ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 15/2 rup. 15-17
  • Agashari ni agatima gashobora kwonona umuzirikanyi wacu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Agashari ni agatima gashobora kwonona umuzirikanyi wacu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • AGATIMA GASHOBORA GUTUMA AGASHARI GAKOMERA
  • ICO UBURORERO BWO MU VYANDITSWE BUTWIGISHA
  • UMUTI RUHASHA!
  • NI URUGAMBA RUTOROSHE!
  • Nukurikirane amahoro mu kurwanya ishari
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Ni ibiki vyotuma uhimbarwa mu buzima?
    Be maso!—2014
  • Woba wigereranya n’abandi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Twirinde kuvyura agatima ko guhiganwa, turemeshe amahoro
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 15/2 rup. 15-17

Agashari ni agatima gashobora kwonona umuzirikanyi wacu

Napoléon Bonaparte yari agafise. Jules César yari agafise. Alegizandere Mukuru yari agafise. Naho abo bagabo bose bari bafise ububasha n’icubahiro, mu mitima yabo harimwo agatima gashobora kwonona umuzirikanyi w’umuntu. Bose uko ari batatu baragirira agashari uwundi muntu.

“Napoléon yagirira agashari César, César akagirira agashari Alegizandere [Mukuru], Alegizandere na we, ndubahutse kubivuga, akakagirira Hercule, uno akaba atigeze abaho.” Ivyo vyanditswe n’umufilozofe w’Umwongereza yitwa Bertrand Russell. Agashari karashobora kugirira nabi uwo ari we wese, yaba afise ubutunzi bungana gute, yaba afise kamere nziza izihe, canke aroraniwe gute mu buzima.

Kugira agashari ni ukugirira agashavu abandi kubera ivyo batunze, ukuntu batunganiwe, uturusho baronka n’ibindi n’ibindi. Twisunze igitabu kimwe c’ivya Bibiliya, umuntu w’agashari ntiyipfuza gusa kumera nk’uwundi ariko kandi arababara igihe uwundi muntu afise ikintu we adafise maze akipfuza kukimutwara.

Vyoba vyiza dusuzumye ukuntu agashari koshobora kutuzamwo be n’ingaruka zako. Turakeneye canecane kumenya ivyo twokora kugira ngo twirinde kwigarurirwa n’agashari.

AGATIMA GASHOBORA GUTUMA AGASHARI GAKOMERA

Naho abantu b’abanyagasembwa usanga bafise “agatima k’ishari,” hariho ibintu bitandukanye bishobora gutuma ako gatima karushiriza gukomera. (Yak. 4:5) Mu kwerekana kimwe muri ivyo, intumwa Paulo yanditse ati: “Ntiturondere kwishira imbere, tuvyura uguhiganwa, tugiriranira agashari.” (Gal. 5:26) Agatima k’uguhiganwa karashobora mbere gutuma impengamiro twebwe abantu b’abanyagasembwa dufise yo kugira agashari yunyuka. Abakirisu babiri ari bo Cristina na Joséa bariboneye ko ivyo ari ukuri.

Cristina, akaba ari umutsimvyi asanzwe, avuga ati: “Akenshi nsanga ndiko ndagirira agashari abandi. Ndaraba ivyo bafise ntafise.” Igihe kimwe, Cristina yariko arasangira udufungurwa n’umugabo n’umugore bubakanye bafise agateka ko kugendera amashengero. Kubera ko yari azi yuko we n’umunega wiwe Eric basa n’abangana n’uwo mucungezi w’ingenzi be n’umukenyezi wiwe bakaba kandi bari barigeze gukora ibikorwa bimwe, yavuze ati: “Umunega wanje na we nyene ni umukurambere! Kubera iki none mwebwe mukora igikorwa co kugendera amashengero mugabo twebwe akaba ata co turi?” Agashari gakomejwe n’agatima k’uguhiganwa karamuhumye amaso ku buryo atabona igikorwa ciza we n’umunega wiwe bariko bararangura, bituma adahimbarwa n’ukuntu ivyabo vyari vyifashe.

José yaripfuza kuba umukozi w’ishengero. Igihe atagenwa mugabo abandi bagenywe, yarabagiriye agashari bituma abikira inzika umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere. José yiyemerera ati: “Agashari karatumye nanka uwo muvukanyi nongera ndamwiyumvira uko atari. Igihe agashari kigaruriye umuntu, aca atangura kwiyumvira ivyiwe gusa ku buryo adashobora kubona ibintu nk’uko biri.”

ICO UBURORERO BWO MU VYANDITSWE BUTWIGISHA

Bibiliya irimwo uburorero bwinshi bwo kutuburira. (1 Kor. 10:11) Bumwe muri bwo ntibwerekana gusa ingene agashari kavyuka ariko kandi burerekana ukuntu konona abakareka kakabigarurira.

Nk’akarorero, Kayini wa muhungu w’imfura wa Adamu na Eva yarashavuye igihe Yehova yemera ikimazi ca Abeli mugabo akanka iciwe. Kayini yari gushobora gutunganya iyo ngorane, mugabo agashari karamuhumye amaso gushika n’aho yica mwene wabo. (Ita. 4:4-8) Ntibitangaje kuba Bibiliya ivuga ko Kayini “[y]akomoka kuri wa mubisha” Shetani!​—1 Yoh. 3:12.

Bene wabo na Yozefu cumi baramugiriye agashari kubera ubucuti budasanzwe yari afitaniye na se. Urwanko bari bafitiye Yozefu rwarakomeye igihe yabarotorera indoto yari yarose zijanye n’ubuhanuzi. Barashatse mbere kumwica. Amaherezo, baramugurishije ngo abe umuja maze babigiranye ububisha batuma se wabo yemera ko Yozefu yapfuye. (Ita. 37:4-11, 23-28, 31-33) Haciye imyaka, bariyemereye igicumuro cabo, mu kubwirana bati: “Ni ukuri turi n’ikitwagira ku bijanye na mwene wacu, kuko twabonye amarushwa yiwe igihe yatakamba asaba ngo tumwumvire impuhwe, ariko ntitwumvirize.”​—Ita. 42:21; 50:15-19.

Ku vyerekeye Kora, Datani na Abiramu, agashari kavyutse igihe bagereranya uduteka bari bafise n’utwo Musa na Aroni bari bafise. Bagirije Musa yuko ‘yigira umuganwa’ be n’uko yishira hejuru y’abandi. (Guh. 16:13) Ico cari ikinyoma. (Guh. 11:14, 15) Yehova ni we yari yaragenye Musa. Mugabo abo bagarariji baragiriye Musa agashari kubera ikibanza yari afise. Amaherezo, ako gashari katumye Yehova abarandura.​—Zab. 106:16, 17.

Umwami Salomo yariboneye aho agashari gashobora gushikana umuntu. Umugore umwe yari yapfishije uruyoya rwiwe yaragerageje gutuma mugenzi we yiyumvira ko uruhinja rwiwe ari rwo rwari rwapfuye. Igihe bariko barasambishwa, uwo mubeshi yaremeye mbere yuko urwo ruhinja ruzima rwicwa. Ariko rero, Salomo yaritwararitse ivy’uko uwo mwana ahabwa nyina wiwe bwite.​—1 Abm. 3:16-27.

Agashari karashobora kugira inkurikizi zibabaje. Utwo turorero two mu Vyanditswe duhejeje kubona turerekana ko agashari gashobora gushikana ku rwanko, ku karenganyo no ku bwicanyi. Vyongeye muri utwo turorero twose, nyene kugirirwa agashari nta kintu na kimwe yaba yakoze cotuma aba uwukwiriye kugirirwa ivyo bintu. Hoba hari ico twokora none kugira ngo twiyemeze neza ko tutigarurirwa n’agashari? Ni ibiki twokora bikaba umuti uvura agashari?

UMUTI RUHASHA!

Nutsimbataze urukundo no kwiyumvamwo abavukanyi. Intumwa Petero yakebuye abakirisu ati: “Ubu ko mwatyoroye ubuzima bwanyu biciye ku kugamburukira ukuri, bikavamwo ukwiyumvamwo abavukanyi kutagiramwo ubwiyorobetsi, mukundane cane bivuye ku mutima.” (1 Pet. 1:22) None urukundo ni iki? Intumwa Paulo yanditse ati: “Urukundo ruriyumanganya kandi rugira ubuntu. Urukundo ntirugira ishari, ntirwiyemera, ntirwivyimvya, ntirwigenza ukutabereye, ntirurondera inyungu zarwo bwite.” (1 Kor. 13:4, 5) Gutsimbataza mu mutima wacu mwene urwo rukundo ntivyohagarika none agatima katabereye ko kugira agashari? (1 Pet. 2:1) Yonatani, aho kugirira agashari Dawidi, ‘yamukunda nk’uko yikunda.’​—1 Sam. 18:1.

Niwifatanye n’abantu batinya Imana. Uwatunganije Zaburi ya 73 yaragiriye agashari ababisha bari bafise ubuzima butagiramwo ingorane bwuzuye ibihinda. Ariko rero, yaratsinze ako gashari mu kuja “aheranda hahambaye h’Imana.” (Zab. 73:3-5, 17) Kwifatanya n’abasavyi b’Imana bagenziwe vyarafashije uwo mwanditsi w’amazaburi kubona imihezagiro yakura ku “kwegera Imana.” (Zab. 73:28) Kwama twifatanya n’abo dusangiye ukwemera ku makoraniro ya gikirisu birashobora kudufasha muri ubwo buryo.

Nurondere gukora iciza. Imana imaze kubona ko agashari n’urwanko vyari vyatsimbataye muri Kayini, yamubwiye iti: ‘Hindukira ukore iciza.’ (Ita. 4:7) None ‘gukora iciza’ bisobanura iki ku bakirisu? Yezu yavuze ko ‘dutegerezwa gukunda Yehova Imana yacu n’umutima wacu wose n’ubuzima bwacu bwose n’umuzirikanyi wacu wose be n’uko dutegerezwa gukunda mugenzi wacu nk’uko twikunda.’ (Mat. 22:37-39) Akanyamuneza twironkera kubera dushingira ubuzima bwacu ku gukorera Yehova no ku gufasha abandi, ni umuti ruhasha w’agashari. Kugira uruhara ruboneka mu gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa, ni uburyo bwiza bwo gukorera Imana na mugenzi wacu kandi biratuma turonka “umuhezagiro wa Yehova.”​—Imig. 10:22.

‘Nunezeranwe n’abanezerewe.’ (Rom. 12:15) Yezu yaranezerejwe n’uko abigishwa biwe bari baroraniwe, kandi yarerekanye yuko bokoze mbere ibiruta ivyo yari yarakoze mu gikorwa co kwamamaza. (Luka 10:17, 21; Yoh. 14:12) Kubera ko turi abasavyi ba Yehova bunze ubumwe, igihe uwo ari we wese muri twebwe ahezagiwe, twese tuba duhezagiwe. (1 Kor. 12:25, 26) Ntidukwiye none kunezerwa igihe abandi baronse amabanga yiyongereye aho kubumvira agashari?

NI URUGAMBA RUTOROSHE!

Urugamba rwo kurwanya agashari rurashobora kumara igihe kirekire. Cristina yiyemerera ati: “Ndacafise impengamiro ikomeye yo kugira agashari. Naho ndakanka, nta ho karaja, kandi mbwirizwa kuguma ndakarwanya.” José yararwanye urugamba nk’urwo nyene. Avuga ati: “Yehova yaramfashije gushima kamere nziza za wa muhuzabikorwa w’inama y’abakurambere. Kugiranira ubucuti bwiza n’Imana vyarangiriye akamaro.”

Agashari ni kimwe mu “bikorwa vy’umubiri” umukirisu wese akwiye kurwanya. (Gal. 5:19-21) Tutaretse ngo agashari katwigarurire, turashobora kurushiriza kugira agahimbare mu buzima kandi tugatuma Data wa twese wo mw’ijuru Yehova ahimbarwa.

[Akajambo k’epfo]

a Si ko bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 17]

‘Nunezeranwe n’abanezerewe’

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika