Ibibazo vy’abasomyi
Ni ryari Intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika yabaye ya ntwaro nganzasi igira indwi ivugwa mu buhanuzi bwo muri Bibiliya?
▪ Ca gishusho amahero c’ubutare Umwami Nebukadinezari yabonye ntikigereranya intwaro nganzasi zose. (Dan. 2:31-45) Kigereranya intwaro nganzasi zitanu gusa zaganje kuva mu gihe ca Daniyeli zongera ziragira ico zikoze gikomeye ku basavyi b’Imana.
Ukuntu Daniyeli yadondoye ico gishusho c’ubutare gutanga iciyumviro c’uko Intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika yokomotse ku Buroma aho kubwigarurira. Muri ico gishusho, Daniyeli arabona yuko icuma gitangurira mu maguru kikabandanya gushika mu birenge no mu mano. (Mu birenge no mu mano ico cuma kivanze n’ibumba.)a Ukwo kuntu bidondorwa kwerekana yuko Intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika yokomotse ku maguru y’icuma. Inkuru ya kahise irerekana ko ukwo nyene ari ko vyagenze. Ubwongereza, ubwari bwahoze buri mu bigize Inganji nganzasi y’Uburoma, bwatanguye gukomera mu mpera z’imyaka ya 1700. Mu nyuma, Leta Zunze Ubumwe za Amerika zarabaye ihanga rikomeye. Ariko rero, ya ntwaro nganzasi igira indwi ivugwa mu buhanuzi bwo muri Bibiliya ntiyari bwabeho. Kubera iki? Kubera ko Ubwongereza na Leta Zunze Ubumwe za Amerika bitari bwakorane mu buryo budasanzwe. Ivyo vyashitse mu Ntambara ya mbere y’isi yose.
Ico gihe, “abana b’ubwami” bariko barakorana umwete canecane muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, icicaro gikuru cabo kikaba cari i Brooklyn muri New York. (Mat. 13:36-43) Abagize umugwi w’abarobanuwe bariko baramamaza n’umwete mu bihugu vyaganzwa n’Inganji y’Ubwongereza. Mu gihe c’Intambara ya mbere y’isi yose, Ubwongereza na Leta Zunze Ubumwe za Amerika vyaragiraniye ubucuti budasanzwe igihe vyarwanya abansi bisangiye. Kubera ko iyo ntambara yatumye Abongereza n’Abanyamerika barushiriza kwishimira ibihugu vyabo, baragiriye kandi urwanko abari mu bagize uruvyaro rw’“umugore” w’Imana, mu kubuza ibitabu vyabo no mu gupfunga abaja imbere abandi mu gikorwa co kwamamaza.—Ivyah. 12:17.
Dufatiye rero ku bivugwa mu buhanuzi bwo muri Bibiliya, intwaro nganzasi igira indwi ntiyabonetse mu mpera z’imyaka ya 1700 igihe Ubwongereza bwatangura gukomera. Ahubwo yabonetse mu ntango y’umusi w’Umukama.b
[Utujambo tw’epfo]
a Ibumba rivanze n’icuma rigereranya inzego zikorera mu karere Intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika imeze nk’icuma ifiseko akosho. Uko igihe cagiye kirarengana, iryo bumba ryaratumye iyo ntwaro idakomera nk’uko ivyipfuza.
b Iyo nsobanuro iragira ico ihinduye ku makuru avugwa mu gitabu La prophétie de Daniel, urupapuro rwa 57, ingingo ya 24 no ku bicapo biri ku rupapuro rwa 56 n’urwa 139 muri ico gitabu.
[Ifoto ku rup. 19]
Abavukanyi umunani bo ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova baratawe mw’ibohero muri Ruheshi 1918