ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 1/12 rup. 3
  • Coba ari igihano c’Imana?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Coba ari igihano c’Imana?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ivyo bijanye
  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ivyago vy’ivyaduka?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ivyago vy’ivyaduka—Kubera iki ari vyinshi cane?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ivyago vy’ivyaduka vyoba ari ibihano vy’Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Imana yoba ikoresha ivyago vy’ivyaduka mu guhana abantu muri iki gihe?
    Be maso!—2012
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 1/12 rup. 3

Coba ari igihano c’Imana?

“Nibaza ko ari tembatsu (igihano c’Imana), naho numvira akagongwe abo icago cagiriye nabi.” Ivyo vyavuzwe n’umunyapolitike akomeye cane wo mu Buyapani, inyuma y’aho muri ico gihugu habereye ca nyamugigima c’ibipimo 9,0 be n’ibisebuzi vyitwa tsunami muri Ntwarante 2011.

Igihe abantu barenga 220.000 bahasiga ubuzima bivuye kuri ca nyamugigima cabaye muri Hayiti muri Nzero 2010, hari umuvugabutumwa aremesha ibiganiro ku mboneshakure yavuze yuko ngo vyari vyatewe n’uko “bari bagiraniye amasezerano na shetani,” bakaba bari bakeneye “kugaruka ku mana.”

“Imana ishaka gukangura imitima yacu yapfuye kandi ata co inezwe.” Ivyo vyavuzwe n’umupatiri w’umugatolika inyuma y’aho abashika 79 bahasigiye ubuzima igihe abantu bahunga bacanacanako i Manille muri Filipine. Ikinyamakuru caho cavuze yuko “ibice mirongo ibiri na kimwe kw’ijana vy’abakuze bemera yuko Imana irekura uburake bwayo biciye ku gusiduka kw’imisozi, ibivumbuzi be n’ibindi vyago” vyama vyateye muri ico gihugu.

IVY’UKWEMERA yuko Imana ari yo iteza ivyago kugira ihane abantu babi si ivy’ubu. Mu 1755, inyuma y’aho abantu nka 60.000 batikiriye bivuye kuri nyamugigima, umuriro be na tsunami vyateye i Lisbonne muri Porotigali, hari umufilozofe azwi cane yitwa Voltaire yabajije ati: “Ugira ngo i Lisbonne hatakiriho hari harusha ingeso mbi i Paris, aharangwa n’uguhurumbira ibiryohera umubiri?” Nkako, abantu amamiliyoni baribaza nimba Imana yoba iriko irakoresha ivyago vy’ivyaduka mu guhana abantu. Mu bihugu vyinshi, ivyo vyago bavyita ibihano vy’Imana.

Uravye ivyo vyose, birakwiriye ko twibaza duti: Imana yoba vy’ukuri ikoresha ivyago vy’ivyaduka mu guhana abantu? Ivyago bitagira uko bingana vyihaye inkumbi muri iyi myaka vyoba ari igihano c’Imana?

Hari abihutira kuvuga ko Imana ari yo iteza ivyago vy’ivyaduka bafatiye ku nkuru zo muri Bibiliya zivuga ukuntu Imana yazanye agatikizo biciye ku bidukikije nk’amazi n’ibindi. (Itanguriro 7:​17-22; 18:​20; 19:24, 25; Guharūra 16:​31-35) Ariko rero, dusuzumye neza izo nkuru zo muri Bibiliya turabona ko ku nkuru imwimwe yose hari ibintu bitatu nyamukuru vyerekana ko atari ukwo biri. Ica mbere, igihe Imana yaba yimirije kuzana agatikizo habanza gutangwa imburi. Ica kabiri, ivyago vy’ivyaduka vyo muri iki gihe bihitana abeza n’ababi, ariko agatikizo k’Imana koko wasanga katajaniranya. Ababisha b’ibinani canke abanka kwumva imburi ni bo Imana yatikiza. Ikigira gatatu, Imana yaraha abantu b’intungane akaryo ko kurokoka.​​—⁠Itanguriro 7:1, 23; 19:​15-17; Guharūra 16:​23-27.

Nta na kimwe cerekana yuko Imana ari yo yateje ivyago vyinshi vyahitanye ubuzima bw’abantu amamiliyoni muri iyi myaka. Ni igiki none gituma ivyo vyago bitera vyiyongera ukuraho? Dushobora kuvyifatamwo gute? Hoba hazogera igihe ivyago ntibibe bikiriho? Inyishu uzisanga mu biganiro bikurikira.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika