamworoheye kubikora “kuno nyene.” Yamara, ukwizera kwa Nowa n’ukwihangana kwiwe vyatumye we n’umuryango wiwe barokoka bongera barironkera imihezagiro.

14. Ni ibigeragezo ibihe Aburahamu na Sara bihanganiye, kandi ivyo bitwigisha iki?

14 Aburahamu na Sara baza ubugira kabiri mu rutonde Paulo yashikirije rw’‘igipfungu c’ivyabona kidukikije.’ Barasabwe guheba ubuzima busanzwe barimwo i Uri, kandi ntibabona ico kazoza kababikiye. Mugabo barizera Yehova bimwe bikomeye bakongera bakamugamburukira mbere no mu bihe bitoroshe. Uravye ibintu vyose Aburahamu yemeye guheba ku bw’ugusenga kw’ukuri, yiswe mu buryo bubereye “se w’abari n’ukwizera bose.” (Rom. 4:11) Paulo yashikirije gusa ivyiyumviro nyamukuru, kubera ko abo yariko arandikira bari bazi neza amakuru menshi yerekeye ubuzima bwa Aburahamu. Naho ari ukwo, icigwa Paulo yatanze kirahambaye, na co akaba ari iki: “Abo bose [harimwo Aburahamu n’umuryango wiwe] bapfiriye mu kwizera, naho bataronse iranguka rya nya mihango, mugabo bayiboneye kure barayiha ikaze bongera baratura icese yuko bari ba kavantara n’ingenzi muri nya gihugu.” (Heb. 11:13) Biragaragara ko kuba barizera Imana be n’ubucuti bari bafitaniye na yo vyabafashije kwiruka muri rya siganwa bihanganye.

15. Ni igiki catumye Musa abaho ukuri aho?

15 Musa ni uwundi musavyi wa Yehova w’intangakarorero avugwa muri ico ‘gipfungu c’ivyabona.’ Musa yarahevye ubuzima bwiza kandi busayangana, “ahitamwo gufatanwa nabi n’abantu b’Imana.” Ni igiki catumye abigenza gutyo? Paulo yishuye ati: “Yashinze ijisho itangwa ry’impembo. . . . Yagumye ashikamye nk’aho abona Umwe ataboneka.” (Soma Abaheburayo 11:24-27.) Musa ntiyasamajwe n’“ukunezererwa igicumuro akanya gato.” Imana be n’ivyo yasezeranye ntivyari umugani na gato kuri Musa, ivyo bikaba vyaratumye agaragaza umutima rugabo n’ukwihangana bidasanzwe. Yarihase yivuye inyuma mu kuyobora Abisirayeli abakuye mu Misiri abajana mu Gihugu c’isezerano.

16. Ni kubera iki Musa atashavuye igihe atemererwa kwinjira mu Gihugu c’isezerano?

16 Cokimwe na Aburahamu, Musa yapfuye imbere y’uko ivyo Imana yari yarasezeranye biranguka. Igihe Abisirayeli bagira binjire mu Gihugu c’isezerano, Musa yabwiwe ati: “Ico gihugu uzokibonera kure, mugabo ntuzokwinjira muri nya gihugu ngira mpe bene Isirayeli.” Ivyo vyatumwe n’uko imbere y’aho, we na Aroni ‘batari barashikije ivyo bategerezwa kugirira Imana hagati ya bene Isirayeli kuri ya mazi y’i Meriba,’ babitumwe n’uko bashavujwe n’ubugarariji bw’abo bantu. (Gus. 32:51, 52) Ivyo none vyoba vyarashavuje Musa canke ngo bitume abika inzika? Oya. Yarahezagiye abo bantu maze asozera mu kuvuga ati: “Urahiriwe, ewe Isirayeli! Ni nde ameze nkawe, igisata cifitiye ubukiriro kuri Yehova, inkinzo y’ugutabarwa kwawe, akaba na we nkota yawe iminuje?”​—Gus. 33:29.

Ivyigwa tuhakura

17, 18. (a) Ku bijanye n’isiganwa turimwo ku bw’ubuzima, ni ibiki twokwigira kuri ca ‘gipfungu c’ivyabona’? (b) Tuzorimbura iki mu kiganiro gikurikira?

17 Twisunze umwihwezo twagize werekeye ubuzima bwa bamwebamwe mu bagize ‘igipfungu c’ivyabona kidukikije,’ biragaragara ko kugira ngo twiruke muri iryo siganwa gushika turirangije, dutegerezwa kwizera Imana n’ivyo yasezeranye duherejeko. (Heb. 11:6) Ukwo kwizera ntigukwiye kuba ukw’indenzirenzi; gukwiye kuba ryo shingiro ry’ubuzima bwacu. Abasavyi ba Yehova baratandukanye n’abantu batagira ukwizera, kuko bobo batabona yuko ubuzima ari ubu gusa. Turashobora kubona “Umwe ataboneka” gutyo tukiruka muri rya siganwa twihanganye.​—2 Kor. 5:7.

18 Isiganwa ry’abakirisu si ikintu coroshe. Naho ari ukwo, birashoboka yuko turangiza neza iryo siganwa. Mu kiganiro gikurikira, tuzorimbura ibindi bintu vyodufasha.

Woshobora kubisigura?

• Ni kubera iki Paulo yanditse ibijanye n’ibikorwa biranga ukwizera vyakozwe n’“ivyabona” ba kera?

• Kuzirikana ibijanye na ca ‘gipfungu c’ivyabona kidukikije’ bishobora gute kuturemesha kwiruka twihanganye?

• Kwihweza ivyabona b’abizigirwa nka Nowa, Aburahamu, Sara na Musa vyakwigishije iki?

[Ifoto ku rup. 19]

Aburahamu na Sara baremeye guheba ibihinda vy’i Uri

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika